Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA CUMI NA KABIRI

Yarahojejwe n’Imana yiwe

Yarahojejwe n’Imana yiwe

1, 2. Ni igiki cabaye ku musi waranzwe n’ibintu vyinshi vyiza kuruta iyindi mu buzima bwa Eliya?

ELIYA yariko yiruka mu mvura, ikirere na co kikaba cagenda kirushiriza kwijima. Yari agisigaje urugendo rurerure kugira ashike i Yezireyeli. Ico gihe ntiyari akiritera akarisama. Yamara, yarirutse ata kuruha, kuko “ukuboko kwa Yehova” kwari kuri we. Nta gukeka ko ata nguvu nk’izo yari bwigere agira. Ushima ari ukwo biri, yari ahejeje kurengana amafarasi akwega umukogote w’Umwami Ahabu, arayasiga!​—Soma 1 Abami 18:46.

2 Urugendo rwari rumurindiriye rwari rukiri rurerure. Numere nk’uwubona mu bwenge Eliya ariko ariruka amama y’imvura amukorokerako mu maso, agenda ariyumvira ivy’uwo musi wari wabayemwo ibintu vyinshi bihambaye kuruta iyindi yose mu buzima bwiwe. Vy’ukuri, Yehova Imana ya Eliya yari yatahukanye intsinzi iyininahaza kandi itera iteka ugusenga kw’ukuri. Isonga ry’Umusozi Karumeli, iryacako imiyaga ikomeye, Eliya yari yarisize nka hariya, rikaba ryari ryazimye kubera umwiza w’igihuhusi. Kuri uwo musozi, Yehova yari yakoresheje Eliya kugira aneshe insengo ya Bayali mu buryo bukomeye kandi bw’igitangaro. Abahanuzi amajana ba Bayali bari bashizwe ku kabarore, baraboneka ko ari abangushi b’ababisha maze baricwa, kuko vyari bibereye. Eliya yaciye asenga Yehova amusaba ko uruzuba rwari rumaze imyaka itatu n’igice rurembeje igihugu rworangira. Imvura na yo ntiyaciye igwa ngo isigaze!​—1 Abm. 18:18-45.

3, 4. (a) Ni kubera iki Eliya ashobora kuba yari yiteze ko ibintu vyari bigiye guhinduka igihe yariko araja i Yezireyeli? (b) Ni ibibazo ibihe turimbura?

3 Igihe Eliya yariko ariruka ivyo bilometero 30 vyomushikanye i Yezireyeli agenda arahonyora mu mazi ashobora kuba yari yiteze ko ibintu vyari bigiye guhinduka. Ashobora kuba yabona ko ivyari vyabaye kuri uwo musi vyari bigiye gutuma amaherezo haba amahinduka aboneka. Ashobora kuba yibwira ati: ‘Iyo wumva, Ahabu ntazobura guhindura ingendo!’ N’ivyo yiboneye vyose, emwe, nta kindi yokora atari uguheba ivy’ugusenga Bayali; kubuza umwamikazi wiwe Yezebeli gukora ivyo yigombeye; no guhagarika guhama abasavyi ba Yehova.

“Eliya . . . yiruka imbere ya Ahabu gushika i Yezireyeli”

4 Igihe ibintu bisa n’ibiriko bigenda nk’uko tuvyipfuza, ni ibisanzwe cane ko duca dutangura kugira ivyizigiro. Twoshobora kwiyumvira yuko ivyacu bizobandanya biba vyiza gusumba, kumbure tukaniyumvira yuko ingorane twoba dufise zikomeye kuruta izindi zigiye zatuvako. Nimba Eliya yariyumviriye gutyo, ntivyoba bitangaje kuko “yari umuntu yiyumva nk’uko twiyumva.” (Yak. 5:17) Ariko mu vy’ukuri, ingorane za Eliya ntizari bwarangire. Nkako, mu masaha nk’angahe yari imbere, Eliya yogize ubwoba kandi akihebura gushika n’aho yipfuza gupfa. None vyagenze gute, kandi Yehova yafashije gute uwo muhanuzi yavugisha kugira ngo asubire kugira ukwizera n’umutima rugabo? Reka tubirabe.

Ibintu bigenda uko atari yiteze

5. Inyuma y’ivyari vyabaye ku Musozi Karumeli, Ahabu yoba yararushirije kwubaha Yehova, kandi ivyo tubimenya gute?

5 Ahabu ashitse ku kirimba i Yezireyeli, hoba hari ikintu na kimwe yagaragaje cerekana yuko yahindutse? Dusoma duti: “Ahabu yiganira Yezebeli ivyo Eliya yari [yakoze] vyose n’amakuru yose yerekeye ingene yari [yicishije] inkota abahanuzi bose.” (1 Abm. 19:1) Urabona ko mu kwigana ivyabaye kuri uwo musi Ahabu atacishijemwo ivyerekeye Yehova Imana ya Eliya. Kubera ko Ahabu yari umuntu abona ibintu mu buryo bw’umubiri, ivyari vyabaye ku gitangaro kuri uwo musi yabibonye gusa nk’uko abantu buntu babona ibintu, yivugira ngo ni ivyo ‘Eliya yari yakoze.’ Biragaragara ko ivyari vyabaye atabikuyemwo icigwa co kwubaha Yehova Imana. None wa mugore wiwe w’intaheranwa yaciye akora iki?

6. Ni ubutumwa ubuhe Yezebeli yarungikiye Eliya, kandi ivyo vyasigura iki?

6 Yezebeli ryaciye riniga! N’uburake n’akantu, yaciye atuma intumwa kuri Eliya ati: “Imana zingirire gutyo, mbere n’ibirenze ivyo, ejo nk’aya mango ubuzima bwawe nintabugira nk’ubuzima bw’umwumwe wese muri bo!” (1 Abm. 19:2) Emwe, nta terabwoba ry’ukwicwa ryari kuza riruta iryo. Mu kuvuga ayo majambo, Yezebeli yari arahiye yuko yobaye akwiriye gupfa aramutse aticishije Eliya kuri nya musi kugira ahore abahanuzi ba Bayali bamukorera. Niwiyumvire nawe baje kuvyura Eliya yiryamiye ahantu haciye bugufi i Yezireyeli muri iryo joro ryariko rigwamwo imvura y’igihuhusi, bakamuvyura gusa kugira ngo intumwa y’umwamikazi imubwire ayo majambo y’agacamutima. None yaciye amererwa gute?

Arengerwa n’ugucika intege be n’ubwoba

7. Iterabwoba rya Yezebeli ryagize ico rikoze gute kuri Eliya, kandi yaciye akora iki?

7 Nimba Eliya yariyumvira yuko urugamba rwo kurwanya insengo ya Bayali rwasa n’urwarangiye, ivyizigiro yari afise vyaciye birangira yumvise ayo majambo. Yezebeli ntiyari bwate hasi. Bagenzi ba Eliya benshi cane b’abizigirwa bari bamaze kwicwa bivuye kw’itegeko rya Yezebeli, bigasa n’uko Eliya na we yari ashikiriwe. Iterabwoba rya Yezebeli ryagize ico rikoze gute kuri Eliya? Bibiliya itubwira iti: “Eliya aratinya.” Eliya yoba yaciye abona mu bwenge urupfu ruteye ubwoba Yezebeli yari agamije kumwica? Nimba Eliya yaciye aguma yiyumvira mwene ivyo vyiyumviro, ntibitangaje rero kubona umutima rugabo yari afise waciye umuherana. Uko vyoba vyaragenze kwose, Eliya yaciye “[agenda] kugira anyage amagara.”​—1 Abm. 18:4; 19:3.

Nimba twipfuza kuguma dufise umutima rugabo, dukwiye kutareka ngo ubwenge bwacu bugume bwiyumvira ingeramizi zidutera ubwoba

8. (a) Ni gute Petero yagize ingorane nk’iyo Eliya yagize? (b) Ni icigwa ikihe twigira kuri Eliya na Petero?

8 Eliya si we muntu afise ukwizera wenyene vyashitse arasha coba. Haciye imyaka itari mike, intumwa Petero yarashikiwe n’ingorane nk’iyo. Nk’akarorero, igihe Yezu yashoboza Petero kumwiyungako ngo bagendagendere ku mazi, iyo ntumwa yaciye itangura ‘kuraba ikirura c’umuyaga.’ Ivyo vyatumye itakaza umutima rugabo, itangura kunyika. (Soma Matayo 14:30.) Ivyashikiye Eliya na Petero biraduha icigwa gihambaye. Nimba twipfuza kuguma dufise umutima rugabo, dukwiye kutareka ngo ubwenge bwacu bugume bwiyumvira ingeramizi zidutera ubwoba. Dukwiye nyabuna kugumiza ivyiyumviro vyacu ku Mana yo Sôko ry’icizigiro cacu n’inkomezi zacu.

“Biramaze!”

9. Dondora ukuntu urugendo Eliya yagize rwari rumeze be n’ukuntu yiyumva igihe yariko arahunga.

9 Kubera ubwoba, Eliya yaciye ahungira nko ku bilometero 150 amaja mu bumanuko bushira uburengero, i Beyeri-sheba, ico akaba ari igisagara cari hafi y’urubibe rwo mu bumanuko bwa Yuda. Aho ni ho yaciye asiga umusuku wiwe maze afata urugendo mu gahinga ari wenyene. Inkuru ivuga yuko yagenze “ahareha n’urugendo rw’umusi umwe.” Turashobora rero kumubona mu bwenge ahagurutse izuba riserutse, akagenda ata n’ico yibangikanije. Yihebuye, ubwoba bwamwishe, yarinanase araca muri ako gahinga ka nyaganande kagoye gucamwo, izuba na ryo rimena imbwa agahanga. Iryo zuba rikaze ririko rirarenga, Eliya utuguvu twaramuheranye. Yarushe yahwereye, yaciye yicara munsi y’igiti c’umugoti, akaba ari ho hantu umuntu yashoka aronka ho kwikinga muri ako gahinga.​—1 Abm. 19:4.

10, 11. (a) Isengesho Eliya yatuye Yehova ryasigura iki? (b) Ukoresheje ivyanditswe vyatanzwe, nudondore ukuntu abandi bantu batinya Imana biyumvise igihe bari bihebuye.

10 Eliya yaciye atura isengesho umwiheburo wamwishe. Yisabiye gupfa. Yavuze ati: “[Sinduta] ba sogokuruza banje.” Yari azi ko ico gihe ba sekuruza biwe bari mu mva, ari umukungugu n’amagufa gusa, ata ciza na kimwe bashoboye gukorera umuntu n’umwe. (Umus. 9:10) Eliya yumva ko na we nyene ata co amaze. Ntibitangaje rero kubona yaciye avuga ati: “Biramaze!” Yabona ata kamaro ko kubandanya kubaho.

11 None koba ari akamaramaza kwumva ko umusavyi w’Imana yoshobora kwihebura bigeze iyo hose? Si ngombwa ngo vyame ari ukwo biri. Hari abagabo n’abagore batari bake b’abizigirwa bavugwa muri Bibiliya yuko bagize intuntu gushika n’aho bipfuza gupfa, muri abo tukaba twovuga Rebeka, Yakobo, Musa na Yobu.​—Ita. 25:22; 37:35; Guh. 11:13-15; Yobu 14:13.

12. Bishitse ukumva wihebuye, ni mu buryo ubuhe wokurikiza akarorero ka Eliya?

12 Narirya ubu tubayeho mu “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira,” ntibitangaje kubona abantu benshi, mbere ushizemwo n’abasavyi b’Imana b’abizigirwa, bishika bakumva bihebuye. (2 Tim. 3:1) Biramutse bigushikiye, nuce ubigenza nk’uko Eliya yabigenjeje: Nusuke ibiri mu mutima wawe imbere y’Imana, uyibwire uko wiyumva. Nakare, Yehova ni “Imana y’uruhoza rwose.” (Soma 2 Abakorinto 1:3, 4.) Yoba none yarahojeje Eliya?

Yehova aronsa inkomezi umuhanuzi wiwe

13, 14. (a) Ni gute Yehova abicishije ku mumarayika yagaragaje ko yitwararika umuhanuzi wiwe yari mu ngorane? (b) Kubera iki bihumuriza kuba Yehova azi vyose ku bijanye n’umwe wese muri twebwe, harimwo n’aho ubushobozi bwacu bugarukira?

13 Wibaza ko Yehova yumvise amerewe gute yitegereje kw’isi ari mw’ijuru, akabona umuhanuzi mukundwa avugisha arambaraye munsi y’ico giti mu gahinga, ariko yisabira ko urupfu rwoza rukamwikorera? Nta wokwirirwa arahwihwisha. Eliya amaze gutwarwa n’agatiro, Yehova yaramurungikiye umumarayika. Uwo mumarayika yaciye amukorako aramuvyura mu bugwaneza maze amubwira ati: “Vyuka urye.” Eliya yaciye avyuka kugira arye, kuko uwo mumarayika yari yamuteguriye abigiranye umutima mwiza icibo gisanzwe c’umukate ugishushe n’amazi. Eliya yoba yarashimiye uwo mumarayika? Inkuru ivuga gusa ko uwo muhanuzi yariye aranywa, aca asubira kuryama. Yoba yari yacitse intege ku buryo bidakunda n’uko akurako umunwa? Icabiteye caba ari ikihe, uwo mumarayika yarasubiye kumuvyura, kumbure mu mutwenzi. Yasubiye kandi guhimiriza Eliya ati: “Vyuka urye,” aca yongerako aya majambo ashimishije agira ati: “Kuko urugendo ari rurerure birenze kuri wewe.”​—1 Abm. 19:5-7.

14 Uwo mumarayika yari azi neza iyo Eliya ariko arerekeza, bivuye ku gutahura kwimbitse yahawe n’Imana. Yari azi kandi ko urugendo Eliya yari asigaje atari kurwishoboza. Ese ukuntu bihumuriza kuba dukorera Imana izi ivyo twipfuza gushikako be n’aho ubushobozi bwacu bugarukira, ikaba ibizi kuruta uko twebwe ubwacu tubizi! (Soma Zaburi 103:13, 14.) None ca cibo cafashije iki Eliya?

15, 16. (a) Ibifungurwa Yehova yahaye Eliya vyamushoboje gukora iki? (b) Ni kubera iki dukwiye gukenguruka uburyo Yehova akoresha muri kino gihe kugira aronse inkomezi abasavyi biwe?

15 Dusoma duti: “Aravyuka, ararya yongera aranywa, maze amara imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine agendera mu nkomezi z’izo mfungurwa gushika ku musozi w’Imana y’ukuri, ari wo Horebu.” (1 Abm. 19:8) Eliya yaramaze imisi 40 n’amajoro 40 atarya atanywa, nk’uko nyene Musa yari yarabigize ibinjana nka bitandatu imbere y’aho, na Yezu akaba yarabigize ibinjana hafi cumi inyuma y’aho. (Kuv. 34:28; Luka 4:1, 2) Ico cibo kimwe nticatumye ingorane ziwe zose zihera, ariko caramuronkeje inkomezi mu buryo bw’igitangaro. Iyumvire nawe uwo mutama ariko agenda vyanka aca muri ako gahinga katagiramwo inzira imeze neza umusi ku wundi, indwi ku yindi, hafi ukwezi n’igice!

16 Yehova araronsa inkomezi n’abasavyi biwe bo muri iki gihe. Ntabigira mu kubaronsa ibifungurwa vy’umubiri ku gitangaro, ahubwo abigira mu buryo buhambaye kuruta ubwo. Araronsa abasavyi biwe ivyo bakeneye mu vy’impwemu. (Mat. 4:4) Kwiga ivyerekeye Imana mw’Ijambo ryayo no mu bitabu bishingiye cane kuri Bibiliya biradukomeza mu vy’impwemu. Kwihereza ivyo bifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu ntivyotuma ingorane zacu zose zihera, ariko birashobora kudufasha kwihanganira ivyo tutoshoboye kwihanganira. Biratuma kandi dushobora kuronka “ubuzima budahera.”​—Yoh. 17:3.

17. Ni hehe Eliya yagiye, kandi kubera iki ico cari ikibanza kidasanzwe?

17 Eliya yaragenze ibilometero hafi 320 amaherezo ashika ku Musozi Horebu. Ico cari ikibanza kidasanzwe, kuko ari ho Yehova Imana abicishije ku mumarayika yari yarabonekeye Musa mu gisaka c’amahwa caka umuriro igihe kirekire imbere y’aho, akaba ari na ho Yehova yahavuye agiranira na Isirayeli rya sezerano rishingiye kw’Itegeko. Eliya yaciye yinjira mw’isenga.

Ukuntu Yehova yamuhojeje kandi akamukomeza

18, 19. (a) Ni ikibazo ikihe umumarayika wa Yehova w’intwarabutumwa yabajije Eliya, kandi uno yishuye gute? (b) Ni ibintu bitatu ibihe Eliya yerekanye vyatumye yihebura?

18 Aho i Horebu, “ijambo” rya Yehova ryabajije iki kibazo coroshe riti: “Ukora iki ng’aha ga Eliya?”, bikaba biboneka ko iryo jambo ryashikirijwe n’umumarayika w’intwarabutumwa. Ico kibazo biboneka ko Eliya yakibajijwe mu bugwaneza, kuko yaciye abona ko ari akaryo ahawe ko gusuka ibiri mu mutima wiwe mu guserura ukuntu yiyumva. Na we ari ukubisuka yarabisutse! Yavuze ati: “Nagize koko ishari ku bwa Yehova Imana nyen’ingabo; kuko bene Isirayeli bahevye isezerano ryawe, ibicaniro vyawe bakabisambura, abahanuzi bawe na bo bakabicisha inkota, ku buryo ari jewe jenyene nsigaye; none batanguye kurondera ubuzima bwanje ngo babukureho.” (1 Abm. 19:9, 10) Ayo majambo Eliya yavuze arerekana n’imiburiburi ibintu bitatu vyatumye yihebura.

19 Ica mbere, Eliya yabona yuko igikorwa ciwe cabaye impfagusa. Naho Eliya yari yamaze imyaka agira “koko ishari” ku bwa Yehova mu kumukorera, agashira imbere y’ibindi vyose izina ryeranda ry’Imana be n’insengo yayo, yabona umengo nta kindi vyamaze atari ugutuma ibintu vyunyuka. Abantu bari bakiri ibihemu n’abagarariji, insengo y’ikinyoma na yo ikaba yari yiraye. Ica kabiri, Eliya yumva ari wenyene. Yavuze ati: “[Ni] jewe jenyene nsigaye,” nk’aho umengo muri ico gihugu cose ni we wenyene yari agikorera Yehova. Ica gatatu, Eliya yari afise ubwoba. Benshi mu bahanuzi bagenziwe bari bamaze kwicwa, kandi yabona neza ko ari we ashikiriwe. Eliya bishobora kuba bitamworoheye kwiyemerera ko yiyumva gutyo, yamara ntiyaretse ubwibone canke ubuyega ngo bimubuze guserura uko yiyumva. Mu kubwira Imana ibiri mu mutima biciye kw’isengesho, yarasigiye akarorero keza abantu bose b’abizigirwa.​—Zab. 62:8.

20, 21. (a) Dondora ivyo Eliya yabonye igihe yari ku bwinjiriro bw’isenga ku Musozi Horebu. (b) Ivyo Eliya yabonye vyerekana ububasha bwa Yehova vyamwigishije iki?

20 None Yehova yatoreye umuti gute ubwoba n’imyitwarariko Eliya yari afise? Umumarayika yabwiye Eliya ngo ahagarare ku bwinjiriro bw’isenga. Yaragamburutse, atazi ivyagira bibe. Haciye haduka umuyaga ukomeye! Utegerezwa kuba warahuhuta n’urwamo rukomeye kuko wari ukaze ku buryo wasatagura imisozi n’ibitare. Niwihe ishusho Eliya ariko agerageza kwipfuka mu maso no kugumya impuzu yiwe igumye kandi isanzwe cane y’ubwoya uko umuyaga waguma uhuhuta irya n’ino yiwe ugomba kuyigurura. Ubukurikira, yabwirijwe kurwana urugamba kugira ngo ntatembe, kuko isi yaciye itangura kunyiganyiga kubera ikinyamugigima cariko kinyiganza ako karere! No gusubirana atarasubirana, yagiye abona umuriro urengana, aca abwirizwa gusubira mw’isenga kugira ngo yikinge ubushuhe bwawo bukaze.​—1 Abm. 19:11, 12.

Yehova yarakoresheje ububasha bwiwe buteye akoba kugira ahoze Eliya yongere amuremeshe

21 Kuri kimwekimwe cose muri ivyo bintu vy’akumiza vyerekana ububasha bw’ibidukikije, inkuru ivyigana iratwibutsa yuko Yehova atari muri vyo. Eliya yari azi ko Yehova atari imana y’amayobera yo mu bidukikije nka ya mana Bayali yashemagizwa n’abayisenga bavuga ngo ni yo “iyobora ibicu” canke ngo ni yo izana imvura, kandi atari vyo. Yehova ni we Sôko nyakuri ry’ububasha bwose buteye akoba bwibonekeza mu bidukikije, ariko kandi ararengeye kure n’iyo ibintu vyose yaremye. N’amajuru ari amajuru tubona ntashobora kumukwira! (1 Abm. 8:27) None ivyo bintu vyose vyabaye vyafashije gute Eliya? Niwibuke ubwoba yari afise. Ko Imana Yehova yari ku ruhande rwiwe, Imana yari ifise ubwo bubasha bwose buteye ubwoba, nta mvo n’imwe Eliya yari afise yo gutinya Ahabu na Yezebeli!​—Soma Zaburi 118:6.

22. (a) Ni gute “ijwi ritekanye, ryo hasi” ryakuye amazinda Eliya ko atari imburakimazi? (b) Rya “jwi ritekanye, ryo hasi” rishobora kuba ryari irya nde? (Raba akajambo k’epfo.)

22 Wa muriro umaze kurengana, haciye haba agahwekere maze Eliya arumva “ijwi ritekanye, ryo hasi.” Iryo jwi ryarahaye Eliya akandi karyo ko kugira ico avuze, kandi yarabigize, arasubira gusuka ibiri mu mutima wiwe mu guserura imyitwarariko afise. * Ivyo bishobora kuba vyaratumye arushiriza kwumva aruhuriwe. Ariko rero, Eliya ategerezwa kuba yararushirije kwumva ahojejwe aho yumviye amajambo iryo “jwi ritekanye, ryo hasi” ryaciye ryongerako. Yehova yaramusubirije umutima mu nda mu kumwereka yuko atari imburakimazi. Uti yabimweretse gute? Yaramuhishuriye ibitari bike ku vyerekeye umugambi w’igihe kirekire yari afise wo kurwanya insengo ya Bayali muri Isirayeli. Vyari bitomoye yuko igikorwa Eliya yari yarakoze kitari cabaye impfagusa, kuko umugambi w’Imana wariko utera imbere ata kiwubuza. N’ikindi kandi, Eliya yari agifise uruhara muri uwo mugambi, kuko Yehova yaciye amurungika ngo asubire ku gikorwa, aramubwira ibintu bimwebimwe bitomoye akwiye gukora.​—1 Abm. 19:12-17.

23. Ni ibintu bibiri ibihe Yehova yakoze kugira atorere umuti ukuba Eliya yumva ari wenyene?

23 Tuvuge iki ku bijanye n’ukuntu Eliya yumva umengo ari wenyene? Yehova yakoze ibintu bibiri kuri ico kibazo. Ubwa mbere, yabwiye Eliya ngo arobanuze amavuta Elisha kugira ngo azomusubirire mw’ibanga ry’ubuhanuzi. Elisha, uwari akiri muto umugereranije na Eliya, yokoranye na we akamubera umufasha mu kiringo c’imyaka nk’ingahe. Ese ukuntu Eliya yari ahojejwe mu buryo buboneka! Ubwa kabiri, Yehova yaramumenyesheje iyi nkuru yeza umutima igira iti: “Nasigaje abagabo ibihumbi indwi muri Isirayeli, amavi yose atapfukamiye Bayali, n’umunwa wose utayisomye.” (1 Abm. 19:18) Emwe, Eliya ntiyari wenyene. Ategerezwa kuba yarumvise agatima keze aho yumviye ivy’abo bantu ibihumbi b’abizigirwa banse gusenga Bayali. Abo bantu bari bakeneye ko Eliya ashishikara gukorera Imana ari umwizigirwa, kugira ngo atange akarorero mu bijanye n’ukuba umuntu yumira kuri Yehova adahemuka muri ivyo bihe bitoroshe. Eliya ategerezwa kuba yarakozwe ku mutima cane no kwumva ayo majambo biciye ku ntwarabutumwa ya Yehova, rya “jwi ritekanye, ryo hasi” ry’Imana yiwe.

Bibiliya irashobora kumera nka rya “jwi ritekanye, ryo hasi” igihe turetse ikatuyobora muri iki gihe

24, 25. (a) Ni mu buryo ubuhe dushobora kwumva “jwi ritekanye, ryo hasi” rya Yehova muri iki gihe? (b) Ni kubera iki twokwemera tudakeka ko Eliya yakiriye uruhoza Yehova yamuhaye?

24 Cokimwe na Eliya, turashobora gutangazwa n’ububasha butagira uko bungana buboneka mu vyaremwe, kandi ivyo birabereye. Ivyaremwe biragaragaza mu buryo buboneka ububasha bw’Umuremyi. (Rom. 1:20) Yehova biracamuhimbara gukoresha inkomezi ziwe zitagira akarimbi kugira ngo afashe abasavyi biwe b’abizigirwa. (2 Ngo. 16:9) Ariko rero, Imana iravugana natwe mu buryo bushitse biciye kw’Ijambo ryayo ryanditse, ari ryo Bibiliya. (Soma Yesaya 30:21.) Muri ubwo buryo Bibiliya irashobora kumera nka rya “jwi ritekanye, ryo hasi” igihe turetse ikatuyobora muri iki gihe. Yehova abicishije kuri iryo Jambo ryiwe ry’agaciro, aradukosora, akaturemesha akongera akadusubiriza umutima mu nda yuko adukunda.

25 None Eliya yoba yarakiriye uruhoza Yehova yamuhereye ku Musozi Horebu? Emwe, aho nta mazinda! Bidatevye, yari amaze gusubira ku gikorwa, asubira kuba wa muhanuzi w’umutima rugabo kandi w’umwizigirwa yarwanya yivuye inyuma ububisha bw’insengo y’ikinyoma. Na twebwe nitwashira ku mutima amajambo yahumetswe n’Imana, ni ukuvuga “uruhoza ruva mu Vyanditswe,” bizoshoboka ko twigana ukwizera kwa Eliya.​—Rom. 15:4.

^ ing. 22 Iryo “jwi ritekanye, ryo hasi” rishobora kuba ryari irya ca kiremwa c’impwemu cakoreshwa mu gushikiriza “ijambo rya Yehova” rivugwa mu 1 Abami 19:9. Mu kuvuga ico kiremwa c’impwemu, umurongo wa 15 uvuga gusa ngo “Yehova.” Ivyo vyoshobora guca bitwibutsa ca kiremwa c’impwemu giserukira Imana carungitswe na Yehova ngo kiyobore Isirayeli mu gahinga, ku bijanye na co Imana ikaba yavuze iti: “Izina ryanje riri muri we.” (Kuv. 23:21) Naho ivyo tutovyemeza ijana kw’ijana, birashimishije kwibuka ko imbere y’uko Yezu aza kw’isi yabaye “Jambo,” ni ukuvuga Umuvugizi adasanzwe Yehova akoresha mu kuvugana n’abasavyi biwe.​—Yoh. 1:1.