Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA GATATU

“Se w’abari n’ukwizera bose”

“Se w’abari n’ukwizera bose”

1, 2. Ni gute isi yahindutse kuva mu gihe ca Nowa, kandi ivyo vyagize ico bikoze gute kuri Aburamu?

ABURAMU yunamuye amaso, akaba ariko aritegereza urusengero rwibonekeza cane mu gisagara ciwe c’i Uri. * Harumvikana uruyogoyogo rw’abantu, kandi umwotsi uriko uraduga. Abaherezi b’ikimana kwezi bariko barashikana ibimazi. Niwihe ishusho Aburamu ahindukiye akazunza umutwe, yijiriwe mu maso. Igihe ariko arasubira i muhira aca hagati y’isinzi ry’abantu bari mu mabarabara, ashobora kuba ariko yiyumvira ibijanye no gusenga ibigirwamana kwiraye i Uri. Urazi ukuntu ukwo gusenga kwononekaye kwakwiragiye kw’isi kuva mu gihe ca Nowa!

2 Nowa yapfuye hasigaye imyaka ibiri gusa ngo Aburamu avuke. Igihe Nowa n’umuryango wiwe bava mu bwato inyuma ya wa Mwuzure ukomeye, uwo sekuruza w’imiryango yarashikaniye Yehova Imana ikimazi, na we araheza azana umunywamazi. (Ita. 8:20; 9:12-14) Ico gihe, mw’isi hari ugusenga gutyoroye gusa. Ariko mu gihe ca Aburamu hoho, igihe kw’isi hari iyaruka rigira cumi kuva kuri Nowa, abantu bake ni bo basenga Yehova. Hose abantu basenga imana z’abapagani. Mbere na se wa Aburamu, ari we Tera, yaragira uruhara mu vyo gusenga ibigirwamana, kumbure mu gukora ibigirwamana.​—Yos. 24:2.

Vyagenze gute ngo Aburamu abe akarorero kadasanzwe mu bijanye n’ukwizera?

3. Uko Aburamu yagenda arakura, ni kamere iyihe yagenda iratuma aba uwutandukanye n’abandi, kandi ivyo twoshobora kuvyigirako iki?

3 Aburamu ntiyari ameze nk’abandi. Uko yagenda arakura, yaguma arushiriza kuba uwutandukanye n’abandi kubera ukwizera kwiwe. Nkako, intumwa Paulo mu nyuma yamwise ahumekewe ngo “se w’abari n’ukwizera bose”! (Soma Abaroma 4:11.) Nimuze twihweze icatumye ukwizera kwa Aburamu gukomera. Na twebwe twoshobora kuhigira vyinshi ku bijanye n’ingene ukwizera kwacu kwokomera.

Gusukurira Yehova inyuma ya rya Segenya

4, 5. Aburamu ashobora kuba yamenye ivyerekeye Yehova biciye kuri nde, kandi kubera iki ivyo bishoboka?

4 Aburamu yamenye gute ivyerekeye Yehova Imana? Turazi ko Yehova yari afise abasavyi biwe b’abizigirwa kw’isi muri ico gihe. Shemu yari umwe muri bo. Naho atari we mfura mu bahungu batatu ba Nowa, akenshi ni we atangura kuvugwa. Bishobora kuba ari kubera Shemu yari umuntu w’ukwizera kudasanzwe. * Igihe kimwe inyuma ya rya Segenya, Nowa yise Yehova “Imana ya Shemu.” (Ita. 9:26) Shemu yarubaha Yehova n’ugusenga gutyoroye.

5 None Aburamu yoba yari azi Shemu? Birashoboka. Niwihe ishusho Aburamu akiri agahungu. Ese ukuntu ashobora kuba yarahimbawe no kumenya ko yari agifise umwe muri ba sekuruza, uno akaba yari amaze imyaka irenga 400! Shemu yari yariboneye ububisha bw’imbere y’Umwuzure, wa Mwuzure ukomeye watyoroye isi, ukuntu amahanga ya mbere yashinzwe igihe abantu bariko barongerekana kw’isi, be na ya misi mibi y’ubugarariji bwa Nimurodi kuri wa Munara wa Babeli. Uwo mugabo w’umwizigirwa Shemu yagumye yitandukanije n’ubwo bugarariji, kikaba ari co gituma igihe Yehova yavurunganya ururimi abantu bariko barubaka uwo munara bavuga, Shemu n’umuryango wiwe bagumye bavuga ururimi abantu bavuga kuva mu ntango, ururimi Nowa yavuga. Mu bo mu muryango wiwe harimwo Aburamu. Nta gukeka rero ko Aburamu yakuze yubaha cane Shemu. Ikigeretseko, Shemu yarabandanije kubaho mu kiringo kinini c’ubuzima bwa Aburamu. Rero Aburamu ashobora kuba yamenye ivyerekeye Yehova biciye kuri Shemu.

Aburamu yaramiriye kure ivyo gusenga ibigirwamana vyari vyiraye i Uri

6. (a) Aburamu yerekanye gute ko yafashe nka nkama icigwa gikomeye ku bijanye n’Umwuzure? (b) Aburamu na Sarayi bari babayeho bamerewe gute?

6 Ukwo vyari biri kwose, Aburamu yarafashe nka nkama icigwa gikomeye ku bijanye n’Umwuzure. Yarihatiye kugendana n’Imana nk’uko Nowa yari yaragendanye na yo. Ni co gituma Aburamu yamiriye kure ivyo gusenga ibigirwamana yongera aguma atandukanye n’abandi bantu b’i Uri, kumbure no mu bo mu ncuti ziwe zishika. Yamara, yahavuye aronka umukenyezi ameze neza. Yarubakanye na Sarayi, umukenyezi yari atandukanye n’abandi, atari kubera ubwiza yari afise gusa, ariko kandi kubera yizera Yehova bimwe bikomeye. * Naho uwo mugabo n’umugore ata kana bari bafise, nta gukeka ko baronkera umunezero mwinshi mu gukorera Yehova bari kumwe. Barareze kandi Loti umwishwa wa Aburamu, uno akaba yari impfuvyi.

7. Ni gute abayoboke ba Yezu bakwiye kwigana Aburamu?

7 Aburamu ntiyigeze aheba Yehova ngo aje mu vyo gusenga ibigirwamana vyagirwa i Uri. We na Sarayi bari bafise umutima ukunze wo kuguma batandukanye n’ico kibano c’abantu basenga ibigirwamana. Kugira dutsimbataze ukwizera nyakuri, turakeneye kugira mwene ako gatima. Na twebwe dukwiye kugira umutima ukunze wo kuba abantu batandukanye n’abandi. Yezu yavuze ko abayoboke biwe ‘batobaye ab’isi’ kandi ko ivyo vyotumye isi ibanka. (Soma Yohani 15:19.) Nimba bimaze gushika ukankwa n’abo mu muryango wawe canke abo mu kibano cawe kubera ingingo wafashe yo gusukurira Yehova, niwibuke ko utari wenyene. Uriko urigana akarorero keza ka Aburamu na Sarayi, bano na bo nyene bakaba barasukuriye Imana badahemuka.

“Va mu gihugu cawe”

8, 9. (a) Ni ikintu ikihe c’intibagirwa cashikiye Aburamu? (b) Ni ubutumwa ubuhe Yehova yahaye Aburamu?

8 Umusi umwe, hari ikintu c’intibagirwa cashikiye Aburamu. Yararonse ubutumwa buvuye kuri Yehova Imana! Bibiliya ntitubwira vyinshi ku bijanye n’ukuntu yaburonse, ariko iratubwira ko “Imana y’ubuninahazwa” yabonekeye uwo mugabo w’umwizigirwa. (Soma Ivyakozwe 7:2, 3.) Kumbure biciye ku mumarayika aserukira Imana, Aburamu yarabonye agace gatoyi k’ubuninahazwa buteye akoba bwa Segaba w’ibiriho vyose. Turashobora kwiha ishusho ingene Aburamu yanezerewe igihe yabona itandukaniro riri hagati y’Imana nzima be n’ibigirwamana bitagira ubuzima vyasengwa n’abantu bo mu gihe ciwe.

9 Ni ubutumwa ubuhe Yehova yahaye Aburamu? Yamubwiye ati: “Va mu gihugu cawe no mu ncuti zawe uze mu gihugu nzokwereka.” Yehova ntiyavuze igihugu yari afise ku muzirikanyi ico ari co, yavuze gusa ko yoceretse Aburamu. Kimwe coco, Aburamu yotegerejwe guheba igihugu ciwe n’incuti ziwe. Mu mico kama yo mu Karere k’ibihugu vy’Abarabu, umuryango cari ikintu gikomeye cane. Umuntu asize incuti ziwe akimukira kure akenshi vyabonwa ko ashikiwe n’amagorwa; hari n’ababona ko cari kibi kurusha urupfu!

10. Kubera iki kuba Aburamu na Sarayi barahevye inzu yabo y’i Uri vyabasavye kwitanga?

10 Kuva mu gihugu ciwe vyamusavye kwitanga. Igisagara ca Uri gitegerezwa kuba cari igisagara kirimwo uruja n’uruza rw’abantu kandi gitunze. (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Igisagara Aburamu na Sarayi bahevye.”) Ivyacukuwe vyarerekanye ko i Uri ha kera hariyo amazu mezameza; hari ayari afise ivyumba 12 canke birenga vyabamwo abagize umuryango n’abasuku, imbere mu kigo hakaba hariyo imbuga ishashemwo amabuye. Mu mazu nka yose harimwo amabombo, utuzu twa surwumwe be n’uburyo bwo gusohora imicafu. Niwibuke kandi ko Aburamu na Sarayi bari bitereye mu myaka; Aburamu yari ageze mu myaka 70, Sarayi na we 60. Nta gukeka ko Aburamu yipfuza ko Sarayi abaho atekaniwe kandi yitwararikwa, nk’uko umugabo uwo ari we wese yovyipfuriza umugore wiwe. Niwihe ishusho bariko baganira ku bibazo n’imyitwarariko bishobora kuba vyarabaje mu mutima ku bijanye n’ico kintu bari basabwe. Aburamu ashobora kuba yarahimbawe cane igihe Sarayi yemera ico kintu kitoroshe! Cokimwe na Aburamu, Sarayi yari afise umutima ukunze wo guheba ubuzima bwiza bwo kuba mu nzu.

11, 12. (a) Ni imyiteguro iyihe n’ingingo izihe bategerezwa gufata imbere yo kuva i Uri? (b) Wodondora gute umusi wo kuva i Uri?

11 Aburamu na Sarayi bari bafise vyinshi vyo gukora kubera iyo ngingo bari bafashe. Botegerejwe gutekera ibintu no kubishira ku rutonde. Bari gutwara iki bagasiga iki muri urwo rugendo bagira bagire batazi iyo bagiye? Yamara, icari gihambaye kuruta bari abantu bari batunze. Mbega bari kugenza gute umutama Tera? Bafashe ingingo yo kumutwara bakamwitwararika gushika apfuye. Ashobora kuba yaremeye abikuye ku mutima, kuko iyo nkuru itubwira ko Tera ari we yakuye umuryango wiwe i Uri. Biboneka ko yari yarahevye gusenga ibigirwamana. Loti umwishwa wa Aburamu na we nyene yojanye na bo.​—Ita. 11:31.

12 Amaherezo, umusi wo kugenda warageze. Niwihe ishusho umugwi w’abantu n’ibitungwa ukoraniye inyuma y’uruhome n’umugende vy’igisagara ca Uri. Ingamiya n’indogobwa vyari vyikoreye, ubusho bwari bwakoranye, abagize umuryango n’abasuku bari mu bibanza vyabo, kandi bose bari bashashaye kugenda. * Kumbure bose bari bahanze amaso Aburamu ngo abahe ikimenyetso co guhaguruka. Amaherezo, igihe carageze, hanyuma barahaguruka barava i Uri ubutagisubira kugaruka.

13. Muri iki gihe abasavyi ba Yehova batari bake bagaragaza gute agatima nka kamwe ka Aburamu na Sarayi?

13 Muri iki gihe, abasavyi ba Yehova batari bake barafata ingingo yo kwimukira ahakenewe abamamaji b’Ubwami kuruta ahandi. Abandi barahitamwo kwiga urundi rurimi kugira ngo bagure ubusuku bwabo. Abandi na bo barahitamwo kugerageza kugira uruhara mu yindi mice y’ubusuku batari bamenyereye. Muri rusangi izo ngingo zisaba ukwitanga, ni ukuvuga kugira umutima ukunze wo guheba ku rugero runaka ivyo gutekanirwa mu vy’umubiri. Ese ukuntu abagaragaza mwene ako gatima Aburamu na Sarayi bari bafise ari abo gukezwa! Tugaragaje ukwizera nk’ukwo, twokwemera tudakeka ko Yehova azokwama aturonsa ibintu biruta kure n’iyo ivyo tumuha. Ntiyigera ananirwa guha impera abagaragaza ukwizera. (Heb. 6:10; 11:6) Yoba yarahaye impera Aburamu?

Bajabuka Efurate

14, 15. Urugendo rwo kuva i Uri gushika i Harani rwari rumeze gute, kandi ni kubera iki Aburamu ashobora kuba yarahisemwo kumara igihe i Harani?

14 Uwo mugwi w’abantu n’ibikoko waratevye uramenyera urugendo. Niwihe ishusho Aburamu na Sarayi bagenda barakurakuranya, umwanya umwe bakagenda n’ifarasi uwundi mwanya bakagenda n’amaguru, hakumvikana amajwi yabo igihe bariko baraganira avanze n’ay’udukengeri twari ku migozi yo ku bikoko twagenda turajegera. Buhorobuhoro, n’abatari bamenyereye ivyo kugira ingendo bahavuye bamenyera gushinga amahema no kuyashingura bongera bafasha umutama Tera kuronka ahantu heza yokwicara ku ngamiya canke ku ndogobwa. Bateye baja mu buraruko bushira uburengero, bagenda bajana inkengera y’Uruzi Efurate. Baragiye, baragenda, emwe barasubira baragenda.

15 Amaherezo, bamaze kugenda ibilometero nka 960, bahavuye bashikira utururi tumeze nk’ibitiba tw’i Harani, ico kikaba cari igisagara gitunze cahuriramwo amabarabara y’ubudandaji yava mu buseruko no mu burengero. Aho ni ho uwo muryango wahagaze, kandi warahamaze igihe. Kumbure Tera ntiyari agishoboye kubandanya urugendo.

16, 17. (a) Ni isezerano irihe ryaremesheje Aburamu? (b) Yehova yahezagiye gute Aburamu mu kiringo yamaze i Harani?

16 Tera yahavuye apfa afise imyaka 205. (Ita. 11:32) Aburamu yarahumurijwe cane muri ico gihe c’ukubura kuko Yehova yasubiye kuvugana na we. Yaramusubiriyemwo ubuyobozi yari yaramuhaye akiri i Uri, yongera aramuha ayandi makuru yerekeye imihango yiwe. Aburamu yobaye “ihanga rikomeye,” kandi imiryango yose yo kw’isi yohezagiwe kubera we. (Soma Itanguriro 12:2, 3.) Aburamu, abitumwe n’iryo sezerano Imana yagiranye na we, yararemye maze arabandanya urugendo.

17 Ico gihe hoho, yari afise ibintu vyinshi vyo gutekera, kuko Yehova yari yaramuhezagiye cane mu kiringo yamaze i Harani. Iyo nkuru irigana ivyerekeye “ibintu vyose bari bararundanije, be n’abantu bari bararonse i Harani.” (Ita. 12:5) Kugira ngo Aburamu acike ihanga, yari akeneye itunga n’abasuku, emwe umuryango wagutse. Yehova ntiyama atungisha abasavyi biwe, ariko arabaronsa ivyo bakeneye vyose kugira ngo bakore ivyo agomba. Aburamu amaze kuremeshwa, yarayoboye wa mugwi w’abantu n’ibikoko awujana ahantu atazi.

Kuba Aburamu na Sarayi barahevye ubuzima bwiza bw’i Uri vyaratumye bagira ingorane

18. (a) Ni ryari Aburamu yashitse ku kintu c’intibagirwa muri kahise k’ivyo Imana yagiranye n’abasavyi bayo? (b) Ni ibindi bintu bihambaye ibihe vyabaye ku wa 14 Nisani mu myaka yakurikiye? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Igenekerezo rihambaye cane mu nkuru za Bibiliya.”)

18 Bamaze imisi itari mike bavuye i Harani barashitse i Karikemishi, aho ingenzi zari zisanzwe zijabukira Efurate. Kumbure aho ni ho Aburamu yashitse ku kintu c’intibagirwa muri kahise k’ivyo Imana yagiranye n’abasavyi bayo. Biboneka ko Aburamu yajabukanye uwo mugwi urwo ruzi ku musi ugira 14 w’ukwezi kwahavuye kwitwa Nisani, mu 1943 B.G.C. (Kuv. 12:40-43) Mu bumanuko ni ho hari igihugu Yehova yari yarasezeranye ko yokweretse Aburamu. Kuri uwo musi, isezerano Imana yagiranye na Aburamu ryaratanguye gukora.

19. Ni ibiki vyavuzwe mu muhango Yehova yasezeraniye Aburamu, kandi ivyo bishobora kuba vyibukije iki Aburamu?

19 Aburamu yateye aja mu bumanuko bw’ico gihugu, kandi uwo mugwi wahagaze hafi y’ibiti binini vya More, hafi y’i Shekemu. Aburamu ari ng’aho, Yehova yarasubiye kuvugana na we. Ico gihe, Imana yaravuze mu muhango wayo ibijanye n’uruvyaro rwa Aburamu, urwokwigaruriye ico gihugu. Aburamu yoba yaciye yibuka ubuhanuzi Yehova yari yaravuze muri Edeni, ubwavuga ivyerekeye “uruvyaro” rwohavuye rurokora umuryango w’abantu? (Ita. 3:15; 12:7) Kumbure. Ashobora kuba yaciye atangura gutahura ko yogize uruhara mw’iranguka ry’umugambi wa Yehova.

20. Aburamu yerekanye gute ko akenguruka agateka Yehova yamuteye?

20 Aburamu yarakengurutse cane ako gateka Yehova yamuteye. Igihe Aburamu yariko aragenda muri ico gihugu, yarahagaze arubakira Yehova ibicaniro, kimwe hafi y’ibiti binini vya More, ikindi hafi y’i Beteli, ata gukeka ivyo akaba yabigiranye ukwiyubara kuko cari kikibamwo Abanyakanani. Yarambaje izina rya Yehova, bikaba bishoboka ko yabigira mu gukengurukira Imana bimwe bivuye ku mutima uko yazirikana kuri kazoza k’uruvyaro rwiwe. Ashobora kandi kuba yaramamaje ku babanyi biwe b’Abanyakanani. (Soma Itanguriro 12:7, 8.) Ariko ntiwumve, hari ibintu bikomeye vyobangamiye ukwizera kwa Aburamu muri ubwo buzima bwiwe. Aburamu abigiranye ubukerebutsi, ntiyigeze yiyumvira ivyo yari yarasize inyuma, ngo yiyumvire inzu yasize be n’ukuntu yari abayeho amerewe neza i Uri. Yaraba imbere. Mu Baheburayo 11:10 havuga ku bijanye na Aburamu hati: “Yari arorereye ca gisagara gifise imishinge nyayo, umwubatsi n’umuhinguzi w’ico gisagara akaba ari Imana.”

21. Ivyo tuzi ku vyerekeye Ubwami bw’Imana bingana gute ubigereranije n’ivyo Aburamu yari azi, kandi ivyo bikuvyurira umutima wo gukora iki?

21 Twebwe dusukurira Yehova muri iki gihe turazi vyinshi ku vyerekeye ico gisagara c’ikigereranyo, ni ukuvuga Ubwami bw’Imana, kuruta Aburamu. Turazi ko Ubwami bw’Imana buganza mw’ijuru kandi ko vuba bugiye gukuraho ivy’iyi si, kandi turazi ko Yezu Kristu, we Ruvyaro rwa Aburamu rwasezeranywe kuva kera, ubu ari Umwami w’ubwo Bwami. Ese ukuntu kazoba ari agateka kuri twebwe kubona Aburahamu asubiye kubaho maze akaza yatahura neza ukuntu uwo mugambi w’Imana warangutse! Woba woshima kubona Yehova arangura ikintu ico ari co cose yasezeranye? Nimba uvyipfuza, birahambaye ko ubandanya gukora nka Aburamu. Nugaragaze agatima ko kwitanga no kugamburuka wongere ukenguruke ubicishije mw’isengesho uduteka Yehova yaguteye. Wiganye ukwizera kwa Aburamu, umwe “se w’abari n’ukwizera bose,” mu buryo bunaka, nawe azokubera so!

^ ing. 1 Haciye imyaka, Imana yarahinduye izina rya Aburamu imwita Aburahamu, bisobanura ngo “Se w’isinzi.”​—Ita. 17:5.

^ ing. 4 Muri ubwo buryo nyene, akenshi Aburamu ni we atangura kuvugwa mu bahungu ba Tera, naho atari imfura.

^ ing. 6 Mu nyuma, Imana yarahinduye izina rya Sarayi imwita Sara, bisobanura “Umuganwakazi.”​—Ita. 17:15.

^ ing. 12 Incabwenge zimwezimwe zirakekeranya ku vy’uko ingamiya zoba zaratungwa mu gihe ca Aburamu. Ariko, nta bimenyamenya batanga. Incuro zitari nke Bibiliya iravuga ingamiya mu bintu Aburamu yari atunze.​—Ita. 12:16; 24:35.