Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA KANE

“Aho uzoja ni ho nzoja”

“Aho uzoja ni ho nzoja”

1, 2. (a) Dondora urugendo Rusi na Nawomi bariko baragira be n’intuntu bari bafise. (b) Urugendo rwa Rusi rwari rutandukanye gute n’urwa Nawomi?

RUSI ariko agendera iruhande ya Nawomi mw’ibarabara rica mu biyaya bikirurutse vya Mowabu bicamwo imiyaga. Ubu ni bonyene, kandi ubaravye ni nk’utuntu tubiri dutoyi cane mu ntara igereza iyo n’iyo. Iyumvire Rusi abonye ko izuba ritanguye kurenga, agaca araba inabukwe akibaza niba hageze ko barondera aho barara. Arakunda cane Nawomi kandi nta co atokora ngo amwitwararike.

2 Umwe wese muri abo bagore yari aremerewe n’intuntu. Nawomi yari amaze imyaka ari umupfakazi, ariko yari akibabaye kubera yari aherutse kubura abahungu biwe babiri, Kiliyoni na Mahiloni. Rusi na we nyene yari atuntuye kubera ko Mahiloni yari umugabo wiwe. Rusi na Nawomi bari bagiye ahantu hamwe, mu gisagara ca Betelehemu co muri Isirayeli. Ariko twovuga ko urugendo rw’umwe rwari rutandukanye n’urw’uwundi. Nawomi yari agiye iwabo. Ariko Rusi yari agiye iyo atazi, asize incuti ziwe, igihugu ciwe n’imigenzo y’iwabo, n’imana z’iwabo.​-Soma Rusi 1:3-6.

3. Ni inyishu z’ibibazo ibihe zidufasha kwigana ukwizera kwa Rusi?

3 Ni igiki catumye uwo mugore akiri muto agira ayo mahinduka akomeye? Rusi yoronse gute inkomezi zo kwironderera ubuzima bushasha no kwitwararika Nawomi? Inyishu z’ivyo bibazo ziraza kutwereka ibintu vyinshi twokwigira ku kwizera kw’uwo Munyamowabukazi Rusi. (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Ni akantu gahinguranywe ubuhanga.”) Reka tubanze turabe ingene vyagenze ngo abo bagore babiri babe bari muri iryo barabara rirerire rija i Betelehemu.

Umuryango utandukanywa n’ivyago

4, 5. (a) Kubera iki umuryango wa Nawomi wimukiye i Mowabu? (b) Ni ingorane izihe zashikiye Nawomi i Mowabu?

4 Rusi yakuriye i Mowabu, igihugu gitoyi cari mu buseruko bw’Ikiyaga c’Umunyu. Ako karere ahanini kari kagizwe n’amataba akirurutse ariko ibiti bisabagiye irya n’ino akabamwo n’imyonga igera epfo. “Uturere twa Mowabu” akenshi wasanga twimbuka, mbere n’igihe ikigoyi catera muri Isirayeli. Mu bisanzwe ico ni co catumye Rusi amenyana na Mahiloni n’umuryango wiwe.​—Rusi 1:1.

5 Ikigoyi cateye muri Isirayeli cari caratumye Elimeleki umugabo wa Nawomi abona ko ategerezwa kwimurira umugore wiwe n’abahungu biwe babiri kure y’igihugu cabo, bakaja kuba i Mowabu ari ba kavamahanga. Ivyo bitegerezwa kuba vyarabereye urugamba umwe wese mu bagize uwo muryango mu bijanye n’ukwizera, kubera ko Abisirayeli babwirizwa kwama baja gusengera mu kibanza ceranda Yehova yari yarahisemwo. (Gus. 16:16, 17) Nawomi yarashoboye kuzigama ukwizera kwiwe. Naho ari ukwo, yarishwe n’intuntu igihe umugabo wiwe yapfa.​—Rusi 1:2, 3.

6, 7. (a) Kubera iki Nawomi ashobora kuba yarahagaritse umutima igihe abahungu biwe babira Abanyamowabukazi? (b) Kubera iki Nawomi ari uwo gukezwa kubera ukuntu yafata abakazana biwe?

6 Mu nyuma, Nawomi ashobora kuba yarasubiye kugira umubabaro igihe abahungu biwe barongora Abanyamowabukazi. (Rusi 1:4) Yari azi yuko Aburahamu sekuruza w’igihugu ciwe yaciye ku biti no ku mabuye kugira ngo aronderere umugore umuhungu wiwe Izahaki mu bantu b’iwabo, bano bakaba basenga Yehova. (Ita. 24:3, 4) Mu nyuma, rya Tegeko rya Musa ryaragabishije Abisirayeli ngo ntibareke abahungu babo n’abakobwa babo babirane n’abanyamahanga kuko ivyo vyotumye abasavyi b’Imana baja mu vyo gusenga ibigirwamana.​—Gus. 7:3, 4.

7 Ariko nticabujije ko Mahiloni na Kiliyoni babira Abanyamowabukazi. Naho Nawomi yoba yarahagaritse umutima canke akavunika umutima, biboneka ko yitwararitse kugaragariza abakazana biwe Rusi na Orupa umutima mwiza n’urukundo bizira uburyarya. Ashobora kuba yari yizigiye ko umusi uri izina na bo nyene bobaye abasenga Yehova nka we. Uko biri kwose, Rusi na Orupa barakunda cane Nawomi. Iyo migenderanire myiza bari bafitaniye na we yarabafashije igihe bashikirwa n’ivyago. Bompi bapfakaye bataravyara.​—Rusi 1:5.

8. Ni igiki gishobora kuba carakwegereye Rusi kuri Yehova?

8 Ugusenga Rusi yakuriyemwo kwoba kwaramufashije kwihanganira ivyo vyago? Ntidushoka tubona ukuntu kwoba kwaramufashije. Abanyamowabu basenga imana nyinshi, nkuru muri zo ikaba yari Kemoshi. (Guh. 21:29) Bisa n’uko ugusenga kw’Abanyamowabu kwarimwo ubukazi n’amabi y’agahomerabunwa vyari vyiraye ico gihe, ushizemwo n’ivyo gutanga abana kw’ibimazi. Ikintu cose Rusi yigiye kuri Mahiloni canke Nawomi ku bijanye n’Imana y’urukundo n’imbabazi ya Isirayeli, ari yo Yehova, gitegerezwa kuba catumye abona ko iyo Mana ata ho ihuriye n’imana z’iwabo. Yehova ntiyakoresha iterabwoba, ahubwo yakoresha urukundo. (Soma Gusubira mu vyagezwe 6:5.) Rusi amaze gushikirwa n’ico kintu c’agaterantimba, ashobora kuba yararushirije kwiyumvamwo Nawomi no kumutega ugutwi abikunze uko uwo mugore amukurira yamuyagira ivyerekeye iyo Mana mushoboravyose Yehova, ibikorwa vyayo bitangaje, be n’ukuntu yagaragarije urukundo n’imbabazi abasavyi bayo.

Rusi abigiranye ubukerebutsi yariyegereje Nawomi mu gihe c’intuntu n’ukubura

9-11. (a) Ni ingingo iyihe Nawomi, Rusi na Orupa bafashe? (b) Ni igiki dushobora kwigira ku vyago vyashikiye Nawomi, Rusi na Orupa?

9 Nawomi we yari ashashaye kumenya amakuru yo mu gihugu c’amavukiro. Umusi umwe yarumvise ko ata kigoyi cari kikiri muri Isirayeli, akaba ashobora kuba yabibwiwe n’umudandaza w’ingenzi. Yehova yari yaritayeho abasavyi biwe. Betelehemu yari yasubiye kumera nk’uko izina ryayo risobanura, ni ukuvuga “Inzu y’Umukate.” Nawomi yaciye afata ingingo yo gusubira iwabo.​—Rusi 1:6.

10 None Rusi na Orupa bari guca bakora iki? (Rusi 1:7) Ivyago vyabashikiye bose vyari vyatumye ubucuti bafitaniye na Nawomi burushiriza gukomera. Bisa n’uko Rusi ari we canecane yakozwe ku mutima n’umutima mwiza wa Nawomi be n’ukuntu yagumye yizera Yehova ashikamye. Abo bapfakazi batatu baciye bafata inzira ija mu gihugu ca Yuda bari kumwe.

11 Inkuru ya Rusi iratwibutsa ko ivyago n’ukubura bishikira bose, baba abeza canke ababi. (Umus. 9:2, 11) Iratwereka kandi yuko iyo tubuze uwacu tukumva umengo ntitwovyihanganira, vyoba vyiza turondeye uruhoza n’impumurizo ku bandi, na canecane ku baronderera ubuhungiro kuri Yehova, ya Mana Nawomi yasenga.​—Imig. 17:17.

Urukundo rudahemuka rwa Rusi

12, 13. Kubera iki Nawomi yashaka ko Rusi na Orupa basubira iwabo aho kujana na we, kandi abo bagore bakiri bato babanje kuvyakira gute?

12 Abo bapfakazi batatu bamaze kugenda urugendo rurerure, hari ikindi kintu catanguye guhagarika umutima Nawomi. Yariyumviriye ivy’abo bagore babiri bakiri bato bari kumwe na we be n’urukundo bari baramugaragarije we n’abahungu biwe. Yumva umengo ntiyobongerereza umubabaro. Yaribaza ati: ‘Baramutse bavuye mu gihugu cabo c’amavukiro bakajana nanje i Betelehemu, hari ico nzobamarira?’

13 Nawomi ni kwo guteba akavuga ati: “Nimugende, musubire inyuma, umwe wese ku nzu ya nyina. Yehova abagirire ubuntu bwuzuye urukundo, nk’uko nyene mwabugiriye abo bagabo bāpfuye, be na jewe.” Yaranaseruye icizigiro yari afise c’uko Yehova yobahaye impera bakagira abandi bagabo n’ubuzima bushasha. Iyo nkuru ivuga iti: “Maze arabasoma, hanyuma bashira amajwi hejuru, bararira.” Ntibigoye kubona igituma Rusi na Orupa biyumvamwo cane uwo mugore w’umutima mwiza kandi azira ubwikunzi. Bompi baguma bamwinginga bati: “Oya, ahubwo turasubirana inyuma tujane mu bantu b’iwanyu.”​—Rusi 1:8-10.

14, 15. (a) Orupa yasubiye he? (b) Nawomi yagerageje gute kujijura Rusi ngo areke kumukurikira?

14 Ariko ntiwibaze ko Nawomi yaciye yemera. Yarabasiguriye ashimitse yuko ata kintu kinini yobamariye muri Isirayeli, narirya ata mugabo yari afise wo kumwitwararika, canke abahungu bobabiriye, kandi akaba ata n’icizigiro yari afise co kuronka umugabo canke abana. Yarabahishutse ko vyamutera umururazi kubona atari ashoboye kugira ico abamariye. Orupa yaciye abona ko ivyo Nawomi avuze ari vyo. I Mowabu yari ahafise umuryango, nyina, n’aho kuba. Mu vy’ukuri, kuguma i Mowabu vyasa n’uko ari vyo vyomubera vyiza kuruta. Yaciye rero asoma Nawomi amusezerana umubabaro maze asubira inyuma.​—Rusi 1:11-14.

15 Rusi we bite? Ivyo Nawomi yavuze na we nyene vyaramuraba. Yamara dusoma duti: “Mugabo Rusi we, amata kuri we.” Nawomi ashobora kuba yari yasubiye kugenda igihe yabona ko Rusi yamukurikiye. Yaciye asubira kumubwira ati: “Ehe mugenzawe yapfakaye asubiye mu bantu b’iwabo no ku mana ziwe. Subirana inyuma na mugenzawe yapfakaye.” (Rusi 1:15) Usomye ayo majambo ya Nawomi hari ikintu gihambaye uca ubona: Orupa ntiyari yasubiye gusa mu bantu b’iwabo, ariko kandi yari yasubiye ku “mana ziwe.” Yashimye kuguma asenga Kemoshi n’izindi mana z’ikinyoma. Vyoba vyari ukwo no kuri Rusi?

16-18. (a) Rusi yerekanye gute urukundo rudahemuka? (b) Ni igiki dushobora kwigira kuri Rusi ku bijanye n’urukundo rudahemuka? (Raba kandi amafoto y’abo bagore babiri.)

16 Rusi ariko ararabana na Nawomi muri iryo barabara ryacamwo abantu imparurwa, mu mutima yarumva neza ko ingingo yafashe ari yo. Yarakunda Nawomi n’Imana Nawomi yasenga. Rusi yaciye avuga ati: “Yaco unyinginga ngo nguhebe, ngo nsubire inyuma ndeke kujana nawe; kuko aho uzoja ari ho nzoja, kandi aho uzorara ni ho nzorara. Abantu bawe bazoba abantu banje, n’Imana yawe ibe Imana yanje. Aho uzopfira ni ho nzopfira, kandi ni ho nzohambwa. Yehova angirire gutyo, mbere n’ibirenze ivyo, nihagira ikindi kintandukanya nawe atari urupfu.”​—Rusi 1:16, 17.

“Abantu bawe bazoba abantu banje, n’Imana yawe ibe Imana yanje”

17 Ayo majambo ya Rusi arahambaye cane ku buryo abantu bakiyibuka naho haciye nk’imyaka 3.000 apfuye. Arahishura neza kamere y’agaciro y’urukundo rudahemuka. Urukundo rwa Rusi rwari rukomeye cane kandi rudahemuka ku buryo yogumye yumiye kuri Nawomi aho yogiye hose. Urupfu ni rwo rwonyene rwoshoboye kubatandukanya. Abantu b’iwabo na Nawomi bobaye abantu ba Rusi, kuko yari yiteguriye gusiga inyuma ibintu vyose yari azi i Mowabu, mbere n’imana zaho. Rusi ntiyabaye nka Orupa; we yarashoboye kuvuga n’umutima wiwe wose yuko ashaka ko Yehova Imana ya Nawomi iba n’Imana yiwe. *

18 Nuko babandanya urugendo bajana ibarabara rirerire rija i Betelehemu, ico gihe bakaba bari basigaye ari babiri gusa. Umuhinga umwe agereranya ko urwo rugendo rwoba rwatwaye indwi imwe. Naho ari ukwo, umwe wese muri bo ategerezwa kuba yarahumurijwe ku rugero runaka no kuba ari kumwe n’uwundi narirya bompi bari bafise intuntu.

19. Wibaza ko twokwigana gute urukundo rudahemuka Rusi yari afise mu muryango wacu, mu bagenzi bacu no mw’ishengero?

19 Mw’isi ya kino gihe ibintu bitera intuntu ntibuze. Muri ibi bihe tubayemwo, ivyo Bibiliya yita “ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira,” turabura abacu kandi tugashikirwa n’ibintu bidutera intuntu. (2 Tim. 3:1) Kamere Rusi yari afise irahambaye ubu kuruta ikindi gihe cose. Urukundo rudahemuka, rwa rukundo rwumira ku kintu rukanka kukirekura, ruradufasha cane muri iyi si itera ija mu mwiza. Turarukeneye mu mubano w’abubatse, turarukeneye mu migenderanire tugirana n’abo mu muryango, turarukeneye mu bucuti tugirana n’abandi, turarukeneye mw’ishengero rya gikirisu. (Soma 1 Yohani 4:7, 8, 20.) Dutsimbataje urwo rukundo, tuba turiko turigana akarorero kadasanzwe ka Rusi.

Rusi na Nawomi i Betelehemu

20-22. (a) Ni gute ubuzima Nawomi yagize i Mowabu bwagize ico bukoze kuri we? (b) Ni gute Nawomi yabona mu buryo butari bwo ingorane yari afise? (Raba kandi Yakobo 1:13.)

20 Ariko ntiwumve, urukundo rudahemuka ruroroshe kuvuga ariko kurushira mu ngiro ni ikindi. Rusi yari afise akaryo ko kurugaragariza Nawomi be n’Imana yahisemwo, ari yo Yehova.

21 Abo bagore babiri bahavuye bashika i Betelehemu, kikaba cari ikigwati cari nko ku bilometero cumi mu bumanuko bwa Yeruzalemu. Bisa n’uko Nawomi n’umuryango wiwe bari barigeze kuba bazwi cane muri ako gasagara, kubera ko hose muri ako gasagara haciye havugangwa ivy’ukugaruka kwa Nawomi. Abagore baho baguma bamurabaraba bavuga bati: “Mbega uyu ni Nawomi?” Biboneka ko imisi yamaze i Mowabu yatumye ahinduka cane; uravye mu maso hiwe n’ukuntu yatambuka vyaraboneka ko amaze imyaka ari mu ntuntu no mu marushwa.​—Rusi 1:19.

22 Nawomi yarahishuriye izo ncuti n’ababanyi bari bamaze igihe batabonana yuko ubuzima bwari busigaye ari umururazi kuri we. Mbere yabona ko badakwiye gusubira kumwita Nawomi bisobanura “Igikundiro canje,” ariko ko bomwita Mara bisobanura “Umururazi.” Ewe Nawomi! Nka kumwe kwa Yobu yabayeho imbere yiwe, Nawomi yabona ko Yehova Imana yari yaramuteje ivyago.​—Rusi 1:20, 21; Yobu 2:10; 13:24-26.

23. Ni igiki Rusi yatanguye kwiyumvira, kandi ni intunganyo igenewe aboro iyihe yari muri rya Tegeko rya Musa? (Raba kandi akajambo k’epfo.)

23 Abo bagore babiri bamaze gutangura kuba i Betelehemu, Rusi yaratanguye kwiyumvira ukuntu yokwitunga agatunga na Nawomi. Yaramenye ko rya Tegeko Yehova yari yarahaye abasavyi biwe bo muri Isirayeli ryarimwo intunganyo iranga urukundo igenewe aboro. Aboro bari bemerewe kuja mu mirima mu gihe c’iyimbura bagakurikira abimbuzi, bakagenda baratorora ibisigaye inyuma be n’ivyameze ku mibari y’imirima no mu mfuruka. *​—Lew. 19:9, 10; Gus. 24:19-21.

24, 25. Rusi yakoze iki igihe yasanga ari mu mirima ya Bowazi, kandi igikorwa co gutorora cari kimeze gute?

24 Cari igihe c’iyimbura rya sayiri, kumbure muri Ndamukiza dufatiye ku kirangamisi ca none. Rusi ni kwo kuja mu mirima kuraba ko hari uwomukundira kwungukira kuri iyo ntunganyo yo gutorora. Yagiye asanga ari mu mirima y’umugabo yitwa Bowazi. Uno yari umugabo w’umutunzi afise amatongo akaba n’incuti ya Elimeleki umugabo wa Nawomi yari yarapfuye. Naho rya Tegeko ryamuha uburenganzira bwo gutorora, ntiyaciye abwiha; yarasavye uruhusha umusore yari ajejwe abimbuzi. Uno yararumuhaye, Rusi aca aratangura gutorora.​—Rusi 1:22–2:3, 7.

25 Niwihe ishusho Rusi ariko arakurikira abimbuzi. Uko bagenda baragenya sayiri n’imihoro ihinguwe mw’ibuye ry’isare, ni ko yaza arunama agatora utwakorotse canke utwasigaye inyuma, akadutekera mu miganda, agaca ayijana aho yoyikubitiye kugira akuremwo intete. Cari igikorwa cikwega kandi kiruhisha, kandi uko igitondo cagenda kirarengana ni ko ico gikorwa carushiriza kugora. Ariko Rusi yagumye akora, agahagarara gusa kugira yihanagure akuya no kugira afungure udufungurwa tubayabaye two ku musase ari mu “nzu,” hakaba hashobora kuba hari ahantu abakozi bubakiwe kugira baronke agafuto.

Rusi yaremeye gukora igikorwa kitoroshe kandi giciye bugufi kugira aronke ikimutunga n’igitunga Nawomi

26, 27. Bowazi yari umuntu ameze gute, kandi yafashe gute Rusi?

26 Naho Rusi ashobora kuba atari yizigiye canke yiteze ko hagira uwumubona, hari uwamubonye. Bowazi yaramubonye aca abaza wa musore ajejwe abimbuzi uwo mukenyezi uwo ari we. Uwo mugabo w’ukwizera kudasanzwe yararamukije abakozi biwe ati: “Yehova abane namwe.” Bamwe muri bo bashobora kuba bari abacangero canke mbere abanyamahanga. Abo bakozi baca bamwishura nk’ukwo nyene. Uwo mugabo yitereye mu myaka akunda Imana yaritwararitse Rusi nk’umuvyeyi.​—Rusi 2:4-7.

27 Bowazi yise Rusi “mukobwa wanje,” amuhanura kuguma aza gutorora mu mirima yiwe no kuguma hafi y’abasukukazi bakiri bato bo mu rugo rwiwe kugira ntihagire n’umwe mu basore bamukorera amubuza amahoro. Yaritayeho ivy’uko aronka imfungurwa zo kwivuna umusase. (Soma Rusi 2:8, 9, 14.) Ariko ikiruta vyose, yaramukeje yongera aramuremesha. Uti gute?

28, 29. (a) Rusi yari azwi gute? (b) Nka kumwe kwa Rusi, ushobora gute guhungira kuri Yehova?

28 Rusi abajije Bowazi ico yari yakoze ngo agirirwe ubwo butoni kandi ari umunyamahangakazi, Bowazi yishuye ko yari yarumvise ibintu vyose yari yarakoreye inabukwe Nawomi. Nawomi ashobora kuba yari yarashimagije Rusi yikundira akamuyaga neza mu bagore b’i Betelehemu maze iyo nkuru irashikira Bowazi. Yari azi kandi ko Rusi yari asigaye asenga Yehova kuko Bowazi yavuze ati: “Yehova aguhembere ivyo ukora, kandi Yehova Imana ya Isirayeli aguhe impembo itunganye, uwo waje kuronderera ubuhungiro munsi y’amababa yiwe.”​—Rusi 2:12.

29 Ayo majambo ategerezwa kuba yararemesheje Rusi! Mu vy’ukuri, yari yarafashe ingingo yo guhungira munsi y’amababa ya Yehova Imana, nk’icana c’inyoni cibereye mu cari gikingiwe n’ikivyeyi caco. Yarashimiye Bowazi kubona yari yamubwiye ayo majambo amusubiriza umutima mu nda. Yaciye abandanya gukora gushika buhwibiriye.​—Rusi 2:13, 17.

30, 31. Ni igiki twokwigira kuri Rusi ku bijanye n’ugukora, ugukenguruka n’urukundo rudahemuka?

30 Ukwizera Rusi yagaragaje mu bikorwa ni akarorero keza cane kuri twese tunyinyana n’ubuzima muri ibi bihe bitoroshe mu vy’ubutunzi. Ntiyiyumviriye ko abandi hari ico bategerezwa kumuha, akaba ari co gituma yakengurutse ico bamuhaye cose. Ntiyaterwa isoni no kumara umwanya munini akora cane kugira yitwararike Nawomi yikundira, naho cari igikorwa giciye bugufi. Yarashimye yongera arashira mu ngiro impanuro ziranga ubukerebutsi yahawe ku bijanye n’ukuntu yokora ata nkomanzi kandi ari kumwe n’abantu batamusindira. N’igihambaye kuruta ibindi vyose, ntiyigeze yibagira aho ubuhungiro bwiwe nyakuri bwari, ni ukuvuga kuri Se wiwe Yehova Imana, uwamukingira.

31 Tugaragaje urukundo rudahemuka nka Rusi tukongera tukigana akarorero yatanze mu bijanye n’ukwicisha bugufi, umwete n’ugukenguruka, na twebwe tuzosanga ukwizera kwacu ari akarorero ngirakamaro abandi bokwigana. None Yehova yaronkeje gute Rusi na Nawomi ivyo bari bakeneye? Ivyo ni vyo birimburwa mu kigabane gikurikira.

^ ing. 17 Birashimishije kubona Rusi atakoresheje gusa izina ry’icubahiro “Imana” nk’uko abanyamahanga benshi bari gushobora kubigira; ariko kandi yarakoresheje izina ry’uruharo ry’Imana, ari ryo Yehova. Igitabu kimwe gisigura Bibiliya (The Interpreter’s Bible) kivuga giti: “Gutyo umwanditsi arashimika ku vy’uko uwo munyamahangakazi ari umuyoboke w’Imana y’ukuri.”

^ ing. 23 Ryari itegeko ridasanzwe ata ho rihuriye n’ivyo Rusi yari azi mu gihugu c’iwabo. Ico gihe mu karere k’ibihugu vy’Abarabu, abapfakazi ntibafatwa neza. Igitabu kimwe kivuga giti: “Umugabo amaze gupfa, mu bisanzwe umupfakazi yaca azera uburaro n’uburamuko ku bahungu biwe; atabafise na ho yarashobora guca yigurisha akaba umuja, akaja mu bumaraya canke agapfa.”