Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA CUMI NA KANE

Yarize icigwa mu bijanye no kugira imbabazi

Yarize icigwa mu bijanye no kugira imbabazi

1. Yona yagira agire urugendo rumeze gute, kandi yumva amerewe gute ku bijanye n’iyo yagira aje?

YONA, yari agiye kuronka umwanya ukwiye wo kuzirikana. Yari agiye kugira urugendo rw’ibilometero birenga 800, urwo rukaba rwari urugendo rw’amaguru rwomaze hafi ukwezi canke mbere kurenga. Yategerezwa kubanza guhitamwo hagati yo kujana inzira ngufingufi be no kujana inzira ndende ariko zitarimwo akaga maze akabandanya urugendo rwiwe ata guhagarara, agenda araca mu biyaya vyinshi no ku misozi myinshi. Biboneka ko yategerezwa guca ku nkengera y’ubugaragwa bunini bwo muri Siriya, akajabuka inzuzi nininini nka Efurate, maze akaza arasaba indaro mu bantu atazi bo mu bisagara no mu bigwati vy’i Siriya, i Mezopotamiya, be n’i Ashuri. Uko imisi yarengana ni ko yaguma yiyumvira ari n’ubwoba bwinshi ibijanye n’ahantu yariko araja, kino kikaba cari igisagara ca Ninewe, ico yaguma arushiriza kwegera uko yaba ateye intambwe.

2. Ni gute Yona yize ko adashobora guhunga igikorwa yari yashinzwe?

2 Hari ikintu kimwe Yona yari azi adakeka: Ntiyari gushobora gukwepa ngo ahunge ico gikorwa. Ivyo yari yaragerageje kubigira imbere yaho. Nk’uko twabibonye mu kigabane c’imbere y’iki, Yehova yarigishije Yona akoresheje ikirura c’umuyaga mu kiyaga be n’ukumurokora mu buryo bw’igitangaro akoresheje urufi runini. Haciye imisi itatu, rwa rufi rwaradashwe Yona ari muzima kw’isesero ry’ikiyaga, avayo yumiwe kandi ari umuntu yicisha bugufi.​—Yona, ikigabane ca 1 n’ica 2.

3. Ni kamere iyihe Yehova yagaragarije Yona, yamara ni ikibazo ikihe kivyuka?

3 Igihe Yehova yasubira guha Yona itegeko ryo kuja i Ninewe, uwo muhanuzi yaragamburutse arafata urwo rugendo rurerure yerekeza mu buseruko. (Soma Yona 3:1-3.) Ariko none, yoba yaremeye ngo indero Yehova yamutoje imuhindure bimwe vyuzuye? Nk’akarorero, Yehova yari yaramugaragarije imbabazi, aramurokora ntiyasoma nturi, ntiyamuhanira ubugarariji bwiwe yongera aramuha akandi karyo ko kurangura ico gikorwa yari yamushinze. Yona amaze gukorerwa ivyo vyose, yoba yarize kugaragariza abandi imbabazi? Akenshi usanga abantu badatunganye batoroherwa no kwiga icigwa kijanye no kugaragaza imbabazi. Nimuze turabe ico dushobora kwigira ku rugamba Yona yarwanye.

Ubutumwa bwerekeye urubanza be n’ukuntu bwakiriwe mu buryo butari bwitezwe

4, 5. Ni kubera iki Yehova avuga ko Ninewe ari “igisagara gikomeye,” kandi ivyo bitwigisha iki ku bitwerekeye?

4 Yona ntiyabona igisagara ca Ninewe nk’uko Yehova yakibona. Dusoma duti: “Ico gihe Ninewe cari igisagara gikomeye ku Mana.” (Yona 3:3) Inkuru dusanga mu gitabu ca Yona irerekana ahantu hatatu Yehova yavuze ngo “Ninewe ca gisagara gikomeye.” (Yona 1:2; 3:2; 4:11) Ni kubera iki kuri Yehova ico gisagara cari gikomeye, ni ukuvuga gihambaye?

5 Ninewe cari igisagara ca kera, kikaba cari kimwe mu bisagara vya mbere Nimurodi yubatse inyuma ya rya Segenya. Cari kinini cane, kakaba kari akarere kanini karimwo uruja n’uruza biboneka ko karimwo n’ibindi bisagara bitari bike, bikaba vyasaba ko umuntu agira urugendo rw’imisi itatu kugira ngo ave ku rubibe rwaco rumwe ashike ku rundi. (Ita. 10:11; Yona 3:3) Igisagara ca Ninewe cari kinini bitangaje, gifise insengero amahanga, ibihome bikomeye be n’izindi nyubakwa. Mugabo nta kintu na kimwe muri ivyo catuma ico gisagara kiba igihambaye kuri Yehova Imana. Icari gihambaye kuri we bari abantu. Igisagara ca Ninewe cabamwo abantu benshi cane muri ico gihe. Naho abo bantu bakora ibintu bibi, Yehova yarabitwararika. Araha agaciro ubuzima bw’abantu be n’ukuba umuntu uwo ari we wese ashobora kwigaya maze akiga gukora ibigororotse.

Yona yasanze Ninewe ari igisagara cagutse cuzuyemwo ububi

6. (a) Ni kubera iki Yona ashobora kuba yaratewe ubwoba n’igisagara ca Ninewe? (Raba kandi akajambo k’epfo.) (b) Ni igiki twigira kuri Yona ku bijanye n’igikorwa co kwamamaza yaranguye?

6 Igihe amaherezo Yona yinjira i Ninewe, ubwinshi bw’abantu baho barenga 120.000 bushobora kuba bwatumye harushiriza mbere kumutera ubwoba. * Yaragenze umusi wose, arinjira cane muri ico gisagara cari cuzuyemwo abantu, kumbure arondera ahantu habereye hagati muri co kugira ngo atangure gutangaza ubutumwa bwiwe. None yoganiriye gute n’abo bantu? Yoba yarize kuvuga ururimi rw’Abashuri? Canke Yehova yoba yaramuhaye ubushobozi bwo kuruvuga ku gitangaro? Nta vyo tuzi. Vyoshoboka yuko Yona yatangaje ubwo butumwa mu rurimi rwiwe kavukire rw’igiheburayo maze agakoresha umusobanuzi kugira ngo abushikirize Abanyaninewe. Uko vyari biri kwose, ubutumwa yashikirije bwari bworoshe kandi ntibwari ubwotumye akundwa na benshi. Bwagira buti: “Hasigaye imisi mirongo ine gusa Ninewe ikarandurwa.” (Yona 3:4) Ubwo butumwa yabuvuganye uburindutsi kandi aza arabusubiramwo. Mu kubigenza gutyo, yaragaragaje umutima rugabo be n’ukwizera bidasanzwe, izo zikaba ari kamere abakirisu bakeneye cane ubu kuruta ikindi gihe cose.

Ubutumwa Yona yashikirije bwari bworoshe kandi ntibwari ubwotumye akundwa na benshi

7, 8. (a) Abanyaninewe bakiriye gute ubutumwa Yona yashikiriza? (b) Umwami wa Ninewe yakoze iki amaze kwumva ivyo Yona yatangaza?

7 Ubutumwa Yona yashikiriza bwarumvirijwe n’Abanyaninewe. Ata gukeka, ashobora kuba yaribaza yuko abantu bobwakiriye nabi kandi mu buryo buranga ubukazi. Ariko rero, hari ikintu kidasanzwe cabaye. Emwe abantu baramwumviye! Amajambo yavuze yaciye akwiragira nk’umuriro wa Nyakanga. Butaraca na kabiri, mu gisagara hose hariko havugwa ibijanye n’ubuhanuzi Yona yashikirije bwerekeye icago cari cimirije. (Soma Yona 3:5.) Abatunzi n’abakene, abahambaye n’aboroshe, abato n’abakuze bose bagaragaje agatima kamwe ko kwigaya. Baciye bisonzesha. Amakuru ajanye n’iyo ngendo abanyagihugu bari bafashe ntiyatevye gushikira umwami.

Yona yari akeneye umutima rugabo n’ukwizera kugira yamamaze i Ninewe

8 Umwami na we nyene yarumviye ubutumwa Yona yashikiriza. Abitumwe n’ugutinya Imana yarahagurutse ava ku ntebe yiwe y’ubwami, arakura impuzu ziwe za cami nziza cane, aca yambara nka za mpuzu nyene zivundagaye abanyagihugu biwe bari bambaye, eka mbere “yicara mu minyota.” Afadikanije n’“abahambaye,” yarasohoye itegeko rituma kwa kwisonzesha abanyagihugu bari batanguje bo ubwabo gucika ikintu cemewe cashinzwe na Leta. Yategetse yuko abantu bose bambara amagunira, mbere n’ibikoko vy’ibitungano na vyo nyene birimwo. * Yariyemereye yicishije bugufi yuko abanyagihugu biwe bagirwa n’ubugizi bwa nabi be n’ubukazi. Uwo mwami, mu guserura icizigiro yari afise c’uko Imana y’ukuri yobagiriye imbabazi imaze kubona ukwigaya kwabo, yavuze ati: “Imana . . . [yo]reka ishavu ryayo rirurumba, ntituyogere.”​—Yona 3:6-9.

9. Abantu bamwebamwe bakunze kugira ico bavuze ku bintu binaka, baseruye amakenga ayahe ku bijanye n’Abanyaninewe, kandi tuzi gute ko ayo makenga atagira ishingiro?

9 Abantu bamwebamwe bakunze kugira ico bavuze ku bintu binaka, baraserura amakenga bafise bibaza ukuntu Abanyaninewe bari gushobora guhinduka ningoga na ningoga ukuraho. Ariko rero, incabwenge mu vya Bibiliya zavuze yuko ukwo kuntu bavyifashemwo kutari gutangaje uravye ukuntu abantu bo mu mico kama mwene iyo yo mu bihe vya kera bemera ibintazi bakaba n’abantu ba mahindagu. N’ikindi kandi, turazi ko ayo makenga atagira ishingiro, kubera ko Yezu Kristu ubwiwe mu nyuma yerekeje ku kwigaya kw’Abanyaninewe. (Soma Matayo 12:41.) Yezu yari azi ivyo ariko aravuga, kubera yuko yari yarabaye mw’ijuru aribonera ivyo bintu igihe vyaba. (Yoh. 8:57, 58) Ico tuzi coco ni uko tudakwiye kwemeza ko bidashoboka ko abantu bigaya, naho twoba tubona ko ari babi gute. Yehova wenyene ni we ashobora kumenya ibiri mu mutima w’umuntu.

Ubudasa buri hagati y’imbabazi z’Imana be n’ukudadaza kw’umuntu

10, 11. (a) Yehova yakiriye gute ukwigaya kw’Abanyaninewe? (b) Ni kubera iki twokwizigira tudakeka ko Yehova atari yarihenze mu guca urubanza?

10 Yehova yakiriye gute ukwigaya kw’Abanyaninewe? Yona mu nyuma yanditse ati: “Imana y’ukuri ibona ibikorwa vyabo, yuko bari bahindukiye bagaheba inzira yabo mbi; gutyo Imana y’ukuri iricuza ku bijanye n’ivyago yari yavuze ko yobateje, ntiyabibateza.”​—Yona 3:10.

11 Ivyo vyoba bisobanura yuko Yehova yoba yabonye ko yari yarihenze mu gucira urubanza igisagara ca Ninewe? Oyaye. Bibiliya ivuga ko ubutungane bwa Yehova bugororotse. (Soma Gusubira mu vyagezwe 32:4.) Ishavu rigororotse Yehova yari afitiye Ninewe ryarahagaze gusa. Yarihweje ukuntu abo bantu bari bahindutse maze arabona ko igihano yari yategekanije kubaha kitari kikibereye. Ako kari akaryo Imana ironse ko kugaragaza imbabazi zayo.

12, 13. (a) Yehova yerekanye gute ko akora ibitegereka, ahuza n’uko ibintu biba vyifashe kandi ko ari umunyembabazi? (b) Ni kubera iki ubuhanuzi Yona yashikirije butari ubw’ikinyoma?

12 Yehova si Imana idadaza, itagira inyiyumvo eka mbere ikaze nk’uko indongozi z’amadini zikunda kuvyerekana. Ahubwo nyabuna, akora ibitegereka, agahuza n’uko ibintu biba vyifashe kandi akaba umunyembabazi. Igihe ashinze ivyo guhana abanyakibi, abanza gukoresha abamuserukira ng’aha kw’isi kugira ngo batange imburi, kubera yuko yipfuza cane kubona abanyakibi bakora nk’ivyo Abanyaninewe bakoze, ni ukuvuga bakigaya bakongera bagahindura ingendo zabo. (Ezk. 33:11) Yehova yabariye umuhanuzi wiwe Yeremiya ati: “Igihe ico ari co cose novuga ku bijanye n’ihanga no ku bijanye n’ubwami kugira ndarirandure, ndarisiturire hasi, ndarihonye, maze iryo hanga rigahindukira koko rikava mu bubi bwaryo niyamirije, nzokwicuza rero ku bijanye n’ivyago nari niyumviriye kurishitsako.”​—Yer. 18:7, 8.

Imana iripfuza cane kubona abanyakibi bigaye bagahindura ingendo zabo nk’uko Abanyaninewe bakoze

13 Ubuhanuzi Yona yashikirije bwoba bwari ubw’ikinyoma? Oyaye; bwarashitse ku ntumbero bwari bufise yo gutanga imburi. Iyo mburi yari ishingiye ku bikorwa bibi vy’Abanyaninewe, ivyahavuye bihinduka. Abanyaninewe basubiye gukora ibikorwa vyabo bibi, Imana yociye ibashitsako rwa rubanza. Ivyo ni vyo neza na neza vyabaye haciye igihe.​—Zef. 2:13-15.

14. Yona yakiriye gute ukuba Yehova yaragiriye imbabazi Abanyaninewe?

14 Yona yavyakiriye gute igihe rya sangangurwa ritashika ku gihe yari avyiteze? Dusoma duti: “Ariko ivyo bibabaza cane Yona, ararungura n’ishavu.” (Yona 4:1) Yona mbere yaratuye isengesho ryasa n’iryo guhambarira Mushoboravyose! Yona yavuze yuko vyari kuba vyiza iyo yigumira i muhira, mu gihugu ciwe. Yavuze ko yari asanzwe azi yuko Yehova atoteje ivyago Ninewe, mbere ivyo akaba ari vyo yagize icitwazo c’ukuba yarahungiye i Tarushishi igihe yamutuma ubwa mbere. Yaciye yisabira gupfa, avuga yuko urupfu rwomubereye rwiza kuruta ubuzima.​—Soma Yona 4:2, 3.

15. (a) Ni igiki coba caratumye Yona arushiriza kugira intuntu n’ishavu? (b) Yehova yafashe gute umuhanuzi wiwe yari atuntuye?

15 None ni igiki cariko kirabuza amahoro Yona? Ntidushobora kumenya ivyo Yona yiyumvira vyose, mugabo turazi yuko yari yaratangarije imbere y’abantu bose ko igisagara ca Ninewe kizoshikirwa n’ivyago. Bari baremeye ivyo yavuze. Yamara ico gihe, nta vyago vyariko biraza. Yoba yatinye ko bazomucokora, bakamufata nk’umuhanuzi w’ikinyoma? Uko vyoba vyari biri kwose, ntiyahimbawe no kubona abantu bigaya canke ngo ahimbarwe n’imbabazi za Yehova. Ahubwo riho, biboneka ko yaguma arushiriza kugira intuntu n’ishavu, kwiganyira be no kubona ko umengo yasuzuguritse. Ariko rero, bigaragara ko Imana yuzuye imbabazi Yona yasenga yoyo yari ikibona ivyiza muri uwo muhanuzi wayo yari atuntuye. Aho guhana Yona kubera atagaragaje icubahiro, Yehova yamubajije gusa ikibazo kimwe kiranga ubuntu, gituma yisuzuma, ati: “Mbega vyari bikwiriye ko urungura n’ishavu?” (Yona 4:4) Mbe hoho Yona yoba yaranishuye? Bibiliya ntaco ibivugako.

16. Ni mu buryo butandukanye ubuhe hari abasanga batabona ibintu kumwe n’Imana, kandi ni icigwa ikihe twigira ku karorero ka Yona?

16 Biroroshe gutora amahinyu Yona kubera iyo nyifato yiwe, ariko ni vyiza kwibuka yuko akenshi abantu badatunganye batabona ibintu kumwe n’Imana. Hari abibaza ko Yehova yari akwiye kubuza ko ivyago bishika canke ko yari akwiye kuba yaraciriye urubanza abanyakibi kibure mbere ko yari akwiye kuba yaramaze kuzana umuhero w’ivy’iyi si. Akarorero ka Yona karatwibutsa ko igihe cose bishitse ntitwiyumvire cokimwe na Yehova Imana, ivyiyumviro vyacu ari vyo biba bikwiye kubogorwa, si ivy’Imana.

Ukuntu Yehova yahaye Yona icigwa

17, 18. (a) Yona avuye i Ninewe yaciye akora iki? (b) Ni gute ibitangaro Yehova yakoze harimwo n’ic’umutanga vyagize ico bikoze kuri Yona?

17 Uwo muhanuzi yari yijiriwe yaravuye i Ninewe maze aho gufata urugendo aja i muhira, yerekeza mu buseruko, ahari imisozi yari ihanamiye ako karere. Yarasanasanye akantu ko kwikingamwo maze aba ariko yicaramwo arindiriye ngo arabe ibishikira Ninewe. Kumbure yari acumiye ku cizigiro yari afise co kubona hasangangurwa. None Yehova yokwigishije gute uwo mugabo atashaka gukurwa kw’ijambo kuba umunyembabazi?

18 Mw’ijoro, Yehova yaramejeje umutanga. Yona avyutse yarabonye ako gati kari kakuze cane, gafise amababi manini atanga igitutu kiruta kure n’iyo icari gushobora gutangwa na bwa bwikingo budafashe yari yasanasanye. Yaciye anezerwa cane. ‘Yona yaranezerejwe rwose’ n’ico giterwa, kumbure akaba yabona ko kuba cabonetse mu buryo bw’igitangaro ari ikimenyetso c’uko Imana yari imuhezagiye kandi ko yamwemera. Ariko rero, Yehova yashaka gukora n’ibindi uretse gusa gukiza Yona ubushuhe be n’ishavu ritagira ishingiro we ubwiwe yari yiteye. Yashaka gushikira umutima wa Yona. Ni co gituma Imana yakoze ibindi bitangaro. Yararungitse urunyo kugira ngo rurye rwongere rwice ico giterwa. Yaciye irungika “umuyaga wo mu buseruko uturira” gushika Yona atanguye kumera “nk’uwugira arabe” kubera ubushuhe. Uwo mugabo yaciye ashavura maze asubira gusaba Imana ko yokwipfira.​—Yona 4:6-8.

19, 20. Ni gute Yehova yafashije Yona kuzirikana ku vyerekeye ca giterwa c’umutanga?

19 Yehova yarasubiriye kubaza Yona nimba vyari bibereye ko ashavura, ico gihe akaba yari ashavujwe n’uko wa mutanga ukabiranye. Aho kwigaya, Yona yisiguye mu kuvuga ati: “Vyari bikwiriye ko ndungura n’ishavu, ku buryo nipfuza gupfa.” Hari hageze rero ko Yehova atomora icigwa yagomba kumuha.​—Yona 4:9.

Imana yarakoresheje umutanga kugira ngo yigishe Yona icigwa mu bijanye no kugira imbabazi

20 Imana yarafashije Yona kuzirikana mu kuvuga yuko uwo muhanuzi yari ababajwe no kubona igiterwa gisanzwe cari cakuze mw’ijoro rimwe gikabirana, naho atari ico yari yateye canke ngo akuze. Imana yaciye isozera ivuga iti: “Jeho sinari nkwiye kwumvira akagongwe Ninewe ico gisagara gikomeye kirimwo abantu barenga ibihumbi ijana na mirongo ibiri batazi gutandukanya ukuryo n’ukubamfu, udashizemwo ibitungwa vyinshi?”​—Yona 4:10, 11. *

21. (a) Ni icigwa gihambaye ikihe Yehova yigishije Yona? (b) Ni gute inkuru ya Yona idufasha kwisuzuma tutibesha?

21 Woba ubona ukuntu ico cigwa Yehova yatanze gihambaye? Yona nta kintu na kimwe yari yakoze kugira ngo yitwararike ico giterwa. Ariko Yehova we ni we yari Isôko ry’ubuzima bw’abo Banyaninewe kandi yari yarabaronkeje ivyo bakeneye, nk’uko abigirira ibindi biremwa vyose vyo kw’isi. None Yona yashobora gute guha agaciro kanini igiterwa kimwe gusa kuruta ako yaha ubuzima bw’abantu 120.000, dushizeko n’ibitungwa vyabo vyose? Ubwo ntikwari ukubera ko yari yaretse ivyiyumviro vyiwe bikaba ivy’ubwikunzi? Nakare, yarababajwe na ca giterwa kubera gusa yuko cari camugiriye akamaro we ubwiwe. Ubwo ishavu yagize kubera igisagara ca Ninewe ntiryoba ryavuye ku mvo na zo nyene z’ubwikunzi, ni ukuvuga icipfuzo kirimwo ubwibone co kwihesha icubahiro, kugira aboneke ko avuga ukuri? Inkuru ya Yona irashobora kudufasha kwisuzuma tutibesha. Ni nde muri twebwe adashobora kugira impengamiro z’ubwikunzi nk’izo? Ese ukuntu dukwiye gukenguruka ingene Yehova atwigisha yihanganye kurushiriza kuba abatikunda, abanyempuhwe n’abanyembabazi, nk’uko na we ari!

22. (a) Ni gute bigaragara ko inyigisho iranga ubukerebutsi yerekeye imbabazi Yehova yahaye Yona yagize ico imukozeko? (b) Ni icigwa ikihe twese dukwiye kwiga?

22 Ikibazo rero gica kivyuka ni iki: Yona yoba yarafashe nka nkama ico cigwa? Igitabu citirirwa izina ryiwe kirangira ikibazo Yehova yabajije kitarishurwa. Abantu bamwebamwe bakunze kugira ico bavuze ku bintu binaka boshobora gutora amahinyu ivy’uko Yona atigeze yishura. Ariko rero mu vy’ukuri, inyishu yiwe irahari. Ni ico gitabu ubwaco. Urabona, ibimenyamenya vyerekana yuko Yona ari we yanditse igitabu citirirwa izina ryiwe. Niwihe ishusho uwo muhanuzi, yasubiye mu gihugu c’iwabo kandi atekaniwe, ariko arandika iyo nkuru. Turashobora kwiha ishusho y’umugabo asigaye ashaje, yarushirije kuba inkerebutsi, kandi asigaye yicisha bugufi cane, ariko arazungagiza umutwe yicuza magingo adondora amakosa yiwe, ubugarariji bwiwe be n’ukuntu yanse abigiranye akagagazo kugaragaza imbabazi. Biratomoye rero ko Yona yigiye icigwa gihambaye ku nyigisho iranga ubukerebutsi Yehova yamuhaye. Yarize kuba umunyembabazi. Twoba natwe tuzobigira?​—Soma Matayo 5:7.

^ ing. 6 Vyagereranijwe ko mu gihe ca Yona, Samariya, umurwa mukuru wa bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe na ya miryango cumi, ishobora kuba yari ifise abanyagihugu bari hagati ya 20.000 na 30.000 abo bakaba batashika n’ica kane c’abantu baba i Ninewe. Mu kiringo c’ugusagamba kwa Ninewe, ico gisagara gishobora kuba ari co cari kinini gusumba ibindi vyose kw’isi.

^ ing. 8 Ico kintu coshobora gusa n’ikitumvikana, mugabo caragirwa mu bihe vya kera. Umutohozakahise w’Umugiriki yitwa Herodote yavuze yuko Abaperesi ba kera berekanye intuntu bari bafise kubera urupfu rw’umujenerali umwe yakundwa n’abantu benshi mu gushiramwo n’ibitungwa vyabo mu migenzo yo kugandara.

^ ing. 20 Ivyo Imana yavuze yuko abo bantu batari bazi gutandukanya ukuryo n’ukubamfu vyerekana ukuntu bari bameze nk’abana mu vyo kutamenya ingingo mfatirwako z’Imana.