Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA CUMI NA GATANDATU

Yakoranye ubukerebutsi, ubutwari, ata bwikunzi

Yakoranye ubukerebutsi, ubutwari, ata bwikunzi

1-3. (a) Kwegera intebe y’ubwami, vyasobanura iki kuri Esiteri? (b) Umwami yakiriye gute Esiteri?

ESITERI yaregereye buhorobuhoro intebe y’ubwami umutima udidagizwa. Iyumvire agacerere kaciye kaba ubwo nyene mu cumba gikuru c’umwami ku kirimba Shushani c’Ubuperesi, agacerere aho ata n’inyoni yaryogora ku buryo Esiteri yashobora kwumva ingene we nyene ubwiwe ariko atambuka buhorobuhoro n’ingene impuzu ziwe za camikazi ziriko zinyagara buhorobuhoro. Ntiyasamajwe n’ubwiza bwakaka bw’ico kigo c’umwami, inkingi zaho ziryoheye ijisho, igisenge caho gisharijwe c’amasederi yakuwe kure i Libani. Yagumije amaso ku mugabo yari yicaye ku ntebe y’ubwami, uwo mugabo akaba yashobora gutuma apfa canke akira.

2 Umwami yaramwitegereje yitonze uko yaza amugana maze amutunga agakoni kiwe k’ubutware k’inzahabu. Ico cari ikimenyetso gisanzwe, ariko casobanura ko Esiteri atagipfuye, kuko cari icerekana ko amubabariye ku caha yari ahejeje gukora co kurenguka imbere y’umwami atatumweko. Esiteri ashikiriye intebe y’ubwami yaratumye ukuboko arakora abigiranye ugukenguruka kw’isonga rya nya gakoni k’ubutware.​—Est. 5:1, 2.

Esiteri yarakengurutse yicishije bugufi kubona umwami yamugiriye imbabazi

3 Ikintu cose cari cerekeye Umwami Ahasuwerusi carerekana ubutunzi n’ububasha vy’akaburarugero yari afise. Impuzu abami b’Ubuperesi bambara muri ivyo bihe bivugwa ko zari ziciye nk’amarundi imiliyaridi amajana. Ariko Esiteri yarashobora kubona igishika mu maso y’umugabo wiwe; uno akaba yaramukunda mu buryo yisangije. Yavuze ati: “Ni amaki ga Esiteri mwamikazi, kandi ushaka gusaba iki? Niyo coba ica kabiri c’ubwami, uragihabwa!”​—Est. 5:3.

4. Ni ibintu bitoroshe ibihe vyari birindiriye Esiteri?

4 Esiteri yari amaze kwerekana ukwizera n’umutima rugabo bidasanzwe; yari yaje imbere y’umwami kugira akingire abo mu bwoko bwabo umugambi wo kubaherengeteza. Gushika ico gihe, yari yamaze kuroranirwa, mugabo hari urugamba rutoroshe rwari rukimurindiriye. Yabwirizwa kujijura uwo mwami w’umunyabwibone ko umuhanuzi wiwe yizigira kurusha abandi bose yari umugabo w’umubisha yari yahenze umwami kugira acire urwo gupfa abantu bo mu bwoko bwa Esiteri. None yari kumujijura gute, kandi ni igiki dushobora kwigira ku kwizera kwiwe?

Yarahisemwo abigiranye ubukerebutsi “igihe co kuvuga”

5, 6. (a) Esiteri yashize mu ngiro gute ingingo ngenderwa dusanga mu Musiguzi 3:1, 7? (b) Ni gute uburyo Esiteri yakoresheje mu kuyaga n’umwami bwaranga ubukerebutsi?

5 Esiteri yoba yari akwiye guhishurira umwami nya ngorane yose imbere y’abantu bose bakorera aho hantu yari avyagiye? Kubigenza gutyo vyari guhava bimaramaza umwami kandi umuhanuzi wiwe Hamani agaca aboneraho akaryo ko guharira ku bijanye n’ivyo amwagiriza. None Esiteri yavyifashemwo gute? Hari haciye ibinjana wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yanditse ahumekewe n’Imana ati: “Ikintu cose kirafise igihe cashingiwe, . . . igihe co kunuma n’igihe co kuvuga.” (Umus. 3:1, 7) Niwihe ishusho wa mugabo w’umwizigirwa Morudekayi yari areze Esiteri ariko yigisha uwo mwigeme iyo ngingo ngenderwako uko yagenda arakura. Nta gukeka ko Esiteri yatahura igituma bihambaye guhitamwo yitonze “igihe co kuvuga.”

6 Esiteri yavuze ati: “Nimba umwami abona ko ari vyiza, azanane na Hamani uyu musi ku nzimano namuteguriye.” (Est. 5:4) Umwami yaremeye maze atumako Hamani. Woba ubona ingene Esiteri yavuganye ubukerebutsi? Yagumye atera iteka umugabo wiwe kandi ararondera akaryo karushirije kuba akabereye ko guhishura akamubakiye.​—Soma Imigani 10:19.

7, 8. Inzimano Esiteri yateguye ubwa mbere yarimwo ibiki, kandi ni kubera iki atashotse abwira umwami ikibazo ciwe?

7 Nta gukeka ko Esiteri yateguye nya nzimano avyitondeye, aritwararika gutegura akantu kose nk’uko umugabo wiwe yari gushima. Iyo nzimano yarimwo n’umuvinyu w’akanovera kugira utume anezerwa. (Zab. 104:15) Ahasuwerusi yararyohewe, bituma yongera kubaza Esiteri ico ashaka gusaba. Ico coba cari co gihe co kuvuga?

8 Esiteri si ko yabibona. Ahubwo yaratumiye umwami na Hamani ku nzimano igira kabiri, ku musi ukurikira. (Est. 5:7, 8) Kubera iki none yarindiriye? Ibuka ko abantu bose bo mu bwoko bwa Esiteri bari bagiye kwicwa kubera itegeko umwami yari yasohoye. Kubera ko bari bageramiwe cane gutyo, Esiteri yategerezwa kuraba neza ko haboneka igihe kibereye co kuvuga. Yararindiriye rero, ararondera akandi karyo ko kwereka umugabo wiwe yuko amwubaha.

9. Ukwihanga gufise agaciro akahe, kandi dushobora gute kwigana akarorero ka Esiteri muri uwo muce?

9 Ukwihangana ni kamere y’imbonekarimwe ariko y’agaciro. Naho Esiteri yari ababaye kandi akaba yari ashashaye guserura iryo agona, yararindiriye yihanganye igihe kibereye co kuvuga. Hari vyinshi dushobora kwigira ku karorero kiwe, kuko twese dushobora kuba twarabonye ibintu bitagenda neza bikeneye gukosorwa. Nimba tugomba kujijura umuntu afise ubukuru ngo atunganye ingorane yinaka, hari aho twokenera kwigana Esiteri tukihangana. Mu Migani 25:15 havuga hati: “Biciye ku kwihangana umukomanda arayengayengwa, kandi ururimi rw’ubwitonzi rurashobora kumena igufa.” Turindiriye twihanganye igihe kibereye kandi tukavugana ubwitonzi, nka kumwe kwa Esiteri, naho ukurwanywa kwoba kugumye nk’igufa, kwoshobora kumenwa. None Yehova Imana ya Esiteri, yoba yarahezagiye ukwihangana kwiwe n’ubukerebutsi bwiwe?

Ukwihangana gucira inzira ubutungane

10, 11. Ni kubera iki inyiyumvo za Hamani zahindutse aho aviriye ku nzimano ya mbere, kandi ni igiki umugore wiwe n’abagenzi biwe baciye bamubwira gukora?

10 Ukwihangana kwa Esiteri kwaraciriye inzira urukurikirane rw’ibintu rudasanzwe. Hamani yavuye ku nzimano ya mbere akamwemwe ari kose, “anezerewe kandi aryohewe mu mutima” kubera umwami n’umwamikazi bari bamutonesheje ukuraho. Ariko rero, Hamani ariko asohokana mw’irembo ry’ikirimba, yagiye abona Morudekayi, wa Muyuda yari yaragize umuziro kumuha icubahiro kidasanzwe. Nk’uko twabibonye mu kigabane c’imbere y’iki, Morudekayi ntiyanka kumwunamira ngo ni uko atamwubaha, ahubwo yabitumwa n’ijwi ryiwe ryo mu mutima hamwe n’ubucuti afitaniye na Yehova Imana. Ariko Hamani “[yaciye] yuzura ubushangashirwe.”​—Est. 5:9.

11 Hamani abwiye umugore wiwe n’abagenzi biwe ivy’ako kagaye ngo yagiriwe, baciye bamubwira ngo ategure igiti kirekire cane kirenza imetero 22 z’amaduga hama ace asaba umwami uruhusha rwo kukimanikako Morudekayi. Hamani yarashimye ico ciyumviro aca ubwo nyene atangura kugitegura.​—Est. 5:12-14.

12. Ni kubera iki umwami yasavye ko bamusomera n’ijwi ryumvikana inyandiko za Leta, kandi ni igiki yamenye?

12 Muri ico gihe, umwami yaragize ijoro ridasanzwe. Nk’uko Bibiliya ibivuga ‘umwami yarabuze itiro,’ aca ategeka ko bamusomera n’ijwi ryumvikana inyandiko za Leta. Mu vyo bamusomeye, harimwo inkuru ivuga ivy’umugambi wari waragizwe wo kwica Ahasuwerusi. Yaributse ico kintu; abari bagize umugambi wo kumwica barafashwe hanyuma baricwa. None vyagendeye gute umugabo yari yahishuye uwo mugambi, ari we Morudekayi? Umwami yaciye aba nk’uwukangutse, aca abaza ico Morudekayi yagiriwe ku bw’ico kintu ciza yakoze. None bamwishuye gute? Bamubwiye ko ata na kimwe Morudekayi yari yaragiriwe.​—Soma Esiteri 6:1-3.

13, 14. (a) Ivya Hamani vyatanguye kugenda nabi gute? (b) Ni ibiki muka Hamani n’abagenzi biwe bamubwiye?

13 Ivyo vyarabujije amahoro umwami, aca asaba abakozi bo ku kirimba bari ng’aho ngo bamufashe gukosora iryo kosa. Emwe, biboneka ko Hamani yari yatanze abandi bakozi bose gushika ku kirimba kuko yari ashashaye kuronka uruhusha rwo kwica Morudekayi. Mugabo Hamani ataranasaba nya ruhusha, umwami yamubajije iteka risumba ayandi yose umwami yotera umuntu yagiriye ubutoni. Hamani yaciye yibwira ati: ‘Nawe nu nta wundi umwami agomba kuritera atari jewe.’ Ni kwo guca yiyumvira iteka ry’agakomeye akavuga ati: ‘Uwo muntu niyambikwe impuzu za cami, kandi umutegetsi mukuru natume bamutembereza i Shushani kw’ifarasi y’umwami, bagenda barasemerera bamuhayagiza ku buryo bose bavyumva.’ Niwiyumvire ingene mu maso ha Hamani haciye hahinduka aho amenyeye ko uwo muntu yagira aterwe iteka ari Morudekayi! N’ikindi kandi, urazi umuntu umwami yabwiye ko ategerezwa kugenda arasemerera ahayagiza Morudekayi? Uwo Hamani nyene!​—Est. 6:4-10.

14 Hamani yarakoze vyo guheza umwuga ico yabona ko ari igikorwa kibishe, aca yihutira kuja iwe intuntu ari yose. Umugore wiwe n’abagenzi biwe baciye bavuga ko iryo hinduka ry’ibintu cari ikimenyetso c’uko atororaniwe; mu rugamba yarimwo rwo kurwanya Morudekayi Umuyuda, yotsinzwe ata kabuza.​—Est. 6:12, 13.

15. (a) Ni ivyiza ibihe Esiteri yironkeye kubera ukwihangana? (b) Ni kubera iki vyoba biranga ubukerebutsi ‘turindiriye’?

15 Kubera ko Esiteri yagumye yihanganye arindiriye ko uwundi musi ushika ngo agire ico asavye umwami, Hamani yarahawe umwanya wo kwiyimbira icobo. N’ikindi kandi, nta wuzi ko Yehova Imana atari we yari yatumye umwami abura itiro. (Imig. 21:1) Ntibitangaje rero kubona Ijambo ry’Imana rituremesha ‘kurindira.’ (Soma Mika 7:7.) Turindiriye Imana, twoshobora gusanga umuti itoreye ingorane zacu urengeye kure n’iyo ikintu ico ari co cose twari gushobora kwiyumvira.

Yaravuganye ubutwari

16, 17. (a) “Igihe co kuvuga” ca Esiteri cashitse ryari? (b) Ni gute Esiteri yari atandukanye na Vashiti, uwahoze ari umugore w’umwami?

16 Esiteri ntiyabandanije kugeza ukwihangana kw’umwami; ku nzimano igira kabiri yari yateguye, yategerezwa kuvuga vyose. Ariko gute? Umwami yaramuhaye akaryo ko kubigira mu gusubira kumubaza ico agomba. (Est. 7:2) “Igihe co kuvuga” ca Esiteri cari gishitse.

17 Niwihe ishusho Esiteri ariko atura Imana yiwe isengesho mu gacerere imbere yo kuvuga aya majambo: “Nimba ngize ubutoni mu maso yawe ga mwami, kandi nimba umwami abona vy’ukuri ko ari vyiza, ngomba yuko ubuzima bwanje burokorwa, ngasaba kandi yuko igisata canje kiticwa.” (Est. 7:3) Urabona ko yakuye amazinda umwami yuko yubaha ingingo afata ku bijanye n’ico abona ko kibereye. Ese ukuntu Esiteri yari atandukanye na Vashiti, wa mugore yahoze ari uw’umwami, umwe yari yaratetereje nkana umugabo wiwe! (Est. 1:10-12) Vyongeye, Esiteri ntiyanebaguye umwami kubera ukuntu yakoranye ubupfu mu kwizigira Hamani. Ahubwo riho, yaringinze umwami ngo amukingire akaga kari kageramiye ubuzima bw’uwo mwamikazi.

18. Ni gute Esiteri yaseruriye umwami ingorane yari afise?

18 Ico kintu Esiteri yasavye, vy’ukuri carakoze ku mutima umwami congera kiramutangaza. Uwo ni nde yari kwubahuka kugeramira umwamikazi wiwe? Esiteri yabandanije ati: “Twa[ra]gurishijwe, twe n’igisata canje, kugira tuzimanganywe, twicwe, turandurwe. Iyo tuba twagurishijwe kugira tube abashumba n’abasukukazi gusa, mba nanumye. Mugabo ayo marushwa ntabereye mu gihe bituma umwami ahomba.” (Est. 7:4) Urabona ko Esiteri yashize ahabona ingorane adacisha ku ruhande, yamara akongerako yuko yari kwinumira iyo baba bageramiwe gusa no kugirwa abashumba. Ariko rero, kubera ko iryo honyabwoko ryari gutuma umwami ubwiwe ahahombera cane, Esiteri ntiyari gushobora kuguma anumye.

19. Twokwigira iki kuri Esiteri ku bijanye n’ubuhanga bwo kujijura?

19 Akarorero ka Esiteri karatwigisha vyinshi ku bijanye n’ubuhanga bwo kujijura. Hamwe vyoshika ugakenera kuyagira ingorane ikomeye uwawe canke mbere umuntu afise ubukuru, kwihangana, kugaragaza icubahiro no kuvuga udacisha ku ruhande birashobora kugufasha cane.​—Imig. 16:21, 23.

20, 21. (a) Esiteri yashize ahabona gute umugambi wa Hamani, kandi ivyo vyatumye umwami akora iki? (b) Hamani yakoze iki igihe ivyiwe vyamutekurukana?

20 Ahasuwerusi yabajije ati: “Uwo ni nde, kandi ari hehe uwo muntu yubahutse kugira ivyo?” Niwihe ishusho Esiteri ariko atunga urutoke uwo muntu mu kuvuga ati: “Uwo muntu, uwo murwanizi akaba n’umwansi, ni uwu mugesera Hamani.” Ko Hamani yari yagirijwe gutyo, vyari guca bigenda gute? Hamani yaratekewe n’ubwoba. Niwihe ishusho ukuntu mu maso h’uwo mwami, uno akaba yari asanzwe afise inyiyumvo zihinduka bukwi na bukwi, hahindutse aho aboneye ko uwo muhanuzi wiwe yizigira yari yamuhenze akamusinyisha itegeko ryari guhitana umugore wiwe yikundira! Umwami yaciye asohoka hanze ashangashiwe aja mu busitani kugira aturure.​—Est. 7:5-7.

Esiteri yarerekanye ububisha bwa Hamani abigiranye ubutwari

21 Hamani bimaze kumutekurukana, yarikubise imbere y’umwamikazi. Aho umwami agarukiye akabona Hamani ari ku buriri bwa Esiteri ariko aramutakambira, yaciye yagiriza n’ishavu ryinshi Hamani ko agira afate ku nguvu umwamikazi mu nzu y’umwami. Aho urupfu rwa Hamani rwari rushitse. Baciye bamutwara bamupfutse mu maso. Umwe mu bakozi b’umwami ni ko kubwira umwami ivya ca giti amahanga yose Hamani yari yateguriye Morudekayi. Ahasuwerusi ngo avyumve, aca ategeka ko Hamani aba ari we akimanikwako.​—Est. 7:8-10.

22. Ni gute akarorero ka Esiteri katwigisha kutigera twihebura, tubona ko ata kizovamwo canke dutakaza ukwizera?

22 Mw’isi ya kino gihe yuzuye akarenganyo, biroroshe kwiyumvira ko ubutungane butazokwigera bushitswa. Woba umaze kwiyumvira gutyo? Esiteri ntiyigeze yihebura, ntiyigeze abona ko ata kizovamwo, eka ntiyigeze atakaza ukwizera. Igihe kigeze, yaravuganye ubutwari aburanira ukuri, maze arizigira ko Yehova yokoze ibisigaye. Nimuze tumwigane! Yehova ntiyahindutse. Emwe, arashoboye gucakira ababisha n’abanyamayeri mu mitego yabo bwite, nk’uko yabigize kuri Hamani.​—Soma Zaburi 7:11-16.

Yaraburaniye Yehova n’abasavyi biwe ata bwikunzi

23. (a) Ni impera iyihe umwami yahaye Morudekayi na Esiteri? (b) Ni gute ubuhanuzi Yakobo yavuze ari ku mpfiro bwerekeye Benyamini bwarangutse? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ubuhanuzi bwarangutse.”)

23 Umwami yagiye yamenya Morudekayi, aramenya ko atari yarakingiye gusa umwami igihe barondera kumugandagura, ariko kandi ko ari we yari yarareze Esiteri. Ahasuwerusi yaciye agena Morudekayi kuba umushikiranganji wa mbere mu kibanza ca Hamani. Inzu ya Hamani, ushizemwo n’ubutunzi bwiwe butagira uko bungana, umwami yaciye abiha Esiteri, uno na we abizeza Morudekayi.​—Est. 8:1, 2.

24, 25. (a) Ni kubera iki Esiteri atari guca yiraramira inyuma y’aho umugambi wa Hamani umenyekaniye? (b) Ni gute Esiteri yongeye gushira ubuzima bwiwe mu kaga?

24 Ko Esiteri na Morudekayi bari barusimvye, uwo mwamikazi yoba none yari guca yiraramira? Agize ukwo yobaye ari umwikunzi. Ico gihe, rya tegeko rya Hamani ryo kwica Abayuda bose ryariko rikwiragira mu mihingo yose y’iyo nganji. Hamani yari yatereye Puri ari bwo bupfindo (bikaba biboneka ko bwari ubwoko bw’ubupfumu) kugira amenye igihe kibereye co kugaba ico gitero c’ubunyamaswa. (Est. 9:24-26) Hari hagisigaye amezi ngo umusi w’ico gitero ushike, ariko wariko wegereza wihuta. Vyoba vyari bigishoboka ko ico cago gitangirwa?

25 Esiteri ntiyabaye umwikunzi, ahubwo yaremeye kwongera gushira ubuzima bwiwe mu kaga asubira kurenguka imbere y’umwami kandi atamutumyeko. Ico gihe yaraririye abo mu bwoko bwiwe, aratakambira umugabo wiwe ngo afute iryo tegeko riteye ubwoba. Mugabo amategeko yasohorwa kw’izina ry’umwami w’Ubuperesi ntiyashobora gufutwa. (Dan. 6:12, 15) Umwami yaciye rero aha Esiteri na Morudekayi ububasha bwo gutanga itegeko rishasha. Haciye harungikwa irindi tangazo ryo guha Abayuda uburenganzira bwo kwirwanira. Intwarabutumwa zigendera ku mafarasi zaciye zinyaragasa mu mihingo yose y’iyo nganji, zishira iyo nkuru nziza Abayuda. Abayuda benshi baciye basubira kugira icizigiro. (Est. 8:3-16) Niwiyumvire Abayuda bo muri iyo nganji nini cane bariko bironsa ibirwanisho bongera bitegurira urugamba, ivyo bikaba bitari kwigera bishoboka iyo hadasohorwa iryo tegeko rishasha. Ariko ikiruta vyose, “Yehova nyen’ingabo” yoba yofashije abasavyi biwe?​—1 Sam. 17:45.

Esiteri na Morudekayi bararungitse ubutumwa bwo gutangariza Abayuda bo mu Nganji y’Ubuperesi

26, 27. (a) Intsinzi Yehova yahaye abasavyi biwe yari ihambaye gute kandi yabaye ku rugero rungana gute? (b) Ni ubuhanuzi ubuhe bwarangutse mu guherengeteza abahungu ba Hamani?

26 Wa musi wari watowe ushitse, abasavyi b’Imana bari biteguye. Mbere abategetsi benshi b’Ubuperesi bari basigaye babashigikiye, kubera ko amakuru yerekeye wa mushikiranganji wa mbere mushasha, ari we Morudekayi Umuyuda, yari yakwiragiye mu mihingo yose. Yehova yarahaye abasavyi biwe intsinzi ikomeye. Nta gukeka ko yakingiye abasavyi biwe kugira ntibaherengetezwe n’abansi babo mu gutuma bano batsindwa bimwe bikomeye. *​—Est. 9:1-6.

27 Vyongeye, Morudekayi ntiyari kwigera ahagarikira inzu ya Hamani atekaniwe kandi abahungu cumi b’uwo mubisha bakiriho. Na bo nyene barishwe. (Est. 9:7-10) Gutyo, ubuhanuzi bwa Bibiliya bwararangutse, kuko Imana yari yaravuze ko Abamaleki, abari barabaye abansi katwa b’abasavyi bayo, boherengetejwe. (Gus. 25:17-19) Abahungu ba Hamani boshobora kuba bari mu bantu ba nyuma bo muri iryo hanga ryari ryaraciriwe urubanza.

28, 29. (a) Kuba Esiteri be n’abantu bo mu bwoko bwiwe bararwanye intambara, ni kubera iki ivyo vyari igomba rya Yehova? (b) Ni kubera iki akarorero ka Esiteri katubera umuhezagiro muri kino gihe?

28 Naho Esiteri yari akiri muto, yabwirijwe kwikorera amabanga aremereye cane, nk’iryo gusohora amategeko avuye i bwami ajanye n’intambara be n’ukwica. Nticari ikintu coroshe. Ariko kugira ngo ivyo Yehova agomba biranguke, vyasaba ko abasavyi biwe bakingirwa agatikizo; ihanga rya Isirayeli ni ryo ryabwirizwa gukomokamwo Mesiya yari yarasezeranywe, we cizigiro rudende c’umuryango w’abantu wose! (Ita. 22:18) Abasavyi b’Imana bo muri iki gihe barahimbarwa no kumenya yuko igihe Mesiya, ari we Yezu, yaza kw’isi, yabwiye abayoboke biwe bo kuva muri ico gihe gushika n’uno musi, yuko badakwiye kugira uruhara mu ntambara yo mu buryo bw’umubiri.​—Mat. 26:52.

29 Naho ari ukwo, abakirisu baragira uruhara mu ntambara yo mu buryo bw’impwemu; ubu kuruta ikindi gihe cose, Shetani ararondera hasi hejuru gusambura ukwizera dufise muri Yehova Imana. (Soma 2 Abakorinto 10:3, 4.) Ese ukuntu ari umuhezagiro kuba dufise akarorero ka Esiteri! Nimuze tumwigane, tugaragaze ukwizera mu gukoresha ukujijura tubigiranye ubukerebutsi n’ukwihangana, mu kugaragaza umutima rugabo no mu kwemera kuburanira abasavyi b’Imana ata bwikunzi.

^ ing. 26 Umwami yarahaye Abayuda umusi ugira kabiri kugira ngo barangize gutsinda abansi babo. (Est. 9:12-14) No muri kino gihe, uko umwaka utashe Abayahudi barahimbaza iyo ntsinzi mu kwezi kwa Adari, kuno kukaba guhuye n’impera za Ruhuhuma be n’intango za Ntwarante. Uwo musi mukuru witwa Purimu, iryo rikaba ari izina bawuhaye bafatiye kuri bwa bupfindo Hamani yaterera arondera gutikiza Isirayeli.