Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE C’INDWI

‘Yabandanije gukurira imbere ya Yehova’

‘Yabandanije gukurira imbere ya Yehova’

1, 2. Ibintu vyari vyifashe gute igihe Samweli yavugana n’Abisirayeli, kandi kubera iki yari akeneye kubavyurira umutima wo kwigaya?

SAMWELI ariko araraba mu maso abantu bo mw’ihanga ryiwe. Iryo hanga ryakoraniye mu gisagara c’i Gilugali ritumweko n’uwo mugabo w’umwizigirwa amaze imyaka mirongo ari umuhanuzi n’umucamanza. Ni muri Rusama canke muri Ruheshi twisunze ikirangamisi co mu gihe ca none, ici rikaba rimaze guturika. Imirima yo muri ako karere uyiravye isa n’umuhondo wakaka kubera ingano zigeze kwimburwa. Iryo sinzi riciye ricereza. Mbega Samweli aza gushikira gute imitima yabo?

2 Abo bantu ntibatahura ukuntu ico bari bakoze cari gikomeye. Bari basavye bashimitse ko boronswa umwami w’umuntu abaganza. Ntibategera ko bari bakengereye bimwe bikomeye Imana yabo Yehova be n’umuhanuzi wayo. Mu vy’ukuri, bariko batera akagere Yehova ngo ntabe akibabera Umwami! None Samweli yari kubigenza gute kugira ngo abavyurire umutima wo kwigaya?

Ikiringo co mu bwana bwa Samweli kiratwigisha vyinshi ku bijanye no kurushiriza kwizera Yehova naho twoba dukikujwe n’abantu babi

3, 4. (a) Ni kubera iki Samweli yavuze ibijanye n’ubuto bwiwe? (b) Ni kubera iki akarorero k’ukwizera kwa Samweli ari ngirakamaro kuri twebwe muri iki gihe?

3 Samweli yarafashe ijambo. Yabwiye iryo sinzi ati: “Nashaje kandi nsigaye mfise imvi.” Imvi yari afise zatuma amajambo avuga arushiriza kugira uburemere. Yaciye avuga ati: “Nagendeye imbere yanyu kuva mu buto bwanje gushika uyu musi.” (1 Sam. 11:14, 15; 12:2) Naho Samweli yari ashaje, ntiyari yaribagiye imyaka yo mu buto bwiwe. Yari acibuka rwose iyo misi y’ubuto bwiwe. Ingingo yari yarafashe igihe yari akiri agahungu kagikura zari zatumye abaho ari umuntu yizera kandi yihebeye Imana yiwe Yehova.

4 Samweli yabwirijwe gutsimbataza no kuzigama ukwizera, naho akenshi wasanga akikujwe n’abantu batagira ukwizera kandi b’ibihemu. No muri iki gihe, gutsimbataza ukwizera ni urugamba, narirya tubaye mw’isi itagira ukwizera kandi yononekaye. (Soma Luka 18:8.) Reka turabe ivyo dushobora kwigira ku karorero ka Samweli, duhereye igihe yari akiri agahungu gatoyi.

“Yakorera imbere ya Yehova, ari agahungu”

5, 6. Ni gute Samweli yagize ubuzima budasanzwe mu bwana, ariko ni kubera iki abavyeyi biwe bari bazi neza ko yokwitwararitswe?

5 Samweli yagize ubuzima budasanzwe mu bwana bwiwe. Haciye igihe gito acutse, afise kumbure imyaka nk’itatu canke iri munsi gatoyi, yaratanguye kubaho akorera kw’itaberenakulo nyeranda ya Yehova i Shilo, ku bilometero birenga 30 uvuye i muhira iwabo i Rama. Abavyeyi biwe, Elikana na Hana, bareguriye Yehova umuhungu wabo ngo amukorere umurimo udasanzwe, bica bituma aba Umunaziri ubuzima bwiwe bwose. * Ivyo none vyoba vyasobanura ko abavyeyi ba Samweli bari bamuhevye canke ko batamukunda?

6 Habe namba! Bari bazi ko aho i Shilo uwo muhungu wabo yokwitwararitswe. Nta gukeka ko Umuherezi Mukuru Eli yakurikirana ivya Samweli, kuko yakorana cane na we. Hariho n’abagore batari bake bakora ibikorwa bimwebimwe bifitaniye isano n’itaberenakulo, bikaba biboneka ko babikora mu buryo butunganijwe neza.​—Kuv. 38:8; Abac. 11:34-40.

7, 8. (a) Uko umwaka utashe, ni gute abavyeyi ba Samweli bamuronsa indemesho ziranga urukundo? (b) Ni igiki abavyeyi muri iki gihe bokwigira ku bavyeyi ba Samweli?

7 Vyongeye, Hana na Elikana ntibigera bibagira uwo mwana wabo w’imfura bikundira, uwari yavutse ari uko Imana yishuye isengesho. Hana yari yarasavye Imana umwana w’umuhungu, asezerana yuko yomweguriye Imana akabaho akora umurimo mweranda. Uko umwaka utashe, Hana yaragenda kuraba Samweli amushiriye umwitero utagira amaboko mushasha yaba yamukoreye ku bw’igikorwa yarangurira kw’itaberenakulo. Nta gukeka ko ako kana k’agahungu kahimbarwa cane nyina aje kukaramutsa. Abwirizwa kuba yarakomezwa cane n’indemesho be n’ubuyobozi vyuzuye urukundo abavyeyi biwe bamuha uko bamufasha kubona ukuntu kari agateka gukorera Yehova muri ico kibanza kidasanzwe.

8 Muri iki gihe, abavyeyi barashobora kwigira vyinshi kuri Hana na Elikana. Birakunda gushika ugasanga abavyeyi bitwararika cane ivy’umubiri mu twigoro twose bagira two kurera abana babo, bakibagira ivyo abo bana bakeneye mu vy’impwemu. Abavyeyi ba Samweli bobo bashira ivy’impwemu mu kibanza ca mbere, kandi ivyo vyaragize ikintu gihambaye biterereye ku kuntu uwo muhungu wabo yahavuye amera amaze gukura.​-Soma Imigani 22:6.

9, 10. (a) Dondora ingene itaberenakulo yari imeze be n’ukuntu uwo muhungu akiri muto Samweli yiyumva ku bijanye n’aho hantu heranda. (Raba kandi akajambo k’epfo.) (b) Mu bikorwa Samweli yari ajejwe hashobora kuba harimwo n’ibiki, kandi wibaza ko abakiri bato muri iki gihe bokwigana gute akarorero kiwe?

9 Turashobora kwiha ishusho uwo muhungu ariko arakura, yihweza imirambi iri hirya no hino y’i Shilo. Igihe yaba ariko aritegereza ico gisagara be n’ikiyaya cari gishashe hepfo yaco ku ruhande rumwe, umutima wiwe waruzura umunezero kandi akumva yishimye akubise ijisho itaberenakulo ya Yehova. Iyo taberenakulo cari ikibanza ceranda koko. * Ni yo yonyene yari intimatima y’insengo ityoroye ya Yehova kw’isi yose, ikaba yari yubatswe imyaka hafi 400 imbere y’aho, bihagarikiwe na Musa ubwiwe.

10 Uwo muhungu akiri muto Samweli yarabaye umuntu akunda cane itaberenakulo. Mu nkuru yanditse mu nyuma, dusoma duti: “Samweli yakorera imbere ya Yehova, ari agahungu gakenyeye efodi y’ilino.” (1 Sam. 2:18) Iyo mpuzu itagira amaboko isanzwe, biboneka ko yerekana yuko Samweli yafasha abaherezi kw’itaberenakulo. Naho Samweli atari uwo mu baherezi, mu vyo yari ajejwe harimwo ukwugurura uko bukeye imiryango yinjira mu kigo c’itaberenakulo be n’ugufasha umutama Eli. Ariko naho yahimbarwa cane n’utwo duteka, umutima wiwe ugororotse wahavuye ubura amahoro. Hari ikibi kibishe cariko gikorerwa mu nzu ya Yehova.

Yagumye atyoroye naho yari akikujwe n’abantu bahumanye

11, 12. (a) Hofuni na Finehasi berekanye gute ko batubaha ingingo ngenderwako? (b) Ni ibintu ibihe biranga ububisha n’ubuhumane Hofuni na Finehasi bakoreye kw’itaberenakulo? (Raba kandi akajambo k’epfo.)

11 Samweli akiri muto, yariboneye icitwa ububisha n’ubuhumane. Eli yari afise abahungu babiri, Hofuni na Finehasi. Inkuru ya Samweli ivuga iti: “Bene Eli bari abantu b’imburakimazi; ntibemera icese Yehova.” (1 Sam. 2:12) Ivyo vyiyumviro bibiri vyo muri uwo murongo birafitaniye isano. Hofuni na Finehasi bari “abantu b’imburakimazi,” bikaba bisobanura ijambo ku rindi ngo “abana b’impfagusa,” kubera ko bataha icubahiro Yehova na gato. Barakengera ivyo asaba bigororotse be n’ingingo ngenderwako ziwe zigororotse. Ivyo ni vyo vyandurutsemwo ibindi bicumuro vyose bakora.

12 Itegeko ry’Imana ryaratomora ivyo abaherezi bari bajejwe be n’uburyo babwirizwa gushikana ibimazi kw’itaberenakulo yayo. Kandi vyarumvikana! Ivyo bimazi vyagereranya intunganyo Imana yashizeho kugira ngo iharire abantu ibicumuro maze bashobore kuba abatyoroye mu nyonga zayo, babe ababereye umuhezagiro wayo no kuyoborwa nayo. Ariko Hofuni na Finehasi batumye abaherezi bagenzi babo badafatana icubahiro na gikeyi amashikanwa yatangwa. *

13, 14. (a) Ni gute abantu b’umutima nziraburyarya ata gukeka bababazwa n’ububisha bwabera kw’itaberenakulo? (b) Ni gute Eli yananiwe kurangura amabanga yompi yari ajejwe, ryaba iry’ukuba yari umuvyeyi canke umuherezi mukuru?

13 Ibaze nawe uwo muhungu akiri muto Samweli ariko aritegereza yumiwe ukuntu ivyo bintu vy’agahomerabunwa biriko birakorwa ata camira. Mbega yabonye abantu bangana gute, ushizemwo abakene, ba nyarucari n’abakandamizwa, begera itaberenakulo nyeranda bizeye guhumurizwa no gukomezwa mu vy’impwemu, ariko bagataha bavunitse umutima, bababaye canke bamaramaye? Vyongeye, yumvise amerewe gute igihe yumva ko Hofuni na Finehasi barenga no ku mategeko ya Yehova ajanye n’inyifato ibereye mu vy’igitsina, bakaryamana na bamwebamwe mu bagore bakorera ng’aho kw’itaberenakulo? (1 Sam. 2:22) Kumbure yari yizeye ko Eli yogize ico akoze.

Samweli ategerezwa kuba yaratuntujwe cane n’ububi bw’abahungu ba Eli

14 Eli ni we yari ashoboye kuruta abandi bose gutorera umuti iyo ngorane yaguma yunyuka. Kubera ko yari umuherezi mukuru, ni we yabazwa ivyabera kw’itaberenakulo. Kubera ko kandi yari umuvyeyi, yabwirizwa gukosora abahungu biwe. Nakare bariko bigirira nabi bongera bagirira nabi abandi banyagihugu batagira uko bangana. Ariko Eli ayo mabanga yompi yaramunaniye, ryaba iry’ukuba yari umuvyeyi canke umuherezi mukuru. Nta kindi yakoze atari uguhambarira abahungu biwe mu buryo budafashe, budashemeye. (Soma 1 Samweli 2:23-25.) Abo bahungu biwe bari bakeneye nyabuna gutozwa indero mu buryo bukomeye cane kuruta ubwo. Bariko bakora ibicumuro vyatuma bacirwa urwo gupfa!

15. Ni ubutumwa ubuhe bukomeye Yehova yarungikiye Eli, kandi umuryango wa Eli wabwakiriye gute?

15 Ibintu vyarakomeye gushika n’aho Yehova arungika “umuntu w’Imana,” uno akaba ari umuhanuzi atavuzwe izina, ngo aje gushikiriza Eli ubutumwa bukomeye bujanye n’urubanza. Yehova yabwiye Eli ati: “[Uguma] utera iteka abahungu bawe kunduta.” Imana yaciye rero imenyesha ko abo bahungu babi ba Eli bopfuye ku musi umwe kandi ko umuryango wa Eli woshikiwe n’imibabaro ikomeye, ukanatakaza ikibanza c’iteka wari ufise mu muryango w’abaherezi. None iyo mburi ikomeye yoba yaratumye uwo muryango ugira ico uhinduye? Iyo nkuru ntiyerekana ko bahinduye umutima.​—1 Sam. 2:27–3:1.

16. (a) Ni amakuru ayahe dusoma ku bijanye n’iterambere rya Samweli akiri muto? (b) Woba ubona ko ayo makuru yeza umutima? Sigura.

16 None ukwo guhumana kwose hoba hari ingaruka kwagize kuri uwo muhungu yari akiri muto Samweli? Muri iyo nkuru ivuna umutima twogereranya n’umwiza, karacamwo tukabona ico twokwita imishwarara y’umuco, ni ukuvuga amakuru ahumuriza yerekeye ikura rya Samweli be n’iterambere ryiwe. Niwibuke yuko muri 1 Samweli 2:18 havuga yuko Samweli yari umwizigirwa mu gikorwa “yakorera imbere ya Yehova, ari agahungu.” Naho Samweli yari akiri muto, yakoresha ubuzima bwiwe ahanini mu gukorera Imana. Ku murongo wa 21 w’ico kigabane nyene, haravuga ikintu mbere ceza umutima kuruta ico. Dusoma duti: “Agahungu Samweli kabandanya gukurira imbere ya Yehova.” Uko yakura, ni ko ubucuti yari afitaniye na Se wiwe wo mw’ijuru bwaguma burushiriza gukomera. Ubucuti somambike mwene ubwo umuntu agiranira na Yehova ni bwo burinzi bwo kwizigirwa kuruta ubundi bwose bumurinda ubuhumane ubwo ari bwo bwose.

17, 18. (a) Ni gute abakirisu bakiri bato bokwigana akarorero ka Samweli igihe yari akikujwe n’ubuhumane? (b) Ni igiki cerekana ko Samweli yahisemwo ingendo ibereye?

17 Vyari kworoha ko Samweli yibwira ati: ‘Ko n’umuherezi mukuru be n’abahungu biwe bakora ibicumuro uko bishakiye, kubera iki jeho ntokora ivyo nishakiye vyose.’ Yamara ubuhumane bw’abandi, harimwo n’abafise ubukuru, ntibukwiye kwigera buba icitwazo co gukora ibicumuro. Muri iki gihe, abakirisu bakiri bato benshi barigana akarorero ka Samweli bakabandanya “gukurira imbere ya Yehova,” n’igihe bamwebamwe mu babakikuje baba badatanga akarorero keza.

18 None iyo ngendo yatumye Samweli bimugendera gute? Dusoma duti: “Muri ico gihe, ako gahungu Samweli karushiriza gukura no gushimwa imbere ya Yehova n’imbere y’abantu.” (1 Sam. 2:26) Samweli rero yarashimwa, agashimwa n’imiburiburi n’abantu twovuga ko bari bafise ivyiyumviro vyomugiriye akamaro. Yehova yarakunda cane uwo muhungu kubera ukuntu yari umwizigirwa. Vyongeye, nta gukeka ko Samweli yari azi yuko Imana yiwe yohagurukiye ivyo bibi vyose vyariko bikorerwa i Shilo, ariko akaba kumbure yaribaza ati: ‘None Imana izobihagurukira ryari?’ Umusi umwe mw’ijoro, ico kibazo hamwe n’ibindi nk’ivyo vyarishuwe.

“Vuga, kuko umusavyi wawe ariko arumviriza”

19, 20. (a) Dondora ivyashikiye Samweli umusi umwe mu gicugu kw’itaberenakulo. (b) Samweli yamenye gute uwariko aramuhamagara, kandi yafata gute Eli?

19 Bwari mu guca, ariko hakaba hari hakiri umwijima; umuco usa n’uwugomba kuzima w’itara rinini ryo mw’ihema wari ukiriko uraka. Muri ako gahwekere, Samweli yagiye yumva ijwi rimuhamagara mw’izina. Yibajije ko ari Eli amuhamagaye, uno ico gihe akaba yari ashaje cane, asa n’uwahumye. Samweli ni kwo guca ahaguruka maze “yiruka” iyo uwo mutama ari. Woba ubona mu bwenge ako gahungu kariko kariruka katambaye ibirato, kagiye kuraba ico Eli akeneye? Birakora ku mutima kubona ukuntu Samweli yafata Eli abigiranye icubahiro n’ubuntu. Naho Eli yakora ibicumuro, yari akiri umuherezi mukuru wa Yehova.​—1 Sam. 3:2-5.

20 Samweli yaravyuye Eli, amubwira ati: “Ndi hano, kuko umpamagaye.” Mugabo Eli yaciye avuga ko atari yahamagaye, maze abwira ako gahungu ngo gasubire kuryama. Emwe, ico kintu carabaye ubugira kabiri, eka n’ubugira gatatu! Vyakabaye kera, Eli yaratahuye ivyo ari vyo. Ico gihe wasanga ari gake Yehova agira ivyo yeretse abantu biwe canke ngo abarungikire ubutumwa bw’ubuhanuzi, kandi biroroshe gutahura icabituma. Mugabo Eli yaratahuye yuko Yehova yari asubiye kugira ico avuze, ico gihe akaba yariko abwira ako gahungu! Eli yabwiye Samweli ngo asubire kuryama yongera aramubwira ukuntu yoca yishura mu buryo bubereye. Samweli yarumviye. Bidatevye, yarasubiye kwumva rya jwi rihamagara riti: “Samweli, Samweli!” Ako gahungu kaciye kishura gati: “Vuga, kuko umusavyi wawe ariko arumviriza.”​—1 Sam. 3:1, 5-10.

21. Dushobora gute kwumviriza Yehova muri kino gihe, kandi ni kubera iki bibereye kubigira?

21 Emwe, Yehova yaza yaronka i Shilo umusavyi amwumviriza. Ukwumviriza Yehova kwabaye ikintu kiranga Samweli mu buzima bwiwe bwose. Nawe vyoba ari ukwo biri? Si ngombwa ngo hagire ijwi ridasanzwe rivugana natwe mw’ijoro muri iki gihe. Ijwi ry’Imana twovuga ko ryama rihari ku bwacu. Riri mw’Ijambo ryayo rikwiye, ari ryo Bibiliya. Uko turushiriza kwumviriza ijwi ry’Imana maze tukagira ico dukoze, ni ko ukwizera kwacu kurushiriza gukura. Ukwo ni ko vyagenze kuri Samweli.

Naho Samweli yagize ubwoba, yarashikirije Eli ubutumwa bwa Yehova bujanye n’urubanza, adacishije ku ruhande

22, 23. (a) Ni gute ubutumwa Samweli yari yabanje gutinya gushikiriza bwarangutse? (b) Ni gute Samweli yarushirije kumenyekana ko yari umuntu ameze neza?

22 Iryo joro Samweli yamaze i Shilo ryabaye intibagirwa mu buzima bwiwe, kubera ko ico gihe yatanguye kumenya Yehova mu buryo budasanzwe, acika umuhanuzi w’Imana ubwayo n’umuvugizi wayo. Ako gahungu kabanje gutinya gushikiriza Eli ubutumwa bwa Yehova, kuko Yehova yari yavumereye irya nyuma yuko ubuhanuzi bwo gucira urubanza uwo muryango bwari bugiye kuranguka vuba. Mugabo Samweli yarariye umutima amenyo aravuga, kandi Eli yaremeye yicishije bugufi urwo rubanza rw’Imana. Ivyo Yehova yari yaravuze vyose ntivyatevye kuranguka: Abisirayeli baragiye kurwana n’Abafilisitiya, maze Hofuni na Finehasi bompi bicwa ku musi umwe, kandi Eli ubwiwe amenye ko Isandugu nyeranda ya Yehova yafashwe, yaciye agwa bukumbi.​—1 Sam. 3:10-18; 4:1-18.

23 Ariko Samweli wewe yarushirije kumenyekana ko ari umuhanuzi w’umwizigirwa. Iyo nkuru ivuga yuko “Yehova ubwiwe [yabanye] na we,” ikongerako yuko Yehova ataretse ngo hagire ubuhanuzi na bumwe bwa Samweli bugenda butarangutse.​—Soma 1 Samweli 3:19.

‘Samweli ahamagara Yehova’

24. Haciye igihe, ni ingingo iyihe Abisirayeli bafashe, kandi ni kubera iki ico cari igicumuro gikomeye?

24 Abisirayeli boba barakurikije ubuyobozi bwa Samweli ku buryo baba abantu bayobokera Imana kandi b’abizigirwa? Haba namba. Mu nyuma, babonye yuko badakeneye umuhanuzi gusa abacira imanza. Bipfuza kumera nk’ayandi mahanga bakagira umwami w’umuntu abaganza. Samweli abibwiwe na Yehova, yarabashiriye aho bashaka. Mugabo yabwirizwa kwereka Abisirayeli ukuntu igicumuro cabo cari gikomeye cane. Ntibariko batera akagere umuntu buntu, ahubwo bariko batera akagere Yehova ubwiwe! Samweli ni kwo guca abatumako i Gilugali.

Samweli yarasenganye ukwizera, maze Yehova aramwishura mu kugwisha imvura irimwo imituragaro

25, 26. I Gilugali, ni gute umutama Samweli yahavuye afasha abantu biwe kubona ko bari bacumuye kuri Yehova bimwe bikomeye?

25 Reka tugaruke kuri Samweli ca gihe kitoroshe yagira ashikirize ijambo Abisirayeli i Gilugali. Bari ng’aho, uwo mutama Samweli yaribukije Abisirayeli ukuntu yamye ari umuntu w’umwizigirwa kandi atunganye. Inkuru ica ivuga iti: “Samweli . . . ahamagara Yehova.” Yasavye Yehova ngo agwishe imvura irimwo imituragaro.​—1 Sam. 12:17, 18.

26 Uti imvura irimwo imituragaro? Mu ci? Emwe, ivyo ntivyari bwakabeho! Nimba muri bo hari abakekeranije na gatoyi canke ngo banatwengere mw’ijigo, vyamaze umwanya urume rumara. Bagiye babona ijuru ryijimye, ryuzura ibicu. Imiyaga ng’iyo itanguye guhuhuta ikubita ku ngano zari mu mirima. Imituragaro ngo pwa, pwa, pwa! Imvura na yo iti natanzwe. None abantu baciye bakora iki? “Abantu bose [baciye] batinya cane Yehova na Samweli.” Emwe, bahavuye batahura ko bari bakoze igicumuro gikomeye.​—1 Sam. 12:18, 19.

27. Yehova abona gute abigana ukwizera kwa Samweli?

27 Samweli si we yari akoze ku mutima abo bantu b’abagarariji, ahubwo ni Imana yiwe Yehova. Kuva Samweli akiri muto gushika ashaje, yagumye yizeye Imana yiwe. Kandi Yehova yaramuhaye impera. Gushika n’uno musi, Yehova ntiyahindutse. Aracashigikira abigana ukwizera kwa Samweli.

^ ing. 5 Abanaziri barubahiriza indagano yabasaba kwirinda inzoga no kumwa umushatsi wabo. Abenshi bagira indagano yo kuba Abanaziri mu kiringo kanaka gusa, ariko bamwebamwe nka Samusoni, Samweli na Yohani Umubatizi, babaye Abanaziri ubuzima bwabo bwose.

^ ing. 9 Ico kibanza ceranda muri rusangi cari ikintu gifise imero y’urukiramende cubatswe nk’inzu y’imbaho gipfutswe n’ihema rinini. Ariko rero, cari gikozwe mu bikoresho vyizavyiza, nk’inshato z’ivyogaruzi, impuzu zideshe bimwe biteye igomwe be n’imbaho zizimvye zometseko ifeza n’inzahabu. Ico kibanza ceranda cari cubatswe mu kigo gifise imero y’urukiramende kirimwo igicaniro c’agatangaza co gutangirako ibimazi. Uko igihe cagiye kirarengana, biboneka ko hari ibindi vyumba vyubatswe ku mpande z’iyo taberenakulo vyakoreshwa n’abaherezi. Bisa n’uko kimwe muri ivyo vyumba ari co Samweli yaryamamwo.

^ ing. 12 Iyo nkuru iratanga uburorero bubiri bwerekana ukwo kutubaha. Kimwe coco, Itegeko ryaratomora ibihimba vy’ikimazi vyabwirizwa kwegukira abaherezi kugira ngo babifungure. (Gus. 18:3) Ariko kw’itaberenakulo, abo baherezi babi bari bamaze gushinga uwundi mugenzo. Baratuma abasuku babo bagacumita ikanya nini mu gisafuriya caba kiriko gitogoteramwo inyama, bagatwara ibipande ivyo ari vyo vyose vyiza iyo kanya yaba idugije! Ikindi na co, igihe abantu baba bazanye ibimazi vyabo ngo vyoserezwe ku gicaniro, abo baherezi babi baca batuma umusuku gutera ubwoba nyene gutanga ikimazi, akamusaba inyama mbisi naho ibinure vy’ico kimazi vyaba bitarashikanirwa Yehova.​—Lew. 3:3-5; 1 Sam. 2:13-17.