Ja ku birimwo

Yehova ni we Mana yonyene y’ukuri

Hari mu kinjana ca 10 imbere ya Kristu. Hagira habe urugamba rukomeye cane hagati y’iciza n’ikibi. Eliya yari akikujwe n’abantu b’ibihemu, bari kumwe n’umwami wabo w’umuhuni be n’abaherezi b’abicanyi. Mugabo ntiyari wenyene. Umviriza ingene Yehova yerekanye ko ari we Mana yonyene y’ukuri be n’ingene abandanya kubigaragaza muri iki gihe.

Bishingiye ku 1 Abami 16:29-33; 1 Abami 17:1-7; 1 Abami 18:17-46; 1 Abami 19:1-8.