Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA CUMI NA RIMWE

Yagumye ari maso yongera ararindira

Yagumye ari maso yongera ararindira

1, 2. Ni igikorwa ikihe kitanezereye Eliya yabwirizwa gukora, kandi ni mu buryo ubuhe we na Ahabu bari batandukanye?

ELIYA yaripfuza cane kuja ahantu hiherereye maze agasenga Se wiwe wo mw’ijuru. Ariko amasinzi yari amukikuje yari ahejeje kwibonera ingene uwo muhanuzi w’ukuri yasavye Imana igakorora umuriro uvuye mw’ijuru, kandi nta gukeka ko benshi muri abo bantu bari bashashaye kwitonesha kuri uwo muhanuzi. Imbere y’uko Eliya aduga kw’isonga ry’Umusozi Karumeli kugira ngo yiyegereze Yehova Imana mw’isengesho ari wenyene, hari ikintu kitanezereye yabwirizwa kubanza gukora. Yategerejwe kugira ivyo abwiye Umwami Ahabu.

2 Abo bagabo babiri bari batandukanye cane. Ahabu, uwari yambaye inyambarabami nziza cane, yari umuhuni w’umunyamwina kandi w’ishaka rike. Eliya we, yari yambaye umwambaro umuhanuzi yari asanzwe yambara ari ku murimo wiwe, iyo ikaba yari ikanzu isanzwe mugabo ikomeye, bishoboka ko yahingurwa mu rusato rw’ibitungwa canke ikajishwa mu bwoya bw’impene kibure bw’ingamiya. Yari umugabo afise ishaka ryinshi, w’intadohoka kandi afise ukwizera. Uwo musi wariko urarangira wari wahishuye ibitari bike ku bijanye n’ukuntu umwumwe wese muri abo bagabo yari ameze.

3, 4. (a) Ni kubera iki uwo musi wari umusi mubi kuri Ahabu n’abandi basenzi ba Bayali? (b) Ni ibibazo ibihe turimbura?

3 Ahabu be n’abandi bantu basenga Bayali, uwo musi wari wababereye mubi. Idini rya gipagani Ahabu be n’umugore wiwe, Umwamikazi Yezebeli, bashigikira bivuye inyuma muri bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi, ryari ryamaramajwe bimwe bikomeye. Ivy’uko Bayali yari imana y’ikinyoma vyari vyakubitiwe ahashashe. Ico kimana kitagira ubuzima cari cananiwe kudomeka n’agacanwa na gakeya kugira ngo cishure intakambo abahanuzi baco bagitura bataye umutwe, batamba, bikebagura n’amaraso akavirirana nk’uko bari basanzwe babigira mu mugenzo wabo. Bayali yari yananiwe gukingira abo bahanuzi 450 ngo ntibashikirwe n’urubanza bari babereye rwo kwicwa. Ariko rero, si ivyo gusa. Iyo mana y’ikinyoma yari yananiwe no gukora ikindi kintu, kandi ukwo kunanirwa kwari kugiye kwaja ku mugaragaro. Abahanuzi ba Bayali bari bamaze imyaka irenga itatu batakambira imana yabo kugira ngo irangize uruzuba rwari rwasinzikaje igihugu, mugabo Bayali vyari vyaramutaye ku w’amazi. Yehova ubwiwe yari agiye kugaragaza yuko ari we yari Imana y’ukuri, mu kurangiza urwo ruzuba.​—1 Abm. 16:30–17:1; 18:1-40.

4 None ivyo Yehova yobikoze ryari? Eliya yokwigenjeje gute gushika Yehova agize ico akoze? Vyongeye, ni ibiki dushobora kwigira kuri uwo mugabo yari afise ukwizera? Reka tubirabe mu kurimbura iyo nkuru.—Soma 1 Abami 18:41-46.

Yaragaragaje ko yakunda gusenga

5. Ni igiki Eliya yabwiye Ahabu gukora, kandi hoba hari ikintu na kimwe Ahabu yigiye ku vyashitse kuri uwo musi?

5 Eliya yaregereye Ahabu maze avuga ati: “Duga, urye wongere unywe; kuko hariho urwamo rw’imvura y’isegenya.” None uwo mwami w’umubisha, hoba hari ikintu yari yigiye ku vyari vyashitse kuri uwo musi? Iyo nkuru nta vyo itomora. Ariko nta majambo dusanga muri yo yerekana ko uwo mwami yoba yarigaye, canke ko yasavye uwo muhanuzi ngo amufashe kwiyegereza Yehova maze ngo arondere guharirwa. Ihibambewe, Ahabu yaciye gusa “aduga kurya no kunywa.” (1 Abm. 18:41, 42) Tuvuge iki ku bijanye na Eliya?

6, 7. Ni igiki Eliya yasenze asaba, kandi kubera iki?

6 Iyo nkuru ibandanya iti: “Nayo Eliya, aduga kw’isonga rya Karumeli, maze abunda hasi, mu maso hiwe ahashira hagati y’amavi yiwe.” Mu gihe Ahabu yaciye aja kwuzuza inda yiwe, Eliya we yari aronse akaryo ko gusenga Se wiwe wo mw’ijuru. Woba wabonye ingene uwo murongo udondora ukuntu Eliya yifashe mu buryo buranga ukwicisha bugufi? Yarapfukamye, arunamika cane umutwe ku buryo ugera hafi y’amavi yiwe. None Eliya yariko agira iki? Emwe, nta n’uwokwirirwa arabaza! Muri Yakobo 5:18, Bibiliya itubwira yuko Eliya yasenze asaba ko rwa ruzuba rwohera. Bisa n’uko aho ku mpinga y’uwo Musozi Karumeli Eliya yariko asaba ibijanye n’ico kintu.

Amasengesho Eliya yatura yarerekanye icipfuzo kigera kure yari afise co kubona ivyo Imana igomba birangutse

7 Imbere y’aho, Yehova yari yavuze ati: “Niyemeje gutanga imvura ku buringanire bw’ubutaka.” (1 Abm. 18:1) Eliya rero yasenze asaba ko horanguka ivyo Yehova yari yavumereye ko agomba, ivyo bikaba bihuye n’ivyo Yezu yahavuye yigisha abayoboke biwe gusenga basaba, imyaka igihumbi inyuma y’aho.​—Mat. 6:9, 10.

8. Akarorero ka Eliya katwigisha igiki ku bijanye n’isengesho?

8 Akarorero ka Eliya karatwigisha ibitari bike ku bijanye no gusenga. Icari gihambaye cane mu vyiyumviro vya Eliya kwari uko ivyo Imana igomba vyoranguka. Igihe dusenga, ni vyiza ko twama twibuka iki kintu: “Ico dusaba cose twisunze ukugomba [kw’Imana], i[ra]twumva.” (1 Yoh. 5:14) Biratomoye rero ko dukeneye kumenya ivyo Imana igomba ivyo ari vyo kugira ngo dusenge mu buryo yemera, iyo ikaba ari imvo nziza yotuma ukwiyigisha Bibiliya tubishira mu rutonde rw’ivyo dukora ku musi ku musi mu buzima bwacu. Nta nkeka ko Eliya yipfuza kandi kubona rwa ruzuba rurangira kubera yuko rwari rwateje amakuba menshi abantu bo mu gihugu c’iwabo. Birashoboka yuko umutima wiwe wari wuzuye ugukenguruka inyuma ya ca gitangaro yari yiboneye Yehova akora kuri uwo musi. Na twebwe nyene amasengesho dutura arakwiye kugaragaza ko dukenguruka bimwe bivuye ku mutima kandi ko twitwararika ineza y’abandi.​—Soma 2 Abakorinto 1:11; Abafilipi 4:6.

Yarizigira adakeka kandi akaguma ari maso

9. Ni igiki Eliya yabwiye umusuku wiwe gukora, kandi ni kamere zibiri izihe tugira turimbure?

9 Eliya ntiyakekeranya ko Yehova yogize ico akoze kugira ngo arangize rwa ruzuba, ariko ntiyari azi neza igihe Yehova yobigiriye. None uwo muhanuzi yakoze iki muri ico kiringo Yehova atari bwagire ico akoze? Raba ico iyo nkuru ivuga: “Abwira umusuku wiwe ati: ‘Ndakwinginze uduge. Raba amaja ku kiyaga.’ Nuko araduga maze araraba hanyuma avuga ati: ‘Nta na kimwe kiriyo.’ Abandanya kuvuga ati: ‘Subirayo,’ incuro indwi.” (1 Abm. 18:43) Akarorero ka Eliya karatwigisha n’imiburiburi kamere zibiri. Ica mbere, rimbura ibijanye n’ukuntu uwo muhanuzi yizigira Yehova adakeka. Ikigira kabiri, rimbura ibijanye n’ukuntu yari umuntu aguma ari maso.

Eliya yararondeye ashashaye ibimenyamenya vy’uko Yehova yari agiye kugira ico akoze

10, 11. (a) Ni mu buryo ubuhe Eliya yerekanye ko yizigira adakeka umuhango wa Yehova? (b) Ni kubera iki dukwiye kugira mwene ukwo kwizigira?

10 Kubera ko Eliya yizigira umuhango wa Yehova adakeka, yararondeye ashashaye ibimenyamenya vy’uko Yehova yari agiye kugira ico akoze. Yararungitse umusuku wiwe ahantu hakirurutse cane kugira ngo atereze ijisho ibuheramaso ngo arabe neza ko ata kimenyetso ico ari co cose coba cerekana ko imvura ihava igwa. Igihe uwo musuku yagaruka, yaje azanye inkuru idahumuriza. Yavuze ati: “Nta na kimwe kiriyo.” Ikirere cari gikeye, kandi biboneka ko ata n’igicu cari kw’ijuru. None woba wabonye ikintu kitumvikana? Niwibuke ko Eliya yari yabwiye Umwami Ahabu ati: “Hariho urwamo rw’imvura y’isegenya.” None uwo muhanuzi yashoboye gute kuvuga ikintu nk’ico kandi ata n’igicu c’imvura caboneka kw’ijuru?

11 Eliya yari azi ukuntu bigenda iyo Yehova atanze umuhango. Bwa muhanuzi wa Yehova akaba n’uwumuserukira, yari azi neza ko Imana yoranguye ijambo ryayo. Eliya yarizigira adakeka, akaba yarizigira cane ku buryo ari nk’aho yari amaze gutangura kwumva iryo segenya. Ivyo bitegerezwa kuba bica bitwibutsa ukuntu Bibiliya idondora Musa iti: “Yagumye ashikamye nk’aho abona Umwe ataboneka.” Imana yoba atari umugani kuri wewe gushika kuri urwo rugero? Iraduha ibimenyamenya bihagije vyotuma tuyizera muri ubwo buryo tukongera tukizera n’imihango yayo.​—Heb. 11:1, 27.

12. Eliya yerekanye gute ko yari umuntu aguma ari maso, kandi yakoze iki ku bijanye n’inkuru yaronse ivuga ko hari habonetse agacu gatoyi?

12 Ubukurikira, raba ukuntu Eliya yari umuntu aguma ari maso. Yararungitse wa musuku wiwe, atari rimwe canke kabiri gusa, ariko incuro indwi. Twoshobora kwiha ishusho y’ukuntu uwo musuku yarambiwe n’ukwo kuguma agenda agaruka, yamara Eliya we yagumye ashashaye kuronka ikimenyetso kandi ntiyarambiwe. Amaherezo, ku ncuro igira indwi wa musuku yavuze ati: “Ehe! Hariyo igicu gitoyi nk’ikiganza c’umuntu, kiriko kiduga kivuye mu kiyaga.” Woba ushobora kwiha ishusho y’uwo musuku aramvuye ukuboko kwiwe maze agakoresha ikiganza ciwe kugira ngo yerekane ingene ako gacu gatoya kamwe kaduga kava ibuheramaso bw’Ikiyaga Kinini kangana? Ako gacu gashobora kuba ata co kari kavuze kuri uwo musuku. Mugabo kuri Eliya we, kari gafise ikintu kinini gasobanura. Yaciye rero aha uwo musuku wiwe ubu buyobozi bwihutirwa: “Duga ubwire Ahabu uti: ‘Ambika umukogote ku mafarasi, hanyuma umanuke kugira ngo imvura y’isegenya ntikubuze kugenda!’ ”—1 Abm. 18:44.

13, 14. (a) Dushobora gute kwigana Eliya mu bijanye n’ukuguma turi maso? (b) Ni imvo izihe zikwiye gutuma tugira ico dukoze tudatebaganye?

13 No ngaho kandi, Eliya yaraduhaye akarorero gakomeye dushobora kwigana. Na twebwe tubayeho mu gihe Imana yimirije kugira ico ikoze kugira ngo irangure umugambi yavumereye. Eliya yararindiriye iherezo rya rwa ruzuba; n’abasavyi b’Imana muri kino gihe bararindiriye iherezo ry’ivy’iyi si yononekaye. (1 Yoh. 2:17) Nk’uko Eliya yabigize, tubwirizwa kurushiriza kuguma turi maso gushika igihe Yehova Imana azogira ico akoze. Umwana w’Imana ubwiwe, ari we Yezu, yahanuye abayoboke biwe ati: “Mugume muri maso rero, kuko mutazi umusi Umukama wanyu azozirako.” (Mat. 24:42) Yezu yoba yashaka kuvuga yuko abayoboke biwe ata kintu na kimwe bomenye ku bijanye n’igihe umuhero woziye? Habe na buhoro! Nakare yaravuze ibintu vyinshi ku bijanye n’ukuntu isi yobaye imeze igihe umuhero wobaye wegereje. Twese turashobora kwihweza iranguka ry’ico kimenyetso kigizwe n’ibintu vy’ido n’ido c’ “insozero y’ivy’isi.”—Soma Matayo 24:3-7.

Agacu gatoyi kari gahagije kugira Eliya ajijuke yuko Yehova yari agiye kugira ico akoze. Ikimenyetso c’uko turi mu misi ya nyuma kiraduha imvo zumvikana zo gukora tubona ko ibintu vyihutirwa

14 Umuce umwumwe wose w’ico ikimenyetso uratanga ibimenyamenya bikomeye kandi bijijura. None ivyo bimenyamenya vyoba bihagije kugira ngo bituvyurire umutima wo kugira ico dukoze tudatebaganye mu murimo turangurira Yehova? Agacu gatoya kamwe gusa kaduze kava ibuheramaso, kari gahagije kugira ngo kajijure Eliya yuko Yehova yari agiye kugira ico akoze. None uwo muhanuzi w’intahemuka, amaso yoba yaheze mu nzira?

Yehova aratanga ukuruhurirwa be n’imihezagiro

15, 16. Ni ibintu ibihe vyashitse vyihuta cane, kandi ni ibiki Eliya ashobora kuba yaribaza ku bijanye na Ahabu?

15 Iyo nkuru itwiganira iti: “Muri ico gihe amajuru yirabuzwa n’ibicu n’umuyaga, hanyuma imvura y’isegenya ikomeye itangura kugwa. Maze Ahabu abandanya kugendera ku mukogote wiwe, aja i Yezireyeli.” (1 Abm. 18:45) Ibintu vyaciye bitangura kwihuta bimwe bidasanzwe. Mu gihe wa musuku wa Eliya yariko arashikiriza Ahabu ubutumwa arungikanywe n’uwo muhanuzi, ka gacu gatoya karakuze kavamwo urucu runini, ruruzura ijuru maze rica ririraburanirwa. Umuyaga ukomeye warahuhuse. Imvura yari igiye yagwa ku butaka bwa Isirayeli inyuma y’imyaka itatu n’igice yari imaze yarataze. Ubwo butaka bwari bwaragataye bwaranyweshejwe n’imvura. Igihe iyo mvura yacika isegenya, uruzi Kishoni rwaruzuye, ata gukeka ruca rurakukumura amaraso ya ba bahanuzi ba Bayali bari bishwe. Ba Bisirayeli bigira ibiro biteze na bo nyene bari baronse akaryo ko gukuraho ikirabagu gikomeye ugusenga Bayali kwari kwanduje ico gihugu.

“Imvura y’isegenya ikomeye itangura kugwa”

16 Nta gukeka yuko Eliya yari yizigiye ko ukwo ari ko vyogenze. Kumbure yaribaza ukuntu Ahabu yokwakiriye ivyo bintu bitangaje vyariko biraba. None Ahabu yoba yari kwigaya maze akava mu buhumane bwo gusenga Bayali? Ivyari vyabaye kuri uwo musi vyari vyamuhaye imvo zikomeye zo kugira ayo mahinduka. Mu vy’ukuri ntidushobora kumenya ivyo Ahabu yariko ariyumvira ico gihe. Ku bijanye n’uwo mwami, iyo nkuru itubwira gusa ngo “abandanya kugendera ku mukogote wiwe, aja i Yezireyeli.” None hoba hari ico yari yize? Yoba yari yiyemeje guhindura ivyo yagenderamwo? Ivyabaye mu nyuma vyerekana ko ata co yahinduye. Ariko ntiwumve, uwo musi ntiwari bwarangire kuri Ahabu, eka mbere no kuri Eliya.

17, 18. (a) Ni ibiki vyabaye kuri Eliya igihe yari mw’ibarabara rija i Yezireyeli? (b) Ni ikintu ikihe kidasanzwe cabaye ku bijanye n’ukwiruka kwa Eliya ava i Karumeli aja i Yezireyeli? (Raba kandi akajambo k’epfo.)

17 Uwo muhanuzi wa Yehova yaciye atangura kugira urugendo ajana inzira Ahabu yari yajanye. Yari agiye kugira urugendo rurerure, rutoroshe, kandi aca mu rushanga. Ariko, hariho ikintu kidasanzwe caciye kiba.

18 “Ukuboko kwa Yehova kuba kuri Eliya, ku buryo akenyera mu mafyinga maze yiruka imbere ya Ahabu gushika i Yezireyeli.” (1 Abm. 18:46) Biragaragara yuko “ukuboko kwa Yehova” kwariko kurakorera kuri Eliya mu buryo busiga ubwenge. I Yezireyeli hari nko ku bilometero 30, kandi Eliya ntiyari akiri umusore. * Niwihe nawe ishusho uwo muhanuzi ariko arakenyera impuzu ziwe ndende, akazibohera mu mafyinga kugira ngo ntizimutege, maze agaca ahereka ubworo bw’ikirenge ajana iryo barabara ryanyweshejwe n’imvura, yiruka ibirenge bidakora hasi ku buryo ashikira uwo mukogote wa cami, akawurengana akongera akawutanga gushika!

19. (a) Ukuba Imana yararonkeje Eliya inkomezi n’inguvu, bishobora guca bitwibutsa ubuhanuzi ubuhe? (b) Igihe Eliya yariko yiruka aja i Yezireyeli, ni igiki ashobora kuba yari azi adakeka?

19 Ese ukuntu ivyo bitegerezwa kuba vyabaye umuhezagiro kuri Eliya! Ategerezwa kuba yarahimbawe cane no kwumva afise inkomezi, ingoga be n’inguvu nk’ivyo, ivyo kumbure mbere ashobora kuba atigeze agira igihe yari akiri umusore. Ivyo bitegerezwa kuba bica bitwibutsa ubuhanuzi buduha icemeza c’uko mw’isi igiye kuza y’iparadizo, abantu b’intadohoka bazogira amagara be n’inkomezi bitagira agahaze. (Soma Yesaya 35:6; Luka 23:43) Igihe Eliya yariko ariruka aca muri rya barabara ryarimwo urushanga, nta gukeka yuko yari azi ko ashimwa na Se wiwe, ari we Yehova, Imana yonyene y’ukuri.

20. Twoshikira gute imihezagiro ya Yehova?

20 Yehova arashashaye kuduhezagira. Imihezagiro yiwe ni iy’agaciro, ku bw’ivyo nimuze dukore uko dushoboye kwose kugira tuyironke. Nka kumwe kwa Eliya, turakeneye kwama turi maso, tukaguma dusuzuma twitonze ibimenyamenya bikomeye vyerekana yuko Yehova yimirije kugira ico akoze muri bino bihe bigoye kandi bituma ibintu biba ivyihutirwa. Nka kumwe kwa Eliya, turafise imvo iyo ari yo yose yotuma twizigira tugaherezako imihango ya Yehova, “Imana y’inyakuri.”​—Zab. 31:5.

^ ing. 18 Haciye igihe gitoyi ivyo bibaye, Yehova yarashinze Eliya igikorwa co kumenyereza Elisha, uwahavuye amenyekana ko ari “uwasuka amazi ku maboko ya Eliya.” (2 Abm. 3:11) Elisha yarakoze ari umusuku wa Eliya, bikaba bishoboka ko yafashije mu buryo ngirakamaro uwo mugabo yari ageze mu zabukuru.