Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE C’ICENDA

Yarakoranye ukwiyubara

Yarakoranye ukwiyubara

1-3. (a) Ni gute ibara ryagira rigwe mu rugo kwa Abigayili? (b) Ni igiki tuza kwigira kuri uwo mukenyezi adasanzwe?

ABIGAYILI aravye umusore umwe mu maso, yarabona ko yataye umutwe. Yari atekewe n’ubwoba, kandi vyarumvikana. Ibara ryagira rigwe. Muri uwo mwanya nyene, abarwanyi bashika 400 bari mu nzira, biyemeje kwica zina muhungu wese wo mu rugo kwa Nabali umugabo wa Abigayili. Uti kubera iki?

2 Ivyo vyose Nabali ni we yari yabikweze. Yari yakoze ibiranga ubukazi n’akagaye nk’uko yari asanzwe abigira. Ariko ico gihe hoho, yari yatutse umugabo atari akwiye gutuka, uno akaba yari umukuru yakundwa w’umugwi w’abarwanyi b’intahemuka kandi bamenyerejwe neza. Ico gihe rero, umwe mu basore bakorera Nabali, kumbure akaba yari umwungere, yaraje aho Abigayili ari, yizigiye ko uno yorondeye ingene yokiza abo kwa Nabali. Yamara none, umukenyezi umwe yari gukora iki imbere y’umugwi w’ingabo?

Umukenyezi umwe yari gukora iki imbere y’umugwi w’ingabo?

3 Reka tubanze twihweze amakuru yiyongereye ku bijanye n’uwo mukenyezi adasanzwe. Abigayili yari nde? Iyo ngorane yari yatanguye gute? Vyongeye, ni ibiki dushobora kwigira ku karorero yatanze k’ukwizera?

“Yariyubara cane akaba kandi yari mwiza ku mubiri”

4. Nabali yari umuntu ameze gute?

4 Abigayili na Nabali ntibari bakwiranye na gato. Nta wundi mukenyezi ameze neza kuruta Abigayili Nabali yari kuronka, mu gihe Abigayili we yasanze yubakanye n’umuntu ameze nabi bimwe bihebuje. Mu vy’ukuri, uwo mugabo yari afise amahera. Ivyo rero vyatuma aca abona ko ahambaye cane; ariko none abandi bamubona gute? Nta wundi muntu avugwa muri Bibiliya adondorwa mu majambo agayitse kumuruta. Izina ryiwe bwite risobanura ngo “Rujuju” canke “Gipfu.” Iryo zina ryoba ari ryo yiswe n’abavyeyi biwe akivuka, canke ryoba ryari iritazirano yahawe mu nyuma? Uko biri kwose, izina ryabaye ryo muntu. Nabali yari “inkazi kandi akaba mubi mu ngeso ziwe.” Yari inkazi n’imborerwa, akaba yaratinywa kandi akankwa n’abantu nka bose.—1 Sam. 25:2, 3, 17, 21, 25.

5, 6. (a) Ni kamere izihe zihambaye kuruta izindi wibaza ko Abigayili yari afise? (b) Abigayili ashobora kuba yubakanye n’uwo mugabo w’imburakimazi kubera iki?

5 Abigayili we yari atandukanye cane na Nabali. Izina ryiwe risobanura ngo “Dawe yarironkeje umunezero.” Ba sebibondo benshi usanga bishimira ukuba bafise umukobwa mwiza, ariko sebibondo w’inkerebutsi arahimbarwa kuruta igihe yiboneye ubwiza bwo mu mutima umwana wiwe afise. Akenshi cane, umuntu yifitiye ubwiza bwo ku mubiri usanga atabona ko bikenewe gutsimbataza kamere nk’ukwiyubara, ubukerebutsi, umutima rugabo canke ukwizera. Kuri Abigayili we si ko vyari bimeze. Bibiliya iramuhayagiza kubera ko yiyubara naho yari mwiza.—Soma 1 Samweli 25:3.

6 Muri iki gihe, bamwebamwe bokwibaza igituma umugore akiri muto w’incabwenge nk’uwo yubakanye n’uwo mugabo w’imburakimazi. Uribuka ko imibano y’abubatse myinshi yo mu gihe ca Bibiliya yatunganywa n’abavyeyi. N’igihe bitaba ari ukwo bigenze, vyari bihambaye cane ko abavyeyi babitangira uruhusha. Abavyeyi ba Abigayili boba bashigikiye uwo mubano, mbere barawutunganya, kubera yuko batangazwa n’ubutunzi bwa Nabali be n’ukuba yari rurangiranwa? Boba bagondojwe n’ubukene? Uko biri kwose, amahera Nabali yari afise ntiyatuma aba umunega mwiza.

7. (a) Muri iki gihe, ni igiki abavyeyi bakwiye kwirinda niba bipfuza kwigisha abana babo kubona ko umubano w’ababiranye ari ikintu co kwubahwa? (b) Abigayili yari yiyemeje gukora iki?

7 Abavyeyi b’inkerebutsi barigisha abana babo bavyitondeye kubona ko umubano w’ababiranye ari ikintu co kwubahwa. Ntibahimiriza abana babo ngo bubakane n’umuntu kanaka kubera afise amahera, eka mbere ntibabashirako umukazo ngo batangure kureshanya bakiri bato cane ku buryo batoshobora kurangura uruhara be n’amabanga y’abantu bageze mu bigero. (1 Kor. 7:36) Ariko rero, igihe co kuzirikana kuri mwene ivyo bintu cari caramaze kurengana kuri Abigayili. Icatumye yubakana na Nabali caba ikihe, akaba kari karamaze kuba, kandi yari yiyemeje gukora uko ashoboye kwose naho ibintu vyari bigoye.

‘Yarabateye imirarwe’

8. Ni nde Nabali yatutse, kandi ni kubera iki wovuga ko ico cari ikintu kitaranga ubukerebutsi namba?

8 Nabali yari ahejeje gutuma uko ivya Abigayili vyari vyifashe vyunyuka kuruta ikindi gihe ico ari co cose. Wa mugabo yari yatutse ntiyari uwundi, yari Dawidi. Uno yari wa musuku w’umwizigirwa wa Yehova umuhanuzi Samweli yari yararobanuje amavuta, gutyo aba ahishuye ko Dawidi ari we Imana yahisemwo ngo aze asubirire Sauli ku ngoma. (1 Sam. 16:1, 2, 11-13) Dawidi yaba mu gahinga ari kumwe n’abarwanyi biwe 600 b’intahemuka, kubera yuko yariko arahunga uwo Mwami Sauli w’umunyeshari kandi w’umwicanyi.

9, 10. (a) Ibintu vyari vyifashe gute igihe Dawidi n’abantu biwe bagwa bavyuka kugira ngo babandanye kubaho? (b) Ni kubera iki Nabali yari akwiye gushima ivyo Dawidi n’abantu biwe bamukorera? (Raba kandi akajambo k’epfo ko mu ngingo ya 10.)

9 Nabali yaba i Mayoni ariko yakorera i Karumeli * hafi yaho, kandi bishoboka ko yari ahafise itongo. Ivyo bisagara vyarimwo udutumba twariko ivyatsi vyinshi tubereye kwororeramwo intama, Nabali akaba yari afise izishika 3.000. Ariko rero, hirya no hino hari agahinga katarimwa. Mu bumanuko hariho agahinga kanini cane ka Parani. Mu buseruko, inzira yaja ku Kiyaga c’Umunyu yaca ahantu h’ibiharabuga hari huzuye imyonga miremire be n’amasenga. Muri utwo turere ni ho Dawidi n’abantu biwe bagwa bavyuka kugira ngo babandanye babaho, akaba ata gukeka ko barwana urugamba kugira ngo baronke icorirenza, bakongera bakihanganira ingorane nyinshi. Akenshi barahura na ba basore bakorera wa mutunzi Nabali ari abungere.

10 None abo basirikare bakora bagatama bafata gute abo bungere? Vyobaye vyoroshe cane ko rimwe na rimwe baza barikora kuri izo ntama, ariko ntibigeze bagira ikintu nk’ico. Ahubwo riho, babaye nk’uruhome rukingira imikuku ya Nabali be n’abasuku biwe. (Soma 1 Samweli 25:15, 16.) Hari ingeramizi nyinshi zari zihanze intama be n’abungere. Hariho ibiryanyi vyinshi, kandi urubibe rwo mu bumanuko bwa Isirayeli rwari hafi cane ku buryo imigwi y’abasuma n’abambuzi yakunda gutera. *

11, 12. (a) Ni gute Dawidi yerekanye ukwiyubara n’icubahiro mu butumwa yarungitse kwa Nabali? (b) Ni gute Nabali yishuye nabi ubutumwa bwa Dawidi?

11 Kuguma ugaburira abo bantu bose muri ako gahinga, gitegerezwa kuba cari igikorwa kitoroshe na gato. Ni co gituma umusi umwe Dawidi yarungitse intumwa cumi kwa Nabali ngo zimusabe ko yogira ico abafashije. Dawidi yahisemwo ico gihe abigiranye ubukerebutsi. Cari ikiringo giteye umunezero co gukemura intama, ico gihe bikaba vyari bimenyerewe ko abantu bagaragaza ugutanga cane bakongera bakagira imisi mikuru. Dawidi kandi yarahisemwo avyitondeye amajambo yakoresheje, akaba yakoresheje imvugo n’amajambo yo kumwitura biranga urupfasoni. Mbere mu kuvuga ibimwerekeye yavuze ngo “umuhungu wawe Dawidi,” kumbure kukaba kwari ukwemera abigiranye icubahiro ko Nabali amusumvya imyaka. None Nabali yishuye gute?—1 Sam. 25:5-8.

12 Yaciye ashangashirwa! Wa musore yavugwa mu ntango yaradondoreye Abigayili uko ibintu vyagenze ati: “Uno azitera imirarwe.” Uwo mugabo w’ingumyi Nabali yaciye ashira ijwi hejuru aridodomba ku bijanye n’umukate wiwe, amazi yiwe be n’inyama yari yabagishije. Yaracokoye Dawidi amwita imburakimazi yongera amugereranya n’umusuku yataye shebuja. Nabali ashobora kuba yabona ibintu nka Sauli, uno akaba yaranka Dawidi. Nta n’umwe muri abo bagabo yabona ibintu nk’uko Yehova abibona. Imana yarakunda Dawidi kandi ntiyamubona nk’umushumba w’umugarariji, ahubwo yamubona nk’uwohavuye aba umwami wa Isirayeli.—1 Sam. 25:10, 11, 14.

13. (a) Dawidi yabanje kuvyifatamwo gute ku bijanye n’ibitutsi vya Nabali? (b) Ni igiki ingingo ngenderwako dusanga muri Yakobo 1:20 itwigisha ku bijanye n’ukuntu Dawidi yaciye avyifatamwo?

13 Igihe izo ntumwa zazanira Dawidi inyishu, uno yaciye agira ishavu ryinshi. Yategetse ati: “Nimukenyere umwe wese inkota yiwe!” Dawidi na we ubwiwe yaciye afata ikirwanisho ciwe, aca ayobora abantu 400 biwe kugira ngo bagabe igitero. Yararahiye ararengwa ko atosigaje zina muhungu mu nzu kwa Nabali. (1 Sam. 25:12, 13, 21, 22) Ishavu rya Dawidi ryarumvikana, mugabo uburyo yashaka kurigaragazamwo ntibwari bubereye. Bibiliya ivuga iti: “Uburake bw’umuntu [ntibu]shitsa ubugororotsi bw’Imana.” (Yak. 1:20) Ariko none, Abigayili yoshoboye gute gukiza abo mu rugo rwiwe?

“Hahezagirwe ukwiyumvira neza kwawe”

14. (a) Ni mu buryo ubuhe Abigayili yamaze gutera intambwe ya mbere mu gukosora ikosa Nabali yari yakoze? (b) Ni icigwa gihambaye ikihe twigira kw’itandukaniro riri hagati ya Nabali na Abigayili? (Raba kandi akajambo k’epfo.)

14 Mu buryo bunaka, Abigayili yamaze gutera intambwe ya mbere yo gukosora iryo kosa riteye ubwoba. Mu buryo butandukanye n’ivyo umugabo wiwe Nabali yari yakoze, wewe yaragaragaje ko yiteguriye kwumviriza. Ku bijanye no kubwira ivyo bintu Nabali, wa musuku akiri muto yavuze ati: “[Ni] umuntu w’imburakimazi rwose ku buryo ata wogira ico amubwira.” * (1 Sam. 25:17) N’igiteye agahinda ni uko kuba Nabali yabona ko ahambaye vyamuteye kwica amatwi. Ubwibone nk’ubwo ni bwo bweze no muri kino gihe. Ariko wa musore yari azi ko Abigayili atandukanye na Nabali, ata gukeka kikaba ari co gituma yamwegereye kugira ngo amubwire iyo ngorane.

Mu buryo butandukanye na Nabali, Abigayili wewe yaragaragaje ko yiteguriye kwumviriza

15, 16. (a) Abigayili yerekanye gute ko yari ameze nka wa mugore abishoboye adondorwa mu gitabu c’Imigani? (b) Ni kubera iki ivyo Abigayili yakoze bitari ukugarariza ubukuru bwemewe bw’umugabo wiwe?

15 Abigayili yarazirikanye maze aca aragira ico akoze adatebaganye. Dusoma duti: “Abigayili aca arihuta.” Incuro zine muri iyo nkuru imwe harakoreshwa imvugo ziserura ico ciyumviro co kwihuta, zikaba zikoreshwa ku bijanye n’uwo mukenyezi. Yaciye ategurira Dawidi n’abantu biwe ingabirano igizwe n’ibintu vyinshi. Yarimwo umukate, umuvinyu, intama, intete zikaranze, udutsima tw’nzabibu zumye be n’udutsima tw’insukoni. Biragaragara ko Abigayili yari azi neza ivyo atunze kandi yaritwararika cane ibikorwa yari ajejwe mu rugo, akaba yari ameze rwose nka wa mugore abishoboye yahavuye adondorwa mu gitabu c’Imigani. (Imig. 31:10-31) Yararungitse ivyo bintu ngo bimwitangire imbere bijanywe na bamwebamwe mu basuku biwe, maze aca arabakurikira ari wenyene. Dusoma duti: “Mugabo ntiyagira ikintu na kimwe abwira umugabo wiwe Nabali.”—1 Sam. 25:18, 19.

16 None ivyo vyoba bisobanura ko Abigayili yariko aragarariza ubukuru bwemewe bw’umugabo wiwe? Oya namba; niwibuke ko Nabali yari yakoreye ikibi umusavyi wa Yehova yarobanuwe, ico kikaba cari ikintu cari gutuma abantu benshi ata co bazira bo mu muryango wa Nabali bahasiga ubuzima. Iyo Abigayili atagira ico akoze, ubwo ntiyari kuba agize uruhara mw’ikosa ryari ku gatwe k’umugabo wiwe? Muri ico gihe, yategerezwa kuyobokera Imana yiwe imbere yo kuyobokera umunega wiwe.

17, 18. Abigayili yakoze iki igihe yahura na Dawidi, yamubwiye iki, kandi ni igiki catumye amajambo yiwe agira ico ashitseko?

17 Haheze umwanya mutoya, Abigayili yarahuye na Dawidi be n’abantu biwe. Yaciye asubira kwihuta, ico gihe akaba yihuse ava ku ndogobwa yiwe maze aricisha bugufi imbere ya Dawidi. (1 Sam. 25:20, 23) Yaciye rero asuka ivyari ibwina mu mutima wiwe, asabira imbabazi bimwe bikomeye umunega wiwe be n’abo mu rugo rwiwe. Ni igiki catumye amajambo yiwe agira ico ashitseko?

“Ndakwinginze umushumbakazi wawe avugire mu matwi yawe”

18 Yariyitiriye ikosa maze arasaba Dawidi ngo amugirire imbabazi we ubwiwe. Yaremeye mu buryo bwumvikana ko umunega wiwe yari igipfu nk’uko izina ryiwe ryasobanura, kumbure akaba yaraseruye iciyumviro c’uko Dawidi yobaye yitesheje icubahiro hamwe yari guhana umuntu nk’uwo. Yaraseruye ko yizigiye Dawidi nk’uwuserukira Yehova, ariyemerera ko yariko arwana “intambara za Yehova.” Yarerekanye kandi ko yari azi ivyerekeye isezerano Yehova yagize ku bijanye na Dawidi be n’ubwami, kuko yavuze ati: “Yehova . . . ntazobura kukugira indongozi ya Isirayeli.” N’ikindi kandi, yarahanuye Dawidi ngo ntihagire ikintu na kimwe akora cohava gituma yagirwa n’amaraso canke cotuma mu nyuma ‘ahungabana,’ bikaba biboneka ko yariko yerekeza kw’ijwi ryo mu mutima ridatekanye. (Soma 1 Samweli 25:24-31.) Emwe, ayo yari amajambo arangwa ubuntu kandi y’igikundiro!

19. Dawidi yakiriye gute amajambo ya Abigayili, kandi ni kubera iki yamushemagije?

19 None Dawidi yavyakiriye gute? Yaremeye ivyo Abigayili yari yazanye maze avuga ati: “Hahezagirwe Yehova Imana ya Isirayeli, we yakurungitse uyu musi guhura nanje! Kandi hahezagirwe ukwiyumvira neza kwawe, nawe uhezagirwe, wewe wambujije uyu musi gukora amaraso.” Dawidi yaramushemagije kubera ko yakwakwanije abigiranye ubutwari akaza guhura na we, kandi yariyemereye ko yamutesheje kwikwegera ukwagirwa n’amaraso. Yamubwiye ati: “Niwidugire ku nzu yawe amahoro;” maze aca yongerako yicishije bugufi ati: “Ndumvirije ijwi ryawe.”—1 Sam. 25:32-35.

“Ehe umushumbakazi wawe”

20, 21. (a) Ni ikintu ikihe ushima ku bijanye n’ukuntu Abigayili yagize umutima ukunze wo gusubira ku mugabo wiwe? (b) Ni gute Abigayili yerekanye umutima rugabo n’ukwiyubara mu guhitamwo umwanya wo kuvugana na Nabali?

20 Abigayili amaze kugenda, ategerezwa kuba yagumye yiyumvira ibijanye n’ukwo guhura na Dawidi; kandi ashobora kuba atabuze kubona itandukaniro riri hagati y’uwo mugabo w’umwizigirwa kandi w’umutima mwiza be na wa mugabo w’inkazi bari bubakanye. Ariko rero, ntiyibanze ku vyiyumviro nk’ivyo. Dusoma duti: “Mu nyuma Abigayili ashika aho Nabali ari.” Ego cane, yarasubiye ku munega wiwe, yiyemeje cane kurangura uruhara rwiwe rwo kuba umukenyezi uko abishoboye kwose. Yategerezwa kumubwira ibijanye na ya ngabirano yari yahaye Dawidi n’abantu biwe. Uwo mugabo yari afise uburenganzira bwo kubimenya. Yategerezwa kandi kumubwira ibijanye n’akaga kari kahatswe kubashikira imbere y’uko avyumvana abandi bantu, ivyo bikaba mbere vyotumye amaramara kuruta. Ariko rero ntiyashobora kubimubwira ico gihe. Yariko agira umusi mukuru nk’umwami kandi yari yaborewe cane.—1 Sam. 25:36.

Abigayili abigiranye umutima rugabo yarabwiye Nabali ivyo yari yakoze kugira arokore ubuzima bw’uwo mugabo wiwe

21 N’ico gihe nyene yaragaragaje umutima rugabo be n’ukwiyubara, ararindira gushika bukeye mu gitondo inzoga zimaze kumuvako. Ico gihe yobaye atakiborewe ku buryo yomutahuye, ariko kumbure vyobaye kandi birushirije kuba ibibangamye kuri Abigayili kubera ukuntu Nabali yari ameze. Naho ari ukwo, yaramwegereye aramwiganira ivyabaye vyose. Nta gukeka ko yari yiteze yuko aca ashangashirwa, kumbure agakora ikintu kiranga ubukazi. Aho kubigenza gutyo, yagumye ng’aho yicaye, adakakaza.—1 Sam. 25:37.

22. Ni ibiki vyashikiye Nabali, kandi ni igiki twiga ku bijanye n’ubukazi ubwo ari bwo bwose be n’ukugirirwa nabi ukwo ari kwo kwose bigirwa mu ngo?

22 None uwo mugabo yari yashikiwe n’iki? Bibiliya ivuga iti: “Umutima wiwe umupfiramwo, na we ubwiwe acika nk’ibuye.” Kumbure yari yafashwe n’ubwoko bunaka bw’indwara yonona ubwonko. Ariko rero, haheze nk’imisi cumi, yarapfuye, kandi ntivyavuye neza na neza ku ndwara. Iyo nkuru itwiganira iti: “Yehova akubita Nabali, arapfa.” (1 Sam. 25:38) Yehova amaze gukuraho Nabali abigiranye imvo yumvikana, Abigayili yari aruhuriwe ingorane zo mu mubano wiwe. Naho muri kino gihe Yehova adaca agira ico akoze kugira ngo arandure abantu ku gitangaro, iyo nkuru iratwibutsa mu buryo bubereye yuko abona ubukazi ubwo ari bwo bwose be n’ukugirirwa nabi ukwo ari kwo kwose bigirwa mu ngo. Ku gihe ubwiwe abona ko kibereye, azokwama nantaryo atuma ubutungane bukora.—Soma Luka 8:17.

23. Ni uwundi muhezagiro uwuhe Abigayili yaronse, kandi yerekanye gute ko ako gateka gashasha yari atewe katatumye ahindura kamere?

23 Uretse ko Abigayili yaruhuriwe umubano mubi, yari abikiwe uwundi muhezagiro. Igihe Dawidi yamenya ibijanye n’urupfu rwa Nabali, yaciye atuma intumwa ngo zije kubaza Abigayili niba yokwemera kwubakana na we. Yishuye ati: “Ehe umushumbakazi wawe ameze nk’umusukukazi wo kwoza ibirenge vy’abasuku b’umukama wanje.” Biragaragara ko atahinduye kamere ngo ni uko yari agiye kuba umukenyezi wa Dawidi; mbere yasavye ko yoba umusukukazi w’abasuku biwe! Duca dusubira gusoma ibijanye n’ingene yaciye yihuta, ico gihe akaba yariko yitegurira kuja kwa Dawidi.—1 Sam. 25:39-42.

24. Ni ingorane izihe Abigayili yagize mu buzima bwiwe bushasha, ariko yabonwa gute n’umunega wiwe be n’Imana yiwe?

24 Ivyo ntibisobanura yuko ingorane zose zari ziheze; ubuzima bwa Abigayili na Dawidi ntibwokwamye bworoshe. Dawidi yari asanzwe yarubakanye na Ahinowamu, kandi naho Imana yareka abantu bakagira abagore benshi, nta gukeka ko ivyo vyatuma abakenyezi b’abizigirwa b’ico gihe bagira ingorane zidasanzwe. Vyongeye Dawidi ntiyari bwabe umwami; hotegerejwe kubaho intambamyi be n’ingorane yobwirijwe kurengera imbere y’uko asukurira Yehova muri ubwo buryo. Ariko rero, uko Abigayili yafasha akongera agashigikira Dawidi mu buzima bwiwe, akaba yahavuye amuvyarira umuhungu, yagiye arabona ko yari afise umunega yamuha agaciro akongera akamukingira. Mbere igihe kimwe yaramurokoye mu minwe y’abari bamunyuruje! (1 Sam. 30:1-19) Gutyo rero Dawidi yariganye Yehova Imana, we akunda kandi agaha agaciro abakenyezi nk’abo bafise ukwiyubara n’umutima rugabo kandi b’abizigirwa.

^ ing. 9 Uwo ntiwari wa Musozi Karumeli uzwi cane wari kure mu buraruko, hamwe umuhanuzi Eliya n’abahanuzi ba Bayali bahavuye baharirira. (Raba ikigabane ca 10.) Ariko Karumeli cari igisagara kiri ku nkengera ya ka gahinga ko mu bumanuko.

^ ing. 10 Bishoboka ko Dawidi yabona ko gukingira abantu bari bafise amatongo aho hantu be n’imikuku yabo wari umurimo yarangurira Yehova Imana. Muri ico gihe, umugambi wa Yehova wari uw’uko abakomoka kuri Aburahamu, Izahaki na Yakobo baba muri ico gihugu. Gutyo rero, kugikingira abanyamahanga bagisatira be n’imigwi y’abambuzi wari umuce w’umurimo mweranda.

^ ing. 14 Ayo majambo uwo musore yakoresheje asigura ijambo ku rindi ngo “umuhungu wa beliyali (imburakimazi).” Izindi mpinduro za Bibiliya mu guhindura iryo ryungane zirashiramwo amajambo adondora Nabali ko ari umugabo “ata muntu n’umwe atega ugutwi,” maze iciyumviro gica gishikwako kikaba ari ic’uko “ata co bimaze kugira ico umubwiye.”