Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA CUMI NA GATANU

Yaraburaniye abasavyi b’Imana

Yaraburaniye abasavyi b’Imana

1-3. (a) Ni kubera iki Esiteri ashobora kuba yaratewe ubwoba no kurondera kuja aho umunega wiwe ari? (b) Ni ibibazo ibihe vyerekeye Esiteri turimbura?

ESITERI yaguma agerageza kwiremesha uko yegereza ikigo ku kirimba i Shushani. Ntivyari vyoroshe. Ibintu vyose vyaranga ico kirimba vyatuma uwaba ahaje wese agira ubwoba kandi vyaramwibutsa ko uwo mugabo Esiteri yari agiye kuraba, uwiyita “umwami ahambaye,” yari afise ububasha bw’agakomeye. Uti none ico kirimba carangwa n’ibiki? Ku mpome hari hahinguwe amashusho y’amabara yerekana amashūri afise amababa, abarasisha umuheto be n’intambwe, ayo mashusho akaba yari ahinguwe mu matafari aca ibibatsi. Hari kandi inkingi z’imihiro imanuka zo mu mabuye be n’ibishusho bininibinini. Vyongeye, ico kirimba cari cubatse ahantu hataramutse cane, hafi y’Imisozi Zagros ikunze kuba iriko ibibarafu kw’isonga ryayo, kandi carabana n’amazi y’umusarara y’Uruzi Choaspès. Uwo mugabo ni na we yari umunega wiwe.

2 Uti umunega wiwe? Emwe, Ahasuwerusi yari atandukanye cane n’umugabo umwigeme w’Umuyudakazi w’umwizigirwa yashobora kwitega kuronka! * Ntiyagerageje kwigana uburorero bw’abantu nka Aburahamu, wa mugabo yemera yicishije bugufi kwumviriza umukenyezi wiwe Sara igihe Imana yabimusaba. (Ita. 21:12) Uwo mwami ashobora kuba ata bintu vyinshi canke ikintu na kimwe yari azi kuri Yehova Imana ya Esiteri no kw’Itegeko ryayo. Ariko Ahasuwerusi yari azi amategeko y’Abaperesi, ayarimwo n’itegeko ryabuza ikintu nyene Esiteri yagira akore. Uti igiki? Urabona, iryo tegeko ryavuga ko umuntu wese aserutse imbere y’umwami w’Ubuperesi atamutumyeko yabwirizwa kwicwa. Esiteri ntiyari yatumweko n’umwami, ariko yari apfuye kuja iyo ari. Ariko aregereza ikigo c’imbere aho umwami yashobora kumubona ari ku ntebe yiwe y’ubwami, ashobora kuba yabonye umengo ariko yegereza umunwa w’icobo.​—Soma Esiteri 4:11; 5:1.

3 Kubera iki yemeye gushira ubuzima bwiwe mu kaga gutyo? Kandi ni igiki dushobora kwigira ku kwizera kw’uwo mugore adasanzwe? Reka tubanze turabe ukuntu Esiteri yashizwe muri ico kibanza kidasanzwe co kuba umwamikazi w’Ubuperesi.

Kahise ka Esiteri

4. Esiteri yari afise kahise kameze gute, kandi vyagenze gute ngo abe kwa mwene sewabo Morudekayi?

4 Esiteri yari impfuvyi. Nta vyinshi tuzi ku bavyeyi biwe bamwise Hadasa, iryo rikaba ari ijambo ry’igiheburayo risobanura ngo “umuhadasi.” Umuhadasi ni agati gashurika amashurwe yera meza utoraba. Abavyeyi ba Esiteri bamaze gupfa, umwe mu ncuti ziwe, umugabo w’umutima mwiza yitwa Morudekayi, yaramwumviye impuhwe. Morudekayi yari mwene sewabo, mugabo yarusha Esiteri imyaka myinshi. Yaratwaye Esiteri iwe, amutunga nk’umukobwa wiwe.​—Est. 2:5-7, 15.

Morudekayi yari afise imvo yumvikana yo kwishimira umukobwa yari areze

5, 6. (a) Morudekayi yareze gute Esiteri? (b) Esiteri na Morudekayi bari babayeho gute i Shushani?

5 Morudekayi na Esiteri bari Abayuda bari baratwawe mu bunyagano. Baba ku mugwa mukuru w’Ubuperesi. Ng’aho, bashobora kuba barakengerwa kubera idini ryabo n’Itegeko bihatira kwubahiriza. Mugabo Esiteri ategerezwa kuba yararushirije kwiyumvamwo cane mwene sewabo uko uno yamwigisha ivyerekeye Yehova, ya Mana y’imbabazi yari yarakuye abasavyi bayo mu ngorane akatari gake, kandi ikaba yosubiye kubigira. (Lew. 26:44, 45) Biribonekeza ko habaye ubucuti buranga urukundo rudahemuka hagati ya Esiteri na Morudekayi.

6 Biboneka ko Morudekayi yari umukozi wo ku kirimba i Shushani, akaba yama yicara mw’irembo ryaco, ari kumwe n’abandi basuku b’umwami. (Est. 2:19, 21; 3:3) Ntituzi ivyo uwo mwigeme Esiteri yakora uko yagenda arakura, naho bisa n’uko tutoba twihenze tuvuze ko yitwararika mwene sewabo yamukurira be n’ibikorwa vyo mu nzu yiwe, ino bikaba bishoboka yuko yari mu gace k’igisagara k’abantu batobato kari hakurya y’uruzi uvuye ku kirimba. Ashobora kuba yarakunda kuja kw’isoko i Shushani, aho abacuzi b’inzahabu n’abacuzi b’ifeza be n’abandi badandaza banda ibidandazwa vyabo. Esiteri ntiyari gupfa yiyumviriye yuko umusi uri izina ibintu vy’agaciro nk’ivyo vyosigaye ari ibintu bisanzwe kuri we; ntiyari azi ico kazoza kamubikiye.

‘Yasa neza’

7. Ni kubera iki Vashiti yabogojwe ntiyaba akiri umwamikazi, kandi ni ibiki vyakurikiye?

7 Umusi umwe, i Shushani hari urukurukuru rwerekeye uruhagarara rwari mu rugo rw’umwami. Igihe Ahasuwerusi n’abanyacubahiro biwe bari ku nzimano ihambaye ariko abazimana ibifungurwa n’umuvinyu bizimvyezimvye, umwami yashimye gutumako umwamikazi wiwe Vashiti yasa n’irirenga, uno akaba yari ukwiwe ariko arasangira inzimano n’abandi bagore. Ariko Vashiti yaranse kuza. Umwami yumvise amaramaye, araraka, aca abaza abahanuzi biwe igihano Vashiti akwiye guhabwa. Urazi igihano yahawe? Yarabogojwe ntiyaba akiri umwamikazi. Abasuku b’umwami baciye batangura kurondera mu gihugu cose inkumi z’akaranga, ari na zo umwami yotoyemwo uwundi mwamikazi.​—Est. 1:1–2:4.

8. (a) Ni kubera iki Morudekayi ashobora kuba yararazwa ishinga na Esiteri uko uno yabandanya gukura? (b) Wibaza ko woshira gute mu ngiro impanuro Bibiliya itanga ku bijanye n’ukubona ubwiza bwo ku mubiri mu buryo buri ku burimbane? (Raba kandi Imigani 31:30.)

8 Iyumvire ukuntu Morudekayi yaza arakubitizako rumwe kuri Esiteri akabona ingene uwo mwene sewabo yakuze, asigaye asa n’irirenga, agaca yumva yishimye ariko kandi akumva aramuraje ishinga. Dusoma duti: “Iyo nkumi yari nziza ku mubiri, igasa neza.” (Est. 2:7) Bibiliya ivuga ibijanye n’ubwiza bwo ku mubiri mu buryo buri ku rugero; ivuga ko ari bwiza, mugabo bukwiye guherekezwa n’ubukerebutsi be n’ukwicisha bugufi. Ahandiho, bushobora gutuma umuntu abwiratira, akagira ubwibone n’izindi kamere mbi. (Soma Imigani 11:22.) Woba umaze kuvyibonera? None Esiteri we, ubwiza bwiwe bwomuviriyemwo iki? Ikintu ciza canke kibi? Vyokwigaragaje mu nyuma.

9. (a) Vyagenze gute aho abasuku b’umwami baboneye Esiteri, kandi ni kubera iki gutandukana na Morudekayi bishobora kuba vyaramugoye? (b) Ni kubera iki Morudekayi yaretse Esiteri akaja kurongorwa n’umunyamahanga atizera? (Shiramwo n’ibiri mu ruzitiro.)

9 Abasuku b’umwami barabonye Esiteri. Baramushize mu bo barondera, bamukura kwa Morudekayi bamujana kuri ca kirimba gihambaye cari hakurya y’uruzi. (Est. 2:8) Esiteri na Morudekayi bitegerezwa kuba bitaboroheye gutandukana narirya bari basigaye ari nk’umukobwa na se. Morudekayi ntiyari gushima ko umukobwa yareze yubakana n’umuntu adasenga Yehova, naho yari kuba ari umwami, ariko nta co yari ashoboye guhindura. * Esiteri abwirizwa kuba yarumvirije yitonze impanuro Morudekayi yamutekereye imbere y’uko bamujana! Igihe bariko bamujana ku kirimba i Shushani, ategerezwa kuba yaribajije ibibazo vyinshi. Ni ubuzima bumeze gute bwari bumurindiriye?

Yaragira ubutoni “mu maso y’umuntu wese amubonye”

10, 11. (a) Ni gute ahantu hashasha Esiteri yaba hagize ico hakoze kuri we bitagoranye? (b) Morudekayi yerekanye gute ko yari arajwe ishinga n’ukumererwa neza kwa Esiteri?

10 Esiteri yagiye abona ari ahantu hashasha atari amenyereye namba. Yari asigaye abana n’ “inkumi nyinshi” zari zatororokanijwe zikuwe hirya no hino mu Nganji y’Ubuperesi. Imico yabo, indimi zabo n’inyifato zabo bitegerezwa kuba vyari bitandukanye cane. Umukozi wo ku kirimba yitwa Hegayi ni we bajeje izo nkumi, zikaba zabwirizwa kumara umwaka wose zisigwa amavuta atamirana kugira zirushirize gusa neza. (Est. 2:8, 12) Kuba ahantu nk’aho no mu buzima nk’ubwo bishobora kuba vyaratumye izo nkumi zirazwa ishinga cane n’ukuntu zisa, zikiratira ubwiza bwazo kandi zigahiganwa. None ivyo vyagize ico bikoze gute kuri Esiteri?

11 Nta n’umwe kw’isi yari kurazwa ishinga n’ineza ya Esiteri nka Morudekayi. Iyo nkuru itubwira ko ku musi ku musi yegera uko ashoboye kwose nya nzu y’abagore, akihatira kumenya uko Esiteri amerewe. (Est. 2:11) Uko yaza araronka udukuru, kumbure atubwiwe n’abasuku b’umwami b’umutima mwiza bakorera kuri nya nzu, ategerezwa kuba yaca yumva yishimye. Uti kubera iki?

12, 13. (a) Esiteri yatumye abantu bamubona gute? (b) Ni kubera iki Morudekayi ategerezwa kuba yaranezerewe yumvise ko Esiteri atigeze ahishura ko yari Umuyuda?

12 Hegayi yarakozwe ku mutima cane na Esiteri ku buryo amugaragariza ubuntu bwinshi bwuzuye urukundo akamuha abasukukazi indwi n’ikibanza ciza kuruta ibindi vyose muri nya nzu y’abagore. Mbere iyo nkuru ivuga iti: “Ico gihe cose Esiteri yaguma agira ubutoni mu maso y’umuntu wese amubonye.” (Est. 2:9, 15) None ubwiza bwonyene bwoba ari bwo bwari gukora ku mutima cane uwumubonye wese? Oya, hari n’ibindi vyaranga Esiteri turetse ico.

Esiteri yari azi yuko ukwicisha ubugufi n’ubukerebutsi bihambaye cane kuruta ubwiza bwo ku mubiri

13 Nk’akarorero, dusoma duti: “Esiteri ntiyari yarahishuye igisata ciwe canke incuti ziwe, kuko Morudekayi yari yaramutegetse kutabihishura.” (Est. 2:10) Morudekayi yari yarategetse Esiteri kudahishura akaranga kiwe k’Ubuyuda; nta gukeka ko yabona yuko mu bantu bo ng’aho i bwami harimwo abinuba cane abantu bo mu bwoko bwiwe. Ese ukuntu Morudekayi yahimbarwa cane no kumenya yuko Esiteri yari akiri umuntu w’inkerebutsi kandi agamburuka naho atamubona!

14. Urwaruka rushobora gute kwigana akarorero ka Esiteri muri kino iki gihe?

14 Muri kino gihe, urwaruka na rwo nyene rurashobora kunezereza imitima y’abavyeyi babo canke ababareze. Igihe bari ahantu abavyeyi babo batababona, naho baba bakikujwe n’abantu ata co bibanga, batigenza runtu canke b’inkazi, barashobora kunanira akosho kabi bakumira ku ngingo ngenderwako bazi ko zigororotse. Babigenjeje gutyo, baranezereza umutima wa Se wabo wo mw’ijuru, nka kumwe kwa Esiteri.​—Soma Imigani 27:11.

15, 16. (a) Vyagenze gute ngo Esiteri akundwe n’umwami? (b) Ni kubera iki amahinduka yabaye mu buzima bwa Esiteri atamworoheye?

15 Hageze ko Esiteri azanwa imbere y’umwami, yarahawe uburenganzira bwo gutora ikintu ico ari co cose yabona ko akeneye, kumbure kugira ngo yiryohore. Ariko, abigiranye ukwifata ruto, nta kindi yasavye uretse ivyo Hegayi yari yamubwiye. (Est. 2:15) Ashobora kuba yaratahura yuko ubwiza bwonyene butotumye umwami amugomwa be n’uko agatima ko kwifata ruto no kwicisha bugufi cari kuba ikintu c’imbonekarimwe aho ku kirimba. Yoba yarihenze?

16 Iyo nkuru yishura iti: “Umwami akunda Esiteri kurusha abandi bagore bose, ku buryo agirirwa ubutoni n’ubuntu bwuzuye urukundo imbere yiwe kurusha abandi bigeme b’isugi bose. Umwami rero amushira ku mutwe umugāra wa cami, amugira umwamikazi mu kibanza ca Vashiti.” (Est. 2:17) Uwo mukobwa w’Umuyudakazi yicisha bugufi bishobora kuba vyaramugoye kumenyera iryo hinduka ryari ribaye mu buzima bwiwe, iry’uko yari asigaye ari we mwamikazi, umugore w’umwami yari ahambaye kuruta abandi bose kw’isi ico gihe! Ako gateka gashasha koba katumye abona ko ahambaye, agaca agira ubwibone? Habe namba!

17. (a) Ni mu buryo butandukanye ubuhe Esiteri yagumye agamburukira se wiwe w’umurezi? (b) Ni kubera iki akarorero ka Esiteri gahambaye cane kuri twebwe muri iki gihe?

17 Esiteri yagumye agamburukira Morudekayi, uwari yaramureze. Ntiyigeze ahishura ko afitaniye ubucuti n’Abayuda. Vyongeye, igihe Morudekayi yamenya umugambi wo kwica Ahasuwerusi agaca abimenyesha Esiteri, uno yaragamburutse arashikiriza iyo mburi umwami, maze bene kuwutegura barateshwa. (Est. 2:20-23) Yari acerekana ko yizera Imana yiwe mu kwicisha bugufi no mu kugamburuka. Ese ukuntu akarorero ka Esiteri ari ngirakamaro muri iki gihe, aho ukugamburuka ari ikintu kidahabwa agaciro kandi ubugarariji be n’ukugambarara bikaba ari vyo vyeze! Mugabo abantu bafise ukwizera nyakuri barigana Esiteri bagaha agaciro ukugamburuka.

Ukwizera kwa Esiteri kugezwa

18. (a) Ni kubera iki Morudekayi yanse kwunamira Hamani? (Raba kandi akajambo k’epfo.) (b) Ni gute abagabo n’abagore bafise ukwizera muri kino gihe bigana akarorero ka Morudekayi?

18 Umugabo umwe yitwa Hamani yarabaye umukuru ku kirimba kwa Ahasuwerusi. Uwo Hamani, umwami yamugize umushikiranganji wa mbere, aba abaye umuhanuzi mukuru wiwe be n’uwugira kabiri mu butegetsi mu nganji y’Ubuperesi. Wanashaka, umwami yategetse yuko uwumubonye wese amwunamira. (Est. 3:1-4) Kuri Morudekayi, iryo tegeko ryarimwo ikibazo. Yaremera ko umwami ategerezwa kugamburukirwa, ariko mu gihe bidatuma agambararira Imana. Urabona, Hamani yari Umwagagi. Ivyo bisa n’ivyerekana ko yakomoka kuri Agagi, wa mwami w’Abamaleki yicwa na Samweli umuhanuzi w’Imana. (1 Sam. 15:33) Abamaleki bari babi cane ku buryo bari barabaye abansi ba Yehova na Isirayeli. Imana yari yaravuze ko Abamaleki bose bohonejwe. * (Gus. 25:19) Wumva none Umuyuda w’umwizigirwa yari kwunamira gute Umumaleki? Nawe nu Morudekayi ntiyari kuvyubahuka. Yaranse kumwunamira. Gushika n’uno musi, abagabo n’abagore bizera Imana baremeye ubuzima bwabo buraja mu kaga kugira bumire kuri iyi ngingo ngenderwako igira iti: “Dutegerezwa kugamburukira Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu.”​—Ivyak. 5:29.

19. Hamani yashaka gushika ku ki, kandi yashoboye gute kujijura umwami?

19 Hamani yarashangashiwe. Mugabo ntiyabonye ko kurondera uburyo bwo kwica Morudekayi vyari bihagije. Yashaka guherengeteza abo mu bwoko bwa Morudekayi bose! Hamani yarajijuye umwami mu kwambika ibara Abayuda. Atiriwe arabavuga izina, yarerekanye yuko ari abantu ata co bamaze, igisata “gisanzaye kandi kiri ukwaco mu bisata.” N’ikiruta ivyo, yavuze yuko batagamburuka amategeko y’umwami, bakaba rero bari abagarariji bateye akaga. Yaciye avuga ko yotanze amahera atagira uko angana yo gushira mu kigega c’umwami kugira ngo azokoreshwe mu kugeseza Abayuda bose bari muri iyo nganji. * Ahasuwerusi yaciye aha impeta yiwe y’ikidodo Hamani kugira akubite ikidodo kw’itegeko iryo ari ryo ryose yiyumvira.​—Est. 3:5-10.

20, 21. (a) Ni gute ivyo Hamani yatangaje vyagize ico bikoze ku Bayuda baba hirya no hino mu Nganji y’Ubuperesi, harimwo na Morudekayi? (b) Ni igiki Morudekayi yasavye ashimitse Esiteri gukora?

20 Butaraca na kabiri, intumwa zaciye zirukanga irya n’ino muri iyo nganji ziri ku mafarasi, zigenda ziratangaza urubanza rwo kwicwa rwaciriwe Abayuda. Iyumvire ingaruka ivyo vyagize igihe ubwo butumwa bwashika kure i Yeruzalemu, aho amasigarira y’Abayuda bari barasubiyeyo bavuye mu bunyagano i Babiloni bariko bagwa bavyuka kugira basubire kwubaka ico gisagara kitari bwaronke uruzitiro rugikingira. Aho Morudekayi yumviye iyo nkuru iteye ubwoba, ashobora kuba yarabazirikanye, arazirikana n’incuti n’abagenzi bari i Shushani. N’umubabaro mwinshi, yaratantamuye impuzu ziwe, yambara igunira, yisūrirako n’iminyota ku mutwe, araboroga n’ijwi rirenga hagati mu gisagara. Hamani we yari yiyicariye yinywera ari kumwe n’umwami, umubabaro yari yateye mu Bayuda benshi no mu bagenzi babo bari i Shushani ata co umubwiye.​—Soma Esiteri 3:12–4:1.

21 Morudekayi yarabona ko akwiye kugira ico akoze. Mugabo none yari gukora iki? Esiteri yarumvise ibijanye n’umubabaro wiwe aca amurungikira impuzu, ariko Morudekayi yanka guhozwa. Ashobora kuba yari amaze igihe kirekire yibaza igituma Imana yiwe, Yehova, yari yararetse Esiteri, uwo Morudekayi yikundira cane, agatwarwa maze akagirwa umwamikazi w’umutegetsi w’umupagani. Ico gihe rero, ashobora kuba yari atanguye kubona icabitumye. Morudekayi ni kwo kurungika ubutumwa ku mwamikazi Esiteri amusaba ashimitse gutakambira umwami, kugira aburanire “igisata ciwe.”​—Est. 4:4-8.

22. Kubera iki Esiteri yatinya kurenguka imbere y’umugabo wiwe, umwami? (Raba kandi akajambo k’epfo.)

22 Esiteri ashobora kuba yarahagaritse umutima aho yumviye ubwo butumwa. Ukwizera kwiwe kwari kugiye kwagezwa koko. Yaragize ubwoba, nk’uko yabihishuye mu nyishu yarungikiye Morudekayi. Yaramwibukije itegeko ry’umwami ryavuga yuko umuntu aramutse aserutse imbere y’umwami atatumweko yaca yicwa. Umwami amutunze agakoni k’ubutware kiwe k’inzahabu ni ho gusa aticwa. Esiteri yoba yari afise imvo yo kwitega yuko agirirwa ubwo buntu, na canecane uravye ivyari vyarashikiye Vashiti igihe yanka kurenguka igihe umwami yamutumako? Esiteri yabwiye Morudekayi yuko hari haciye imisi 30 umwami atamuhamagaye ngo yinjire aho ari! Ivyo vyatuma agira imvo nyinshi zo kwiyumvira ko uwo mwami atari akimushima, uno akaba inyiyumvo ziwe zahinduka bukwi na bukwi. *​—Est. 4:9-11.

23. (a) Ni igiki Morudekayi yabwiye Esiteri kugira ngo akomeze ukwizera kwiwe? (b) Ni kubera iki Morudekayi abereye yuko tumwigana?

23 Morudekayi yarishuye Esiteri ata gucisha ku ruhande kugira akomeze ukwizera kwiwe. Yamubwiye ko hamwe atogira ico akoze, ubukiriro bw’Abayuda bwobonetse buvuye ahandi. Mugabo Esiteri ntiyari kwitega kurokoka hamwe uruhamo rwobaye rumaze gukomera. Muri ubwo buryo, Morudekayi yarerekanye ko yizera cane Yehova, we atokwigeze yemera ko abasavyi biwe baherengetezwa, n’imigambi yiwe igapfa. (Yos. 23:14) Morudekayi yaciye abaza Esiteri ati: “Hari uwuzi ko icatumye ushikira icubahiro c’ubwamikazi atoba ari ukugira uhaseruke mu gihe nk’iki?” (Est. 4:12-14) None Morudekayi ntabereye ko tumwigana? Yarizigira Imana yiwe Yehova agaherezako. Natwe kwoba ari ukwo?​—Imig. 3:5, 6.

Ukwizera gukomeye kuruta ugutinya urupfu

24. Esiteri yagaragaje gute ukwizera n’umutima rugabo?

24 Kuri Esiteri, igihe c’uko agira ico akoze cari gishitse. Yasavye Morudekayi kubwira ab’iwabo ngo bifatanye na we kwisonzesha mu kiringo c’imisi itatu, arangiza nya butumwa n’aya majambo gushika n’uno musi agaragaza ukwizera n’umutima rugabo agira ati: “Ninaba mbwirizwa gupfa, mpfe.” (Est. 4:15-17) Muri iyo misi itatu, ategerezwa kuba yarasenze cane kuruta uko yigeze kubigira. Igihe rero caza cashika. Ni kwo kwambara impuzu yiwe y’ubwamikazi nziza kurusha izindi, arakora uko ashoboye kwose kugira ngo aze gushimwa n’umwami, maze aragenda.

Esiteri yaremeye gushira ubuzima bwiwe mu kaga kugira akingire abasavyi b’Imana

25. Dondora ukuntu ibintu vyagenze igihe Esiteri yarenguka imbere y’umunega wiwe.

25 Nk’uko vyavuzwe mu ntango z’iki kigabane, Esiteri yarafashe akayira aja ku kigo c’umwami. Iyumvire ivyiyumviro n’amaganya yari afise be n’amasengesho yagenda aratura! Nuko yinjira muri nya kigo, aho yashobora kubona Ahasuwerusi avyagiye ku ntebe y’ubwami. Ashobora kuba yaragerageje kumenya ukuntu amerewe aravye mu maso hiwe, hano hakaba hari hatunganije neza kuko yari afise imishatsi yihotoye iringanijwe neza be n’ubwanwa buringanijwe. Nimba vyarabaye ngombwa ko arindira, ategerezwa kuba yabonye umengo amaze nk’umwaka wose arindiriye. Vyakabaye kera, umunega wiwe aramubona. Uwo mugabo wiwe ategerezwa kuba yarakangutse, mugabo yaciye agira akamwemwe, aca amutunga agakoni k’ubutware kiwe k’inzahabu!​—Est. 5:1, 2.

26. Kubera iki abakirisu b’ukuri bakeneye kugira umutima rugabo nk’uwa Esiteri, kandi kubera iki impinga yari ikiri ndende kuri we?

26 Esiteri yari ahawe ijambo ngo aserure iryo agona. Yari yemeye kuburanira Imana yiwe n’abantu bo mu bwoko bwiwe, aba asigiye akarorero keza cane k’ukwizera abasavyi b’Imana bose gushika n’uno musi. Abakirisu b’ukuri muri kino gihe barafatana uburemere mwene ubwo burorero. Yezu yavuze ko abayoboke biwe b’ukuri boranzwe n’urukundo rwo kwitanga. (Soma Yohani 13:34, 35.) Akenshi kugaragaza mwene urwo rukundo bisaba kugira umutima rugabo nk’uwa Esiteri. Ariko naho Esiteri yaburaniye abasavyi b’Imana kuri uwo musi, impinga yari ikiri ndende. Yari kwemeza umwami gute ko umuhanuzi wiwe akunda cane Hamani yari yateguye mu mpisho umugambi mubi? Yari gufasha iki kugira akize abantu bo mu bwoko bwiwe? Ivyo ni vyo duca irya n’ino mu kigabane gikurikira.

^ ing. 2 Abantu benshi biyumvira ko uwo Ahasuwerusi yari we Zeruzi wa mbere, umwe yatwara Inganji y’Ubuperesi mu ntango z’ikinjana ca gatanu B.G.C.

^ ing. 9 Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ibibazo bibazwa kuri Esiteri,” ruri mu kigabane ca 16.

^ ing. 18 Hamani ashobora kuba yari mu Bamaleki ba nyumanyuma, kuko “amasigarira” yabo yari yarishwe mu gihe c’Umwami Hezekiya.​—1 Ngo. 4:43.

^ ing. 19 Hamani yemeye gutanga italanto 10.000 z’ifeza, zikaba zari ziciye amamiliyoni amajana n’amajana y’amadolari y’ubu. Nimba Ahasuwerusi ari we yari Zeruzi wa mbere, ayo mahera ashobora kuba yaratumye uwo mwami aca ashima iciyumviro ca Hamani. Zeruzi yari akeneye amahera menshi kugira arwane n’Abagiriki, uwo ukaba wari umugambi yari amaranye igihe, iyo ntambara ikaba yahavuye ivamwo ivyago bikomeye.

^ ing. 22 Zeruzi wa mbere yari azwi yuko inyiyumvo ziwe zahinduka bukwi na bukwi be n’uko ari inkazi. Umutohozakahise w’Umugiriki Herodote yaranditse uburorero bumwebumwe afatiye ku ntambara uwo Zeruzi yarwanye n’Ubugiriki. Uwo mwami yategetse yuko bubaka ikiraro kigizwe n’amato ahitwa Hellespont. Igihe igihuhusi casambura ico kiraro, Zeruzi yaciye ategeka ko abahinga bacubatse bacibwa imitwe, eka mbere abwira ingabo ziwe ngo zihane aho i Hellespont mu gukubita ibimoko amazi yaho hariko hasomwa n’ijwi ryumvikana amajambo yo kuhatuka. Muri iyo ntambara nyene, igihe umugabo umwe w’umutunzi yasaba ko umuhungu wiwe atojanwa mu gisirikare, Zeruzi yaciye ategeka ko uwo muhungu ahimburwamwo kubiri, umuvyimba wiwe ugaca ushirwa ahabona ngo ube ingabisho.