Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA CUMI NA GATATU

Yarigiye ku makosa yiwe

Yarigiye ku makosa yiwe

1, 2. (a) Ni igiki Yona yikwegeye yongera agikwegera n’abagendesha imeri? (b) Inkuru ya Yona idufasha gute?

YONA, iyo biba vyari ibishoboka, yari kunumya urwamo rukomeye yariko arumva. Ntiyari abangamiwe gusa n’umuyaga ukaze wariko uhuhuta uca mu migozi yari ifashe ibintu bituma imeri igenda; vyongeye ntiyari abangamiwe n’imikuba imeze nk’imisozi yariko irasuriranya yiseka ku mpande z’iyo meri, bigatuma imbaho ziyigize zose zijwiragira. Ahubwo riho, icari kirushirije kuba kibi kuri Yona rwari urwamo rwavuzwa n’abagendesha iyo meri, ni ukuvuga umukapitene be n’abo bakorana, igihe bariko barita ku rutare kugira ngo ntiyibire. Yona yari azi neza ko abo bantu bagira bapfe kandi ari we bazize!

2 None ni igiki cari catumye Yona ashikirwa n’amagorwa nk’ayo? Yari yakoze ikosa rikomeye mu bijanye n’ivyo Imana yiwe Yehova yari yamusavye. Uti none yari yakoze iki? Ubucuti yari afitaniye na Yehova bwoba bwari bwononekaye ubutakivayo? Inyishu z’ivyo bibazo zirashobora kutwigisha vyinshi. Nk’akarorero, inkuru ya Yona iradufasha kubona ingene n’abantu bafise ukwizera nyakuri bashobora gukora amakosa be n’ingene bashobora kwikosora.

Umuhanuzi yakomoka i Galilaya

3-5. (a) Ni igiki abantu bibandako igihe biyumviriye ivyerekeye Yona? (b) Ni ibiki tuzi ku bijanye na Yona? (Raba kandi akajambo k’epfo.) (c) Kubera iki igikorwa Yona yarangura c’ukuba umuhanuzi kitari coroshe canke ngo kibe igihimbaye?

3 Igihe abantu biyumviriye ivyerekeye umugabo Yona, akenshi basa n’abibanda kuri kamere mbi, nka ca gihe vyashika akagambarara canke mbere akaba uwudakurwa kw’ijambo. Ariko rero hariho n’ibindi vyinshi dukwiye kumenya kuri uwo mugabo. Niwibuke ko Yona yacaguwe kugira ngo asukure ari umuhanuzi wa Yehova Imana. Yehova ntiyari kumurobanura ku bw’ibanga riremereye nk’iryo iyo ataba ari umwizigirwa canke ngo abe umugororotsi.

Yona yari afise kamere nziza nyinshi uretse kamere mbi

4 Bibiliya iratubwira amakuru makeya ku bijanye na Yona. (Soma 2 Abami 14:25.) Yaturuka i Gati-heferi, kino kikaba cari igisagara kiri ku bilometero bine gusa uvuye i Nazareti aho Yezu Kristu yokuriye mu binjana nk’umunani vyokurikiye. * Yona yarasukuye ari umuhanuzi mu kiringo c’ingoma y’Umwami Yerobowamu wa kabiri yatwara bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi. Hari haciye imyaka itari mike Eliya apfuye; uwamusubiriye na we, ari we Elisha, yari yapfuye ku ngoma ya se wa Yerobowamu. Naho Yehova yari yarakoresheje abo bagabo kugira ngo barandurane n’imizi ivyo gusenga Bayali, Isirayeli yari yasubiye guta inzira n’ibigirankana. Muri ico gihe, igihugu caganzwa n’umwami yaguma “abandanya gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova.” (2 Abm. 14:24) Ni co gituma igikorwa ca Yona gishobora kuba kitari coroshe canke gihimbaye. Yamara, yarakiranguye adahemuka.

5 Ariko rero umusi umwe, Yona yarabwirijwe gufata ingingo ikomeye. Yehova yaramushinze igikorwa we yabonye ko cari kigoye bimwe birengeje. None Yehova yari amusavye gukora iki?

“Haguruka, uje i Ninewe”

6. Ni igikorwa ikihe Yehova yahaye Yona, kandi ni kubera iki gishobora kuba casa n’igiteye ubwoba?

6 Yehova yabariye Yona ati: “Haguruka, uje i Ninewe ca gisagara gikomeye, ugitangarize yuko ububi bwabo bwaduze bugashika imbere yanje.” (Yona 1:2) Biroroshe kubona igituma ico gikorwa gishobora kuba casa n’igiteye ubwoba. Igisagara ca Ninewe cari ku bilometero bishika 800 werekeza mu buseruko, rukaba rwari urugendo rw’amaguru rwoshoboye gufata ukwezi. Ariko rero, ingorane zo muri urwo rugendo zishobora kuba atari co kintu cari kigoye mu bijanye n’ico gikorwa. Yona ashitse i Ninewe, yategerezwa gushikiriza ubutumwa bujanye n’urubanza Yehova yari yaciriye Abashuri, bano bakaba bari barimonogoje mu vy’ubukazi mbere no mu vy’ubunyamaswa. None niba Yona yari amaze kubona abasavyi b’Imana ubwabo bitaho buhoro ubutumwa yashikiriza, mbega yoshoboye kwitega iki muri abo bapagani? Mbega umusavyi umwe wa Yehova vyomugendeye neza gute mu gisagara kinini Ninewe, icahavuye citwa “igisagara gisesa amaraso”?​—Nah. 3:1, 7.

7, 8. (a) Ni gute Yona yari yiyemeje ashikamye guhunga igikorwa Yehova yari yamushinze? (b) Ni kubera iki tudakwiye gucira urubanza Yona ngo yari umunyabwoba?

7 Ivyiyumviro nk’ivyo vyoba ari vyo nyene vyavyutse muri Yona? Ntitubizi. Ico tuzi co ni uko yataye arahunga. Yehova yari yamutegetse kuja mu buseruko; Yona we aca yerekeza mu burengero, emwe mu burengero bwa kure iyo bigwa. Yaciye amanuka ku nkengera, ashika ku kivuko co mu gisagara citwa Yopa aho yafashe imeri yerekeza i Tarushishi. Incabwenge zimwezimwe zivuga yuko Tarushishi yari muri Espanye. Niba ari uko rero, Yona yariko yerekeza ku bilometelo bishika 3.500 uvuye i Ninewe. Urugendo nk’urwo, urwomushikanye ku mpera y’Ikiyaga Kinini, rushobora kuba rwari gufata umwaka wose! Emwe, ukwo ni ko Yona yari yiyemeje ashikamye guhunga igikorwa Yehova yari yamushinze!​—Soma Yona 1:3.

8 Ivyo none vyoba bisobanura yuko dushobora gufata Yona nk’umunyabwoba? Ntidukwiye kwihutira cane kumucira urubanza. Nk’uko tuza kubibona, yari ashoboye kugaragaza umutima rugabo bimwe biboneka. Ariko rero, cokimwe na twebwe twese, Yona yari umuntu adatunganye yaguma anyinyana n’utunenge twinshi. (Zab. 51:5) None ni nde muri twebwe atarigera anyinyana n’ubwoba?

9. Rimwe na rimwe, dushobora kubona gute igikorwa Yehova adushinga, kandi ni ukuri ukuhe tuba dukwiye kwibuka mu bihe nk’ivyo?

9 Rimwe na rimwe, vyoshobora gusa nk’aho Imana idusaba gukora ibintu tubona ko umenga biragoye, canke mbere ko bidashoboka. Twoshobora no kubona ko biteye ubwoba kwamamaza inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana, nk’uko abakirisu basabwa kubigira. (Mat. 24:14) Biranoroshe cane ko twibagira uku kuri kwimbitse Yezu yavuze, ati: “Vyose bi[ra]shoboka ku Mana.” (Mrk. 10:27) Nimba rimwe na rimwe bishika tukibagira ico kintu, kumbure turashobora guca dutahura ingorane Yona yagize. Ariko none, uguhunga kwa Yona kwavuyemwo ingaruka izihe?

Yehova atoza indero umuhanuzi wiwe yari yigize ikigaba

10, 11. (a) Ni igiki Yona ashobora kuba yari yizigiye igihe bwa bwato bunini bwava ku kivuko? (b) Ni ingorane iyihe yashikiye iyo meri n’abayigendesha?

10 Turashobora kwiha ishusho Yona afashe ikibanza muri ubwo bwato, kumbure ikaba yari imeri amahero y’Abanyafenisiya yikorera imizigo. Yaritegereza igihe umukapitene be n’abo bakorana bariko baragerageza gukura imeri yabo ku kivuko kugira ngo ifate inzira igende. Uko buhorobuhoro bigirwa kure y’inkengera gushika n’aho iba itakiboneka, Yona ashobora kuba yari yizigiye ko ashoboye guhunga ya ngorane yari yamuteye ubwoba cane. Ariko rero bukwi na bukwi, ikirere carahindutse.

11 Imiyaga ikaze yarasuriranije mu kiyaga gisigara giteye ubwoba bimwe bibi, cuzuramwo imikuba yoshobora kurengera mbere n’amato manini yo mu gihe ca none. None vyafashe umwanya ungana gute kugira ngo ubwo bwato bukozwe mu mbaho buse n’uburengewe bimwe bikomeye kandi buboneke nk’aho budakomeye na gato, muri ako gahinga ka nyaganande karangwamwo ibisebuzi bigereza nka hariya? None ico gihe, Yona yoba yari azi ivyo yahavuye yandika, yuko ‘Yehova ari we yarekuriye umuyaga ukomeye ku kiyaga’? Ntavyo twomenya. Ariko rero, yarabonye yuko abagendesha nya meri batanguye gusemerera bahamagara imana zabo zitandukanye, kandi yari azi yuko izo mana ataco zari zishoboye kubafasha. (Lew. 19:4) Inkuru yiwe igira iti: “Nya meri ihakwa gusāba.” (Yona 1:4) Mbega none Yona yari gushobora gute gusenga ya Mana yariko arahunga?

12. (a) Kubera iki tutokwihutira gucira urubanza Yona ku vyerekeye ukuntu yasinziriye igihe wa muyaga ukomeye wariko urahuhuta? (Raba kandi akajambo k’epfo.) (b) Yehova yahishuye gute icariko kiratera izo ngorane?

12 Yona abonye ko ataco ashoboye gufasha, yaciye amanuka mu gice co hasi c’iyo meri yiryamirayo. Ntiyatevye gusinzira ubutikoma. * Umukapitene yarabonye Yona, aramukangura, maze amuhimiriza gusenga imana yiwe, nk’uko abandi bose bariko barabigira. Kubera yuko ba basozabwato biyumvira badakeka ko hariho ikintu nsigabwenge kiri inyuma y’ico gihuhusi, baciye bapfinda ubupfindo kugira ngo barabe mu bantu bari mu meri uwoba yatumye ico cago kiba. Ata gukeka, umutima wa Yona waradogombwe uko ubupfindo bwava kuri umwe buja ku wundi. Bidatevye, ukuri kwaragiye ahabona. Ico gihuhusi cokimwe n’ubwo bupfindo vyariko biratumwa na Yehova, avyerekeza ku muntu umwe, ari we Yona!​—Soma Yona 1:5-7.

13. (a) Ni igiki Yona yaturiye abasozabwato? (b) Ni igiki Yona yahimirije abasozabwato gukora, kandi kubera iki?

13 Yona yaciye yiganira vyose ba basozabwato. Yari umusuku w’Imana mushoboravyose Yehova. Iyo ni yo Mana yariko arahunga kandi yari yababaje, bica bituma bose baja muri ako kaga gakomeye. Abo bagabo barakubiswe n’inkuba, kandi na Yona abaravye yarabona ko batekewe n’ubwoba. Baciye bamubaza ico bomugirira kugira ngo bakize imeri bongere barokore igufa. None yavuze iki? Yona ashobora kuba yarajugumiye yibaza ukuntu ubwiwe aza gusoma nturi muri ico kiyaga cari gikanye kandi cavurunganye. Ariko none ni kubera iki yotumye abo bagabo bose bapfa urupfu nk’urwo kandi yari azi yuko ashoboye kubarokora? Ku bw’ivyo, yabahimirije ati: “Nimunterure munterere mu kiyaga, ikiyaga gica gihwama kibareke; kuko nzi yuko ico gihuhusi gikomeye kibateye kubera jewe.”​—Yona 1:12.

14, 15. (a) Twokwigana gute ukwizera gukomeye Yona yari afise? (b) Abasozabwato bakiriye gute ivyo Yona yabasavye?

14 Ayo majambo yoba none yoshobora kuvugwa n’umunyabwoba ga yemwe? Kubona ubutwari be n’agatima ko kwihebera abandi Yona yagaragaje muri ico gihe kitoroshe bitegerezwa kuba vyaranezereje umutima wa Yehova. Aha rero duca tubona ukwizera gukomeye Yona yari afise. Turashobora kukwigana muri kino gihe mu gushira ineza y’abandi imbere y’iyacu bwite. (Yoh. 13:34, 35) Igihe tubonye umuntu ari n’ivyo akeneye, haba mu vy’umubiri, mu vy’inyiyumvo canke mu vy’impwemu, twoba twitanga kugira ngo tugire ico dufashije? Ese ingene duhimbara Yehova igihe tubigenjeje gutyo!

15 Kumbure ba basozabwato na bo nyene barakozwe ku mutima, kuko babanje kwanka ivyo Yona ababwiye. Ahubwo, barakoze uko bashoboye kugira ngo barabe ukuntu bokwirwanako muri ico gihuhusi, ariko birabata ku w’amazi. Igihuhusi caguma nyabuna kibica bigacika. Amaherezo, babonye ata kundi bari bugire. Baratakambiye Imana ya Yona ari yo Yehova ngo ibagirire imbabazi, baca baraterura uwo mugabo bamucisha ku ruhande maze bamuterera mu kiyaga.—Yona 1:13-15.

Kubera ko Yona yari abisavye, ba basozabwato baramuteruye maze bamuterera mu kiyaga

Yona agirirwa imbabazi akongera akarokorwa

16, 17. Dondora ivyashikiye Yona igihe yatererwa mu mazi akuwe mu meri. (Raba kandi amafoto.)

16 Yona yatibukiye mu mikuba iriko irasuriranya. Kumbure yarirwaniye arondera kureremba gatoyi hejuru ku mazi, maze ari mu ruvange rw’ifuro be n’amazi asebagirika, abona bwa bwato buriko buragenda bwihuta. Ariko rero, vya bisebuzi vy’inguvu nyinshi vyaciye bimwubikira maze biramuzikiranya. Yagumye arushiriza kwibira, abona ko ivyiwe vyose birangiye.

17 Mu nyuma, Yona yaradondoye ukuntu yumvise amerewe muri ico gihe. Mu muzirikanyi wiwe haranyuragiranye ibintu bitandukanye. Yariyumviriye n’umubabaro mwinshi ko atokwigeze asubira kubona urusengero rwa Yehova ruteye igomwe rwari i Yeruzalemu. Yumva umengo ariko aramanuka kure i bwina mu nda y’ikiyaga, hafi y’aho imisozi itangurira, aho ibirandaranda vyo mu kiyaga vyari vyamwizingiriyeko. Vyasa n’uko aho hantu ari ho hobaye icobo ciwe, ni ukuvuga imva yiwe.​—Soma Yona 2:2-6.

18, 19. Ni ibiki vyashikiye Yona igihe yari epfo mu kiyaga, ni ikiremwa nyabaki caje, kandi ni nde yari inyuma y’ivyo bintu? (Raba kandi akajambo k’epfo.)

18 Ariko, ihorere gatoyi! Hari ikintu cariko kiratembera muri iyo micungararo, kikaba cari ikintu amahanga, cirabura, c’ikinyabuzima. Caciye cegereza, gitumbera iyo ari kinyaruka. Carasamitse ikinwa caco kingana amahero kiri imbere yiwe, kiramurotsa, kiramumira!

Yehova “yararungitse urufi runini ngo rumumire Yona”

19 Ubu hoho ngira ngo karabaye! Ariko rero, Yona yarashikiwe n’ikintu c’akumiza. Yari akidora! Ico gifi nticigeze kimuhekenya, canke ngo umushishito waco umusye, canke mbere ngo yicwe no kubura impemu. Eka yari akiri muzima, naho yari mu cari kuba neza na neza imva yiwe. Bukebuke, Yona yararengewe n’ugutangara. Ata gukeka, Imana yiwe Yehova ni yo yari “[yarungitse] urufi runini ngo rumire Yona.” *​—Yona 1:17.

20. Ni igiki twigira kw’isengesho Yona yatuye igihe yari mu nda y’urufi runini?

20 Haraciye iminuta, eka n’amasaha arigorora. Aho muri uwo mwiza w’umuzitanya Yona atari bwigere abona, yaraharonkeye akanya ko kuzirikana maze arasenga Yehova Imana. Isengesho ryiwe, iryanditswe ryose mu kigabane ca kabiri c’igitabu ca Yona, riraduhishurira ibintu bitari bike. Rirerekana yuko Yona yari afise ubumenyi bwo mu Vyanditswe bugera kure, kubera yuko akatari gake ryerekeza ku Mazaburi. Riragaragaza kandi kamere imwe y’inkoramutima, ari yo y’ugukenguruka. Yona yarangije avuga ati: “Jeho, nzogushikanira ikimazi njanisha n’ijwi ry’ugukenguruka. Ico naraganye, nzogishitsa. Ubukiriro ni ubwa Yehova.”​—Yona 2:9.

21. Ni igiki Yona yatahuye ku bijanye n’agakiza, kandi ni icigwa gihambaye ikihe dukwiye kwama twibuka?

21 Yona ari aho mu kibanza ca kure kuruta ibindi vyose, “imbere muri nya rufi,” yaratahuye yuko agakiza ari ikintu Yehova ashobora kuronsa umuntu uwo ari we wese, aho aba ari hose n’igihe ico ari co cose. Mbere no ng’aho, Yehova yarabonye umusavyi wiwe yari mu ngorane yongera aramukiza. (Yona 1:17) Yehova wenyene ni we yari ashoboye kuzigama umuntu imisi itatu n’amajoro atatu ari mu nda y’urufi amahero, akaguma ari muzima kandi adora. Ni vyiza ko muri iki gihe twibuka yuko Yehova ari “Imana ifise impemu za[cu] mu kuboko kwayo.” (Dan. 5:23) Ukuba duhema, ukuba turiho, nta wundi tubikesha atari we. None twoba dukenguruka? Ubwo none, ntidukwiye kwubaha Yehova?

22, 23. (a) Ni gute agatima ko gukenguruka ka Yona kageragejwe ata n’akanya karahaca? (b) Ni igiki twokwigira kuri Yona igihe dukoze amakosa?

22 Tuvuge iki ku vyerekeye Yona? Yoba yarize gukengurukira Yehova biciye ku kugamburuka? Ego cane. Inyuma y’imisi itatu n’amajoro atatu, rwa rufi rwarazanye Yona ku nkengera maze “rudahwa Yona kw’isi yumutse.” (Yona 2:10) Ibaze nawe: inyuma y’ivyo vyose, Yona ntivyabaye ngombwa ko arinda kwoga kugira ngo ashike i musozi! Ego ni ko, yari akeneye kurondera ahantu aho ari ho hose yari kuronka inzira yomukuye kuri iyo nkengera y’ikiyaga. Ariko rero ata n’akanya kanini karahaca, agatima kiwe ko gukenguruka karageragejwe. Muri Yona 3:1, 2, hagira hati: “Maze ijambo rya Yehova riza kuri Yona ubugira kabiri, riti: Haguruka uje i Ninewe ca gisagara gikomeye, ugitangarize ijambo ngira nkubwire.’ ” None Yona yari gukora iki?

23 Yona ntiyagonanywe. Dusoma duti: “Yona aca arahaguruka aja i Ninewe, nk’uko ijambo rya Yehova rivuze.” (Yona 3:3) Egome, yaragamburutse. Biragaragara ko yari yarigiye ku makosa yiwe. No muri ivyo, turakeneye kwigana ukwizera kwa Yona. Twese turacumura; twese turakora amakosa. (Rom. 3:23) Ariko none, twoba duca dutana n’akabando, canke duca twigira ku makosa yacu maze tugahindura ingendo, tugasubira gusukurira Imana tubigiranye ukugamburuka?

24, 25. (a) Ni impera iyihe Yona yahavuye aronka? (b) Ni impera izihe Yona azoronka muri kazoza?

24 Hari impera Yehova yoba yarahaye Yona kubera ukugamburuka kwiwe? Ego cane, yarayimuhaye. Kimwe coco, biboneka ko Yona yahavuye amenya ko ba basozabwato barokotse. Yona amaze kwemera gutabwa mu kiyaga, ca gihuhusi caciye ubwo nyene gihagarara, bamwe bagendesha imeri na bo “baca batangura gutinya Yehova cane” bongera bamuha ikimazi aho kugiha za mana zabo z’ikinyoma.​—Yona 1:15, 16.

25 Impera inahambaye kuruta yarabonetse haciye igihe kitari gito. Yezu yaravuze ivy’igihe Yona yamaze ari mu nda ya rwa rufi mu kwerekana imbere y’igihe imisi we ubwiwe yomaze mu mva. (Soma Matayo 12:38-40.) Ese ingene Yona azonezerwa niyamenya ivy’uwo muhezagiro igihe azozurirwa kuba hano kw’isi! (Yoh. 5:28, 29) Na wewe nyene Yehova yipfuza kuguhezagira. Woba uzokwigira ku makosa yawe nk’uko Yona yabigize, maze ukagaragaza agatima ko kugamburuka kandi kazira ubwikunzi?

^ ing. 4 Kuba Yona yakomoka mu gisagara c’i Galilaya biri n’ico bivuze kubera yuko igihe Abafarizayo bariko baravuga ivyerekeye Yezu, bavuze n’ubwibone n’akantu bati: “Sesangura urabe ko hari umuhanuzi yohagurukijwe i Galilaya.” (Yoh. 7:52) Abahinduzi n’abashakashatsi benshi batanga iciyumviro c’uko Abafarizayo bariko bafatira mu kivunga mu kuvuga ko ata muhanuzi yoba yarigeze guhagurutswa canke yoshobora guhagurutswa i Galilaya, ahari hasanzwe hatazwi cane. Niba ari ukwo biri, abo bagabo bariko bariyobagiza ivya kahise hamwe n’ubuhanuzi.​—Yes. 9:1, 2.

^ ing. 12 Bibiliya yitwa Septante irashimika ku kuntu itiro rya Yona ryari rikaze mu kwongerako yuko yagonye. Yamara rero, aho kwemeza yuko iryo tiro rya Yona ryerekana yuko ataco yari yitwararitse, twokwibuka yuko agatiro rimwe na rimwe gakunze kwiba abantu baba bacitse intege cane. Mu gihe Yezu yari n’intuntu nyinshi mw’itongo ry’i Getsemane, Petero, Yakobo na Yohani “bariko barahunikira kubera intuntu.”​—Luka 22:45.

^ ing. 19 Igihe ijambo ry’igiheburayo risobanura ngo “urufi” ryahindurwa mu kigiriki, hakoreshejwe imvugo ngo “igikoko amahero co mu kiyaga,” canke ngo “urufi amahero.” Naho ata buryo buriho bwofasha umuntu kumenya neza na neza ubwoko bw’ico kinyabuzima co mu mazi kivugwa ubwo ari bwo, biramaze kubonwa ko muri Mediterane hariyo ibimizi binini ku buryo bishobora kurotsa umuntu uko yakabaye. Mu yindi mihingo, hariho ibimizi bisumba ivyo kure n’iyo; ikimizi citwa requin-baleine kirashobora gushikira uburebure bw’imetero 15, bikaba bishoboka ko kinazirenza!