Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA CUMI N’INDWI

“Ehe ndi umushumbakazi wa Yehova!”

“Ehe ndi umushumbakazi wa Yehova!”

1, 2. (a) Mariya yaronse indamukanyo iyihe ivuye ku muntu atazi? (b) Ni mu buryo ubuhe Mariya yari ahanganye n’ugufata ingingo zikomeye mu buzima?

MARIYA yarunamuye amaso atangaye cane igihe yabona umushitsi yinjiye mu nzu iwabo. Uwo mushitsi ntiyaje arondera se canke nyina. Yaje arondera Mariya nyene! Mariya arabona neza ko uwo muntu adashobora kuba ari Umunyanazareti. Mu dusagara dutoduto nk’ako yabamwo, abantu batari abaho baca bamenyekana. Uno wewe yari guca amenyekana aho yari kuja hose. Yavugishije Mariya mu buryo atari amenyereye na gatoyi, ati: “Amahoro, wewe uwagiriwe ubutoni budasanzwe, Yehova ari kumwe nawe.”​—Soma Luka 1:26-28.

2 Ukwo ni ko Bibiliya itangura kutubwira ibijanye na Mariya, umukobwa wa Heli wo mu gisagara ca Nazareti i Galilaya. Imutubwira igihe ahanganye n’ugufata ingingo zihambaye mu buzima bwiwe. Yari arehejwe n’umubaji yitwa Yozefu, uno akaba yari umusore atari atunze, ariko w’ukwizera gukomeye. Ni co gituma bisa n’uko Mariya yari amaze gutegura neza umuzirikanyi wiwe ko yobayeho mu buryo busanzwe ari umukenyezi akora kugira ngo ashigikire umunega wiwe Yozefu mu kubungabungira hamwe umuryango wabo. Yamara atanavyiteze, yagize atya abona agendewe n’uwo mushitsi yari aje kumumenyesha igikorwa Imana yari imushinze, kino kikaba cari ibanga ryohinduye ubuzima bwiwe.

3, 4. Kugira ngo tumenye Mariya, ni ibiki dukwiye kwihoza, kandi n’ibiki dukwiye kwibandako?

3 Abantu benshi baratangara bamenye ko Bibiliya itatubwira vyinshi ku vyerekeye Mariya. Ivuga bike ku vyerekeye kahise kiwe, ikavuga bike cane ku vyerekeye kamere ziwe, kandi nta na kimwe ivuga ku bijanye n’ukuntu yasa. Yamara, ivyo Ijambo ry’Imana rivuga ku bimwerekeye biraduhishurira ibintu vyinshi cane.

4 Kugira ngo tumenye neza Mariya, turakeneye kurengera ivyiyumviro vyinshi bimwerekeye usanga vyigishwa mu madini atandukanye. Ku bw’ivyo, reka twihoze ibishusho vyinshi vy’ibicapano canke vy’ibibumbano. Reka kandi twihoze inyigisho za tewolojiya y’urusobe be n’inyigisho zita uwo mukenyezi aciye bugufi amazina y’icubahiro kidasanzwe nk’aya ngo “Nyina w’Imana” canke ngo “Mugabekazi w’Ijuru.” Ahubwo nyabuna, nimuze twibande cane ku vyo Bibiliya iduhishurira vy’ukuri. Iradufasha kubona mu buryo ntangere ukwizera yari afise be n’ingene dushobora kukwigana.

Agenderwa n’umumarayika

5. (a) Twokwigira iki ku kuntu Mariya yavyifashemwo igihe Gaburiyeli yamuramutsa? (b) Ni icigwa gihambaye ikihe twokwigira kuri Mariya?

5 Umushitsi yagendeye Mariya ntiyari umuntu asanzwe. Yari umumarayika Gaburiyeli. Igihe yita Mariya ngo ni “uwagiriwe ubutoni budasanzwe,” Mariya ‘yarahagaritswe umutima rwose’ n’amajambo yiwe yongera aribaza vyinshi ku bijanye n’iyo ndamukanyo idasanzwe. (Luka 1:29) Mbega yari yagiriwe ubutoni budasanzwe na nde? Mariya ntiyari yiteze ko yogiriwe ubutoni budasanzwe n’abantu. Yamara umumarayika yariko avuga ubutoni yagiriwe na Yehova Imana. Ico cari ikintu gihambaye kuri we. Ariko rero, ntiyaciye yiyemera n’ubwibone n’akantu ngo yari yaratoneshejwe n’Imana. Niba turonderana ubwira ugutoneshwa n’Imana, tukaba tutigera twirarira ngo twaramaze kubishikako, turashobora gutahura icigwa gihambaye cane iyo nkumi Mariya yatahuye bimwe bishitse. Imana irwanya abibona, ariko irakunda ikongera igashigikira uwifata ruto n’uwicisha bugufi.​—Yak. 4:6.

Mariya ntiyaciye yiyemera n’ubwibone n’akantu ngo yari yaratoneshejwe n’Imana

6. Wa mumarayika yamenyesheje Mariya ko yatewe agateka akahe?

6 Mariya yari akeneye mwene ukwo kwicisha bugufi, kubera ko uwo mumarayika yamumenyesheje ko yatewe agateka kasa n’akatokwiyumviriwe. Yamusiguriye yuko yokwibungenze umwana yohavuye aba umuntu ahambaye kuruta abandi bose. Gaburiyeli yavuze ati: “Yehova Imana azomuha intebe y’ubwami ya Dawidi se wiwe, kandi azoganza inzu ya Yakobo ibihe vyose, kandi ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo.” (Luka 1:32, 33) Ata gukeka, Mariya yari azi umuhango Imana yari yarahaye Dawidi mu myaka irenga igihumbi yari iheze, uwo na wo ukaba wari uw’uko umwe mu bomukomotseko yoganje ibihe bidashira. (2 Sam. 7:12, 13) Umwana wiwe rero, yobaye ari we Mesiya abasavyi b’Imana bari bamaze ibinjana n’ibindi biteze!

Wa mumarayika Gaburiyeli yamenyesheje Mariya ko yatewe agateka kasa n’akatokwiyumviriwe

7. (a) Ikibazo Mariya yabajije caseruye iki ku bimwerekeye? (b) Muri iki gihe, ni igiki abakiri bato bokwigira kuri Mariya?

7 N’ikindi kandi, uwo mumarayika yamubwiye ko umwana wiwe ‘yokwiswe Umwana wa Musumbavyose.’ None vyoshobotse gute ngo umugore w’inyama n’amaraso avyare Umwana w’Imana? Mbega nyene, Mariya yoshoboye gute kuvyara umwana? Yari arehejwe na Yozefu mugabo ntibari bwabirane. Mariya yaciye abaza ivy’ico kintu adakikiriza ati: “Ivyo none bizoshoboka gute, ko ata mugabo turyamana?” (Luka 1:34) Urabona yuko Mariya atatewe isoni no kuvuga yuko yari akiri isugi. Ahubwo riho, yaraha agaciro ukwo kuba atari ahumanye. Muri iki gihe, abakiri bato benshi usanga bahahamira ivyo gutakaza ubusugi bwabo maze bagaca bihutira gucokora abatabutakaza. Isi mu vy’ukuri yarahindutse, yamara Yehova we ntiyahindutse. (Mal. 3:6) Araha agaciro abaguma bumiye ku ngingo ngenderwako ziwe zigenga inyifato runtu, nk’uko nyene yabigira mu gihe ca Mariya.​—Soma Abaheburayo 13:4.

8. Ni gute Mariya naho yari umuntu adatunganye yari kuvyara umwana atunganye?

8 Naho Mariya yari umusavyi w’Imana w’umwizigirwa, yari umuntu adatunganye. None yoshoboye gute kuvyara umwana atunganye, ari we Mwana w’Imana? Gaburiyeli yaramusiguriye ati: “Impwemu nyeranda izokuzako, kandi ububasha bwa Musumbavyose buzogutwikiriza igitutu. Ni co gituma kandi ikizovuka kizokwitwa ceranda, Umwana w’Imana.” (Luka 1:35) Ikintu ceranda ni ikintu “kidahumanye,” “gityoroye.” Mu bisanzwe, kuba abantu bavuka ari abahumanye n’abanyabicumuro babiragwa n’abavyeyi babo. Ariko muri ico gihe ho, Yehova yokoze igitangaro c’imbonekarimwe. Yokwimuye ubuzima bw’Umwana wiwe, akabukura mw’ijuru akabushira mu nda ya Mariya maze agakoresha inguvu yiwe ikora, ari yo mpwemu nyeranda, kugira ngo ‘itwikire’ Mariya, maze ikingire uwo mwana agatosi ako ari ko kose k’igicumuro. Mariya yoba yaremeye ivyo uwo mumarayika amusezeraniye? Mbega yishuye ngw’iki?

Ico Mariya yishuye Gaburiyeli

9. (a) Ni kubera abantu bakekeranya ku bijanye n’inkuru ya Mariya, baba bihenze? (b) Ni mu buryo ubuhe Gaburiyeli yakomeje ukwizera kwa Mariya?

9 Abantu bakekeranya, ushizemwo n’abanyatewolojiya bamwebamwe bo mu biyita abakirisu, biracabagora kwemera ko inkumi ishobora kuvyara ikiri isugi. Naho usanga baraminuje mu vy’amashure, barananirwa gutahura ukuri kworoshe. Nk’uko Gaburiyeli abivuga, “ku Mana [nta] jambo na rimwe riba akadashoboka.” (Luka 1:37) Mariya yaremeye ko ivyo Gaburiyeli yari amubwiye ari ukuri, kubera yuko yari inkumi ifise ukwizera gukomeye. Ariko rero, ukwo kwizera ntikwari kumwe kwo gupfa kwemera ivyo ubwiwe vyose. Cokimwe n’umuntu wese yiyumvira, Mariya yari akeneye ikimenyamenya ashingirako ukwizera kwiwe. Gaburiyeli yari yiteguriye kumwongerereza ibindi bimenyamenya. Yaramwiganiye ivyerekeye incuti yiwe Elizabeti yari ageze mu zabukuru, uno akaba yari amaze igihe azwi ko ari ingumba. Emwe, Imana yari yaramushoboje gusama mu buryo bw’igitangaro!

10. Ni kubera iki tutovuga ko agateka Mariya yari atewe katomuteye ubwoba canke ngo gatume ashikirwa n’ibintu bigoye?

10 None Mariya yari gukora iki? Yari yamenyeshejwe neza igikorwa ciwe kandi yari yakuwe amazinda yuko Imana yari igiye gushira mu ngiro ivyo Gaburiyeli yari yavuze vyose. Ntidukwiye guca twiyumvira yuko ako gateka yatewe katomuteye ubwoba canke ngo gatume ashikirwa n’ibintu bigoye. Kimwe coco, yategerezwa kurimbura ivyo yari yarasezeraniye Yozefu. Yozefu amaze kumenya ko Mariya yibungenze yoba yokwemeye kwubakana na we? Ikindi na co, ico gikorwa yashinzwe ubwaco casa n’uko ari ibanga riteye ubwoba. Yategerezwa kumara igihe afise mu mbanyi yiwe ubuzima bw’ikiremwa gifise agaciro kuruta ibindi vyose Imana yaremye, ni ukuvuga ubuzima bw’Umwana wayo ikunda cane! Yotegerejwe kumwitwararika akiri uruyoya ata co rwishoboje akongera akamukingira mw’isi mbi. Emwe, ryari ibanga riremereye koko!

11, 12. (a) Ni gute mbere n’abagabo b’indyamunyu kandi b’abizigirwa bakiriye ibikorwa bigoye Imana yaba ibashinze? (b) Ni igiki Mariya yaseruye ku bimwerekeye igihe yishura Gaburiyeli?

11 Bibiliya irerekana ko vyashitse mbere n’abagabo b’indyamunyu kandi b’abizigirwa baragonanwa kwemera ibikorwa bigoye Imana yaba ibashinze. Musa yavuze ko atari azi kuvuga neza kugira ngo abe umuvugizi w’Imana. (Kuv. 4:10) Yeremiya mu kwanka yavuze yuko ngo yari “agahungu” ku buryo atoshoboye igikorwa Imana yari imushinze. (Yer. 1:6) Yona we yarahunze igikorwa Imana yari yamushinze! (Yona 1:3) Mariya we bite?

12 Amajambo yavuze yuzuye ukwicisha bugufi n’ukugamburuka arazwi n’abantu bose bafise ukwizera. Yabwiye Gaburiyeli ati: “Ehe ndi umushumbakazi wa Yehova! Nibimbere nk’uko ijambo ryawe rivuze.” (Luka 1:38) Umushumbakazi yari we musuku wo hasi kuruta abandi bose. Ubuzima bwiwe bwose bwaba buri mu minwe ya shebuja. Ukwo ni ko Mariya yumva ameze imbere ya Shebuja, Yehova. Yari azi ko atacomukomye yibereye mu maboko yiwe, ko Yehova ari intahemuka ku ntahemuka ziwe be n’uko yomuhezagiye mu gihe yokoze uko ashoboye kwose muri ico gikorwa kitoroshe yari yashinzwe.​—Zab. 18:25.

Mariya yari azi ko atacomukomye yibereye mu maboko y’Imana yiwe idahemuka, Yehova

13. Niba gukora ivyo Imana idusaba bisa n’ibigoye canke mbere bisa n’ibidashoboka, ni gute twokwungukira ku karorero ka Mariya?

13 Birashobora gushika Imana ikadusaba gukora ikintu twebwe tubona ko coba gisa n’ikigoye, canke mbere gisa n’ikidashoboka. Ariko rero biciye kw’Ijambo ryayo, iraturonsa imvo zihagije zituma tuyizigira, tukishira mu maboko yayo, nk’uko Mariya yabigize. (Imig. 3:5, 6) Twoba tuzobigira? Nitwabigira, izoturonsa impera, inaturonse imvo zituma turushiriza mbere kuyizigira gusumba.

Aja kuramutsa Elizabeti

14, 15. (a) Yehova yahaye impera gute Mariya igihe yagendera Elizabeti na Zekariya? (b) Ibintu Mariya yavuze vyanditse muri Luka 1:46-55 bihishura iki ku bimwerekeye?

14 Amajambo Gaburiyeli yavuze ku vyerekeye Elizabeti yasobanura ibintu vyinshi kuri Mariya. Mu bagore bose bo kw’isi, ni nde none yari gushobora gutahura neza kuruta ukuntu ivyiwe vyari vyifashe? Mariya yaciye yihutira kugenda mu ntara ya Yuda igizwe n’imisozi, urwo rukaba rwari urugendo rw’imisi nk’itatu canke ine. Igihe yinjira mu nzu kwa Elizabeti na Zekariya umuherezi, Yehova yarahaye Mariya ikindi kimenyamenya gikomeye kugira ngo akomeze ukwizera kwiwe. Aho Elizabeti yumviye indamukanyo za Mariya, yaciye ubwo nyene yumva umwana yari yibungenze asimbasimba kubera umunezero. Yarujujwe impwemu nyeranda maze aca avuga ivyerekeye Mariya, amwita ngo “nyina w’Umukama wanje.” Imana yari yarahishuriye Elizabeti ko umuhungu wa Mariya yobaye Umukama wiwe, ari we Mesiya. Vyongeye, yarahumekewe gukeza Mariya kubera ukugamburuka kwiwe adahemuka, ati: “Harahiriwe kandi umugore yemeye.” (Luka 1:39-45) Vy’ukuri, ibintu vyose Yehova yari yarasezeraniye Mariya vyorangutse ata kabuza!

Ubugenzi bwari hagati ya Mariya na Elizabeti bwarababereye umuhezagiro

15 Mariya na we nyene yaragize ico avuze. Amajambo yavuze yarazigamwe neza mw’Ijambo ry’Imana. (Soma Luka 1:46-55.) Nta gukeka ko ayo ari yo majambo menshi kuruta ayandi yose Mariya yavuze yanditswe muri Bibiliya, kandi arahishura vyinshi ku bimwerekeye. Ayo majambo arerekana agatima ko gushima no gukenguruka yari afise, akagaragarira mu kuntu ashemeza Yehova kuko yamuhezagiye akamutera agateka ko kumukorera ari nyina wa Mesiya. Arerekana ukwizera kugera kure yari afise, ukugaragara igihe avuga ko Yehova yashize hasi abibona be n’abanyabubasha, agafasha abo hasi n’abakene barondera kumukorera. Arahishura kandi ukuntu ubumenyi yari afise bwangana. Bigereranywa ko yerekeje ku Vyanditswe vy’igiheburayo incuro zirenga kuri 20! *

16, 17. (a) Ni gute Mariya n’umuhungu wiwe bagaragaje agatima twese dukeneye kwigana? (b) Ukuba Mariya yaragiye kuramutsa Elizabeti bitwibutsa umuhezagiro uwuhe?

16 Biragaragara ko Mariya yazirikana cane kw’Ijambo ry’Imana. Naho ari ukwo, yaguma yicisha bugufi, agahitamwo kureka Ivyanditswe ngo bibe ari vyo bivuga ibimwerekeye, aho kuba ari we ubwiwe avyivugira. Uwo muhungu Mariya yari yibungenze na we nyene umusi uri izina yogaragaje agatima nk’ako nyene amaze gukura; yavuze ati: “Ivyo nigisha si ivyanje, ahubwo ni ivy’uwandungitse.” (Yoh. 7:16) Vyoba vyiza umwe wese muri twebwe yibajije ati: ‘Noba nubaha Ijambo ry’Imana muri ubwo buryo, canke mpitamwo kwigisha ivyiyumviro vyanje bwite?’ Aho Mariya ahagaze haratomoye.

17 Mariya yagumanye na Elizabeti amezi nk’atatu, bakaba ata gukeka bararemeshanije cane. (Luka 1:56) Inkuru ikora ku mutima yo muri Bibiliya yigana ivy’urwo rugendo iratwibutsa ukuntu ubugenzi bushobora kuba umuhezagiro. Niba turondera abagenzi mu vy’ukuri bakunda Imana yacu Yehova, nta gukeka ko tuzokura mu vy’impwemu kandi tukarushiriza kumwiyegereza. (Imig. 13:20) Ariko, igihe cahavuye kigera c’uko Mariya asubira i muhira. None Yozefu yovuze iki aramutse amenye uko ivya Mariya vyifashe?

Mariya na Yozefu

18. Ni igiki Mariya yahishuriye Yozefu, kandi uno yavyakiriye gute?

18 Bishoboka ko Mariya atarindiriye ko imbanyi yiwe irinda kwibonekeza. Ata gukeka, yategerezwa kubiyagira Yozefu. Ashobora kuba yabanje kwibaza ukuntu uwo musore w’intore kandi yatinya Imana yokwakiriye ivyo yabwirizwa kumubarira. Naho vyari ukwo, yaramwegereye maze aramwiganira ivyari vyamushikiye vyose. Nk’uko woshobora kuvyiyumvira, Yozefu yarataye umutwe cane. Yarumva yokwizigira iyo nkumi yikundira, ariko vyasa n’uko yari yamuhemukiye. Bibiliya ntivuga ivyo Yozefu yaciye yiyumvira. Ariko iravuga ko yafashe ingingo yo kwahukana na we, kuko muri ico gihe abareshanije bafatwa nk’aho bamaze kwabirana. Yamara rero, kubera ko atashatse kumukoza isoni mu bantu, yaciye ahitamwo kwahukana na we mu mpisho. (Mat. 1:18, 19) Mariya ategerezwa kuba yarababajwe cane no kubona ukuntu uwo musore w’umutima mwiza ariko aratuntuzwa n’ico kintu kitari bwigere gishika. Yamara, Mariya ntiyagize umujinya.

19. Yehova yafashije gute Yozefu gukora ikintu ciza?

19 Yehova abigiranye ubuntu yarafashije Yozefu gukora ikintu ciza. Umumarayika w’Imana yaramubonekeye mu ndoto maze amubwira yuko Mariya yari yibungenze biciye ku gitangaro. Ivyo bishobora kuba vyaramusubirije umutima mu nda! Yozefu ico gihe yaciye akora nk’ivyo Mariya yari yarakoze kuva mu ntango, ni ukuvuga ko yakoze yisunga ubuyobozi Yehova yari yamuhaye. Yaciye atwara umugore wiwe Mariya, maze yitegurira ibanga ry’imbonekarimwe rijanye no kwitwararika Umwana wa Yehova.​—Mat. 1:20-24.

20, 21. Ni igiki ababiranye ndetse n’ababitegekanya bigira kuri Mariya na Yozefu?

20 Ababiranye ndetse n’ababitegekanya, vyoba vyiza bagize ico bigiye kuri uwo mugabo n’umugore bari baheruka kwubakana, ubu hakaba haciye imyaka irenga 2.000. Uko Yozefu yabona ingene umukenyezi wiwe akiri muto ashitsa amabanga yiwe ya kivyeyi, ni ko ategerezwa kuba yarahimbarwa n’ukuba umumarayika wa Yehova yari yaramuyoboye. Yozefu ategerezwa kuba yarabonye ko bihambaye kwiheka kuri Yehova mu gihe co gufata ingingo zikomakomeye. (Zab. 37:5; Imig. 18:13) Ata gukeka, yagumye yiyubara mu gufata ingingo kandi akazifata abigiranye ubuntu bwa mutwe w’umuryango.

21 Ariko rero, ni iciyumviro ikihe dushobora guca dushikako dufatiye ku kuba Mariya yaragize umutima ukunze wo kwubakana na Yozefu? Naho Yozefu ashobora kuba yabanje kubona yuko ivyo Mariya yamwiganiye bigoye gutegera, Mariya yagumye arindiriye ko Yozefu afata ingingo y’ingene ibintu vyogenda, kuko ari we yobaye serugo. Ategerezwa kuba yarabikuyemwo icigwa nyaco, nk’uko ivyo bibera icigwa abakenyezi bakirisu bo muri iki gihe. Amaherezo, birashoboka ko ivyo bintu vyabaye vyigishije Yozefu na Mariya ibintu vyinshi ku bijanye n’agaciro ko kuba imvugakuri no guseruranira akari ku mutima ata guhishanya.​—Soma Imigani 15:22.

22. Umubano wa Yozefu na Mariya wari ushingiye ku ki, kandi ni igiki botegerejwe gukora?

22 Nta gukeka ko uwo mugabo n’umugore bari baheruka kwubakana bashingiye umubano wabo ku bintu vyiza kuruta ibindi vyose. Bompi barakunda Yehova Imana kuruta ibindi vyose kandi bari bashashaye kumuhimbara ari abavyeyi bitwararikana kandi bitaho amabanga bajejwe. Mu vy’ukuri, bari biteze kuronka imihezagiro ihambaye kuruta, ariko kandi bari biteze no guhura n’ibintu bitoroshe. Botegerejwe kurera Yezu, uwokuze akaba we muntu ahambaye kuruta abandi bose bigeze kuba kw’isi.

^ ing. 15 Muri ivyo bintu vyo mu Vyanditswe Mariya yavuze, bishoboka ko yasubiyemwo amajambo yavuzwe na wa mugore w’umwizigirwa Hana, uno na we nyene Yehova akaba yaramuhezagiye mu kumuha umwana.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Amasengesho abiri adasanzwe,” ruri mu kigabane ca 6.