Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE C’UMUNANI

Yarihanganiye ibintu bivuna umutima

Yarihanganiye ibintu bivuna umutima

1. Kubera iki i Shilo hari huzuye amarira n’intuntu?

SAMWELI yarashobora kwumva umubabaro ab’i Shilo bari bafise. Igisagara cose cari cuzuye amarira. Ni imihana ingahe yarimwo amarira n’intuntu vy’abagore n’abana barizwa n’inkuru zerekeye ba se babo, abanega babo, abana babo hamwe na bene wabo batosubiye kubona bataha i muhira? Ico tuzi co ni uko Isirayeli yari yabuze ingabo nka 30.000 igihe yaneshwa n’Abafilisitiya bimwe biteye ubwoba, ata n’igihe cari bwahace ibuze abashika 4.000 mu rundi rugamba.​—1 Sam. 4:1, 2, 10.

2, 3. Ni amakuba ayahe yagiye arashikira Shilo yahateje urubwa yongera atuma hatakaza iteka?

2 Ayo ni amwe gusa mu makuba bagiye barabona. Abahungu babiri b’ababisha b’Umuherezi Mukuru Eli, Hofuni na Finehasi, bari bavuye i Shilo batwaye ya sandugu nyeranda y’isezerano. Iyo sandugu ihambaye cane yabikwa mu cumba ceranda c’itaberenakulo, iryo rikaba ryari ihema ryakoreshwa mu vy’ugusenga. Iyo sandugu cari ikimenyetso c’uko Imana ari ho iri. Abantu baratwaye rero iyo Sandugu ku rugamba, bibaza n’ubujuju n’akantu ko yobabereye nk’igiheko, igatuma batahukana intsinzi. Ariko Abafilisitiya barafashe iyo Sandugu, barica Hofuni na Finehasi.​—1 Sam. 4:3-11.

3 Itaberenakulo y’i Shilo yari imaze ibinjana yaratewe iteka ryo kubikwamwo iyo Sandugu. Ariko nya Sandugu yari yagiye. Wa mutama Eli w’imyaka 98 avyumvise, yaciye agwira umugongo avuye aho yari yicaye, agwa bwarumye. Umukazana wiwe, uwapfakaye uwo musi nyene, yaciye apfa ariko aribaruka. Imbere y’uko acikana yavuze ati: “Ubuninahazwa bwavuye kuri Isirayeli buja mu bunyagano.” Vy’ukuri, i Shilo ntihosubiye kumera nk’uko hahora.​—1 Sam. 4:12-22.

4. Ni igiki turimbura muri iki kigabane?

4 None Samweli yovyifashemwo gute muri ivyo bintu bivuna umutima koko? Ukwizera kwiwe kwoba kwari kuguma gukomeye mu gihe yobaye ariko agwa avyuka arondera gufasha abantu batari bagikingirwa na Yehova canke ngo batoneshwe na we? Narirya muri kino gihe twese vyoshobora gushika tugahangana n’ingorane be n’ibintu bivuna umutima bigerageza ukwizera kwacu, nimuze turabe ibindi bintu dushobora kwigira kuri Samweli.

‘Yarashikije ubugororotsi’

5, 6. Inkuru yo muri Bibiliya yibanda ku biki mu kiringo c’imyaka 20, kandi Samweli yariko akora iki muri ico kiringo cose?

5 Inkuru yo muri Bibiliya, igeze kuri ivyo bintu vyabaye, ica ireka kuvuga ivya Samweli ikavuga ibijanye na ya Sandugu nyeranda, ikerekana ayo Abafilisitiya babonye kubera iyo Sandugu batwaye n’ingene bayisubije batabona imbere n’inyuma. Iyo nkuru isubira kutubwira ivya Samweli haciye imyaka nka 20. (1 Sam. 7:2) None yariko akora iki muri iyo myaka yose? Emwe, ntitwirirwa turaronderera kure.

Samweli yari gufasha gute abo mu gisata ciwe kwihanganira ukubura be n’ukuvunika umutima vyari biteye agahinda?

6 Iyo nkuru itubwira ko imbere y’uko ico kiringo gitangura, “ijambo rya Samweli ryabandanya kuza kuri Isirayeli yose.” (1 Sam. 4:1) Iyo nkuru itumenyesha yuko ico kiringo kirangiye, Samweli yaciye atangura kuza aragendera ibisagara bitatu vyo muri Isirayeli uko umwaka utashe, agatatura amatati akongera agatorera umuti ibibazo vyaba bihari. Ahejeje yaca atahuka iwe mu gisagara ca Rama. (1 Sam. 7:15-17) Biratomoye ko Samweli yaguma afise vyinshi acurumbamwo, kandi muri ico kiringo c’imyaka 20, yari afise vyinshi akora.

Naho Bibiliya itavuga ivyo Samweli yakora mu kiringo c’imyaka 20, turashobora kwizigira tudakeka ko yagumye afise vyinshi akora mu murimo wa Yehova

7, 8. (a) Ni ubutumwa ubuhe Samweli yashikirije abantu haciye imyaka 20 akora agatama? (b) Abantu bakiriye gute ivyo Samweli yababwiye abakura amazinda?

7 Ubuhumbu bw’abahungu ba Eli be n’ukwononekara kwabo vyari vyatumye ukwizera kw’abanyagihugu kugenda kurayama. Bisa n’uko benshi muri bo baciye batangura gusenga ibigirwamana. Ariko haciye imyaka 20 Samweli akora agatama, yarashikirije abo bantu ubu butumwa bugira buti: “Nimba mugarutse kuri Yehova n’umutima wanyu wose, nimukure imana z’inyamahanga hagati muri mwebwe be n’ibishusho vya Ashitoreti, maze mwerekeze umutima wanyu kuri Yehova ata gukevya kandi mumukorere wenyene, na we azobarokora mu kuboko kw’Abafilisitiya.”​—1 Sam. 7:3.

8 “Ukuboko kw’Abafilisitiya” kwari gusigaye kubarembeje. Kubera ko Abafilisitiya bari banesheje vy’ukuri ingabo za Isirayeli, babona ko bashobora guhahaza abasavyi b’Imana ata wubarya urwara. Mugabo Samweli yarabakuye amazinda yuko ibintu vyari gushobora guhinduka baramutse bagarutse kuri Yehova. Boba none baripfuza kubigira? Emwe, baciye bakuraho ibigirwamana vyabo maze “batangura gukorera Yehova wenyene,” ivyo bikaba vyarahimbaye Samweli. Uno yaciye akoraniriza abantu i Mizipa, ico kikaba cari igisagara kiri mu karere k’imisozi ko mu buraruko bwa Yeruzalemu. Abantu barakoranye, barisonzesha bongera barigaya ibicumuro vyinshi bari barakoze bijanye no gusenga ibigirwamana.​—Soma 1 Samweli 7:4-6.

Abafilisitiya biyumviriye ko kuba abasavyi ba Yehova bigaye bari bakoraniye hamwe kari akaryo ko kubahahaza

9. Ni akaryo akahe Abafilisitiya babonye ko baronse, kandi abasavyi b’Imana bavyifashemwo gute?

9 Ariko Abafilisitiya barumvise ivy’iryo koraniro rikomeye, maze babona ko ari akaryo baronse. Baciye barungika ingabo zabo i Mizipa ngo ziherengeteze abo basavyi ba Yehova. Abisirayeli bumvise yuko igitero cegereje, baciye baranduka umutima, basaba Samweli ngo abasengere. Samweli utanse yarabigize, ashikana n’ikimazi. Abisirayeli bakiri muri ivyo birori vyeranda, ingabo z’Abafilisitiya zaraduze gutera i Mizipa. Yehova yaciye yishura isengesho rya Samweli. Mu vy’ukuri, Yehova yararekuye umwasano w’uburake. “Kuri uwo musi [yaraturagarije] Abafilisitiya umuturagaro n’urwamo rukomeye.”​—1 Sam. 7:7-10.

10, 11. (a) Ni kubera iki hategerezwa kuba hariho ikintu kidasanzwe ku bijanye n’umuturagaro Yehova yarungitse ku ngabo z’Abafilisitiya? (b) Havuyemwo iki ku rugamba rwahereye i Mizipa?

10 Ariko twoba none dukwiye guca twiyumvira yuko abo Bafilisitiya bari bameze nk’utwana twumva umuturagaro tukagira ubwoba, tugaca twiruka kwihisha iyo ba nyina batwo bari? Habe namba, kuko abo Bafilisitiya bari abasoda b’indyamunyu, bazi ico ari co urugamba. Mugabo rero, uwo muturagaro ubwirizwa kuba utari umeze nk’iyo bari bamenyereye. Ijwi rikaze ry’urwo “rwamo rukomeye” ryoba ari ryo ryari riteye ubwoba? Uwo muturagaro woba waturutse mw’ijuru rikeye, canke woba wasamiraniye mu mirambi bigatuma bazazanirwa? Uko biri kwose, uwo muturagaro waraciye ivutu Abafilisitiya. Haciye haba umuvurungano muri bo maze uruhigi ruca rurahindukira. Abagabo bo muri Isirayeli baciye baseseka bavuye i Mizipa, baranesha Abafilisitiya, barabakinagiza ibilometero n’ibindi, gushika mu bumanuko bushira uburengero bwa Yeruzalemu.​—1 Sam. 7:11.

11 Urwo rugamba rwaragize ikintu kinini cane rumaze. Mu yindi misi yose Samweli yamaze ari umucamanza, Abafilisitiya bagiye barasubira inyuma. Ibisagara bari barigaruriye, abasavyi b’Imana barabisubiyeko kimwe ku kindi.—1 Sam. 7:13, 14.

12. Kuba Samweli ‘yarashikije ubugororotsi’ bisobanura iki, kandi ni kamere izihe zamufashije kuguma ari kirumara?

12 Haciye ibinjana n’ibindi, intumwa Paulo yarashize Samweli mu rutonde rw’abacamanza n’abavugishwa n’Imana b’abizigirwa ‘bashikije ubugororotsi.’ (Heb. 11:32, 33) Samweli yaragize ikintu kinini afashije kugira ngo hakorwe ibibereye n’ibigororotse mu nyonga z’Imana. Yagumye ari kirumara kubera ko yarindiriye Yehova yihanganye, abandanya gukora igikorwa ajejwe adahemuka naho hari ibintu vyamuvuna umutima. Ariko kandi, yaragaragaje agatima ko gukenguruka. Aho Abisirayeli bamariye gutahukana intsinzi i Mizipa, Samweli yarashinze ibuye ry’icibutso c’ukuntu Yehova yari yatabaye abantu biwe.​—1 Sam. 7:12.

13. (a) Nimba twipfuza kwigana Samweli, ni kamere izihe dukeneye? (b) Wibaza ko igihe ciza co gutangura gutsimbataza kamere nk’iza Samweli ari ikihe?

13 Woba nawe wipfuza ‘gushitsa ubugororotsi?’ Nimba uvyipfuza, vyoba vyiza ugize ico wigiye ku kwihangana kwa Samweli, ukwicisha bugufi kwiwe be n’agatima yari afise ko gukenguruka. (Soma 1 Petero 5:6.) Hari n’umwe muri twebwe adakeneye izo kamere ga yemwe? Samweli yagize neza gutsimbataza izo kamere no kuzigaragaza igihe yari akiri muto, kuko mu myaka yakurikiye yahavuye ahangana n’ibintu bivuna umutima kuruta ivya mbere.

“Abahungu bawe ntibagendeye mu nzira zawe”

14, 15. (a) Ni gute Samweli yavunitse umutima bimwe bikomeye “amaze gusaza”? (b) Samweli yoba yari umuvyeyi afata minenerwe ibanga ajejwe nka kumwe kwa Eli? Sigura.

14 Iyo nkuru isubira kutubwira ivya Samweli “amaze gusaza.” Ico gihe, Samweli yari afise abahungu babiri bakuze, Yoweli na Abiya, akaba yarabashinze ibanga ryo kumufasha mu gikorwa co guca imanza. Ariko ikibabaje, yizigiye abatari bo. Naho Samweli yari inzirabugunge n’umugororotsi, abahungu biwe bobo bakoresha ubwo bukuru bari bafise ku bw’inyungu zabo bwite, bakagoreka imanza bakongera bakarya ibiturire.​—1 Sam. 8:1-3.

15 Umusi umwe, abagabo b’inararibonye ba Isirayeli baregereye uwo muntu yavugishwa n’Imana yigereye mu zabukuru kugira bamubwire imyidogo bafise. Bavuze bati: “Abahungu bawe ntibagendeye mu nzira zawe.” (1 Sam. 8:4, 5) Samweli yoba yari asanzwe azi iyo ngorane? Iyo nkuru nta vyo ivuga. Ariko nta gukeka ko Samweli atari umuvyeyi afata minenerwe ibanga ajejwe nka kumwe kwa Eli. Yehova yari yarakangiriye Eli yongera aramuhana kubera ko atakosoye ububisha bw’abahungu biwe, akabatera iteka kuruta uko yaritera Imana. (1 Sam. 2:27-29) Samweli wewe, Yehova ntiyigeze amwagiriza ikosa nk’iryo.

Samweli yihanganiye gute ukuvunika umutima kwatewe n’uko abahungu biwe batigenza neza?

16. Abavyeyi biyumva gute igihe abana babo bagararije, kandi akarorero ka Samweli gashobora gute kubahumuriza no kubereka uko bovyifatamwo?

16 Iyo nkuru ntitubwira ibimaramare biteye agahinda be n’amaganya Samweli yagize, canke ingene yumvise avunitse umutima, aho amariye kumenya ko abahungu biwe bigenza nabi. Yamara rero abavyeyi benshi baratahura neza ukuntu Samweli yumvise amerewe. Muri ibi bihe bimeze nabi, kubona abana bagarariza ubukuru bw’abavyeyi babo be n’indero babahaye bisigaye vyarabaye nk’akaranda. (Soma 2 Timoteyo 3:1-5.) Akarorero ka Samweli ntikobura guhumuriza abavyeyi bafise umubabaro nk’uwo, kakanabafasha kumenya uko bovyifatamwo. Samweli ntiyaretse inyifato y’ubuhemu y’abahungu biwe ngo igire ikintu na gitoyi ihinduye ku ngendo yiwe. Niwibuke yuko n’igihe amajambo be n’ugutozwa indero bitaba vyarashoboye gushikira umutima ukomantaye w’umwana, akarorero k’abavyeyi kaguma ari ikintu gikomeye gishobora kumwigisha. Vyongeye, abavyeyi bama bafise akaryo ko gutuma Se wabo Yehova Imana ahimbarwa, nk’uko Samweli yabigize.

“Nutugenere umwami”

17. Ni igiki abagabo b’inararibonye ba Isirayeli basavye Samweli, kandi yavyakiriye gute?

17 Umwina w’abahungu ba Samweli n’ubwikunzi bwabo vyaragize ingaruka batopfuye biyumviriye. Ba bagabo b’inararibonye ba Isirayeli baciye babwira Samweli bati: “Ubu rero nutugenere umwami wo kuducira imanza, nk’ayandi mahanga yose.” Ico kintu basavye coba caratumye Samweli yumva umengo ni we bateye akagere? Si we none yari amaze imyaka mirongo acira imanza abo bantu aserukiye Yehova? Ntibari bagishaka ko uwuvugishwa n’Imana nka Samweli aba ari we abacira imanza, ahubwo bishakira umwami wo kuzibacira. Abisirayeli bipfuza kuronka umwami cokimwe n’amahanga yari abakikuje! None Samweli yavyakiriye gute? Iyo nkuru itubwira yuko “ico kintu [cabaye] kibi mu maso ya Samweli.”—1 Sam. 8:5, 6.

18. Ni gute Yehova yahumurije Samweli ariko kandi agashira ahabona igicumuro gikomeye c’Abisirayeli?

18 Raba uko Yehova yishuye aho Samweli amariye kumutura ico kibazo mw’isengesho. Yavuze ati: “Niwumvirize ijwi ry’abo bantu ku vyo bakubwira vyose; kuko atari wewe banse, mugabo ni jewe banse ngo sindababere umwami.” Ayo majambo yarahumurije cane Samweli, ariko ntiworaba ukuntu cari igitutsi gikomeye ku Mana Mushoboravyose! Yehova yaciye abwira uwo muntu yavugisha ngo aburire Abisirayeli, bamenye ayo bokwiboneye baramutse baronse umwami w’umuntu nka bo. Samweli ahejeje kubibabwira, baciye bavuga bashimitse bati: “Oya, ahubwo umwami ni we azotuganza.” Samweli utanka yaciye agamburukira Imana nk’uko yamye, aragenda arobanuza amavuta umwami Yehova yashimye.​—1 Sam. 8:7-19.

19, 20. (a) Ni mu buryo butandukanye ubuhe Samweli yagamburutse ubuyobozi Yehova yamuhaye bwo kurobanuza amavuta Sauli ngo abe umwami wa Isirayeli? (b) Ni gute Samweli yabandanije gufasha abasavyi ba Yehova?

19 Ariko none, Samweli yagamburutse gute? Yoba yabigiranye inzigo canke ngo abigire buheze umwuga? Yoba yararetse ukuvunika umutima kuronona umutima wiwe, arareka umururazi urashinga imizi muri we? Abantu benshi ni ko boca babigenza, ariko Samweli we si ko yabigenjeje. Yararobanuje amavuta Sauli, aremera ko uwo mugabo ari we Yehova ubwiwe yahisemwo. Yaciye asoma Sauli, ico kikaba cari ikimenyetso cerekana ko yemeye icese uwo mwami mushasha be n’uko yiteguriye kumuyobokera. Vyongeye, yabwiye abantu ati: “Mwabonye uwo Yehova yatoye, yuko ata n’umwe ameze nka we mu bantu bose?”​—1 Sam. 10:1, 24.

20 Samweli ntiyibanze ku tunenge tw’uwo muntu Yehova yari yatoye, ahubwo yibanze ku vyiza vyari muri we. Nayo ku bimwerekeye we ubwiwe, yibanze ku kuntu yagumye ari umuntu atunganye ku Mana, aho kwibanda ku gushimwa n’abantu ba mahindagu. (1 Sam. 12:1-4) Vyongeye, Samweli yararanguye adahemuka igikorwa ajejwe, arahanura abasavyi b’Imana ku bijanye n’ivyari bibageramiye mu vy’impwemu, yongera arabaremesha kuguma ari abizigirwa kuri Yehova. Impanuro yabahaye zarabashitse ku mutima, maze bamusaba ngo abasengere. Na we yabahaye iyi nyishu yeza umutima igira iti: “Ni ibitokwiyumvirwa yuko nocumura kuri Yehova mu kureka kubasengera; ntegerezwa kubigisha inzira nziza kandi igororotse.”​—1 Sam. 12:21-24.

Akarorero ka Samweli karatwibutsa yuko tudakwiye kwigera tureka ngo ishari canke umururazi bishinge imizi mu mutima wacu

21. Ni gute akarorero ka Samweli gashobora kugufasha nimba bimaze gushika ukumva uvunitse umutima igihe uwundi ari we yagenywe ku bw’ibanga canke agateka kanaka?

21 Vyoba birashika ukumva uvunitse umutima igihe uwundi ari we yagenywe ku bw’ibanga canke agateka kanaka? Akarorero ka Samweli ni ikintu gikomeye kitwibutsa yuko tudakwiye kwigera tureka ngo ishari canke umururazi bishinge imizi mu mutima wacu. (Soma Imigani 14:30.) Imana irafise ibikorwa vyinshi vyiza kandi bihimbaye ishobora guha umwe wese mu basavyi bayo b’abizigirwa.

“Uzogandarira Sauli gushika ryari?”

22. Ni kubera iki Samweli atihenze mu kubona ivyiza vyari muri Sauli mu ntango?

22 Samweli ntiyihenze mu kubona ivyiza vyari muri Sauli, kuko yari umuntu adasanzwe. Sauli yari umugabo muremure w’ijunja, w’umurindutsi kandi w’inkerebutsi, yamara mu ntango akaba yari umuntu yifata ruto kandi atiyemera. (1 Sam. 10:22, 23, 27) Hari n’iyindi ngabirano yari afise ihambaye cane, na yo ikaba ari ubushobozi bwo kwihitiramwo ingendo agira mu buzima no kwifatira ingingo. (Gus. 30:19) Yoba none yarakoresheje neza iyo ngabirano?

23. Ni kamere ihambaye iyihe Sauli yabanje gutakaza, kandi yerekanye gute ko yaguma arushiriza kugira ubwibone?

23 Ikibabaje ni uko igihe umuntu aronse ububasha, ikintu ca mbere akenshi aca atakaza ari ukwifata ruto. Budakeye na kabiri, Sauli yaratanguye kugira ubwibone. Yahisemwo kurenga ku mategeko Yehova yamuhaye biciye kuri Samweli. Igihe kimwe, Sauli yarabuze ukwihangana aca ashikana ikimazi Samweli yari gushikana. Vyarabaye ngombwa ko Samweli amukosora bimwe bikomeye maze amenyesha yuko ingoma itogumye mu muryango wa Sauli. Aho gufata nka nkama iyo ndero atojwe, Sauli yahavuye agambarara kuruta ubwa mbere.​—1 Sam. 13:8, 9, 13, 14.

24. (a) Ni gute Sauli yagambarariye Yehova igihe yaja gutera Abamaleki? (b) Sauli yavyifashemwo gute igihe yakosorwa, kandi Yehova yafashe ingingo iyihe?

24 Biciye kuri Samweli, Yehova yarabwiye Sauli ngo aje gutera Abamaleki. Kimwe mu vyo Yehova yamutegetse kwari ukwica umwami wabo Agagi w’umubisha. Ariko rero, Sauli yarazigurije Agagi be n’ibintu vyizavyiza vyo mw’isahu, ivyabwirizwa guherengetezwa. Igihe Samweli yaza kumukosora, vyaribonekeje ko Sauli yari yarahindutse cane. Aho kwifata ruto ngo yemere gukosorwa, yarafatiye mu rwara amakosa yakoze, arisigura, agerageza kwerekana ko ivyo yakoze bibereye, aguma yiteza utunyoni, aranagerageza guta ikosa ku bantu. Igihe Sauli yatozwa iyo ndero akagerageza kuyinyusha mu kwivugisha yuko bimwebimwe muri iryo sahu vyari ivyo gushikanira Yehova, Samweli yaravuze ya majambo amenyerewe agira ati: “Erega kugamburuka kuruta ikimazi.” Samweli abigiranye umutima rugabo yarahambariye uwo mugabo yongera aramushikiriza ingingo Yehova yari yafashe y’uko yoshikuye Sauli ingoma akayimwaka maze akayiha uwundi muntu, mbere ameze neza kumurusha. *​—1 Sam. 15:1-33.

25, 26. (a) Kubera iki Samweli yagandariye Sauli, kandi ni gute Yehova yakebuye mu bwitonzi uwo muhanuzi wiwe? (b) Ni icigwa ikihe Samweli yize igihe yaja kwa Yese?

25 Samweli yarababajwe cane n’amakosa ya Sauli. Yaramaze ijoro ryose aririra Yehova ku bw’ico kibazo. Yaranagandariye uwo mugabo Sauli. Samweli yari yarabonye ko Sauli ashoboye gushika ku bintu vyinshi, amubonamwo ivyiza vyinshi, none raba ivyo vyizigiro vyose yari amufiseko vyari bizimanganye. Uwo mugabo ntiyari akimeze nk’uko Samweli yari amuzi imbere y’aho. Yari amaze gutakaza kamere nziza cane yari afise, kandi yari amaze gutera ibitugu Yehova. Samweli yaranse kwigera asubira kubonana na Sauli. Amaherezo Yehova yarakebuye Samweli mu bwitonzi ati: “Uzogandarira Sauli gushika ryari kandi jewe namwanse ngo ntaganze Isirayeli? Niwuzuze ihembe ryawe amavuta hanyuma ugende. Ngira ngutume kuri Yese Umunyabetelehemu, kuko nironkeye umwami mu bahungu biwe.”​—1 Sam. 15:34, 35; 16:1.

26 Iranguka ry’umugambi wa Yehova ntirivana n’abantu, abo tuzi ko badatunganye kandi batama ari intahemuka. Umuntu aramutse ahemutse, Yehova araheza akarondera uwundi kugira ngo ashitse ivyo agomba. Umutama Samweli yahavuye rero areka gutuntuzwa n’ivya Sauli. Abitegetswe na Yehova, yaragiye kwa Yese i Betelehemu, ahabona abahungu biwe b’ijunja batari bake. Yamara guhera ku wa mbere muri bo, Yehova yaribukije Samweli kutaraba ukuntu umuntu aboneka inyuma. (Soma 1 Samweli 16:7.) Ubwa nyuma, Samweli yarabonye umuhungu mutoyi muri bose, kandi uwo aba ari we Yehova atora, uno akaba yari Dawidi!

Samweli yaratahuye ko ata kintu kivuna umutima na kimwe Yehova atoshobora gutorera umuti canke mbere ngo agihinduremwo umuhezagiro

27. (a) Ni igiki catumye ukwizera kwa Samweli kubandanya gukomera? (b) Akarorero Samweli yadusigiye ukabona gute?

27 Mu myaka ya nyuma Samweli yamaze, yararushirije kubona neza ko Yehova yagize neza gukura Sauli akamusubiriza Dawidi. Sauli vyarabuze rwose atangura kugira ishari ryuzuye ubwicanyi, aja no mu buhuni. Dawidi we yaragaragaje kamere nziza: umutima rugabo, ugutungana, ukwizera n’ukudahemuka. Ubuzima bwa Samweli buri mu kurangira, ukwizera kwiwe kwararushirije gukomera. Yariboneye ko ata kintu kivuna umutima na kimwe Yehova atoshobora gutorera umuti canke mbere ngo agihinduremwo umuhezagiro. Amaherezo Samweli yarapfuye, apfa ari umuntu yagize ubuzima budasanzwe bwamaze hafi ikinjana. Isirayeli yose yaragandariye uwo muntu w’umwizigirwa, kandi ivyo ntibitangaje! Gushika n’uyu musi, umwe wese mu basavyi ba Yehova vyoba vyiza yibajije ati: ‘Noba nzokwigana ukwizera kwa Samweli?’

^ ing. 24 Samweli ubwiwe yarishe Agagi. Yaba uwo mwami mubi canke umuryango wiwe, nta n’umwe yari akwiriye ikigongwe. Ibinjana bitari bike inyuma y’aho, biboneka ko mu bakomoka kuri Agagi harimwo “Hamani Umwagagi,” uwagerageje guherengeteza abasavyi b’Imana.​—Est. 8:3; raba ikigabane ca 15 n’ica 16 vy’iki gitabu.