Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA GATANDATU

Yaraseruriye Imana akari ku mutima mw’isengesho

Yaraseruriye Imana akari ku mutima mw’isengesho

1, 2. (a) Ni kubera iki Hana yagira intuntu igihe yaba ariko aritegurira urugendo? (b) Ni igiki twokwigira ku nkuru ya Hana?

HANA yariko aracurumba yitegurira urugendo, akagerageza kwiyibagiza ingorane yari afise. Caba ari igihe gikwiye kuba igiteye umunezero; umunega wiwe Elikana, yama yatwaye umuryango wose kuri izo ngendo zagirwa buri mwaka zo kuja gusengera kw’itaberenakulo i Shilo. Yehova yashaka ko mwene ivyo biringo biba ivy’umunezero. (Soma Gusubira mu vyagezwe 16:15.) Nta gukeka ko na Hana yahora anezererwa iyo misi mikuru kuva mu bwana bwiwe. Ariko rero ibintu vyari bimaze imyaka mikeyi bihindutse.

2 Hana yari yarironkeye umunega yamukunda. Yamara rero, uwo munega wiwe Elikana yari afise uwundi mugore. Uwo mugore yitwa Penina kandi wamengo nta kindi yarota atari ugutuma Hana abaho adundumiwe. Penina yari yaratoye uburyo bwo gutuma ivyo biringo vya buri mwaka bitera Hana intuntu nyinshi. Uti gute? N’igihambaye kuruta, ni gute kuba Hana yari yizeye Yehova vyamufashije kwihanganira ibintu akenshi vyasa n’ibimurengeye? Nimba uhanganye n’ingorane zituma ubura umunezero mu buzima, woshobora gusanga inkuru ya Hana igukoze ku mutima bimwe bidasanzwe.

“Kubera iki umutima wawe umerewe nabi?”

3, 4. Ni ingorane zibiri zikomeye izihe Hana yari afise, kandi kubera iki imwimwe yose yatuma atoroherwa?

3 Bibiliya irahishura ingorane zikomeye zibiri Hana yari afise mu buzima. Iya mbere nta kintu kinini yari ashoboye kuyihindurako, iya kabiri yoyo yari imurengeye. Ubwa mbere, yari aharitswe, umukeba wiwe na we akaba yaramwanka. Ubwa kabiri na ho, yari ingumba. Ico ni ikintu kibabaza umugore uwo ari we wese yipfuza kuronka utwana; mu gihe ca Hana no mu mico kama yabo hoho, cari ikintu gituma umuntu agira intuntu itovugwa. Umuryango uwo ari wo wose wasanga witega ko uruvyaro ari rwo rutuma umuryango udahona. Kuba ingumba cari iceyi gikomeye bikaba n’agaterasoni.

4 Iyo hataba Penina, Hana yari gushobora kwihanganira umutwaro uremereye yari yikoreye. Kugira abagore benshi nta we vyigeze vyerera. Ubukeba, indyane be n’intuntu wasanga ari vyo vyiraye. Uwo mugenzo wari uteye kubiri n’ingingo ngenderwako Imana yari yarashinze mu murima wa Edeni isaba umugabo kugira umugore umwe gusa. (Ita. 2:24) Bibiliya rero ntivuga neza ivy’ukugira abagore benshi, kandi inkuru ibabaje y’ingene vyari vyifashe mu rugo kwa Elikana ni kimwe mu bintu bivyerekana neza.

5. Ni kubera iki Penina yipfuza gutuntuza Hana, kandi yabigenza gute?

5 Mu bisanzwe, Elikana yarakundwakaza Hana. Inkuru mpererekanwa z’Abayuda zivuga ko yabanje kwubakana na Hana hanyuma Penina aza kuza inyuma y’imyaka nk’ingahe. Uko biri kwose, Penina, uwari afitiye ishari ryinshi Hana, yararonse uburyo butandukanye bwo gutuntuza umukeba wiwe. Ikintu nyamukuru Penina yarusha Hana ni uko we atari ingumba. Penina yaguma avyara, kandi uko yaba yibarutse ni ko yabona ko ari agahambaye. Penina aho kwumvira akagongwe Hana ngo amuhoze umubabaro yari yifitiye, yaca afatira kuri ukwo kuntu yari ingumba mu kumubabaza. Bibiliya ivuga ko Penina yaguma ababaza Hana bimwe bikomeye “kugira ngo amubuze amahoro.” (1 Sam. 1:6) Ivyo Penina yagira yabikora n’ibigirankana. Yashaka gutuntuza Hana, kandi yarashitse ku co yipfuza.

Hana yari atuntujwe cane n’uko yari ingumba, Penina na we agakora ivyo yari ashoboye vyose ngo asongere isibe

6, 7. (a) Naho Elikana yagerageje guhoza Hana, ni kubera iki Hana yoba atashimye kumubwira ido n’ido ry’ingorane yari afise? (b) Kuba Hana yari ingumba, vyoba vyasobanura ko Yehova atamushima? Sigura. (Raba akajambo k’epfo.)

6 Biboneka ko akabero nyako Penina yakaronka mu gihe c’urugendo bagira buri mwaka rwo kuja i Shilo. Uwo ari we wese mu bana benshi ba Penina, ni ukuvuga “abahungu biwe bose n’abakobwa biwe bose,” Elikana yaramuha umugabane ku bimazi vyashikaniwe Yehova. Ariko rero, kubera ko Hana ari we Elikana yakunda cane, yamuha umugabane udasanzwe. Kubera ishari, Penina rero yaca yirya kuri Hana mu kumwibutsa ko yari ingumba ku buryo uwo mugore yari yarigorewe yaca aturikisha akarira, n’akayabagu kagaca kagenda. Elikana ntiyabura guca abona ko uwo yikundira Hana yishwe n’intuntu be n’uko atariko arafungura, agaca agerageza kumuhoza. Yamubajije ati: “Hana, kubera iki urira, kandi kubera iki utarya? Kubera iki umutima wawe umerewe nabi? Mbega sinkurutira abahungu cumi?”​—1 Sam. 1:4-8.

7 Igishimishije, Elikana yaramenye ko ivyari bituntuje Hana vyari bijanye n’ukuba yari ingumba. Vyongeye, nta gukeka ko Hana yashima cane ukuntu yamwereka abigiranye umutima mwiza yuko amukunda. * Ariko rero Elikana ntiyigeze acisha mu kanwa ibijanye n’umutima mubi wa Penina; kandi Bibiliya ntivuga ko Hana yoba yarabibariye Elikana. Kumbure yabonye ko gushira Penina ku kabarore vyari guhava vyunyura ibintu. Elikana yoba yari kugira ico ahinduye? Ubwo urwo rwanko Penina yari afitiye Hana ntirwari guca rukomera na rwose, abana n’incoreke b’uwo mugore w’umutima mubi na bo bagaca bamera nka we? Hana yorushirije gusa kwumva ko ari nk’igicibwa mu rugo rwiwe bwite.

Igihe Hana yafatwa nabi i muhira, yarituye Yehova ngo amuhoze

8. Igihe ukorewe ububi butagira ishingiro canke urenganijwe, ni kubera iki bihumuriza kwibuka ko Yehova ari Imana y’ubutungane?

8 Elikana yaba yari azi neza canke atari azi neza ububi butagira ishingiro bwa Penina, Yehova Imana we yarabibona vyose. Ijambo ryiwe rirashira ahabona iyo nkuru yose, gutyo rikagabisha ata gufyina umuntu uwo ari we wese aryoherwa no gukorera abandi ibibi womengo nta co bitwaye birimwo ishari n’urwanko. Ku rundi ruhande, abantu bazira ubusa kandi b’indemeshamahoro nka Hana, barashobora guhumurizwa no kumenya ko Imana y’ubutungane ishira ibintu vyose mu buryo ku gihe cayo kandi ibicishije mu nzira yayo. (Soma Gusubira mu vyagezwe 32:4.) Kumbure Hana ashobora kuba yari abizi neza kubera ko Yehova ari we yituye ngo amufashe.

Mu maso hiwe “ntihasubira kuboneka amaganya”

9. Ni icigwa ikihe twigira ku kuba Hana yaremeye kugira urugendo rwo kuja i Shilo naho yari azi ivyo umukeba wiwe yokoze?

9 Hari mu gatondo, abo mu rugo bose bakaba bariko baracurumba muri utu na turiya. Umwe wese yariko yitegurira urugendo, mbere n’abana badasigaye inyuma. Urwo rugendo rwo kuja i Shilo rwotumye uwo muryango munini ugenda ibilometero birenga 30 uca mu karere k’imisozi ka Efurayimu. * Urwo rugendo rwotwaye umusi umwe canke ibiri ku maguru. Hana yari azi ivyo umukeba wiwe yokoze. Ariko rero, Hana ntiyagumye i muhira. Gutyo yarabereye akarorero keza cane abasenga Imana gushika muri kino gihe. Ntivyigera biranga ubukerebutsi kureka ngo ukutigenza neza kw’abandi kutubere intambamyi mu bijanye no gusenga Imana. Hamwe tworeka bikatubera intambamyi, twoca twihombera imihezagiro idufasha kwihangana.

10, 11. (a) Ni kubera iki Hana yaciye aja kw’itaberenakulo vuba bishoboka? (b) Ni gute Hana yasukiye Se wiwe wo mw’ijuru ivyari bimuraje ishinga mw’isengesho yamutuye?

10 Haheze umusi wose uwo muryango munini uriko uraca mu mabarabara agenda aranyuragira mu misozi, wahavuye ushika hafi y’i Shilo. Bahageze, baricaye ku gasozi gakikujwe n’utundi dusozi tugahanamiye. Uko begereza gushika, Hana ashobora kuba yaguma yiyumvira cane ivyo yari kubwira Yehova mw’isengesho. Bamaze gushika, abagize uwo muryango barihereje udufungurwa. Hana yaciye akinjura vuba bishoboka, maze agenda kw’itaberenakulo rya Yehova. Umuherezi Mukuru Eli ni ho yari ari, yicaye hafi y’igishimaryango. Ariko Hana ubwenge bwiwe bwose bwari ku Mana yiwe. Ng’aho kw’itaberenakulo, yari yizigiye adakeka ko yokwumviwe. Naho ata wundi yari gushobora gutahura ijana kw’ijana ivyari bimutuntuje, Se wiwe wo mw’ijuru we yari abishoboye. Intuntu yari afise yaciye iduga muri we, maze atangura kurira.

11 Mu gihe umubiri wa Hana wariko urajugumizwa n’ukurira asevagura, ivyo yabwira Yehova yabivugira mu mutima. Uko yarondera mu bwenge amajambo yoserura intuntu yari afise, iminwa yiwe yaguma idegedwa. Yarasenze umwanya muremure, arasukira Se wiwe ivyari bimuraje ishinga. Ariko rero yarakoze n’ibindi uretse gusa gusaba Imana ngo ishitse icipfuzo gikomeye yari afise co kuronka uruvyaro. Hana ntiyipfuza cane gusa ko Imana imuhezagira, ariko kandi yaripfuza cane kuyiha ivyo yari ashoboye vyose. Ni co gituma yaciye agira isezerano, avuga ko bishitse akaronka umwana w’umuhungu, yociye amutanga ngo akorere Yehova ubuzima bwiwe bwose.​—1 Sam. 1:9-11.

12. Nk’uko akarorero ka Hana kavyerekana, ni igiki twogumiza ku muzirikanyi ku bijanye n’isengesho?

12 Hana rero yarasigiye abasavyi b’Imana bose akarorero mu bijanye n’isengesho. Yehova abigiranye umutima mwiza, aratumira abantu biwe ngo bamuyagire akari ku mutima ata kwitinya, mu gusuka imbere yiwe ibibaraje ishinga nka kurya kw’umwana yizigira umuvyeyi w’umunyarukundo. (Soma Zaburi 62:8; 1 Abatesalonika 5:17.) Intumwa Petero yarahumekewe kwandika aya majambo ahumuriza ajanye n’ugutura isengesho Yehova agira ati: “Muterere amaganya yanyu yose kuri yo, kuko ibababara.”​—1 Pet. 5:7.

13, 14. (a) Ni iciyumviro ikihe Eli yihutiye gushikako ku bijanye na Hana, kandi kubera iki? (b) Ni gute ukuntu Hana yishuye Eli ari akarorero kadasanzwe k’ukwizera?

13 Ariko rero, abantu ntibadutahura canke ngo bababarane natwe nk’uko Yehova abigira. Igihe Hana yariko ararira yongera asenga, yarakangutse yumvise ijwi ry’umuntu. Yari Eli wa muherezi mukuru yari yagumye amwitegereza. Yavuze ati: “Uzogeza ryari kwigenza nk’uwaborewe? Ikureko uwo muvinyu wawe.” Eli yari yabonye ingene Hana akubita iminwa, ingene arira asevagura be n’ingene asa n’uwutuntuye mu mutima. Aho kumubaza ingorane yari afise, yaciye yihutira kwemeza ko yari yaborewe.​—1 Sam. 1:12-14.

14 Ese ukuntu vyababaje Hana muri ico gihe yari yishwe n’intimba, kuba yaragirijwe ico kintu kitagira ishingiro, kandi rero akacagirizwa n’umuntu nk’uwo yari afise ikibanza c’iteka! Yamara rero, yarasubiye gutanga akarorero k’ukwizera kabereye gushemezwa. Ntiyaretse ngo utunenge tw’umuntu tumubere intambamyi mu bijanye no gusenga Yehova. Yishuranye Eli urupfasoni maze arasigura ivyiwe uko vyifashe. Eli yaciye asubizayo, kumbure akoresheje ijwi ryerekana ko yicuza kandi ryiyoroheje cane, ati: “Genda amahoro, Imana ya Isirayeli iguhe ico wayisavye.”​—1 Sam. 1:15-17.

15, 16. (a) Kuba Hana yaraseruriye Yehova akari ku mutima akongera akamusengera ng’aho kw’itaberenakulo vyamufashije iki? (b) Dushobora gute kwigana akarorero ka Hana igihe turiko turanyinyana n’inyiyumvo mbi?

15 None kuba Hana yaraseruriye Yehova akari ku mutima akongera akamusengera ng’aho kw’itaberenakulo, vyamufashije iki? Iyo nkuru igira iti: “Uwo mugore aragenda hanyuma ararya, kandi mu maso hiwe ntihasubira kuboneka amaganya.” (1 Sam. 1:18) Hana yumvise aruhuriwe. Ni nk’aho yari yafashe umutwaro w’amaganya wari umuremereye, awuremeka uwumurusha inkomezi kure n’iyo, uwo na we akaba yari Se wiwe wo mw’ijuru. (Soma Zaburi 55:22.) Hoba hari ingorane n’imwe yomunanira? Oya, nta yariho ico gihe, nta yiriho ubu, eka nta n’iyizokwigera ibaho!

16 Igihe twumvise turemerewe, turengewe canke tunanijwe n’umubabaro, biraba vyiza dukurikije akarorero ka Hana maze tukabwira akari ku mutima umwe Bibiliya yita “uwumva amasengesho.” (Zab. 65:2) Tubigiranye ukwizera, na twebwe nyene twoshobora gusanga umubabaro wacu usubiriwe n’“amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose.”​—Flp. 4:6, 7.

“Nta gitandara kiriho kimeze nk’Imana yacu”

17, 18. (a) Ni gute Elikana yerekanye ko ashigikiye isezerano Hana yari yagize? (b) Ni igiki Penina atari agishoboye gukora kuri Hana?

17 Bukeye bwaho, Hana yarasubiye kw’itaberenakulo ari kumwe na Elikana. Bishoboka ko Hana yari yamubwiye ivyerekeye ivyo yari yasavye be n’ivyo yari yasezeranye, kubera ko rya Tegeko rya Musa ryavuga ko umugabo yari afise uburenganzira bwo gufuta isezerano umugore wiwe yaba yagize batavyumvikanyeko. (Guh. 30:10-15) Ariko rero uwo mugabo w’umwizigirwa wewe nta vyo yagize. Ahubwo riho, we hamwe na Hana barasengeye hamwe Yehova kuri iyo taberenakulo imbere y’uko basubira i muhira.

18 Ariko none Penina yamenye ryari ko atari agishoboye gushavuza Hana? Iyo nkuru nta vyo ivuga, mugabo imvugo ngo “ntihasubira kuboneka amaganya” itanga iciyumviro c’uko kuva ico gihe Hana yaciye areka kwiganyira. Uko biri kwose, Penina ntiyatevye kubona ko umutima mubi wiwe ata co washitseko. Bibiliya ntiyongera kuvuga izina ryiwe.

19. Ni umuhezagiro uwuhe Hana yaronse, kandi yerekanye gute ko yakengurukira uwo yawukesha?

19 Uko amezi yarengana, ni ko amahoro Hana yari afise mu mutima yavamwo agahimbare k’akaburarugero. Emwe, yari yasamye inda! Naho Hana yari n’akanyamuneza kangana gutyo, ntiyigeze yibagira na gato uwo yakesha uwo muhezagiro. Igihe wa muhungu yavuka, Hana yahisemwo kumwita Samweli, bisobanura ngo “Izina ry’Imana,” bikaba biboneka ko iryo zina Samweli ryerekeza ku kwambaza izina ry’Imana, nk’uko Hana yari yarabigize. Uwo mwaka, Hana ntiyifatanije na Elikana be n’umuryango muri rwa rugendo rwo kuja i Shilo. Yagumanye i muhira n’uwo mwana imyaka itatu gushika acutse. Yaciye rero ategura umuzirikanyi ku bijanye n’umusi yobwirijwe gutandukana n’umuhungu wiwe yikundira.

20. Ni gute Hana na Elikana bashikije ivyo bari barasezeraniye Yehova?

20 Ukwo gutandukana ntikwobaye ari ikintu coroshe. Ego ni ko, Hana yari azi ko Samweli yokwitwararitswe i Shilo, kumbure akitwararikwa na bamwebamwe mu bagore bakorera kw’itaberenakulo. Ariko rero, yari akiri muto cane, uzi n’ingene inabibondo aba ashashaye kugumana n’ikibondo ciwe. Naho vyari ukwo, Hana na Elikana barajanye ako gahungu batidoga, ahubwo bakenguruka. Baratanze ibimazi ku nzu y’Imana maze Samweli bamushikiriza Eli, baramwibutsa isezerano hari haheze imyaka nk’ingahe Hana agiriye ng’aho.

Hana yarabaye umuhezagiro koko ku muhungu wiwe Samweli

21. Ni gute isengesho Hana yatuye Yehova ryerekanye ko yari afise ukwizera kugera kure? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Amasengesho abiri adasanzwe.”)

21 Hana rero yaciye atura isengesho, Imana ikaba yabonye ko ribereye gushirwa mw’Ijambo ryayo ryahumetswe. Uko usoma amajambo yavuze dusanga muri 1 Samweli 2:1-10, urabona ukuntu ukwizera kwiwe kugera kure kugaragarira mu murongo umwumwe wose. Yarashemeje Yehova kubera ukuntu akoresha mu buryo bw’agatangaza ububasha bwiwe, aravuga ukuntu afise ubushobozi ntangere bwo gucisha bugufi abishira hejuru, guhezagira abacinyizwa, kwica canke mbere no gukiza. Yarashemeje Se wiwe wo mw’ijuru kubera ubweranda bwiwe budasanzwe, ubutungane bwiwe be n’ubwizigirwa bwiwe. Birabereye kubona Hana yaravuze ati: “Nta gitandara kiriho kimeze nk’Imana yacu.” Yehova ni uwo kwizigirwa ijana kw’ijana, ntahinduka kandi ni ubuhungiro ku bahahazwa bose be n’abacurwa bufuni na buhoro bose bamwitura ngo abafashe.

22, 23. (a) Tuzi gute ko Samweli yakuze azi ko abavyeyi biwe bamukunda? (b) Ni gute Yehova yarushirije guhezagira Hana?

22 Akana Samweli vy’ukuri karatewe agateka ko kugira nyina yizera Yehova ukuraho. Naho gategerezwa kuba karamukumbura cane igihe kari kakiriko karakura, ntikigeze kumva ko kahebwe. Uko umwaka utashe, Hana yaraja i Shilo amushiriye impuzu itagira amaboko yakoresha mu gikorwa yarangurira kw’itaberenakulo. Urunyuzi rwose Hana yakoresha mu kuyijisha cari ikimenyamenya c’ukuntu yakunda akongera akitwararika umuhungu wiwe. (Soma 1 Samweli 2:19.) Niwihe ishusho ariko arambika umuhungu wiwe iyo mpuzu nshasha, ariko arayimutunganiriza neza, yongera amurabaraba ariko aramuvugisha utujambo twiza two kumuremesha. Emwe, wari umuhezagiro kuri Samweli kuba yari afise nyina ameze gutyo, kandi na we yarakuze abera umuhezagiro abavyeyi biwe na Isirayeli yose.

23 Hana na we nyene ntiyibagiwe. Yehova yaramuhaye kurondoka, aravyarira Elikana abandi bana batanu. (1 Sam. 2:21) Ariko rero, umuhezagiro ushobora kuba uruta iyindi yose Hana yaronse bwari ubucuti hagati yiwe na Se Yehova, ubwagiye burushiriza gukomera uko imyaka yagiye irarengana. Ese nawe vyokugendera nk’ukwo nyene, uko wigana ukwizera kwa Hana!

^ ing. 7 Naho iyo nkuru yo muri Bibiliya ivuga ko Yehova ‘yari yarugaye igitereko ca Hana,’ nta kintu na kimwe cemeza ko Imana itashima uwo mugore yicisha bugufi kandi w’umwizigirwa. (1 Sam. 1:5) Rimwe na rimwe Bibiliya irashira ku Mana ibintu iba yaretse gusa bikaba mu gihe kanaka.

^ ing. 9 Ivyo bilometero tubimenyeshwa n’uko igisagara Elikana yavukiyemwo ca Rama gishobora kuba ari co nyene cahavuye citwa Arimateya mu gihe ca Yezu.