Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA MIRONGO IBIRI

“Ndemera”

“Ndemera”

1. Dondora intuntu Marita yari afise be n’icari cayimuteye.

MARITA yarabona mu bwenge imva ya musazawe, rikaba ryari isenga bugaje ikibuye. Yari afise intuntu ikomeye imeze nk’umutwaro uremereye nk’ico kibuye nyene. Ntiyashobora kwemera ko Lazaro yikundira atari akiriho. Imisi ine yari amaze apfuye wamengo ni ikiringo kirekire c’umwiza cuzuyemwo amarira, muri ico kiringo abantu bakaba baguma babagendera, bababwira n’amajambo yo kubahoza.

2, 3. (a) Kubona Yezu bishobora kuba vyagize ico bikoze gute kuri Marita? (b) Amajambo ahambaye Marita yavuze yerekanye iki ku bimwerekeye?

2 Buno iruhande ya Marita hari hahagaze umuntu Lazaro yahora abona ko ahambaye kuruta abandi bose. Kubona Yezu bishobora kuba vyatumye intuntu Marita yari afise yigaragaza na rwose, kubera ko Yezu yari we muntu wenyene mw’isi yose yari gushobora kurokora musazawe. Naho ari ukwo, Marita yararemeshejwe no kuba ari kumwe na Yezu ng’aho inyuma y’agasagara ka Betaniya kari ku nkike y’umusozi. Mu mwanya mutoyi Marita yamaranye na Yezu, yarasubiye guhumurizwa n’umutima mwiza warangwa mu maso hiwe be n’impuhwe ziwe nyinshi zamye nantaryo ziremesha cane. Yezu yaramubajije ibibazo vyamufashije gushira umutima ku kwizera kwiwe no ku vyo yemera ku bijanye n’izuka. Ico kiyago catumye Marita avuga amajambo ahambaye kuruta ayandi yose yovuze mu buzima bwiwe. Yavuze ati: “Ndemera ko uri Kristu Umwana w’Imana, Umwe aza mw’isi.”​—Yoh. 11:27.

3 Nk’uko ayo majambo avyerekana, Marita yari umugore w’ukwizera kudasanzwe. Ibintu bikeyi Bibiliya itubwira ku bimwerekeye biratwigisha ibintu bikomeye bishobora kudufasha gukomeza ukwizera kwacu bwite. Kugira ngo tubone ko ari ukwo bimeze, nimuze twihweze inkuru ya mbere yerekeye Marita ivugwa muri Bibiliya.

“Uriganyira kandi ugahagarika umutima”

4. Ni mu buryo ubuhe umuryango wa ba Marita wari uwudasanzwe, kandi uwo muryango wari ufitaniye ubucuti ubuhe na Yezu?

4 Amezi atari make imbere y’uko ivyavuzwe mu ntangamarara biba, Lazaro yari muzima ataniha n’umutwe. I muhira iwabo i Betaniya bari biteguriye kwakira umushitsi ahambaye kuruta abandi bose, ari we Yezu Kristu. Lazaro, Marita na Mariya bari bagize umuryango udasanzwe kuko wari umuryango ugizwe n’abavukana batatu bakuze biboneka ko baba mu nzu imwe. Abashakashatsi bamwebamwe bavuga yuko Marita ashobora kuba ari we yari mukuru muri abo batatu kubera aboneka ko ari we yitwararika kwakira abashitsi, akaba kandi rimwe na rimwe ari we avugwa ubwa mbere. (Yoh. 11:5) Nta kintu na kimwe kidufasha kumenya nimba hari n’umwe muri abo batatu yigeze yubaka urwiwe. Ico tuzi co ni uko bahavuye bacika abagenzi somambike ba Yezu. Mu kiringo c’ubusuku Yezu yaranguriye i Yudaya, aho yarwanijwe cane, yaba muri uwo muryango. Nta gukeka ko yashima cane uwo muryango warangwamwo amahoro ukongera ukamushigikira.

5, 6. (a) Ni kubera iki Marita ari we canecane yari afise ibikorwa vyinshi igihe Yezu yabagendera? (b) Mariya yakiriye gute akaryo yari aronse ko kuba Yezu yari yabagendeye i muhira?

5 Marita yaritwararika cane ivy’uko urwo rugo ruba ahantu haryoshe kuba kandi harangwa ubwakiranyi. Kubera ko yari umuntu akora cane kandi w’umunyamwete, biboneka ko akenshi yama ariko aracurumba muri twinshi. Igihe Yezu yabagendera na ho nyene ni ko vyagenze. Marita yaciye ategura imfungurwa zidasanzwe zigizwe n’ivyibo vyinshi umushitsi wiwe w’iteka be n’abo kumbure bari bagendanye bari kwihereza. Ico gihe, ubwakiranyi cari ikintu gihambaye cane. Umushitsi akugendeye wamwakira mu kumusoma, ukamukura inkweto, ukamwoza ibirenge, umutwe wiwe na wo ukawusukako amavuta amota neza atuma umuntu amererwa neza. (Soma Luka 7:44-47.) Ku bijanye n’uburaro be n’ibifungurwa bamuronsa, barakora ibishoboka vyose.

6 Marita na Mariya bari bafise vyinshi vyo gukora. Mariya, uwo rimwe na rimwe bivugwa ko yari umuntu w’ikibabarwe cinshi kandi azirikana cane kuruta Marita, nta gukeka ko mu ntango yafashije uwo mwene wabo ibikorwa. Mugabo Yezu amaze gushika, ibintu vyarahindutse. Yezu yabona ko ako ari akaryo ko kwigisha, kandi yarigishije koko! Ntiyari ameze nk’indongozi z’idini zo mu gihe ciwe; wewe yarubaha abagore kandi akabigisha abikunze ivyerekeye Ubwami bw’Imana, ari na co kintu nyamukuru yashimikirako mu kwigisha. Mariya yarahimbawe cane no kuba aronse ako karyo, ni kwo guca yicara imbere y’ibirenge vya Yezu agatega yompi.

7, 8. Ni kubera iki Marita yarushirije gushuha umutwe, kandi ni igiki yahavuye avuga?

7 Twoshobora kwiha ishusho ukuntu Marita yarushirije gushuha umutwe. Kubera ivyibo vyose yabwirizwa gutegura be n’udukorwa twose yategerezwa gukora ku bw’abashitsi biwe, yaratanguye guhagarika umutima no gusamazwa n’udukorwa. Uko yaguma agenda yongera agaruka acurumba muri twinshi, akabona mwene wabo yiyicariye ng’aho ata co amufasha, yoba yaciye yiraburanirwa mu maso, akiruhutsa n’ijwi ryumvikana? Hamwe yoba yarabigize ntivyoba bitangaje. Ntiyari kwishoboza ivyo bikorwa vyose!

8 Marita yarageze aho bimwanka mu nda. Ni kwo guca acira Yezu mw’ijambo, araduka ati: “Mukama, nta co bikubwiye kubona mwene wacu yantanye ibikorwa? Mubwire rero aze amfashe.” (Luka 10:40) Ayo yari amajambo akaze. Marita yasavye Yezu ngo akosore Mariya, amutegeke gusubira ku bikorwa.

9, 10. (a) Yezu yishuye gute Marita? (b) Tuzi gute ko Yezu atashatse kwerekana ko utwigoro twose Marita yariko aragira ata co twari tuvuze?

9 Inyishu Yezu yatanze ishobora kuba yaratangaje Marita nk’uko yatangaje n’abasomyi ba Bibiliya batari bake kuva ico gihe. Yamubwiranye umutima mwiza ati: “Marita, Marita, uriganyira kandi ugahagarika umutima ku bintu vyinshi. Mugabo ibintu bikeyi ni vyo bikenewe, canke kimwe gusa. Kuko Mariya we yahisemwo umugabane mwiza, kandi ntazowakwa.” (Luka 10:41, 42) None Yezu yashaka kuvuga iki? Yoba yariko yerekana ko Marita ari umuntu atwarwa cane n’ivy’umubiri? Yoba yagomba kwerekana ko utwigoro twose Marita yariko aragira two gutegura ibifungurwa binovera ata co twari tuvuze?

Naho Marita yariko ‘ariganyira kandi ahagaritse umutima ku bintu vyinshi,’ yaremeye gukosorwa yicishije bugufi

10 Eka da. Yezu yarabona neza ko ivyo Marita yari avuze yari abivuganye imvo nziza, abitumwe n’urukundo. N’ikindi kandi, ntiyabona ko kuzimanwa vyinshi ubwavyo ari bibi. Imbere y’aho, yaremeye kuja kwa Matayo igihe uno yari yamuteguriye “inzimano ihambaye.” (Luka 5:29) Ingorane ntiyari ihagaze ku mfungurwa Marita yariko arategura, ahubwo yari ihagaze ku vyo yashira imbere. Yari yatwawe cane n’ivyo gutegura imfungurwa zinoboye ku buryo yibagira icari gihambaye kuruta ibindi. Uti ico cari igiki?

Yezu yarashima ubwakiranyi bwa Marita, kandi yari azi ko yabigirana imvo nziza, abitumwe n’urukundo

11, 12. Yezu yakosoye gute Marita mu bugwaneza?

11 Yezu, Umwana w’ikinege wa Yehova Imana, yari yaje kwa ba Marita kugira ngo yigishe ukuri. Zaba izo mfungurwa nziza Marita yariko arategura canke iyindi myiteguro yariko aragira kibure ikindi kintu ico ari co cose, nta na kimwe cari kuza kiruta ivyo Yezu yariko arigisha. Yezu ategerezwa kuba yarababajwe no kubona Marita ariko aragisha ako karyo kadasanzwe ko gukomeza ukwizera kwiwe, ariko Yezu yaramuretse arihitiramwo. * Ariko rero kubona Marita asaba Yezu ngo agobere Mariya ngo na we nyene agishe ako karyo, emwe yari anyomoje.

12 Yezu yaciye rero akosora Marita mu bugwaneza mu gusubiramwo izina ryiwe mu buryo butuma areka gushuha umutwe, aramusubiriza umutima mu nda yuko bitari bikenewe ko ‘yiganyira kandi agahagarika umutima ku bintu vyinshi.’ Icibo kimwe canke bibiri vyobaye bihagije, na canecane kubera ko hariho n’inzimano z’ivy’impwemu. Yezu rero nta kuntu yari kwaka Mariya “umugabane mwiza” yari yahisemwo wo kwigishwa na we!

13. Ni ivyigwa ibihe twokwigira ku kuntu Yezu yakosoye Marita?

13 Ico kintu cabaye mu rugo kwa Marita kirigisha vyinshi abayoboke ba Kristu bo muri iki gihe. Ntidukwiye kwigera tureka ikintu na kimwe ngo kitubuze kwironsa ‘ivyo dukeneye mu vy’impwemu.’ (Mat. 5:3) Naho twipfuza kwigana Marita mu kuba abantu b’inda nziza kandi b’abanyamwete, ntitwokwigera twipfuza kuba abantu ‘biganyira kandi bahagarika umutima’ ku bijanye n’uwo muce w’ubwakiranyi ku buryo duhomba ibihambaye kuruta. Igituma ahanini twifatanya n’abo dusangiye ukwizera si ukugira ngo tubazimane canke batuzimane imfungurwa zinoboye, ahubwo ni ukugira ngo duhanahane indemesho be n’ingabirano z’ivy’impwemu. (Soma Abaroma 1:11, 12.) Turashobora kwifatanya na bo muri ubwo buryo bwubaka naho twoba twategekanije imfungurwa zisanzwe cane.

Musazawe yikundira apfa hanyuma agasubira kuba muzima

14. Kubera iki twovuga tudakeka ko Marita yadusigiye akarorero keza ku bijanye no kwemera gukeburwa?

14 Marita yoba none yarakiriye neza inkeburo Yezu yamuhanye ubugwaneza, ku buryo agira ico ayigiyeko? Emwe inyishu ntitwokwirirwa turayironderera kure. Mu gutangura kwigana inkuru iteye akamwemwe yerekeye musaza wa Marita, intumwa Yohani itwibutsa iti: “Kandi Yezu yarakunda Marita na mwene wabo be na Lazaro.” (Yoh. 11:5) Hari haciye amezi Yezu agize rwa rugendo twavuga aja i Betaniya. Biragaragara ko Marita atari yararetse kuvugisha Yezu. Ntiyamubikiye inzika kubera impanuro iranga urukundo yari yaramuhaye. Iyo mpanuro yayifashe nka nkama. No ng’aha Marita yaradusigiye akarorero keza mu bijanye no kwizera kubera yuko ata n’umwe muri twebwe adakeneye gukeburwa rimwe na rimwe.

15, 16. (a) Marita ashobora kuba yakoze iki igihe musazawe yari arwaye? (b) Ni kubera iki ikizigizigi Marita na Mariya bari bafise caheze?

15 Igihe musaza wa Marita yarwara, Marita yaritaye ku rutare kugira ngo amwitwararike. Yarakoze ivyo ashoboye vyose kugira ngo atume musazawe yoroherwa yongere atore mitende. Yamara, Lazaro yagumye aremba cane. Isaha ku yindi, bashikiwe baguma iruhande yiwe bamwitwararika. Ni kangahe Marita ashobora kuba yaritegereje musazawe akabona amaso yiwe yajonjogoye, akibuka imyaka myinshi bamaranye, akibuka amahirwe n’amagorwa basangiye!

16 Marita na Mariya bamaze kubona ko barengewe, baciye barungikira ubutumwa Yezu. Yariko aramamaza inkuru nziza ahantu umuntu yoshika agenze imisi nk’ibiri. Bamurungikiye ubutumwa bugufi kandi butomoye bugira buti: “Mukama, raba, wa wundi wiyumvamwo ararwaye.” (Yoh. 11:1, 3) Bari bazi ko Yezu yakunda musaza wabo kandi barizera ko yokoze ivyo ashoboye vyose kugira ngo afashe uwo mugenzi wiwe. Boba bari bafise ikizigizigi c’uko Yezu ashobora gushika amazi atararenga inkombe? Nimba bari bagifise, bararindiriye barabura. Lazaro yarapfuye.

17. Ni igiki cateye ibibazo Marita, kandi yakoze iki igihe yumva ko Yezu yariko aregereza i Betaniya?

17 Marita na Mariya baraririye musaza wabo, barategura amaziko yiwe bongera barakira abashitsi benshi baza bavuye i Betaniya no mu micungararo yaho. N’ico gihe, nta gakuru ka Yezu bari bwamenye. Uko igihe carengana, Marita abwirizwa kuba yaguma arushiriza kwibaza ibibazo. Amaherezo, haciye imisi ine Lazaro apfuye, Marita yarumvise yuko Yezu yariko aregereza i Betaniya. Kubera yuko Marita yamye ari umugore abangutse, no muri ico gihe nyene ibintu bitari vyoroshe, yaciye abaduka yiruka gusanganira Yezu atiriwe arabwira Mariya.​—Soma Yohani 11:18-20.

18, 19. Marita yaseruye icizigiro ikihe, kandi ni kubera iki ukwizera kwiwe kwari ukudasanzwe?

18 Marita akibona Umukama wiwe, yaciye aserura mu majambo iciyumviro cari kimaze imisi kibagaruka mu bwenge we na Mariya, ati: “Mukama, iyo uza kuba wari hano musazanje ntiyari gupfa.” Atiko, Marita yari agifise icizigiro n’ukwizera. Yongeyeko ati: “Yamara ubu ndazi yuko ibintu vyose usavye Imana, Imana ibiguha.” Ubwo nyene Yezu yaciye abwira Marita akajambo ko gukomeza ukwizera kwiwe, ati: “Musazawe arazuka.”​—Yoh. 11:21-23.

19 Marita yiyumviriye ko Yezu ariko avuga ibijanye n’izuka ryo muri kazoza. Ni kwo kwishura ati: “Ndazi ko azozuka mw’izuka ku musi wa nyuma.” (Yoh. 11:24) Kuba yarizera iyo nyigisho cari ikintu kidasanzwe. Indongozi z’idini zimwezimwe z’Abayuda zitwa Abasadukayo ntizemera yuko hobayeho izuka, naho nyene yari inyigisho itomoye iri mu Vyanditswe vyahumetswe. (Dan. 12:13; Mrk. 12:18) Ariko rero, Marita yari azi ko Yezu yigisha ibijanye n’icizigiro c’izuka be n’uko mbere yazuye abantu bamwebamwe, naho nyene ata n’umwe muri bo yari bwamare igihe apfuye nk’ico Lazaro yari amaze. Ntiyari azi ivyari bigiye gushika.

20. Sigura insobanuro y’amajambo y’intibagirwa Yezu yavuze ari muri Yohani 11:25-27 be n’amajambo Marita yishuye.

20 Yezu yaciye avuga amajambo y’intibagirwa, ati: “Ni jewe zuka n’ubuzima.” Kukaba nkako, Yehova Imana yarahaye Umwana wiwe ububasha bwo kuzura abapfuye kw’isi yose muri kazoza. Yezu yabajije Marita ati: “Uremera ivyo?” Marita yaciye atanga ya nyishu twavuga mu ntango z’iki kigabane. Yarizera ko Yezu ari we Kristu canke Mesiya, ko ari Umwana wa Yehova Imana be n’uko ari umwe abahanuzi bari baravuze ko yoje mw’isi.​—Yoh. 5:28, 29; soma Yohani 11:25-27.

21, 22. (a) Yezu ahishura gute inyiyumvo ziwe kuri abo bose bagandaye? (b) Dondora ingene izuka rya Lazaro ryagenze.

21 Yehova Imana n’Umwana wiwe Yezu Kristu boba baha agaciro ukwizera nk’ukwo kwa Marita? Ibintu vyakurikiye Marita yiboneye biratanga inyishu itomoye. Yarirutse kuzana mwene wabo. Mu nyuma, yarabonye ko Yezu yari yishwe n’ikigumbagumba igihe yariko arayaga na Mariya be n’abandi bantu benshi bariko bararirana na we. Yarabonye ingene Yezu akorora amosozi mu kugaragaza atitangira intuntu afise kubera umubabaro urupfu ruteza. Yarumvise ingene Yezu ategeka ngo bakure ca kibuye ku mva ya musazawe.​—Yoh. 11:28-39.

22 Kubera ko Marita yari umuntu akunda ko ibintu bikorwa mu buryo bwiza, yaciye asubizayo yuko ikiziga ca musazawe coba cari kimaze gutangura kunuka narirya yari amaze imisi ine apfuye. Yezu yaciye amwibutsa ati: “Sinakubwiye yuko hamwe wokwemera wobona ubuninahazwa bw’Imana?” Marita yaremeye koko maze aribonera ubuninahazwa bwa Yehova Imana. Ubwo nyene Yehova yaciye aha ububasha Umwana wiwe bwo gutuma Lazaro asubira kuba muzima! Niwihe ishusho Marita yumvise ijwi rirenga rya Yezu rihamagara riti: “Lazaro, sohoka!”, maze akumva akantu gakoma muri rya senga Lazaro yari yahambwemwo igihe ahaguruka akizingiriyeko ibitambara bamuzingiriyeko imbere yo kumuhamba, akumva ukuntu atambuka bukebuke agana ku bwinjiriro bwa nya senga, akumva n’ingene Yezu abwira abantu ngo ‘bamutekurure bamureke agende’; uce rero wiha ishusho Marita na Mariya bagurukiye kuri musaza wabo bakamuhobera umunezero wabarenze. Ivyo bintu vyose bitegerezwa kuba vyaragumye mu bwenge bwa Marita gushika apfuye. (Soma Yohani 11:40-44.) Wa mutwaro wari uremereye umutima wa Marita wari umuvuyeko!

Kuba Marita yarizera Yezu, vyaratumye we na Mariya baronka impera yo kubona musaza wabo azutse

23. Ni igiki Yehova na Yezu bipfuza kugukorera, kandi ni igiki ukeneye gukora?

23 Iyo nkuru irerekana yuko izuka ry’abapfuye atari indoto nsa, ahubwo ko ari inyigisho ikora ku mutima yo muri Bibiliya be n’uko ari ikintu gifise ivyemeza ko cabaye koko. (Yobu 14:14, 15) Yehova n’Umwana wiwe barashima guha impera abari n’ukwizera, nk’uko babigiriye Marita, Mariya na Lazaro. Na wewe niwatsimbataza ukwizera gukomeye bazoguha impera nk’izo.

‘Marita yariko arabakorera’

24. Ni ikintu ca nyuma ikihe Bibiliya itubwira ku bijanye na Marita?

24 Bibiliya isubira kuvuga ivya Marita rindi rimwe gusa. Hari mu ntango y’indwi ya nyuma Yezu yamaze kw’isi. Kubera yuko Yezu yari azi neza ibintu bigoye vyari bimurindiriye, yarasubiye guhitamwo kuba aribereye muri urwo rugo rurangwa amahoro rw’i Betaniya. Aho ni ho yaza arava akagira urugendo rw’ibilometero bitatu gushika i Yeruzalemu. Irya nyuma dusubira kwumva ivyerekeye Marita, ni igihe Yezu na Lazaro bariko barafungura i muhira kwa Simoni umunyamibembe, iyo nkuru ikaba ivuga iti: “Marita . . . yariko arabakorera.”​—Yoh. 12:2.

25. Kubera iki ari umuhezagiro ku mashengero muri iki gihe kuba afise abagore bameze nka Marita?

25 Mbega ukuntu uwo mugore yamye ari umunyamwete! Aho tumubona ari bwo bwa mbere muri Bibiliya, aba ariko arakora; aho tumubona ubwa nyuma na ho nyene aba ariko arakora, agira ivyo ashoboye vyose mu kwitwararika ivyo abo bari kumwe bakeneye. Ni umuhezagiro kuba amashengero y’abayoboke ba Kristu muri iki gihe afise abagore bameze nka Marita, bafise umutima rugabo kandi b’inda nziza, bama nantaryo bagaragaza ukwizera kwabo mu bikorwa biciye ku kwitanga. Marita yoba yarabandanije akora gutyo nyene? Bisa n’uko ari ukwo biri. Nimba ari ko yabigenjeje, yakoranye ubukerebutsi kubera yuko yari agifise ingorane abwirizwa guhangana na zo.

26. Ukwizera kwa Marita kwamufashije gukora iki?

26 Haheze imisi, Marita yabwirijwe kwihanganira urupfu ruteye agahinda rw’Umukama wiwe yikundira Yezu. Vyongeye, abo bicanyi b’indyadya bagandaguye Yezu bari biyemeje kwica na Lazaro kubera yuko izuka ryiwe ryariko rirakomeza ukwizera kw’abantu benshi cane. (Soma Yohani 12:9-11.) Ariko kandi, urupfu rwahavuye rutandukanya Marita n’abo bavukana yikundira. Ntituzi ingene ivyo vyagenze canke igihe vyabereyeko, ariko twoshobora kwemera tudakeka iki kintu: Ukwizera kw’agaciro Marita yari afise kwaramufashije kwihangana gushika kw’iherezo. Ni co gituma muri kino gihe vyoba vyiza abakirisu biganye ukwizera kwa Marita.

^ ing. 11 Mu Bayuda bo mu kinjana ca mbere, muri rusangi abagore barakumirwa mu vy’inyigisho. Babigisha kwitwararika udukorwa tw’i muhira. Marita rero ashobora kuba yabonye ko ico kintu cari ikintu kidasanzwe ku mugore kwicara imbere y’ibirenge vy’incabwenge kugira ngo yige.