Abaroma 5:1-21

  • Twarasubije hamwe n’Imana biciye kuri Kristu (1-11)

  • Urupfu rwaciye kuri Adamu, ubuzima buca kuri Kristu (12-21)

    • Igicumuro n’urupfu vyarakwiye ku bantu bose (12)

    • Igikorwa kimwe c’ubugororotsi (18)

5  Ko rero tumaze kwitwa abagororotsi bivuye ku kwizera+, tunezererwe amahoro dufitaniye n’Imana* biciye ku Mukama wacu Yezu Kristu+.  Biciye kuri we kandi twarashoboye gushikira ubuntu buhebuje* tubikesheje ukwizera, ari na bwo turimwo ubu+. Nitunezerwe* rero twishimikije icizigiro co kuronka ubuninahazwa bw’Imana.  Si ivyo gusa, tunezerwe* n’igihe turi mu makuba+, kuko tuzi yuko amakuba azana ukwihangana+,  ukwihangana kukazana ugushimwa+, ugushimwa na kwo kukazana icizigiro+.  Kandi icizigiro ntigitetereza+, kuko urukundo rw’Imana rwasutswe mu mitima yacu biciye ku mpwemu nyeranda twahawe+.  Kuko mu vy’ukuri igihe twari tukigoyagoya+ ari ho Kristu yapfiriye abatubaha Imana, apfa ku gihe cashinzwe.  Mu bisanzwe, ntivyoroshe ko umuntu apfira umugororotsi, ariko umuntu mwiza kumbure hari uwokwemera kumupfira.  Mugabo Imana yaratweretse urukundo rwayo, kuko Kristu yadupfiriye tukiri abacumuzi+.  Ko rero tumaze kwitwa abagororotsi biciye ku maraso yiwe+, tuzorushiriza gukizwa uburake biciye kuri we+. 10  Kuko nimba twasubijwe hamwe n’Imana biciye ku rupfu rw’Umwana wayo tukiri abansi+, hari akantu ubu tumaze gusubizwa hamwe na yo! Wumva none tutazorushiriza gukizwa n’ubuzima bwiwe? 11  Si ivyo gusa, ariko kandi turanezererwa Imana biciye ku Mukama wacu Yezu Kristu. Biciye kuri we, ubu twarasubije hamwe n’Imana+. 12  Igicumuro rero carinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe, urupfu na rwo ruzanwa n’igicumuro+. Ni co gituma urupfu rwakwiye ku bantu bose, kuko bose bari baracumuye+. 13  Kuko igicumuro cariho mw’isi imbere y’uko amategeko abaho, mugabo nta wagirizwa igicumuro igihe ata mategeko ariho+. 14  Yamara rero, urupfu rwaraganje* kuva kuri Adamu gushika kuri Musa, ruganza n’abatari barakoze igicumuro gisa n’ica Adamu, umwe asa na wa wundi yabwirizwa kuza+. 15  Mugabo ingabire y’Imana ntimeze nk’ico gicumuro. Abantu benshi barapfuye biciye ku gicumuro c’umuntu umwe, mugabo abantu benshi+ barungukiye cane ku buntu* buhebuje bw’Imana no ku ngabire yayo ya gusa dukesha ubuntu buhebuje bwa wa muntu umwe+ Yezu Kristu. 16  N’ikindi kandi, ivy’iyo ngabire ya gusa biratandukanye n’ingene ibintu vyagenze kubera wa muntu umwe yacumura+. Kuko igicumuro kimwe catumye abantu batsindwa n’urubanza+, mugabo ingabire Imana yatanze hamaze gukorwa ibicumuro vyinshi yatumye abantu bitwa abagororotsi+. 17  Nimba igicumuro c’umuntu umwe catumye urupfu ruganza* biciye kuri we+, hari akantu abaronka ubuntu buhebuje n’ingabire ya gusa y’ubugororotsi+! Bazoganza+ ari bazima biciye ku muntu umwe nyene, ari we Yezu Kristu+. 18  Nuko rero, nk’uko nyene igicumuro kimwe catumye abantu b’uburyo bwose batsindwa n’urubanza+, ni na ko igikorwa kimwe c’ubugororotsi gituma abantu b’uburyo bwose+ bitwa abagororotsi bakaronka ubuzima+. 19  Nk’uko nyene benshi babaye abacumuzi bivuye ku kugambarara kw’umuntu umwe+, ni na ko benshi bazoba abagororotsi bivuye ku kugamburuka kw’umuntu umwe nyene+. 20  Amategeko rero yaraje kugira ngo ibicumuro bigwire+. Mugabo aho bimariye kugwira, ubuntu buhebuje bwararushirije kugwira. 21  Mu ntumbero iyihe? Kugira ngo nk’uko igicumuro caganje* hamwe n’urupfu+, n’ubuntu buhebuje buganze biciye ku bugororotsi bushikana ku buzima budahera, buboneka biciye kuri Yezu Kristu Umukama wacu+.

Utujambo tw'epfo

Hashobora kandi kuvugwa ngo «dufitaniye amahoro n’Imana.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «turanezerwa.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «turanezerwa.»
Canke «rwaraganje nk’umwami.»
Canke «baronse umusesekara w’ubuntu.»
Canke «ruganza nk’umwami.»
Canke «caganje nk’umwami.»