Yohani 6:1-71

  • Yezu agaburira abagabo 5.000 (1-15)

  • Yezu agendera ku mazi (16-21)

  • Yezu ni «umukate w’ubuzima» (22-59)

  • Benshi batsitazwa n’amajambo ya Yezu (60-71)

6  Inyuma y’ivyo, Yezu aja hakurya y’ikiyaga ca Galilaya, ari co Tiberiya+.  Isinzi rinini ry’abantu ryaguma rimukurikira+, kuko bariko barabona ibitangaro akora mu gukiza abarwaye+.  Nuko Yezu aduga hejuru ku musozi, yicarayo ari kumwe n’abigishwa biwe.  Ico gihe Pasika+, ni ukuvuga umusi mukuru w’Abayuda, yari hafi.  Araramuye amaso akabona isinzi ry’abantu ririko riraza aho ari, aca abwira Filipo ati: «Ni hehe twogurira imikate kugira aba bantu baronke ico barya+  Mugabo yavuze ivyo kugira amugeze, kuko yari azi ico agira akore.  Filipo amwishura ati: «Imikate y’idenariyo* 200 ntiyobakwira naho umwumwe yoronka agapande gatoyi.»  Umwe mu bigishwa biwe, ari we Andereya mwenewabo na Simoni Petero, amubwira ati:  «Hano hariho agahungu gafise imikate itanu ya sayiri n’udufi tubiri. Ariko ivyo bimaze iki ku bantu bangana gutya+ 10  Yezu aca avuga ati: «Nimwicarike abo bantu.» Baca bicara aho nyene, kuko hari ivyatsi vyinshi. Bari nk’abagabo 5.000+. 11  Yezu aca atora ya mikate hanyuma amaze gukenguruka, ayigaburira ba bantu bari bicaye ng’aho. Agira gutyo nyene no kuri twa dufi dukeyi, kandi umwe wese yaronka ivyo ashaka. 12  Bamaze kurya bagahaga, abwira abigishwa biwe ati: «Nimwegeranye utumanyu twasigaye, kugira ntihagire ibipfa ubusa.» 13  Baca baratwegeranya, buzuza ibiseke 12 utumanyu twasigajwe n’abariye ya mikate itanu ya sayiri. 14  Abantu babonye igitangaro akoze, batangura kuvuga bati: «Ni ukuri, uyu ni wa Muhanuzi yabwirizwa kuza mw’isi+ 15  Yezu amenye ko bagira baze kumufata ngo bamugire umwami, aca asubira+ ku musozi ari wenyene+. 16  Bugorovye, abigishwa biwe bamanuka ku kiyaga+, 17  hanyuma burira ubwato maze bajabuka ikiyaga baja i Kaperinawumu. Ico gihe bwari bumaze kwira, kandi Yezu ntiyari bwabashikire+. 18  Vyongeye, ikiyaga cariko kirasuriranya kuko umuyaga ukomeye wariko urahuhuta+. 19  Bamaze gusoza nk’ibilometero bitanu canke bitandatu*, babona Yezu ariko araza yegereza ubwato, agendera ku mazi. Baca bagira ubwoba. 20  Mugabo ababwira ati: «Ni jewe. Ntimugire ubwoba+ 21  Baca bagomba kumutwara mu bwato, ariko ubwo nyene baca barashika ku nkengera bari bagiyeko+. 22  Bukeye, isinzi ryari ryasigaye hakurya y’ikiyaga, risanga nta bwato buhari. N’ubwabo butoyi bwari bwahoze ng’aho, abigishwa ba Yezu bari babwuriye baragenda, ariko Yezu ntiyari yajanye na bo. 23  Mugabo ayandi mato avuye i Tiberiya aca arashika hafi y’aho baririye ya mikate, Umukama ahejeje gushimira Imana. 24  Babonye ko Yezu n’abigishwa biwe atari ho bari, baca burira ayo mato baja i Kaperinawumu kurondera Yezu. 25  Bamusanga hakurya y’ikiyaga, baca bamubaza bati: «Rabi+, washitse ng’aha ryari?» 26  Yezu abishura ati: «Emwe ni ukuri ndabibabwiye, ntimuriko mundondera kubera mwabonye ibitangaro, ahubwo ni kubera mwariye kuri ya mikate mugahaga+. 27  Ntimukorere ibifungurwa bibora, ahubwo nimukorere ibifungurwa bitabora bitanga ubuzima budahera+, ivyo Umwana w’umuntu azobaha. Kuko uwo ari we Data, Imana ubwayo, yashizeko ikidodo c’uko imushima+ 28  Baca bamubaza bati: «Twokora iki kugira dushimwe n’Imana?» 29  Yezu abishura ati: «Iki ni co Imana ishaka: ni uko mwizera uwo yatumye+ 30  Bamubwira bati: «Ni igitangaro ikihe wokora+ kugira tukibone maze tukwizere? Ni igikorwa ikihe wokora? 31  Ba sokuruza bacu barariye manu mu bugaragwa+, nk’uko vyanditswe ngo: “Yabagaburiye umukate uvuye mw’ijuru+.”» 32  Yezu aca ababwira ati: «Emwe ni ukuri ndabibabwiye, Musa ntiyabahaye umukate uva mw’ijuru, ahubwo Dawe ni we abaha umukate w’ukuri uva mw’ijuru. 33  Kuko umukate w’Imana ari uwamanutse uva mw’ijuru kugira uhe abantu* ubuzima.» 34  Baca bamubwira bati: «Mukama, urama uduha uwo mukate.» 35  Yezu ababwira ati: «Ni jewe mukate w’ubuzima. Uwuza iwanje ntazokwigera asonza, kandi uwunyizera wese ntazokwigera anyoterwa+. 36  Ariko nk’uko nabibabwiye, mwarambonye mugabo ntimunyizera+. 37  Abo Data ampa bose bazoza iwanje, kandi sinzokwigera nirukana uwuza iwanje+, 38  kuko ntavuye mw’ijuru+ kugira nkore ivyo ngomba, ahubwo naje kugira nkore ivyo uwantumye agomba+. 39  Iki ni co uwantumye agomba: ni uko ntatakaza umuntu n’umwe mu bo yampaye, ahubwo nkabazura+ ku musi wa nyuma. 40  Iki ni co Data agomba: ni uko umuntu wese yemera Umwana kandi akamwizera aronka ubuzima budahera+, nanje nzomuzura+ ku musi wa nyuma.» 41  Abayuda baca batangura kumwidogera kubera yari avuze ati: «Ni jewe mukate wamanutse uva mw’ijuru+ 42  Bavuga bati: «Uyu si Yezu mwene Yozefu? Se na nyina ntitubazi+? Bishoboka gute none ngo avuge ngo: “Namanutse mva mw’ijuru”?» 43  Yezu abishura ati: «Nimureke kwidoga. 44  Nta muntu ashobora kuza iwanje Data yantumye atamukwegakweze*+, nanje nzomuzura ku musi wa nyuma+. 45  Mu bitabu vy’abahanuzi handitswe ngo: “Bose bazokwigishwa na Yehova*+.” Umuntu wese yumvirije Data kandi akemera inyigisho ziwe, ni we aza iwanje. 46  Nta muntu n’umwe yabonye Data+, kiretse uwaje ava ku Mana. Uwo ni we yabonye Data+. 47  Emwe ni ukuri ndabibabwiye, uwizera wese arafise ubuzima budahera+. 48  Ni jewe mukate w’ubuzima+. 49  Ba sokuruza banyu barariye manu mu bugaragwa ariko barapfuye+. 50  Uyu ni wo mukate umanuka uva mw’ijuru, kugira ngo umuntu wese awuryeko maze ntapfe. 51  Ni jewe mukate muzima wamanutse uva mw’ijuru. Umuntu wese ariye kuri uyu mukate azobaho ibihe bidahera, kandi umukate nzotanga ni umubiri wanje kugira isi ironke ubuzima+ 52  Abayuda baca batangura guharira, bavuga bati: «Uyu muntu ashobora gute kuduha umubiri wiwe ngo tuwurye?» 53  Yezu ababwira ati: «Emwe ni ukuri ndabibabwiye, mutariye umubiri w’Umwana w’umuntu ngo munywe n’amaraso yiwe, nta buzima mufise muri mwebwe+. 54  Uwurya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera, nanje nzomuzura+ ku musi wa nyuma. 55  Umubiri wanje ni igifungurwa c’ukuri, n’amaraso yanje ni ikinyobwa c’ukuri. 56  Uwurya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje aguma yunze ubumwe nanje, nanje nkaguma nunze ubumwe na we+. 57  Nk’uko Data yantumye kandi nkaba mbayeho kubera Data, n’uwurya umubiri wanje rero azobaho kubera jewe+. 58  Uyu ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Si nka wa mukate ba sokuruza banyu barya hanyuma bagapfa. Uwurya uyu mukate azobaho ibihe bidahera+ 59  Ivyo yabivuze igihe yariko arigisha mw’isinagogi* i Kaperinawumu. 60  Benshi mu bigishwa biwe bavyumvise, baca bavuga bati: «Iryo jambo rirababaza. Ni nde yoryumviriza?» 61  Yezu amenya mu mutima wiwe ko abigishwa biwe bariko baridogera ico kintu, aca ababwira ati: «Mbega ivyo birabatsitaje? 62  Hari akantu hamwe mwobona Umwana w’umuntu aduze agasubira iyo yahora+! 63  Impwemu ni yo itanga ubuzima+, umubiri nta na kimwe umaze. Amajambo nababwiye ni impwemu, akaba n’ubuzima+. 64  Ariko muri mwebwe harimwo abatemera.» Nkako, kuva mu ntango yari azi abatemera abo ari bo, n’uwuzomugurisha uwo ari we+. 65  Yongera kubabwira ati: «Nta muntu n’umwe ashobora kuza iwanje Data atabimwemereye+ 66  Ku bw’ivyo, benshi mu bigishwa biwe basubira ku bintu bari basize inyuma+, ntibabandanya kumukurikira. 67  Yezu aca abaza bamwe cumi na babiri ati: «Namwe mushaka kugenda?» 68  Simoni Petero amwishura ati: «Tuje kwa nde ga Mukama+? Ni wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera+. 69  Twarizeye kandi twaramenye ko uri wa Mweranda w’Imana+ 70  Yezu abishura ati: «None si jewe nabatoye uko muri cumi na babiri+? Ariko umwe muri mwebwe ni umubesheranyi*+ 71  Aho yariko avuga Yuda mwene Simoni Isikariyoti, kuko yagira amugurishe naho yari muri bamwe cumi na babiri+.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «nka sitadiyo 25 canke 30.» Raba Inyongera ya B14.
Canke «isi.»
Canke «atamukwegereye.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «mw’ikoraniro ry’abantu.»
Canke «ni ishetani.»