Yohani 3:1-36

  • Yezu na Nikodemu (1-21)

    • Kwongera kuvuka (3-8)

    • «Imana yarakunze isi cane» (16)

  • Yohani ashingira intahe Yezu ubwa nyuma (22-30)

  • «Uwuva hejuru» (31-36)

3  Hari umugabo w’Umufarizayo yitwa Nikodemu+, akaba yari umutware w’Abayuda.  Uwo mugabo rero aza kuraba Yezu mw’ijoro+, amubwira ati: «Rabi+, turazi ko uri umwigisha yavuye ku Mana, kuko ata muntu n’umwe yokora ibitangaro+ nk’ibi ukora Imana itari kumwe na we+  Yezu aca amubwira ati: «Emwe ni ukuri ndabikubwiye, umuntu atongeye kuvuka*+, ntashobora kubona Ubwami bw’Imana+  Nikodemu amubaza ati: «Umuntu yoshobora gute kuvuka kandi ashaje? None yoshobora kwinjira mu nda ya nyina hanyuma akavuka ubwa kabiri?»  Yezu amwishura ati: «Emwe ni ukuri ndabikubwiye, umuntu atavyawe n’amazi+ be n’impwemu+, ntashobora kwinjira mu Bwami bw’Imana.  Uwavyawe n’umubiri ni umubiri, uwavyawe n’impwemu na we ni impwemu.  Ntutangazwe n’uko ndakubwiye nti: “Mutegerezwa kwongera kuvuka.”  Umuyaga uhuhutira iyo ushaka, kandi umuntu arumva urwamo rwawo ariko ntamenya iyo uva n’iyo uja. Ni ko bimeze no ku muntu wese yavyawe n’impwemu+  Nikodemu aca amubaza ati: «Ivyo bishoboka gu⁠te?» 10  Yezu amwishura ati: «Wewe uri umwigisha wa Isirayeli ukaba utazi ivyo bintu? 11  Emwe ni ukuri ndabikubwiye, twebwe tuvuga ivyo tuzi kandi tugashingira intahe ivyo twabonye, ariko ntimwemera intahe yacu. 12  Ko nababwiye ibintu vyo kw’isi ntimuvyemere, none ninababwira ivyo mw’ijuru muzovyemera gute? 13  Vyongeye, nta muntu n’umwe yaduze mw’ijuru+ atari uwamanutse avayo+, ni we Mwana w’umuntu. 14  Nk’uko Musa yamanitse inzoka mu bugaragwa+, ni ko n’Umwana w’umuntu ategerezwa kumanikwa+, 15  kugira ngo umuntu wese amwizera aronke ubuzima budahera+. 16  Kuko Imana yakunze isi cane ku buryo itanga Umwana wayo w’ikinege+, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe, ahubwo aronke ubuzima budahera+. 17  Erega Imana ntiyarungitse Umwana wayo mw’isi kugira acire urubanza isi, ahubwo yamurungitse kugira isi ikizwe biciye kuri we+. 18  Uwumwizera ntazocirwa urubanza+. Uwutamwizera aramaze gucirwa urubanza, kuko atizeye izina ry’Umwana w’Imana w’ikinege+. 19  Ng’iri rero ishingiro ry’urubanza: umuco waraje mw’isi+, ariko abantu bakunze umwiza aho gukunda umuco, kuko ibikorwa vyabo vyari bibi. 20  Umuntu wese akora ibintu bishisha aranka umuco kandi ntaza ku muco, kugira ibikorwa vyiwe ntibije ahabona*. 21  Ariko umuntu akora ibigororotse araza ku muco+, kugira bigaragare ko ibikorwa vyiwe bihuye n’ukugomba kw’Imana.» 22  Inyuma y’ivyo, Yezu n’abigishwa biwe baja mu bigwati vy’i Yudaya. Amarayo igihe gitoyi ari kumwe na bo kandi yarabatiza abantu+. 23  Mugabo na Yohani yariko arabatiza abantu ahitwa Ayinoni hafi y’i Salimu, kuko hari amazi menshi+, kandi abantu baguma baza kugira ababatize+. 24  Ico gihe Yohani ntiyari bwatabwe mw’ibohero+. 25  Nuko havyuka ibihari hagati y’abigishwa ba Yohani n’Umuyuda umwe ku bijanye n’ukwihumanura. 26  Baca baza aho Yohani ari, bamubwira bati: «Rabi, wa muntu mwari kumwe hakurya ya Yorodani, umwe washingira intahe+, ariko arabatiza kandi abantu bose baguma baja kuri we.» 27  Yohani abishura ati: «Umuntu ntashobora kuronka ikintu na kimwe atagihawe kivuye mw’ijuru. 28  Ubwanyu muranshingira intahe yuko navuze nti: “Sindi Kristu+, ahubwo narungitswe kumwitangira imbere+ 29  Uwufise umugeni ni we mukwe+. Ariko umugenzi w’umukwe, iyo ahagaze hafi yiwe akamwumva, aragira umunezero mwinshi kubera ijwi ry’umukwe. Umunezero wanje rero uruzuye. 30  Uwo ategerezwa kuguma aja hejuru, nanje nkaguma nja hasi.» 31  Uwuva hejuru+ ari hejuru y’abandi bose. Uwuva mw’isi ni uwo kw’isi, kandi avuga ibintu vyo kw’isi. Uwuva mw’ijuru ari hejuru y’abandi bose+. 32  Ashingira intahe ivyo yabonye n’ivyo yumvise+, ariko nta n’umwe yemera intahe yiwe+. 33  Uwemeye intahe yiwe aba yemeje* ko Imana ivuga ukuri+. 34  Kuko uwatumwe n’Imana avuga amajambo y’Imana+, kuko idatanga impwemu isorosoro*. 35  Se arakunda Umwana+, kandi ibintu vyose yabishize mu maboko yiwe+. 36  Uwizera Umwana arafise ubuzima budahera+. Uwugambararira Umwana ntazobona ubuzima+, ahubwo uburake bw’Imana buguma kuri we+.

Utujambo tw'epfo

Hashobora kandi kuvugwa ngo «atavyawe n’ijuru.»
Canke «ntivyiyamirizwe.»
Canke «aba ateye ikidodo cemeza.»
Canke «ku gipimo.»