Yeremiya 29:1-32

  • Ikete Yeremiya yandikiye abajanywe i Babiloni (1-23)

    • Abisirayeli bazogaruka inyuma y’imyaka 70 (10)

  • Ubutumwa bwarungikiwe Shemaya (24-32)

29  Ibi ni vyo vyari mw’ikete umuhanuzi Yeremiya yarungitse ari i Yeruzalemu. Yarirungikiye abashingantahe basigaye bo mu bantu bajanywe mu bunyagano, arirungikira n’abaherezi, abahanuzi n’abandi bantu bose Nebukadinezari yari yaratwaye mu bunyagano i Babiloni abakuye i Yeruzalemu.  Hari inyuma y’aho umwami Yekoniya+, umugabekazi*+, abakozi bo ku kirimba, abatware bo mu Buyuda n’i Yeruzalemu, abanyamyuga b’abahinga n’abacuzi* baviriye i Yeruzalemu+.  Iryo kete yarirungikanye Elasa mwene Shafani+ na Gemariya mwene Hilikiya, abo Zedekiya+ umwami w’Ubuyuda yatumye i Babiloni kuri Nebukadinezari umwami wa Babiloni. Ryavuga riti:  «Ibi ni vyo Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, abwiye abajanywe mu bunyagano bose, abo yarungitse mu bunyagano i Babiloni abakuye i Yeruzalemu:  “Nimwubake amazu muyabemwo, murime n’imirima murye ivyo yamye.  Nimurongore abagore muvyare abahungu n’abakobwa. Nimusabire abahungu banyu abagore n’abakobwa banyu mubareke barongorwe, kugira bavyare abahungu n’abakobwa. Nimugwirire hiyo, ntimube inkehwa.  Vyongeye, nimurondere amahoro y’igisagara nabarungitsemwo muri inyagano, mugisabire kuri Yehova kuko nicagira amahoro namwe muzogira amahoro+.  Kuko Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: ‘Abahanuzi banyu n’abaraguzi banyu muri kumwe ntibabahende+, kandi ntimwumvirize indoto barota.  Kuko “bababwira ubuhanuzi bw’ibinyoma mw’izina ryanje. Sinabatumye+”, ni ko Yehova avuze.’”» 10  «Kuko Yehova avuze ati: “Imyaka 70 niyarangira muri i Babiloni, nzobitaho+ kandi nzoshitsa ivyo nabasezeraniye mu kubagarukana aha hantu+.” 11  “Kuko nzi neza ivyiyumviro ndabiyumvirako. Ni ivyiyumviro vy’amahoro, si ivy’ivyago+. Nipfuza kubaha kazoza n’icizigiro+”, ni ko Yehova avuze. 12  “Muzompamagara, muze kunsenga, nanje ndabumvirize+.” 13  “Muzondondera mundonke+, kuko muzondondera n’umutima wanyu wose+. 14  Nanje nzokwemera mundonke+”, ni ko Yehova avuze. “Nzobegeranya ndabakure iyo mwagizwe imbohe, ndabakoranirize hamwe ndabakuye mu mahanga yose n’ahantu hose nabashwiragirije+”, ni ko Yehova avuze. “Nzobagarukana ahantu nabakuye nkabajana mu bunyagano+.” 15  Mugabo mwavuze muti: “Yehova yaraduhaye abahanuzi i Babiloni.” 16  Kuko ibi ari vyo Yehova abwiye umwami yicaye ku ntebe y’ubwami ya Dawidi+ n’abantu bose baba muri iki gisagara, ni ukuvuga benewanyu batajanye namwe mu bunyagano: 17  “Yehova Nyeningabo avuze ati: ‘Ngira ndabarungikemwo inkota, inzara n’ikiza*+. Nzotuma bamera nk’insukoni ziboze* zidashobora kuribwa kubera ari mbi cane+.’” 18  “Nzobakurikiza inkota+, inzara n’ikiza. Nzotuma bacika akajoreza imbere y’ubwami bwose bwo kw’isi+, babe umuvumo, akumiza, ikintu co kuvugiriza agahwa+, babe n’abo gucokorwa mu mahanga yose nzobashwiragizamwo+. 19  Nzobikora kubera ko batumvirije ivyo nababwiye biciye ku basavyi banje b’abahanuzi natuma incuro n’izindi*+”, ni ko Yehova avuze. “Mugabo namwe ntimwumvirije+”, ni ko Yehova avuze. 20  Nimwumve rero ijambo ryanje jewe Yehova, yemwe mwese abajanywe mu bunyagano, mwebwe narungitse i Babiloni ndabakuye i Yeruzalemu. 21  Ibi ni vyo jewe Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, mvuze kuri Ahabu mwene Kolaya no kuri Zedekiya mwene Mayaseya, bababwira ubuhanuzi bw’ibinyoma mw’izina ryanje+: “Ngira ndabashikirize Nebukadinezari* umwami wa Babiloni, abicire mu maso yanyu. 22  Ibizobashikira bizohora bivugwa nk’umuvumo n’abantu bose bo mu Buyuda bajanywe mu bunyagano i Babiloni. Bazovuga bati: ‘Yehova arakakugira nka Zedekiya na Ahabu, bamwe umwami wa Babiloni yataze ku muriro!’ 23  Bizogenda ukwo kuko bakoze ibintu biteye isoni muri Isirayeli+, bakarenga ibigo n’abagore ba bagenzi babo kandi bakavuga mw’izina ryanje ibintu vy’ibinyoma ntabatumye+. ‘Ni jewe ndabizi kandi ndi icabona+’, ni ko Yehova avuze.”» 24  «Shemaya+ w’i Nehelamu na we uze umubwire uti: 25  “Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: ‘Ko warungikiye amakete mw’izina ryawe abantu bose bari i Yeruzalemu, ukayarungikira na Zefaniya+ mwene Mayaseya, umuherezi, n’abaherezi bose, uti: 26  “Yehova yakugize umuherezi mu kibanza c’umuherezi Yehoyada kugira ngo uhagarikire inzu ya Yehova, uze urakurikirana umusazi wese yigira umuhanuzi, umushire mu mpatane z’ibiti* no mu mpatane zifata umutwe n’amaboko*+. 27  Kubera iki none utakosoye Yeremiya w’i Anatoti+ yigira umuhanuzi imbere yanyu+? 28  Yaranaturungikiye ubutumwa i Babiloni bugira buti: ‘Muzotebayo! Nimwubake amazu muyabemwo, murime n’imirima murye ivyo yamye+, . . .’”’”» 29  Igihe umuherezi Zefaniya+ yasomera iryo kete imbere y’umuhanuzi Yeremiya, 30  Yehova yaciye abwira Yeremiya ati: 31  «Rungikira ubutumwa abajanywe mu bunyagano bose uti: “Ibi ni vyo Yehova avuze kuri Shemaya w’i Nehelamu: ‘Ko Shemaya yababwiye ubuhanuzi kandi jewe ntamutumye, akagerageza gutuma mwizigira ibinyoma+, 32  Yehova rero avuze ati: “Ngira niteho ivya Shemaya w’i Nehelamu n’abamukomokako. Muri aba bantu, nta n’umwe mu bamukomokako azosigara. Ntazobona ivyiza nzokorera abantu banje”, ni ko Yehova avuze, “kuko yahimirije abantu kungarariza jewe Yehova.”’”»

Utujambo tw'epfo

Hashobora kandi kuvugwa ngo «n’abubatsi b’ibihome bikingira igisagara.»
Canke «nyina w’umwami», «umugore w’iteka.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «zituritse.»
Canke «indwara.»
Mu giheburayo havuga ngo «navyuka kare nkatuma.»
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Zishobora kuba zari impatane zafata amaguru.
Canke «ivyuma bifata izosi.»