Yeremiya 10:1-25

  • Itandukaniro hagati y’imana z’amahanga n’Imana nzima (1-16)

  • Ugutikizwa n’ukwangazwa biregereje (17, 18)

  • Intuntu ya Yeremiya (19-22)

  • Isengesho ry’umuhanuzi (23-25)

    • Umuntu ntashobora kuyobora intambuko yiwe (23)

10  Ng’ibi ivyo Yehova avuze abagabisha yemwe Bisirayeli.  Yehova avuze ati: «Ntimwige ingeso z’amahanga+,kandi ntimurandurwe umutima n’ibimenyetso vyo kw’ijuru,ngo ni uko amahanga arandurwa umutima na vyo+.   Kuko imigenzo y’amahanga ari uruhendo*. Umubaji w’umuhinga araca igiti gisanzwe co mw’ishamba,akagihinguramwo ikigirwamana akoresheje igikoresho ciwe+.   Baragishariza bakoresheje ifeza n’inzahabu+,bakagifatisha imisumari n’inyundo kugira ntigitembe+.   Ivyo bigirwamana bimeze nk’igikanganyoni mu murima w’amakonkombure. Ntibishobora kuvuga+.Barabirerura kuko bidashobora gutambuka+. Ntimubitinye kuko ata kibi bishobora gukora,nta n’iciza bishobora gukora+   Ewe Yehova, nta n’umwe ameze nkawe+. Urahambaye, n’izina ryawe rirahambaye kandi rirakomeye.   Ni nde atogutinya ga Mwami w’amahanga+?Urabibereye kuko mu nkerebutsi zose z’amahanga no mu bwami bwayo bwose,ata n’umwe ameze nkawe namba+.   Bose ni imburabwenge n’ibijuju+. Kwigishwa n’igiti nta co bimaze*+.   Bakura ifeza zifyase i Tarushishi+ n’inzahabu i Ufazi.Ivyo vyose vyahinguwe n’umunyamwuga w’umuhinga, bikorwa n’amaboko y’umucuzi. Impuzu z’ivyo bigirwamana zikozwe mu nyuzi z’ubururu no mu bwoya busa n’umuyugubwe*. Vyose vyakozwe n’abakozi b’abahinga. 10  Mugabo Yehova ni we Mana vy’ukuri. Ni Imana nzima+ akaba n’Umwami w’ibihe bidahera+. Isi izonyiganyiga+ kubera ishavu ryiwe,kandi nta hanga rizokwihanganira uburake bwiwe. 11 * Muzobabwire muti: «Imana zitaremye* ijuru n’isizizohona zive kw’isi no munsi y’iryo juru+ 12  Ni we yaremye* isi akoresheje ububasha bwiwe,akomeza ubutaka bwimbuka akoresheje ubukerebutsi bwiwe+,aramvura ijuru akoresheje ubwenge* bwiwe+. 13  Iyo avuze,amazi yo kw’ijuru aca aja mu ruhagarara+,kandi atuma ibicu* biduga bivuye ku mpera y’isi+. Arungika imiravyo ikazanana n’imvura*,agasohora umuyaga awukuye mu bigega vyiwe+. 14  Umuntu wese akorana ubupfu nk’uwutagira ubumenyi. Umucuzi wese azomaramara kubera ibishusho yakoze+,kuko ibishusho vyiwe bikozwe mu cuma* ari ikinyoma.Nta mpwemu* bigira+. 15  Nta co bimaze*. Ni ibikorwa vy’akamenyo+. Umusi Imana yabihagurukiye bizohona. 16  Imana yo mugabane wa Yakobo, yoyo ntimeze nk’ivyo bintukuko ari yo yaremye* vyose,kandi Isirayeli ni inkoni yayo iyegukira*+. Yitwa Yehova Nyeningabo+. 17  Egeranya umutekero wawe uwukure hasi,ewe mugore yugarijwe! 18  Kuko Yehova avuze ati: «Ngira nte kure* ababa mu gihugu+,kandi nzotuma bagira amarushwa.» 19  Ndagowe kubera uburwayi bwanje*+! Mfise igikomere kidakira. Nibwiye nti: «Vy’ukuri iyi ni yo ndwara yanje, kandi ntegerezwa kuyihanganira. 20  Ihema ryanje ryasambuwe, kandi imigozi yaryo yose yacagaguritse+. Abana banje bantaye, nta n’umwe asigaye+. Nta wusigaye yomfasha kuzingurura ihema ryanje canke kumanika ibitambara vyaryo. 21  Kuko abungere bigenjeje nk’ibipfu+,ntibahanuza Yehova+. Ni co gituma batakoranye ubwenge*,kandi amasho yabo yose yarashwiragiye+ 22  Umva inkuru iriko iraza! Hari ukunyiganyiga gukomeye kuzananye mu gihugu co mu buraruko+,kugira ngo ibisagara vy’Ubuyuda bisigare ari umusaka, ahantu haba imbwebwe+. 23  Ewe Yehova, ndazi neza yuko umuntu we ubwiwe adashoboye kumenya inzira yocamwo. Umuntu nta burenganzira* afise bwo kuyobora intambuko yiwe+. 24  Ewe Yehova, nunkosore ukurikije ubutungane,ariko ntubigirane ishavu+, kugira ngo ntunzimanganye+. 25  Nusuke uburake bwawe ku mahanga akwirengagiza+no ku miryango itambaza izina ryawe. Kuko barokeje Yakobo+,emwe, baramurotsa ku buryo bahakwa kumuzimanganya+.Batumye igihugu ciwe gicika umusaka+.

Utujambo tw'epfo

Canke «ata co imaze.»
Canke «ni uruhendo.»
Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
Umurongo wa 11 mu ntango wanditswe mu giharameya.
Mu giharameya havuga ngo «zitahinguye.»
Mu giheburayo havuga ngo «yahinguye.»
Canke «ugutegera.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «akorera ingomero imvura.»
Canke «imyuka.»
Canke «mu cuma bashongesheje.»
Canke «nta mpemu.»
Canke «ni uruhendo.»
Mu giheburayo havuga ngo «yahinguye.»
Mu giheburayo havuga ngo «inkoni y’intoranwa yayo.»
Canke «ntereshe umugozi.»
Canke «imvune yanje.»
Canke «ugutahura kwimbitse.»
Canke «nta bushobozi.»