Tito 3:1-15

  • Ukuyoboka kubereye (1-3)

  • Niwitegurire gukora ibikorwa vyiza (4-8)

  • Niwamirire kure impari z’ubupfu n’utugwi tw’idini (9-11)

  • Ivyo Pawulo yasavye Tito be n’indamutso (12-15)

3  Ubandanye kubibutsa kuyobokera no kugamburukira intwaro n’abakuru+, kuba abiteguriye igikorwa ciza cose,  kutagira uwo bavuga nabi, kutaba abanyamahane, ahubwo babe abantu batadadaza*+, bama berekana ubwitonzi ku bantu bose+.  Kuko na twebwe kera twari abantu b’imburabwenge, bagambarara, bazimiye, turi abaja b’ivyipfuzo n’ibinezereza bitandukanye, turi abantu babi, b’abanyeshari, bashisha kandi bankana.  Ariko igihe ubuntu bw’Imana+, yo Mukiza wacu, n’urukundo ifitiye abantu vyerekanwa  (bivuye ku mbabazi zayo+, atari kubera ibikorwa bigororotse twari twarakoze+), yaradukijije mu kutwuhagiza amazi yatumye tugira ubuzima+. Yadukijije kandi mu kutugira bashasha biciye ku mpwemu nyeranda+.  Iyo mpwemu yayidusutseko ku bwinshi biciye kuri Yezu Kristu Umukiza wacu+,  kugira ngo tumaze kwitwa abagororotsi bivuye ku buntu bwiwe buhebuje*+, tube ba samuragwa+ dufise icizigiro c’ubuzima budahera+.  Aya majambo ni ayo kwizigirwa, kandi ndipfuza ko wama ushimika kuri ivyo bintu kugira ngo abemeye Imana bashire umutima ku kwama bakora ibikorwa vyiza. Ivyo birabereye kandi biragirira akamaro abantu.  Mugabo wirinde rwose impari z’ubupfu, ivyo kurondera amamuko, amahane n’intambara zijanye n’amategeko*, kuko ata co vyungura umuntu kandi nta kamaro bifise+. 10  Nayo ku vyerekeye umuntu ashaka kuzana ivy’akagwi k’idini+, umwamirire kure+ niwamara kumukebura* ubwa mbere n’ubwa kabiri+, 11  uzi yuko mwene uyo muntu yataye inzira kandi ko ariko aracumura, akaba yicira urubanza. 12  Ninakurungikira Arutema canke Tikiko+, uze ukore uko ushoboye kwose unsange i Nikopoli kuko ari ho nahisemwo kumara urushana. 13  Witwararike Zena wa muhanga mu vy’amategeko na Apolo, ubaronse ivyo bakeneye kugira ngo ntihagire ivyo bakena mu rugendo rwabo+. 14  Mugabo abantu bacu na bo nyene nibige kuguma bakora ibikorwa vyiza, kugira ngo bagire ico bafashije iyo hari ibikenewe vyihuta+, ntibabe abantu batama ivyiza+. 15  Abari kumwe nanje bose barakuramutsa. Undamukirize abadukunda bari mu kwizera. Ubuntu buhebuje bubane namwe mwese.

Utujambo tw'epfo

Canke «bakora ibitegereka», «batumira ku vyiyumviro vyabo», «batarenza urugero.»
Ni ukuvuga amategeko ya Musa.
Canke «kumuburira.»