Tito 1:1-16

  • Indamutso (1-4)

  • Tito asabwa kugena abakurambere i Kirete (5-9)

  • Kosora abagarariji (10-16)

1  Jewe Pawulo ndi umushumba w’Imana nkaba n’intumwa ya Yezu Kristu hisunzwe ukwizera kw’abatowe n’Imana be n’ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri guhuye n’ukwihebera Imana.  Ivyo bishingiye ku cizigiro c’ubuzima budahera+, ubwo Imana idashobora kubesha+ yasezeranye imbere y’ibihe vya kera cane.  Yamara ku gihe cayo bwite, yaramenyekanishije ijambo ryayo biciye kuri ca gikorwa co kwamamaza inkuru nziza najejwe+, hisunzwe itegeko ry’Imana, Umukiza wacu.  Ndakwandikiye wewe Tito, umwana wanje nyakuri hisunzwe ukwizera dusangiye. Ubuntu buhebuje* n’amahoro biva ku Mana ari yo Data no kuri Kristu Yezu Umukiza wacu bibane nawe.  Nagusize i Kirete kugira ukosore ibintu bitagenda neza* wongere ugene abakurambere mu bisagara bitandukanye, nk’uko nabigutegetse.  Nagutegetse yuko umukurambere akwiye kuba* ata co aregwa, ari umugabo afise umugore umwe, afise abana bizera batagirizwa ubuhumbu* canke ubugarariji+.  Kubera ko umuhagarikizi* w’ishengero ari umusuku* w’Imana, ategerezwa kuba atagira ico aregwa, atumira ku vyiyumviro vyiwe+, adakaza ishavu+, ataborerwa, atarwana, atanohokera inyungu mbi.  Ahubwo abe umuntu w’umwakiranyi+, akunda iciza, yiyumvira neza*+, yigenza mu buryo bugororotse, adahemuka+, yigumya+,  yumira kw’ijambo* ryo kwizigirwa igihe akoresha ubuhanga bwiwe bwo kwigisha+, kugira ashobore kuremesha* abandi biciye ku nyigisho ngirakamaro*+ no gukosora*+ abayivuguruza. 10  Kuko hariho abantu benshi b’abagarariji, bavuga ibitagira akamaro, kandi b’ababeshi, canecane bamwe bumira ku kugenyerwa*+. 11  Birakenewe ko uzivya abo bantu kuko baguma batembagaza ingo uko zakabaye, mu kwigisha ivyo batabwirizwa kwigisha, barondera inyungu mbi. 12  Umwe muri bo, akaba ari umuhanuzi w’iwabo, yavuze ati: «Abanyakirete bama ari ababeshi, ibikoko biryana, n’ibinebwe bikunda inda.» 13  Ukwo ni ukuri. Ni co gituma ukwiye kuguma ubakosora ushimitse kugira bagire amagara meza mu kwizera, 14  ntibumvirize ibitito vy’Abayuda n’amabwirizwa y’abantu bata ukuri. 15  Ku bantu badahumanye, nta kintu na kimwe gihumanye+. Mugabo ku bantu bahumanye kandi batagira ukwizera vyose birahumanye, kuko ubwenge bwabo n’ijwi ryabo ryo mu mutima bihumanye+. 16  Bavugira ku mugaragaro yuko bazi Imana mugabo bakayihakana biciye ku vyo bakora+, kubera ko ari abantu bashisha kandi bagambarara, batabereye gukora igikorwa ciza na kimwe.

Utujambo tw'epfo

Canke «biri n’agahaze.»
Mu kigiriki havuga ngo «nimba hari umuntu.»
Canke «inyifato y’ubunyeshamba.»
Canke «umucungezi.»
Canke «umusuku ajejwe urugo.»
Canke «afise ubwenge buroranye.»
Canke «ku butumwa.»
Canke «guhimiriza.»
Canke «ntungamagara.»
Canke «gukangira.»
Hari abavyita «gusiramura» canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).