Mariko 6:1-56

  • Abantu bo mu gisagara ca Yezu banka kumwumviriza (1-6)

  • Ivyo bamwe cumi na babiri bokwisunga bagiye kwamamaza (7-13)

  • Urupfu rwa Yohani Umubatizi (14-29)

  • Yezu agaburira abagabo 5.000 (30-44)

  • Yezu agendera ku mazi (45-52)

  • Akiza abantu benshi i Genesareti (53-56)

6  Hanyuma avayo aza mu karere iwabo+, kandi abigishwa biwe baramukurikira.  Hageze kw’isabato, atangura kwigisha mw’isinagogi. Benshi mu bariko baramwumviriza baratangara cane, bavuga bati: «Uyu muntu yakuye hehe ibi bintu+? Kubera iki yahawe ubu bwenge* n’ububasha bwo gukora ibitangaro nk’ivyo+?  None uyu si wa mubaji+, umuhungu wa Mariya+ akaba na mwenewabo na Yakobo+, Yozefu, Yuda na Simoni+? Bashikiwe ntibari kumwe natwe ng’aha?» Ivyiwe rero bitangura kubatsitaza.  Ariko Yezu ababwira ati: «Umuhanuzi araterwa iteka hose kiretse mu karere iwabo, mu ncuti ziwe no mu rugo iwabo+  Ni co gituma ata bitangaro vyinshi yakoreyeyo, uretse kurambika ibiganza ku barwayi bakeyi, akabakiza.  Emwe, yaratangajwe n’ukuntu ata kwizera bari bafise. Nuko azunguruka mu bigwati vyo mu micungararo, agenda arigisha abantu+.  Ahamagara bamwe cumi na babiri, abatuma ari babiribabiri+, kandi abaha ububasha ku mpwemu mbi*+.  Vyongeye, abategeka ngo ntihagire ikintu na kimwe bitwaza, yaba umukate, umufuko w’ibifungurwa canke amahera*+, kiretse inkoni gusa.  Ababwira kandi kwambara ibirato*, mugabo ababuza gutwara impuzu yo kwihindura*. 10  Yongerako ati: «Nihagira uwubakira mu nzu iwe, mugumeyo gushika muhavuye+. 11  Ahantu hose banse kubakira canke kubumviriza, muvuyeyo muzoce mukunkumura umukungugu uri ku birenge vyanyu, kugira bibabere icabona+ 12  Baca baragenda kwamamaza, bagenda barabwira abantu ngo bigaye+. 13  Vyongeye, barirukana amadayimoni+ menshi, bagasiga amavuta abantu benshi barwaye bakabakiza. 14  Nuko umwami Herodi yumva ivyo vyose, kuko izina rya Yezu ryari ryamenyekanye cane. Bamwe bariko bavuga ngo: «Ni Yohani Umubatizi yazuwe mu bapfuye. Ni co gituma afise ububasha bwo gukora ibitangaro+ 15  Abandi bakavuga ngo: «Ni Eliya.» Abandi na bo ngo: «Ni umuhanuzi nk’abandi ba kera+ 16  Ariko Herodi avyumvise, avuga ati: «Uwo ni Yohani umwe naca umutwe yazuwe.» 17  Herodi yari yarafashe Yohani aramuboha, maze amuta mw’ibohero kubera Herodiya umugore wa mwenewabo Filipo, kuko Herodi yari yamugize umugore wiwe+. 18  Yohani yaguma abwira Herodi ati: «Ntivyemewe ko utwara umugore wa mwenewanyu+ 19  Herodiya rero yari afitiye inzigo Yohani, akaguma arondera kumwica ariko bikamunanira. 20  Herodi yaratinya Yohani, kuko yari azi ko ari umugororotsi n’umweranda+, mbere yaramukingira. Igihe cose ahejeje kumwumviriza yarazazanirwa, akabura ico ari bukore. Mugabo yarahimbarwa no kuguma amwumviriza. 21  Ariko akaryo keza karabonetse ku musi mukuru wo kwibuka ivuka+ rya Herodi, igihe yariko arazimana abategetsi bakurubakuru, abakuru mu gisirikare* n’abantu bakomakomeye b’i Galilaya+. 22  Umukobwa wa Herodiya yarinjiye, aratamba, ashimisha Herodi n’abariko barasangira na we*. Umwami aca amubwira ati: «Nsaba ico ushaka cose ndakiguha.» 23  Emwe, aramurahira ati: «Ico unsaba cose ndakiguha, naho coba ari igice c’ubwami bwanje.» 24  Uwo mukobwa aca arasohoka, abaza nyina ati: «Nsabe iki?» Na we ati: «Umutwe wa Yohani Umubatizi.» 25  Aca agenda aranyaruka aho umwami ari, amubwira ati: «Ubu nyene nshaka ko umpa kw’isiniya umutwe wa Yohani Umubatizi+ 26  Naho umwami vyamubabaje cane, ntiyashatse kwanka ivyo uwo mukobwa amusavye, kubera indahiro yarahiye no kubera abariko barasangira na we*. 27  Ubwo nyene umwami aca arungika uwumucungira ubuzima, amutegeka kuzana umutwe wa Yohani. Na we aca aragenda, amucira umutwe mw’ibohero, 28  hanyuma awuzana kw’isiniya. Awuha uwo mukobwa, uwo mukobwa na we awuha nyina wiwe. 29  Abigishwa ba Yohani bavyumvise, baca baraza batora ikiziga ciwe baragihamba*. 30  Nuko intumwa zikoranira aho Yezu ari, zimwiganira ibintu vyose zari zakoze n’ivyo zari zigishije+. 31  Na we ababwira ati: «Nimuze mwenyene, tuje ahantu hiherereye kugira muruhuke gatoya+.» Nkako, hari uruja n’uruza rw’abantu benshi, ku buryo babura n’akanya ko gufungura. 32  Baca burira ubwato baja ahantu hiherereye ari bonyene+. 33  Mugabo abantu barababona bagiye kandi n’abandi benshi barabimenya. Baca bava mu bisagara vyose biruka n’amaguru, babatangayo. 34  Yururutse ubwato, abona isinzi rinini ry’abantu. Bamutera ikigongwe+ kuko bari bameze nk’intama zitagira umwungere+, aca atangura kubigisha ibintu vyinshi+. 35  Kubera amasaha yari agiye, abigishwa biwe baza aho ari, bamubwira bati: «Ehe turi mu gahinga kandi amasaha aragiye+. 36  Rungika abo bantu baje mu mihana no mu bigwati vyo mu micungararo kwigurira ivyo kurya+ 37  Yezu abishura ati: «Mwebwe nimubahe ivyo barya.» Bamwishura bati: «Ushaka tugende kugura imikate y’idenariyo* 200, tuyihe abantu barye+ 38  Ababaza ati: «Mufise imikate ingahe? Genda murabe!» Bamaze kubimenya, bamubwira bati: «Itanu hamwe n’ifi zibiri+ 39  Aca abwira abantu ngo bicare hasi ku vyatsi+ mu migwimigwi. 40  Nuko bicara mu migwi y’abantu 100 n’iy’abantu 50. 41  Araheza atora ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru maze arabihezagira+. Aca amanyagura iyo mikate, atangura kuyihereza abigishwa, na bo bayiha abo bantu. Abagaburira n’izo fi zibiri bose. 42  Bose bararya barahaga, 43  hanyuma begeranya ibiseke 12 vyuzuye utumanyu twasigaye, hatarimwo ifi+. 44  Abariye iyo mikate bari abagabo 5.000. 45  Ubwo nyene aca abwira abigishwa biwe ngo burire ubwato bajabuke ku yindi nkengera amaja i Betsayida, na we asigara ararungika iryo sinzi+. 46  Ahejeje kubasezera, aca aja ku musozi gusenga+. 47  Bumaze kugoroba, ubwato bwari bugeze hagati mu kiyaga, ariko we yari wenyene ku musozi+. 48  Hanyuma abona biriko birabagora gusoza ubwato, kuko umuyaga waza ubaturutse imbere. Buri mu guca*, Yezu aza atumbereye aho bari, agendera ku mazi, ariko yagira abarengane*. 49  Abigishwa bamubonye ariko agendera ku mazi, bibaza ngo ni igihume, baca bakoma induru. 50  Bose baramubonye maze bahagarika umutima. Ariko ubwo nyene aca arabavugisha, ababwira ati: «Humura ni jewe! Ntimugire ubwoba+ 51  Aca arurira abasanga mu bwato, wa muyaga uca uraturura. Na bo barumirwa cane, 52  kuko batari bwatahure insobanuro ya ca gitangaro c’imikate. Vyari bikibagora gutegera. 53  Bamaze kujabuka ikiyaga, bashika i Genesareti maze bakorora inanga z’ubwato* hafi yaho+. 54  Ariko bakiva mu bwato, abantu baca baramumenya. 55  Baca bariruka muri ako karere kose, maze bazana abantu barwaye ku nderuzo aho bumvise ko yari ari. 56  Ahantu hose yaba yinjiye mu bigwati, mu bisagara canke mu mihana, abantu baca bazana abarwayi mw’isoko, bakamutakambira ngo bakore gusa ku buyonga bw’impuzu yiwe*+, kandi ababukozeko bose baca bakira.

Utujambo tw'epfo

Canke «ubu bukerebutsi.»
Canke «ku mpwemu zihumanye.»
Mu kigiriki havuga ngo «canke umujumpu mu dusaho two ku mikaba yabo.»
Canke «isandari.»
Canke «impuzu zibiri.»
Canke «abakomanda.»
Canke «n’abari bicaranye na we ku meza.»
Canke «no kubera abari bicaranye na we ku meza.»
Canke «bagishira mu mva y’icibutso.»
Mu kigiriki havuga ngo «mw’iterama rigira kane.» Ni ukuvuga nko kuva sacenda z’ijoro gushika izuba riserutse, nka sakumi na zibiri zo mu gitondo.
Canke «yasa n’uwugomba kubarengana.»
Inanga y’ubwato ni ikintu baterera mu mazi kugira ubwato bugume hamwe. Kiba gifashe ku munyororo.
Canke «impuzu yiwe yo hejuru.»