Mariko 15:1-47

  • Yezu ari imbere ya Pilato (1-15)

  • Abasoda batwenga Yezu (16-20)

  • Yezu amanikwa ku giti i Gologota (21-32)

  • Urupfu rwa Yezu (33-41)

  • Amaziko ya Yezu (42-47)

15  Ubwo nyene mu mutwenzi, abakuru b’abaherezi, abashingantahe n’abanditsi, emwe abagize Inama nkuru bose, baca bagira inama. Bamaze kuboha Yezu, baca baramujana bamushikiriza Pilato+.  Pilato amubaza ati: «Uri Umwami w’Abayuda+?» Yezu amwishura ati: «Wewe ubwawe urabivuze+  Ariko abakuru b’abaherezi baguma bamwagiriza ibintu vyinshi.  Pilato rero yongera kumubaza ati: «Nta co wishura+? Ntiwumva ibintu vyose bariko barakwagiriza+  Mugabo Yezu ntiyamwishura ikintu na kimwe, ku buryo Pilato atangara cane+.  Igihe cose habaye umusi mukuru, Pilato yarakunda kurekura imbohe imwe abantu bamusavye+.  Ico gihe hari umugabo yitwa Baraba yari apfunganywe n’abagumutsi bari bakoze ubwicanyi mu migumuko yabo.  Haca haza abantu benshi rero, maze batangura gusaba Pilato ngo abagirire uko yari asanzwe abagirira.  Pilato abishura ati: «Mushaka ndabarekurire Umwami w’Abayuda+ 10  Nkako, Pilato yari azi ko ishari ari ryo ryatumye abakuru b’abaherezi bamumuzanira+. 11  Mugabo abakuru b’abaherezi baca bagumura abo bantu ngo bamusabe abarekurire Baraba, aho kurekura Yezu+. 12  Pilato yongera kubabaza ati: «None umwe mwita Umwami w’Abayuda we ndamugire gute+ 13  Bongera gusemerera bati: «Mumanike*+ 14  Pilato asubira kubabaza ati: «Kubera iki? Ikibi yakoze ni ikihe?» Mugabo barushiriza gusemerera bati: «Mumanike+ 15  Kubera yuko Pilato yashaka gushimisha abo bantu, aca abarekurira Baraba. Hanyuma amaze gukubitisha Yezu+, aca aramutanga ngo amanikwe ku giti+. 16  Abasoda baca bamujana mu rugo, ni ukuvuga ku kirimba kwa buramatari, hanyuma bakoranya umugwi wose w’abasirikare+. 17  Bamwambika impuzu y’umuyugubwe*, baca bajisha urugori rw’amahwa bararumwambika. 18  Batangura kuza baramuramutsa bati: «Ndabugize Mwami w’Abayuda+ 19  Vyongeye, baza baramukubita irenga mu mutwe bongera bamucirako amate, bakaza baramupfukamira bongera bamwunamira. 20  Amaherezo, bahejeje kumutwenga, bamwambura ya mpuzu y’umuyugubwe, bamwambika impuzu ziwe. Baraheza bamujana kumumanika ku giti+. 21  Baca bategeka umuntu yariko ararengana avuye mu gihugu hagati, yitwa Simoni w’i Sireni, se wa Alegizandere na Rufo, ngo yikorere igiti ca Yezu co kubabarizwako*+. 22  Nuko bamuzana ahantu hitwa Gologota, bikaba bisobanura ngo «ahantu h’Agahanga+ 23  Bageze ng’aho, bagerageza kumuha umuvinyu uvanze n’ikiyayuramutwe citwa imira+, mugabo ntiyawunywa. 24  Hanyuma baramumanika, baca bagabura impuzu ziwe bakoresheje ubupfindo, kugira bamenye izo umwe wese atwara+. 25  Igihe bamumanika hari nka satatu*. 26  Icapa kiriko ikirego aregwa cari canditseko ngo: «Umwami w’Abayuda+ 27  Vyongeye, bamumanikana n’ibisuma bibiri, umwe iburyo bwiwe, uwundi ibubamfu+. 28 * —— 29  Abahita baza baramutuka bazunza umutwe+, bakavuga bati: «Hm! Wewe uvuga ngo wosambura urusengero ugaca urwubaka mu misi itatu+, 30  niwikize umanuke uve kuri ico giti co kubabarizwako* 31  Abakuru b’abaherezi n’abanditsi na bo nyene baguma bamutwenga, bavuga ngo: «Abandi yarabakijije, ariko we ntashobora kwikiza+! 32  Kristu Umwami wa Isirayeli namanuke ave kuri ico giti co kubabarizwako, tubibone duheze tumwemere+.» N’abari bamanikanywe na we na bo nyene batangura kumutuka+. 33  Hageze nka sasita*, umwiza utwikira igihugu cose gushika nka sacenda*+. 34  Hageze nka sacenda, Yezu arasemerera n’ijwi rirenga ati: «Eli, Eli, lama sabakitani?», ni ukuvuga ngo «Mana yanje, Mana yanje, kubera iki wampevye+ 35  Bamwe mu bari bahagaze hafi yiwe bavyumvise, baca bavuga bati: «Umve! Ariko ahamagara Eliya.» 36  Umwe muri bo aca ariruka atora ipampa*, arijobeka mu muvinyu ukarishe, arishira kw’irenga maze aramuha ngo anywe+, avuga ati: «Mureke! Reka turabe ko Eliya aza kumumanura.» 37  Ariko Yezu arasemerera n’ijwi rirenga, aca aracikana+. 38  Irido y’ahantu heranda+ ica itabukamwo kubiri, kuva hejuru gushika hasi+. 39  Intwazangabo yari ihagaze iruhande yiwe ibonye ibintu bibaye acikanye, ica ivuga iti: «Ni ukuri, uyu muntu yari Umwana w’Imana+ 40  Ico gihe kandi hariho abagore bariko babirabira kure, muri bo hakaba harimwo Mariya Magadalena na Mariya nyina wa Yakobo mutoyi ari na we nyina wa Yoze*, hamwe na Salome+. 41  Abo bagore bari bahoze bamuherekeza bongera bamufasha udukorwa+ igihe yari i Galilaya. Hariho n’abandi bagore benshi bari baduganye na we i Yeruzalemu. 42  Kubera ko bwari bumaze kugoroba, kandi hakaba hari ku musi w’Imyiteguro, ni ukuvuga buca haba isabato, 43  haza Yozefu w’i Arimateya, umugabo yubahwa yari mu bagize Inama nkuru, na we nyene akaba yari arindiriye Ubwami bw’Imana. Ararya umutima amenyo, aja kwa Pilato, amusaba ikiziga ca Yezu+. 44  Ariko Pilato atangazwa n’uko Yezu yoba yamaze gupfa. Aca atumako ya ntwazangabo kugira ayibaze ko Yezu yari yamaze gupfa. 45  Iyo ntwazangabo imaze kuvyemeza, aca yemerera Yozefu gutora ico kiziga. 46  Yozefu amaze kugura igitambara ciza c’ilino*, aca aramumanura, amuzingira muri ico gitambara hanyuma amushira mu mva*+ yari yimbwe mu gitandara. Araheza atembagariza ikibuye ku muryango w’iyo mva+. 47  Ariko Mariya Magadalena na Mariya nyina wa Yoze baguma baraba aho bamushize+.

Utujambo tw'epfo

Canke «mumanike ku giti!»
Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
Mu kigiriki havuga ngo «hari kw’isaha igira 3.»
Mu kigiriki havuga ngo «isaha igira 6.»
Mu kigiriki havuga ngo «isaha igira 9.»
Cari ikintu kimeze nk’ikinyuko gishobora kununuza amazi.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «Yozefu.»
Canke «mu mva y’icibutso.»