Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igitabu co Kuvayo

Ibigabane

Ibirimwo muri make

  • 1

    • Abisirayeli bongerekana mu Misiri (1-7)

    • Farawo acinyiza Abisirayeli (8-14)

    • Abakirizi batinya Imana banka kwica abana b’abahungu (15-22)

  • 2

    • Ivuka rya Musa (1-4)

    • Umukobwa wa Farawo atora Musa (5-10)

    • Musa ahungira i Midiyani hama akarongora Zipora (11-22)

    • Imana yumva amaborogo y’Abisirayeli (23-25)

  • 3

    • Musa iruhande y’igisaka c’amahwa kiriko kiraka (1-12)

    • Yehova atanga insobanuro y’izina ryiwe (13-15)

    • Yehova abarira Musa ivyo azokwisunga (16-22)

  • 4

    • Ibimenyetso bitatu Musa azokora (1-9)

    • Musa avuga ko ata vyo ashoboye (10-17)

    • Musa asubira mu Misiri (18-26)

    • Musa asubira kubonana na Aroni (27-31)

  • 5

    • Musa na Aroni kwa Farawo (1-5)

    • Agacinyizo kongerekana (6-18)

    • Abisirayeli bata ishavu kuri Musa na Aroni (19-23)

  • 6

    • Imana yongera kubasezeranira ko izobarokora (1-13)

      • Ntibari bazi insobanuro yuzuye y’izina rya Yehova (2, 3)

    • Amamuko ya Musa na Aroni (14-27)

    • Musa asabwa gusubira kwa Farawo (28-30)

  • 7

    • Yehova akomeza Musa (1-7)

    • Inkoni ya Aroni ihinduka ikiyoka kinini (8-13)

    • Igihano ca 1: amazi ahinduka amaraso (14-25)

  • 8

    • Igihano ca 2: ibikere (1-15)

    • Igihano ca 3: imibu (16-19)

    • Igihano ca 4: ibibugu (20-32)

      • Ibibugu ntivyashitse mu ntara ya Gosheni (22, 23)

  • 9

    • Igihano ca 5: ibitungwa bipfa (1-7)

    • Igihano ca 6: ibihute ku bantu no ku bikoko (8-12)

    • Igihano ca 7: urubura (13-35)

      • Farawo azobona ububasha bw’Imana (16)

      • Izina rya Yehova ritegerezwa kwamamara (16)

  • 10

    • Igihano ca 8: inzige (1-20)

    • Igihano ca 9: umwijima (21-29)

  • 11

    • Musa atangaza igihano ca 10 (1-10)

      • Abisirayeli basaba ibintu Abanyamisiri (2)

  • 12

    • Hatanguzwa Pasika (1-28)

      • Gusiga amaraso ku bishimaryango (7)

    • Igihano ca 10: abana b’imfura bapfa (29-32)

    • Urugendo rwo kuva mu Misiri rutangura (33-42)

      • Imyaka 430 irangira (40, 41)

    • Ibisabwa kugira umuntu arye Pasika (43-51)

  • 13

    • Ibivutse ubwa mbere vyose ni ivya Yehova (1, 2)

    • Umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro (3-10)

    • Ibivutse ubwa mbere vyose bitegerezwa guhabwa Imana (11-16)

    • Abisirayeli bagenda berekeza ku kiyaga Gitukura (17-20)

    • Inkingi y’igicu n’umuriro (21, 22)

  • 14

    • Abisirayeli bashika ku kiyaga (1-4)

    • Farawo akurikira Abisirayeli (5-14)

    • Abisirayeli bajabuka ikiyaga Gitukura (15-25)

    • Abanyamisiri batwarwa n’uruzi (26-28)

    • Abisirayeli bizigira Yehova (29-31)

  • 15

    • Musa n’Abisirayeli baririmba bigina intsinzi (1-19)

    • Miriyamu aririmba yitabira (20, 21)

    • Amazi arura ahinduka ayaryoshe (22-27)

  • 16

    • Abantu bidoga kubera ibifungurwa (1-3)

    • Yehova yumva ukwidoga kwabo (4-12)

    • Imana ibaha inkware na manu (13-21)

    • Nta manu yaboneka kw’isabato (22-30)

    • Babika manu nkeyi kugira ntibaze bayibagire (31-36)

  • 17

    • Bidoga kubera babuze amazi i Horebu (1-4)

    • Amazi ava mu gitandara c’ibuye (5-7)

    • Abamaleki batera maze bagatsindwa (8-16)

  • 18

    • Yetiro na Zipora bashika (1-12)

    • Yetiro ahanura Musa kugena abacamanza (13-27)

  • 19

    • Ku musozi Sinayi (1-25)

      • Basezeranirwa kuba ubwami bw’abaherezi (5, 6)

      • Abantu bitegurira kubonana n’Imana (14, 15)

  • 20

    • Amabwirizwa cumi (1-17)

    • Abisirayeli batinya kubera ibintu babonye (18-21)

    • Amategeko ajanye no gusenga (22-26)

  • 21

    • Amategeko agenga Abisirayeli (1-36)

      • Abashumba b’Abaheburayo (2-11)

      • Uwugiriye nabi mugenziwe (12-27)

      • Ibitungwa (28-36)

  • 22

    • Amategeko agenga Abisirayeli (1-31)

      • Ubusuma (1-4)

      • Kwonesha (5, 6)

      • Kuriha ivyononekaye no kwegukira ikintu (7-15)

      • Kuryosharyosha umukobwa (16, 17)

      • Gusenga hamwe n’ubutungane mu kibano (18-31)

  • 23

    • Amategeko agenga Abisirayeli (1-19)

      • Kuvuga ukuri no kutarenganya abandi (1-9)

      • Amasabato n’imisi mikuru (10-19)

    • Umumarayika ayobora Abisirayeli (20-26)

    • Kwigarurira igihugu no kwerekana imbibe (27-33)

  • 24

    • Abantu bemera gushitsa isezerano (1-11)

    • Musa ku musozi Sinayi (12-18)

  • 25

    • Intererano zo kw’ihema ryeranda (1-9)

    • Isandugu y’isezerano (10-22)

    • Imeza (23-30)

    • Ikintu baterekako amatara (31-40)

  • 26

    • Ihema ryeranda (1-37)

      • Ibitambara (1-14)

      • Ibizingiti be n’udutafari dutoboye (15-30)

      • Amarido (31-37)

  • 27

    • Igicaniro c’amashikanwa aturirwa (1-8)

    • Ikigo (9-19)

    • Amavuta y’amatara (20, 21)

  • 28

    • Impuzu z’abaherezi (1-5)

    • Efodi (6-14)

    • Agapfuko ko ku gikiriza (15-30)

      • Urimu na Tumimu (30)

    • Ikanzu itagira amaboko (31-35)

    • Igitambara co mu mutwe n’akuma gafyase k’inzahabu (36-39)

    • Izindi mpuzu z’abaherezi (40-43)

  • 29

    • Kwimika abaherezi (1-37)

    • Ishikanwa rya buri musi (38-46)

  • 30

    • Igicaniro c’imibavu (1-10)

    • Rusansuma be n’amahera y’impongano (11-16)

    • Ikibesani kirimwo amazi yo gukaraba (17-21)

    • Amavuta yo kurobanuza (22-33)

    • Imibavu myeranda (34-38)

  • 31

    • Abahinga b’ivy’utugenegene buzuzwa impwemu y’Imana (1-11)

    • Isabato, ikimenyetso hagati y’Imana n’Abisirayeli (12-17)

    • Ibisate bibiri vy’amabuye (18)

  • 32

    • Basenga inyana y’inzahabu (1-35)

      • Musa yumva indirimbo z’ubundi bwoko (17, 18)

      • Musa asavya ibisate vy’amabuye (19)

      • Abalewi baba intahemuka kuri Yehova (26-29)

  • 33

    • Imana ihambarira Abisirayeli (1-6)

    • Ihema ry’ibonaniro inyuma y’ikambi (7-11)

    • Musa asaba kubona ubuninahazwa bwa Yehova (12-23)

  • 34

    • Musa ategura ibindi bisate vy’amabuye (1-4)

    • Musa abona ubuninahazwa bwa Yehova (5-9)

    • Imana isubiramwo ibintu bimwebimwe bijanye n’isezerano (10-28)

    • Mu maso ha Musa harekura imishwarara (29-35)

  • 35

    • Amategeko ajanye n’isabato (1-3)

    • Intererano zo kw’ihema ryeranda (4-29)

    • Bezaleli na Oholiyabu buzuzwa impwemu (30-35)

  • 36

    • Intererano ziba umurengera (1-7)

    • Bakora ibigize ihema ryeranda (8-38)

  • 37

    • Bakora isandugu y’isezerano (1-9)

    • Imeza (10-16)

    • Ikintu baterekako amatara (17-24)

    • Igicaniro c’imibavu (25-29)

  • 38

    • Igicaniro c’amashikanwa aturirwa (1-7)

    • Ikibesani c’umujumpu (8)

    • Ikigo (9-20)

    • Urutonde rw’ibikoresho vyo kwubaka ihema ryeranda (21-31)

  • 39

    • Gukora impuzu z’abaherezi (1)

    • Efodi (2-7)

    • Agapfuko ko ku gikiriza (8-21)

    • Ikanzu itagira amaboko (22-26)

    • Izindi mpuzu z’abaherezi (27-29)

    • Akuma gafyase k’inzahabu (30, 31)

    • Musa asuzuma ibikoresho vy’ihema ryeranda (32-43)

  • 40

    • Ihema ryeranda ryubakwa (1-33)

    • Ubuninahazwa bwa Yehova bwuzura ihema ryeranda (34-38)