Ivyahishuriwe Yohani 16:1-21

  • Amabakure indwi y’ishavu ry’Imana (1-21)

    • Asukwa kw’isi (2), mu kiyaga (3), mu nzuzi no mu masoko y’amazi (4-7), ku zuba (8, 9), ku ntebe y’ubwami ya ca gikoko (10, 11), ku ruzi Efurate (12-16) no mu kirere (17-21)

    • Intambara y’Imana, Harumagedoni (14, 16)

16  Nca numva ijwi rirenga rivuye mu rusengero*+, maze ribwira ba bamarayika indwi riti: «Genda musuke kw’isi ayo mabakure indwi y’ishavu ry’Imana+  Uwa mbere aca aragenda, asuka ibakure yiwe kw’isi+. Abantu bafise ikimenyetso ca ca gikoko+ n’abasenga ishusho yaco+ baca bafatwa n’ibisebe bibabaza kandi bikaze+.  Uwa kabiri asuka ibakure yiwe mu kiyaga+. Gica gihinduka amaraso+ nk’ay’umuntu yapfuye, ibinyabuzima vyose birapfa, emwe ikintu cose cari mu kiyaga+.  Uwa gatatu asuka ibakure yiwe mu nzuzi no mu masoko* y’amazi+. Bica bihinduka amaraso+.  Nca numva umumarayika w’amazi avuze ati: «Wewe uriho kandi wamyeho+, uri Imana idahemuka+. Uragororotse kuko washikije izo manza+.  Barasheshe amaraso y’aberanda n’ay’abahanuzi+, none nawe ubahaye amaraso ngo banywe+. Barabikwiriye+  Nca numva igicaniro kivuze giti: «Egome, Yehova* Mana Mushoboravyose+, imanza* zawe ni iz’ukuri kandi ziragororotse+  Uwa kane asuka ibakure yiwe ku zuba+. Izuba rica rihabwa ububasha bwo guturira abantu.  Maze abantu baturirwa n’ubushuhe bukaze, ariko baca batuka* izina ry’Imana ifise ububasha kuri ivyo vyago. Ntibigeze bigaya canke ngo baninahaze Imana. 10  Uwa gatanu asuka ibakure yiwe ku ntebe y’ubwami ya ca gikoko. Ubwami bwaco buca buhinduka umwiza+, maze abantu batangura kwihekenya indimi kubera umubabaro, 11  ariko baca batuka Imana yo mw’ijuru kubera imibabaro yabo n’ibisebe vyabo. Ntibigeze bigaya ibikorwa vyabo. 12  Uwa gatandatu asuka ibakure yiwe kuri rwa ruzi runini, ari rwo Efurate+. Amazi yarwo aca arakama+, kugira hategurwe inzira y’abami+ bava mu buseruko. 13  Maze mbona mu kanwa ka ca gisato+, mu kanwa ka ca gikoko no mu kanwa ka wa muhanuzi w’ikinyoma havayo amajambo atatu yahumetswe ahumanye*, asa n’ibikere. 14  Nkako, ayo ni amajambo yahumetswe n’amadayimoni kandi ayo majambo arakora ibitangaro+, akaja ku bami bo kw’isi yose kugira abakoranirize ku ntambara+ yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose+. 15  «Ehe ndaje nk’igisuma+. Hahiriwe uwuguma ari maso+ kandi akaguma yambaye impuzu ziwe* kugira ntagende ari gusa, maze abantu bakabona ubwambure bwiwe+ 16  Ayo majambo yahumetswe abakoraniriza ahantu hitwa Harumagedoni*+ mu giheburayo. 17  Uw’indwi na we asuka ibakure yiwe mu kirere. Ijwi rirenga rica riva mu rusengero*+ kuri ya ntebe y’ubwami, rivuga riti: «Birarangiye!» 18  Haca haba imiravyo, amajwi n’imituragaro, haba na nyamugigima ikomeye cane itari bwigere ibaho kuva abantu babaye kw’isi+, emwe nyamugigima ikomeye cane kandi ishika kure cane. 19  Ca gisagara gikomeye+ gica gisadukamwo gutatu, n’ibisagara vy’amahanga birasenyuka. Imana ica yibuka Babiloni Akomeye+, kugira imunyweshe igikombe c’umuvinyu w’uburake bwayo bukaze+. 20  Vyongeye, amazinga yose arahunga n’imisozi irazimangana+. 21  Maze amabuye y’urubura rukomeye akoragurikira ku bantu avuye mw’ijuru+. Urubura rumwerumwe rwapima nk’italanto*. Abantu baca batangura gutuka Imana* kubera ico cago c’urubura+, kuko cari gikomeye bidasanzwe.

Utujambo tw'epfo

Ni ukuvuga Aheranda cane h’urusengero.
Canke «mu mariba.»
Canke «ingingo.»
Canke «baca barogota.»
Mu kigiriki havuga ngo «havayo impwemu zitatu zihumanye.»
Mu kigiriki havuga ngo «akagumana impuzu ziwe zo hejuru.»
Harumagedoni ni ijambo ry’ikigiriki rivuye mw’ijambo ry’igiheburayo risobanura ngo «umusozi wa Megido.»
Ni ukuvuga Aheranda cane h’urusengero.
Italanto imwe y’Abagiriki yangana n’ibilo 20,4. Raba Inyongera ya B14.
Canke «kurogota ku Mana.»