Itanguriro 17:1-27

  • Aburahamu azoba se w’amahanga menshi (1-8)

    • Aburamu ahindurirwa izina akitwa Aburahamu (5)

  • Isezerano ry’ukugenyerwa (9-14)

  • Sarayi ahindurirwa izina akitwa Sara (15-17)

  • Imana isezerana ivuka rya Izahaki (18-27)

17  Aburamu amaze imyaka 99, Yehova aramubonekera amubwira ati: «Ndi Imana Mushoboravyose. Gendera imbere yanje kandi werekane ko uri intungane*.  Nzoshitsa isezerano riri hagati yanje nawe+, kandi uruvyaro rwawe nzorugwiza cane, cane rwose+  Aburamu aca arunama mu maso hashika hasi, maze Imana ibandanya kumubwira iti:  «Naragiraniye isezerano nawe+, kandi vy’ukuri uzoba se w’amahanga menshi+.  Kuva ubu ntucitwa Aburamu*. Uzokwitwa Aburahamu*, kuko nzokugira se w’amahanga menshi.  Uruvyaro rwawe nzorugwiza cane, cane rwose. Nzotuma uvamwo amahanga menshi, kandi abami bazogukomokako+.  Nzokwubahiriza isezerano riri hagati yanje nawe+ hamwe n’uruvyaro* rwawe, uko urunganwe* rwabo ruzogenda rurakurikirana. Ni isezerano ry’ibihe bidahera ry’uko nzoba Imana yawe n’Imana y’uruvyaro rwawe.  Mwe n’uruvyaro* rwawe nzobaha igihugu wabayemwo uri umunyamahanga+, igihugu cose ca Kanani, kibe rwanyu ibihe vyose kandi nzoba Imana yabo+  Imana yongera kubwira Aburahamu iti: «Uze wubahirize isezerano ryanje, mwe n’uruvyaro rwawe, uko urunganwe rwabo ruzogenda rurakurikirana. 10  Iri ni ryo sezerano riri hagati yanje namwe, iryo wewe n’uruvyaro rwawe mubwirizwa kwubahiriza: umuhungu wese wo muri mwebwe ategerezwa kugenyerwa*+. 11  Mutegerezwa kugenyerwa*, kandi ico kizoba ikimenyetso c’isezerano riri hagati yanje namwe+. 12  Uko urunganwe rwanyu ruzogenda rurakurikirana, umuhungu wese wo muri mwebwe amaze imisi umunani ategerezwa kugenyerwa+, yaba uwavukiye mu rugo rwawe canke uwo waguze ku munyamahanga atari mu ruvyaro rwawe. 13  Umugabo wese yavukiye mu rugo rwawe n’umugabo wese waguze ategerezwa kugenyerwa+, kandi ico kimenyetso kiri ku mibiri yanyu kizoba ikimenyamenya c’isezerano ryamaho riri hagati yanje namwe. 14  Umuhungu wese atazogenyerwa ategerezwa kwicwa*. Azoba yarenze isezerano ryanje.» 15  Maze Imana ibwira Aburahamu iti: «Ku vyerekeye Sarayi*+ umugore wawe, ntuzosubire kumwita Sarayi kuko agiye kwitwa Sara*. 16  Nzomuhezagira kandi azokuvyarira umuhungu+. Emwe nzomuhezagira, kandi amahanga azomukomokako. Vyongeye, abami b’amahanga bazova muri we.» 17  Aburahamu aca arunama mu maso hashika hasi. Atangura gutwenga, yibwira mu mutima+ ati: «Mbega umutama w’imyaka 100 yoba akivyara, canke Sara umutamakazi w’imyaka 90 yoba acibaruka+ 18  Aburahamu rero abwira Imana y’ukuri ati: «Ese wompezagirira Ishimayeli akaramba+ 19  Imana imwishura iti: «Sara umugore wawe azokuvyarira umuhungu, kandi uze umwite Izahaki*+. Nzoshitsa isezerano ryanje biciye kuri we, ribe isezerano ry’ibihe bidahera kuri we no ku ruvyaro rwiwe+. 20  Ariko no ku vyerekeye Ishimayeli nakwumvise. Nzomuhezagira, ntume arondoka, kandi uruvyaro rwiwe nzorugwiza cane, cane rwose. Azovyara abakuru 12 kandi nzomugira ihanga rikomeye+. 21  Mugabo isezerano ryanje nzorishitsa biciye kuri Izahaki+, uwo Sara azokuvyarira mu mwaka uza muri iki gihe nyene+ 22  Imana ihejeje kuvugana na Aburahamu ica iraduga irigira. 23  Aburahamu aca afata Ishimayeli umuhungu wiwe, abagabo bose bavukiye mu rugo rwiwe n’abo yari yaraguze bose, emwe abagabo bose bo mu rugo rwiwe, abagenyera kuri uwo musi nyene nk’uko Imana yari yamubwiye+. 24  Aburahamu yari afise imyaka 99 igihe yagenyerwa+. 25  Ishimayeli umuhungu wiwe na we yagenyerewe afise imyaka 13+. 26  Uwo musi nyene Aburahamu n’umuhungu wiwe Ishimayeli baragenyerwa. 27  Abagabo bose bo mu rugo rwiwe, abahavukiye n’abo yaguze ku banyamahanga bose, na bo nyene baragenyerwa.

Utujambo tw'epfo

Canke «ko utagirako umugayo.»
Iryo zina risobanura ngo «data ari hejuru (ashizwe hejuru).»
Iryo zina risobanura ngo «se w’isinzi», «se w’abantu benshi.»
Canke «iyaruka.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Hari abavyita «gusiramura» canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).
Mu giheburayo havuga ngo «mutegerezwa kugenyera agashato k’igihimba c’irondoka canyu.»
Canke «ategerezwa kurandurwa mu bantu b’iwabo.»
Iryo zina rishobora kuba risobanura ngo «umunyamahane.»
Iryo zina risobanura ngo «umuganwakazi.»
Iryo zina risobanura ngo «agatwengo.»