Hoseya 2:1-23

  • Ihanga rya Isirayeli rizohanwa kubera ryahemutse (1-13)

  • Yehova azosubira kuba umugabo w’iryo hanga (14-23)

    • «Uzonyita ngo “umugabo wanje”» (16)

2  Nimubwire benewanyu muti: “Muri abantu banje*+!”, na bashiki banyu muti: “Ewe mugore wagiriwe imbabazi*+   Nimwagirize nyoko wanyu, nimumwagirize,kuko atari umugore wanje+, nanje nkaba ntari umugabo wiwe. Nahebe ubumaraya* bwiwe,akure n’ukurenga ibigo hagati y’amabere yiwe,   ahandiho nzomwambura impuzu zose asigare ari gusa.Nzomuhindura nk’ubugaragwa,ndamugire nk’igihugu kitagira amazinongere ntume yicwa n’inyota.   Sinzogirira imbabazi abana biwe,kuko ari abana bavutse mu bumaraya*.   Nkako, nyina wabo yabaye imaraya+. Uwabibungenze yakoze ibiteye isoni+, kuko yavuze ati:“Nzokurikira abahabara banje+,barya banyihera umukate n’amazi,impuzu z’ubwoya n’iz’ilino*, amavuta n’ibinyobwa.”   Ku bw’ivyo, inzira yiwe nzoyizibira n’uruzitiro rw’amahwa.Emwe nzokwubaka uruhome rw’amabuye rumutangirakugira ntasubire kubona inzira yiwe.   Azokwiruka inyuma y’abahabara biwe, ariko ntazobahamvya+.Azobarondera, ariko ntazobatora. Azoheza avuge ati: “Reka nsubire ku mugabo wanje wa mbere+,kuko igihe nari kumwe na we ari ho nari merewe neza kuruta ubu+.”   Ntiyamenye ko ari je namuha intete+, umuvinyu mushasha n’amavuta,ko ari jewe namuha ifeza ku bwinshihamwe n’inzahabu, ivyo yakoresha mu gusenga Bayali+.   “Ku bw’ivyo, nzogaruka nkureho intete zanje mu gihe c’iyimbura,nkureho n’umuvinyu wanje mushasha mu kiringo cawo+.Nzomushikura impuzu zanje z’ubwoya n’iz’ilino yari kwambara. 10  Ubu rero ngira ndamwambure zose imbere y’abahabara biwe,kandi nta n’umwe azomurokora mu maboko yanje+. 11  Nzokuraho umunezero wiwe wose,imisi mikuru yiwe+, imisi mikuru y’imboneko z’ukwezi, amasabato n’ibiringo vyiwe vyose vy’umunezero. 12  Nzohonya imizabibu yiwe n’imisukoni yiwe, ivyo yahora yiratira ngo: ‘Iyi ni impembo abahabara banje bampaye.’Nzobihindura ishamba,kandi ibikoko vyo mw’ishamba bizobirotsa. 13  Nzogira ico ndamubaza ku misi yamaze ashikanira ibimazi ibishusho vya Bayali+,igihe yahora yambara impeta n’ibisharizo akiruka inyuma y’abahabara biwe,nanje akanyibagira+”, ni ko Yehova avuze. 14  “Nzomuryosharyosha* rero,ndamujane mu bugaragwa,kandi nzomuyagisha ndamukore ku mutima. 15  Kuva ico gihe nzomusubiza imizabibu yiwe+,kandi ikiyaya* ca Akori+ kizomubera irembo rimushikana ku cizigiro.Ari ng’aho, azonyishura nk’igihe yari akiri muto,nk’igihe yava mu gihugu ca Misiri+. 16  Kuri uwo musi”, ni ko Yehova avuze,“uzonyita ngo ‘umugabo wanje’, ntuzosubira kunyita ngo ‘databuja*.’” 17  “Nzokura mu kanwa kiwe amazina y’ibishusho vya Bayali+,kandi nta wuzosubira kwibuka amazina yavyo+. 18  Kuri uwo musi, nzogiranira isezerano n’ibikoko vyo mw’ishamba ku neza y’abantu banje+,nongere ndarigiranire n’inyoni zo mu kirere n’ibikoko bikwega inda hasi+.Nzokuraho umuheto, inkota n’intambara mu gihugu+,kandi nzotuma biryamira* mu mutekano+. 19  Nzokuresha ube uwanje ibihe vyose.Nzokuresha mu bugororotsi no mu butungane,mu rukundo* no mu mbabazi+. 20  Nzokuresha mu bwizigirwa,kandi uzomenya koko Yehova+.” 21  “Kuri uwo musi, nzokwishura ico nsabwe”, ni ko Yehova avuze,“nzokwishura ijuru ico rinsavye,ijuru na ryo ryishure ico isi irisavye+. 22  Isi izotanga intete, umuvinyu mushasha n’amavuta,ivyo na vyo biheze vyitabe Yezireli*+. 23  Jewe ubwanje nzomwibibira nk’imbuto kw’isi+,kandi nzogirira imbabazi uwutagiriwe imbabazi*.Nzobwira abatari abantu banje* nti: ‘Muri abantu banje+’, na bo bambwire bati: ‘Uri Imana yacu+.’”»

Utujambo tw'epfo

Raba akajambo k’epfo muri Hs 1:9.
Raba akajambo k’epfo muri Hs 1:6.
Canke «ubuhumbu», «ubusambanyi.»
Canke «mu buhumbu», «mu busambanyi.»
Canke «nzomujijura.»
Canke «umwonga.»
Canke «Bayali wanje.»
Canke «biberaho.»
Canke «mu rukundo rudahemuka (rudahera).»
Iryo zina risobanura ngo «Imana izobiba imbuto.»
Raba akajambo k’epfo muri Hs 1:6.
Raba akajambo k’epfo muri Hs 1:9.