Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igitabu ca Hoseya

Ibigabane

1 2 3 4 5 6 7 8 9 10 11 12 13 14

Ibirimwo muri make

  • 1

    • Umugore wa Hoseya n’abana yavyaye (1-9)

      • Yezireli (4), Lo-Ruhama (6) na Lo-Ami (9)

    • Bazosubira gushimwa n’Imana no kwunga ubumwe (10, 11)

  • 2

    • Ihanga rya Isirayeli rizohanwa kubera ryahemutse (1-13)

    • Yehova azosubira kuba umugabo w’iryo hanga (14-23)

      • «Uzonyita ngo “umugabo wanje”» (16)

  • 3

    • Hoseya acura umugore wiwe w’umusambanyi (1-3)

    • Isirayeli izogaruka kuri Yehova (4, 5)

  • 4

    • Yehova aburana na Isirayeli (1-8)

      • Nta bumenyi bw’Imana buri mu gihugu (1)

    • Isirayeli isenga ibigirwamana, igakora ubusambanyi (9-19)

      • Agatima k’ubumaraya gatuma bata umurongo (12)

  • 5

    • Urubanza rwaciriwe Efurayimu na Yuda (1-15)

  • 6

    • Akamo ko kugaruka kuri Yehova (1-3)

    • Urukundo rw’Abisirayeli rumara akanya isase (4-6)

      • Urukundo ruruta ibimazi (6)

    • Inyifato iteye isoni y’Abisirayeli (7-11)

  • 7

    • Ububisha bwa Efurayimu (1-16)

      • Ntibazohunga urusenga rw’Imana (12)

  • 8

    • Ingaruka zo gusenga ibigirwamana (1-14)

      • Babiba umuyaga, bakimbura igihuhusi (7)

      • Abisirayeli baribagiye Umuremyi wabo (14)

  • 9

    • Imana izota Efurayimu kubera ibicumuro vyiwe (1-17)

      • Bihebeye imana iteye isoni (10)

  • 10

    • Isirayeli ni umuzabibu wononekaye kandi uzorandurwa (1-15)

      • Kubiba no kwimbura (12, 13)

  • 11

    • Imana yakunze Isirayeli kuva akiri agahungu gatoyi (1-12)

      • «Nahamagaye umwana wanje ngo ave mu Misiri» (1)

  • 12

    • Efurayimu akwiye kugaruka kuri Yehova (1-14)

      • Yakobo yaranyinyanye n’Imana (3)

      • Yakobo yararize kugira Imana imugirire ubuntu (4)

  • 13

    • Efurayimu asenga ibigirwamana, akibagira Yehova (1-16)

      • «Wa rupfu we, za mboyi zawe ziri hehe?» (14)

  • 14

    • Akamo ko kugaruka kuri Yehova (1-3)

      • Gushikana ishemezo ry’iminwa (2)

    • Imana izokiza ubuhemu bw’Abisirayeli (4-9)