Abakolosayi 1:1-29

  • Indamutso (1, 2)

  • Pawulo ashima kubera ukwizera kw’Abakolosayi (3-8)

  • Pawulo asenga ngo bakure mu vy’impwemu (9-12)

  • Uruhara nyamukuru rwa Kristu (13-23)

  • Pawulo akora cane ku neza y’ishengero (24-29)

1  Jewe Pawulo intumwa ya Kristu Yezu biciye kw’igomba ry’Imana, n’umuvukanyi wacu Timoteyo+,  turabandikiye mwebwe aberanda mukaba n’abavukanyi b’abizigirwa bunze ubumwe na Kristu muri i Kolosayi. Ubuntu buhebuje* n’amahoro biva ku Mana Data wa twese bibane namwe.  Twama dushimira Imana Se w’Umukama wacu Yezu Kristu iyo tubasengeye,  kubera twumvise ingene mwizera Kristu Yezu be n’urukundo mufitiye aberanda bose  mubitumwe n’icizigiro mubikiwe mw’ijuru+. Ico cizigiro mwacumvise kera biciye ku butumwa bw’ukuri, ni ukuvuga inkuru nziza  yabashikiriye. Nk’uko nyene inkuru nziza iriko irama ivyamwa kandi igakwiragira mw’isi yose+, ni ko biriko biraba n’aho iwanyu kuva umusi mwumva kandi mukamenya neza ubuntu buhebuje bw’Imana ico ari co vy’ukuri.  Ivyo ni vyo mwamenye biciye kuri Epafura+ umushumba mugenzi wacu dukunda cane, akaba ari umusuku w’umwizigirwa wa Kristu ahatubera.  Yaranatumenyesheje urukundo rwanyu rwo mu buryo bw’impwemu*.  Ni na co gituma kuva umusi twavyumva, tutigeze tureka kubasengera+ no gusaba yuko mwomenya neza* ivyo igomba ku rugero rwuzuye+, mufise ubukerebutsi bwose n’ugutegera kwo mu vy’impwemu+, 10  kugira ngo mugende nk’uko bibereye abakorera Yehova* ngo mumushimishe bimwe bishitse, uko mubandanya kwama ivyamwa mu gikorwa ciza cose no kurushiriza kumenya neza ivyerekeye Imana+. 11  Ese mwokomezwa n’ububasha bwose buva ku bushobozi bwayo bw’agatangaza+, ngo mubone kwihangana bimwe bishitse mufise ukwiyumanganya n’umunezero, 12  mushimira Data yatumye muba ababereye kuronka ku ntoranwa y’aberanda+ bari mu muco. 13  Yaraturokoye adukiza ububasha bw’umwiza+, atwimurira mu bwami bw’Umwana wiwe akunda cane. 14  Kubera uwo Mwana wiwe turabohorwa biciye ku ncungu, tukababarirwa ibicumuro vyacu+. 15  Ni we shusho y’Imana itaboneka+, imfura mu vyaremwe vyose+. 16  Kuko ibindi bintu vyose vyaremwe mw’ijuru no kw’isi biciye kuri we, ibiboneka n’ibitaboneka+, zaba intebe z’ubwami canke ubutware canke intwaro canke ubukuru. Ibindi bintu vyose vyaremwe biciye kuri we+ kandi ni we vyaremewe. 17  Vyongeye, yariho imbere y’ibindi bintu vyose+, kandi ibindi bintu vyose vyabayeho biciye kuri we. 18  Ni we mutwe w’umubiri, ari ryo shengero+. Ni we ntango, imfura mu kuva mu bapfuye+, kugira ngo abe uwa mbere muri vyose. 19  Imana vyarayihimbaye ko ibintu vyose vyuzura muri we+, 20  kandi biciye kuri we ikongera igatuma ibindi bintu vyose bisubiza hamwe na yo+, vyaba ivyo kw’isi canke ivyo mw’ijuru, mu kugarukana amahoro biciye ku maraso+ yasheshe ku giti co kubabarizwako*. 21  Vy’ukuri, mwebwe mwahora kure y’Imana mukaba n’abansi bayo kubera yuko mwiyumvira ibikorwa bibi, 22  ubu yaratumye musubiza hamwe na yo ikoresheje umubiri wiwe w’umuntu, biciye ku rupfu rwiwe. Imana yabigize kugira ibashikirize imbere yayo muri beranda kandi mutagira akanenge*, ata n’ico muregwa+, 23  mukire gusa kuguma mu kwizera+, mufashe neza ku mushinge+ kandi mushikamye+, mudakurwa ku cizigiro c’iyo nkuru nziza mwumvise kandi yamamajwe mu vyaremwe vyose biri munsi y’ijuru+. Jewe Pawulo nabaye umusuku w’iyo nkuru nziza+. 24  Ubu ndanezererwa imibabaro ndimwo ku bwanyu+, kandi ndiko ndashikirwa n’amakuba ya Kristu, naho ataranshikira ku rugero rwuzuye mu mubiri wanje. Ivyo binshikira ku bw’umubiri wiwe+, ari wo shengero+. 25  Nabaye umusuku w’iryo shengero kubera ibanga* Imana yanjeje+ ku neza yanyu kugira ngo namamaze ijambo ry’Imana bimwe bishitse, 26  namamaze rya banga ryeranda+ ryari ryaranyegejwe kuva mu bihe* vyarenganye+, rikanyegezwa abantu bo mu bihe vya kera*. Ariko ubu ryarahishuriwe aberanda bayo+, 27  abo Imana yashimye kumenyesha ubutunzi bw’agatangaza bw’iryo banga ryeranda+ mu mahanga. Iryo banga ni Kristu, uwunze ubumwe namwe, bikaba bituma mwizigira kuzoronka ubuninahazwa muri kumwe na we+. 28  Ni we tumenyekanisha, tugakebura umuntu wese kandi tukigisha umuntu wese dukoresheje ubukerebutsi bwose, kugira ngo umuntu wese tumushikirize Imana ari umuntu abushitse, yunze ubumwe na Kristu+. 29  Ni co gituma nkora cane vy’ukuri, nkihata cane mfashijwe n’inkomezi ziwe zikorera muri jewe mu buryo bukomeye+.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «mu mpwemu.»
Canke «mwogira ubumenyi butagira amakosa bwerekeye.»
Canke «ikirabagu.»
Canke «ibanga ryo kuyobora (guhagarikira).»
Mu kigiriki havuga ngo «no mu mayaruka ya kera.»