Ja ku birimwo

Amagara yo ku mubiri no mu mutwe

Amagara meza

Ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’amagara

Nurabe ico ivuga ku bijanye n’indwara be n’ukwivuza.

Ivyo wokora ngo ugire amagara meza

Raba ibintu bitanu wokora kugira urushirize kugira amagara meza.

Ingene twokwirinda indwara

Umubiri wacu wama imisi yose uri mu rugamba rwo kurwanya abansi bihoreye kandi bataboneka mugabo bashobora kwica.

Rema ntiwihebure!

Impanuro zo muri Bibiliya zoba zishobora kugufasha guhimbarwa?

Kubaho neza: Gutekana

Igihe twize gucungera ishavu ryacu, biratugirira akamaro.

Ivyotuma uhimbarwa​—Amagara meza no kwinanata

Igihe umuntu arwaye, vyoba bica bisigura ko agahimbare kamuciye mu myanya y’intoke?

Niwirinde amakuru y’ikinyoma

Amakuru y’uruhendo, amaraporo atari ay’ukuri hamwe n’amakuru y’ibihuha bireze kandi birashobora kukugirira nabi.

Nokora iki kugira nze ndafungura neza?

Utanguye gufungura nabi ukiri muto, urinda usaza ufungura nabi, ni co gituma ukwiye kwiga gufungura neza ubu.

Kubaho neza: Amagara meza

Impanuro Bibiliya itanga ziradufasha kwitwararika amagara yacu uko dushoboye kwose.

Ingene wosaza neza

Hari ibintu bitandatu bishingiye kuri Bibiliya bishobora kugufasha guhuza n’ubwo buzima bushasha ugezemwo.

Akayaga n’akazuba vyoba vyica imigera?

Ivyigwa vyagizwe mu bihe vya none vyarashigikiye ivyo abahinga bo mu myaka ya 1800 bashitseko.

Kwihanganira ingwara

Ingene wokwihanganira indwara ikomeye

Ni impanuro izihe Bibiliya itanga zogufasha igihe ufashwe n’indwara ikomeye?

Bibiliya yoba ishobora kumfasha mfise indwara idakira?

Ego! Raba ibintu bitatu vyogufasha kwihangana urwaye indwara idakira.

Ingene twofasha abarwaye indwara zo mu mutwe

Gushigikira umugenzi arwaye mu mutwe birashobora gutuma yumva amerewe neza.

Kubaho vyoba biri n’ico bimaze igihe urwaye indwara ikomeye?

Nurabe ingene bamwebamwe bavyifashemwo igihe bari barwaye indwara ikomeye.

Nobigenza gute mfise ingorane y’amagara? (Igice ca 1)

Abakiri bato bane baravuga ibibafasha kwihanganira ingorane bafise z’amagara no kuguma babona ibintu mu buryo bwiza.

Nobigenza gute mfise ingorane y’amagara? (Igice ca 2)

Soma ivyo abakiri bato bafise ingorane zikomeye z’amagara bivugira, bano bakaba barize kuzihanganira no kuguma babona ibintu mu buryo bwiza.

Nobigenza gute mfise ingorane y’amagara? (Igice ca 3)

Ivyashikiye imiyabaga itatu vyoshobora kugufasha nawe kwihangana.

“Sinshaka kuguma niyumvira indwara yanje”

Ni igiki gifasha Elisa kwihanganira indwara idakira kandi ibabaza, mbere rimwe na rimwe akibagira n’uko arwaye?

Kwihanganira ubumuga

Ndonka inkomezi mu ntege nke zanje

Umugore agendera mu gakinga k’ibimuga aronka “ububasha burengeye ubusanzwe” biciye ku kwizera kwiwe.

Kubaho utabona

Ubushobozi bwo kwumva, kumoterwa no gukorakora bw’umuntu ahumye bwoba bushobora kwongerekana?

Amaso ya Jairo ni yo amufasha gukorera Imana

Naho Jairo arwaye indwara yonona ubwonko mbi cane muri zose, arahimbawe kandi ubuzima bwiwe burafise intumbero.

Gukorera Imana ni wo muti wiwe!

Onesmus yavukanye ubumuga bwitwa ostéogenèse imparfaite, ikaba ari indwara ituma amagufa avunagurika. Imihango Imana yatanze yanditse muri Bibiliya yamuremesheje gute?

Vyose ndabikesha intoke

James Ryan yavutse atumva mu nyuma na ho aca arahuma. Ni igiki catumye agira ubuzima buri n’intumbero nyakuri?

Yehova yampaye ibirenze ivyo nkwiriye

Félix Alarcón arahimbawe mu buzima naho yagize isanganya n’ipikipiki rigatuma amugara umubiri wose.

Nararonse icizigiro ngeze habi

Igihe Miklós Aleksza yari afise imyaka 20, yaragize isanganya aramugara. Bibiliya yamufashije gute kuronka icizigiro nyakuri ku bijanye na kazoza?

Kubungabunga abandi

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kwitwararika abavyeyi bageze mu zabukuru?

Bibiliya irimwo uburorero bw’abagabo n’abagore bafise ukwizera babigize. Iratanga kandi impanuro ngirakamaro zofasha abitwararika abavyeyi babo.

Igihe umwana wawe afise ubumuga

Consider three challenges you might face and how the wisdom found in the Bible can help.

Nobigenza gute umuvyeyi arwaye?

Si wewe wenyene bishikira. Raba ivyafashije abandi bakiri bato babiri kuvyihanganira.

Igihe uwawe arwaye indwara izomuhitana

Abagize umuryango bokora iki kugira ngo baremeshe kandi bitwararike uwabo arwaye indwara izomuhitana? Abarwaza boshobora gute kwihanganira ingorane n’ibibazo vyobashikira mu kiringo co kumurwaza?

Indwara n'izindi ngorane z'amagara

Ivyo wokora hadutse indwara ziterwa n’imigera

Igihe indwara yandukira igize ico igukozeko, wovyifatamwo gute ku mubiri mu nyiyumvo no mu vy’impwemu?

Ivyo ukwiye kumenya ku bijanye n’ingorane zo mu mutwe

Hari ibintu icenda vyogufasha kuvyifatamwo neza igihe ufise ingorane yo mu mutwe.

Wogerageza gute kwikingira indwara y’igisukari?

Ibice 90 kw’ijana vy’abahakwa kurwara indwara y’igisukari nta vyo bazi.

Ivyo womenya ku vyerekeye intandara

Raba ibintu bimwebimwe vy’ishimikiro bijanye n’iyo ngorane y’amagara ikunze gutahurwa ukutari ko.

Wokwikingira gute indwara y’ibinyigishi?

Indwara y’ibinyigishi ni imwe mu ndwara zo mu kanwa zifata abantu benshi kw’isi. Iterwa n’iki? Womenya gute ko uyirwaye? Wokora iki ngo ntugeramirwe cane n’iyo ndwara?

Malariya

Urashobora kwikingira nimba uba mu gihugu kigwiriyemwo malariya canke utegekanya kujayo.

Guhangana n’ingorane zijanye n’ikiringo c’uguca imvyaro

Uko wewe n’abawe murushiriza gutahura ivy’ico kiringo, ni ko muzorushiriza kworoherwa no guhangana n’ingorane zijanye n’ico kiringo.

Akabonge

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’akabonge?

Nurabe igituma akabonge gashikira abantu be n’ukuntu Bibiliya ishobora kugufasha kwihanganira umubabaro.

Kubera iki wobandanya kubaho?

Ni igiki gishobora gutuma umuntu abona urupfu nk’umugenzi?

Igihe urengewe n’ingorane

Kubaho biri n’ico bimaze naho woshikirwa n’ingorane zimeze gute.

Akabonge mu miyabaga gaterwa n’iki? Ni ibiki vyofasha?

Raba ibimenyetso biranga iyo ndwara be n’ibishobora kuba biyiteza. Raba kandi ico abavyeyi be n’abandi bokora kugira bafashe imiyabaga.

Ni igiki comfasha kwirinda ivyiyumviro bica intege?

Kwisunga izi mpanuro birashobora kugufasha kwiga kubona ibintu mu buryo bwiza.

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ingene indwara zo mu mutwe zirushiriza kwongerekana ku bakiri bato?

Bibiliya iratanga impanuro zofasha abakiri bato kwihanganira imikazo ibashikira.

Kubera iki nikebagura?

Abakiri bato benshi barafise ingorane yo kwigirira nabi ku mubiri. Nimba ufise iyo ngeso, ushobora gute kuronka imfashanyo?

Nokwihanganira gute akabonge?

Ibi bintu birashobora kugufasha kugira ivyo ukoze kugira utore mitende.

Bibiliya yoba ishobora kumfasha nishwe n’umubabaro?

Hariho ibintu bitatu Imana itanga ibikunze bidufasha igihe dufise umubabaro.

Bibiliya yoba yofasha abantu bashaka kwiyahura?

Ni impanuro nziza izihe Bibiliya iha umuntu yoba yumva ashaka kwipfira?

Amaganya n'imyitwarariko

Ingene wokwirinda kwiganyira

Ni impanuro ngirakamaro izihe be n’ivyanditswe vyo muri Bibiliya bishobora kugufasha kutiganyira birenze?

Ingene Bibiliya yofasha abagabo bafise amaganya

Ibintu bidutera amaganya bizorushiriza kwongerekana muri ibi bihe bigoye turimwo. Nimba ufise amaganya, ni gute Bibiliya ishobora kugufasha?

Ingene wovyifatamwo igihe wumva urengewe n’iki kiza

Tutabaye maso turashobora gusanga tutagikurikiza amabwirizwa yo kwikingira korona.

Wokora iki ufise umwitwarariko?

Raba ingingo ngenderwako zimwezimwe zoshobora kugufasha igihe ufise umwitwarariko canke kumbure zogufasha kuwugabanya.

Novyifatamwo gute ndi mu maganya?

Ibintu bitanu vyotuma amaganya agufasha aho kuguteza ingorane.

Bibiliya yoba ishobora kugufasha igihe uri mu maganya?

Bisa n’uko amaganya ari ntahara mu buzima bw’umuntu. None twoba dushobora kuyaremururwa?

Ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’amaganya

Hari igihe kugira amaganya biba ari vyiza ariko kugira amaganya adakenewe ni bibi.

Ivyogufasha ngo nturengerwe n’umwitwarariko

Impanuro ngirakamaro Bibiliya itanga zirashobora kugufasha mu bintu bine bikunze gutuma abantu barengerwa n’umwitwarariko.

Ingorane: Amabanga y’umurengera

Niwashaka gukora ibintu vyose uzohava usanga ata na kimwe ushoboye gukora. Wobigenza gute kugira nturengerwe?

Nokwirinda gute kurengerwa n’ibikorwa?

Ivyo biterwa n’iki? Woba uri mu gusanzara? Nimba ari ko bimeze, ni igiki wokora?

Wofasha gute umukobwa wawe w’umuyabaga arengewe n’umwitwarariko?

Abakobwa benshi b’imiyabaga bararengerwa n’amahinduka abashikira. Abavyeyi bofasha gute abakobwa babo kuvyifatamwo neza igihe barengewe n’umwitwarariko?

Noba ndondera ko ibintu vyose biba ibitunganye?

Wokwerekana gute itandukaniro riri hagati yo gukora uko ushoboye kwose no kurondera gukora ivyo udashoboye?

Ico wokora igihe habaye amahinduka

Amahinduka yama yabaye. Raba ingene abakiri bato bamwebamwe bavyifashemwo neza mu mahinduka.

Icogufasha kudahagarika umutima

Hari ibintu bitatu vyogufasha gutekanirwa.

Kwivuza

Mbega umukirisu yokwemera kuvurwa?

Uburyo bwo kuvurwa duhitamwo hari ico buvuze ku Mana?

Igihe uwawe arwaye

Umuntu arahagarika umutima iyo agiye kwa muganga canke yinjiye ibitaro. Wofasha gute umugenzi canke incuti kuvyifatamwo neza mu ngorane?

Ico abaganga bavuga ubu ku bijanye no gutera amaraso

Ivyabona vya Yehova baravuzwe nabi kubera ko batemera guterwa amaraso. Bamwe mu baganga babona gute impagararo yacu ku bijanye n’amaraso?