Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Gutekana

Gutekana

Bibiliya iratugabisha ku nyifato ziteye akaga, ikaturemesha kugaragaza inyifato ngirakamaro.

GUSHAVURA

ICO BIBILIYA IVUGA: “Uwuteba gushavura aruta umunyenkomezi.”​—Imigani 16:32.

ICO BISOBANURA: Igihe twize gucungera ishavu ryacu, biratugirira akamaro. Naho hari igihe twoshavura tubitumwe n’imvo zumvikana, gutwarwa n’ishavu ntivyubaka birasambura. Abahinga bavuga ko igihe umuntu yatwawe n’ishavu akenshi avuga canke agakora ibintu aza kwicuza mu nyuma.

ICO WOKORA: Niwige gutsinda ishavu imbere y’uko rigutsinda. Hari abiyumvira ko gukaza ishavu ari bwo bugabo, ariko tuvugishije ukuri ubwo ni ubugoyagoye. Bibiliya igira iti: “Nka kurya kw’igisagara kimenywe, kitagira uruhome, ni ko umuntu adatangira umutima wiwe amera.” (Imigani 25:28) Ikintu codufasha gucungera ishavu ni ukubanza kumenya amakuru yose imbere yo kugira ico dukoze. Nakare, “ugutahura kwimbitse kw’umuntu ntikubura guhwamika ishavu ryiwe.” (Imigani 19:11) Biraba vyiza rero tubanje gusuzuma neza ivyabaye, kuko bidufasha gutekana.

GUSHIMA

ICO BIBILIYA IVUGA: “Mwerekane ko mushima.”​—Abakolosayi 3:15.

ICO BISOBANURA: Bivugwa yuko abantu bahimbawe ari barya gusa bashima. Mbere n’ababuze umuntu canke ikintu mu buryo bubabaje cane barashobora kuvyemeza. Bavuga ko gushima ivyiza bafise aho gushira umutima ku vyo babuze ari co kintu nyamukuru kibafasha kwihanganira umubabaro.

ICO WOKORA: Niwandike buri musi ibintu ukenguruka. Si ngombwa ngo bibe ari ibintu bihambaye cane. Nuzirikane no ku tuntu dutoduto, nk’akazuba gaserutse, ikiyago ciza wagiraniye n’incuti canke umugenzi, canke kuba gusa wavyutse ugihema. Igihe ufashe umwanya wo kuzirikana kuri ivyo bintu vyiza, birashobora gutuma ugarura morare.

Kuzirikana ku bintu ushima ku ncuti zawe be n’abagenzi birashobora kugufasha cane. Umaze kubona neza ivyo ushima ku bandi nuce ubibabwira, haba amaso mu yandi, mu gakete canke muri mesaje. Nta nkeka ko ivyo bizokomeza ubucuti mufitaniye vyongere bitume wironkera agahimbare kava ku gutanga.​—Ivyakozwe 20:35.

IBINDI BIBILIYA IVUGA

Urashobora kuvoma igisomwa ca Bibiliya cafashwe amajwi mu rurimi wipfuza. Kiraboneka mu ndimi zishika 40 kuri jw.org

NUHUNGE IMITONGANO.

“Intango y’amahane ni nk’uwurekuye amazi; nuko rero imbere y’uko haduka imitongano, have.”​—IMIGANI 17:14.

NIWIRINDE KWIGANYIRA CANE KU BWA KAZOZA.

“Ntimukigere mwiganyira ku vy’ejo, kuko umusi w’ejo uzoba ufise amaganya yawo. Ububi bw’umusi umwumwe wose buramaze.”​—MATAYO 6:34.

NUZIRIKANE WITONZE AHO GUTWARWA N’IBISHOBISHO.

“Ubushobozi bwo kwiyumvira buzoguma bugucungereye, ugutahura kuzokuzigama.”​—IMIGANI 2:11.