Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

E+/taseffski/via Getty Images (Stock photo. Posed by model.)

NUGUME URI MASO!

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ingene indwara zo mu mutwe zirushiriza kwongerekana ku bakiri bato?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ingene indwara zo mu mutwe zirushiriza kwongerekana ku bakiri bato?

 Ku wa mbere, itariki 13 Ruhuhuma 2023, ibigo vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe gukinga no kurwanya indwara vyaratanze raporo ku bijanye n’indwara zo mu mutwe ku bakiri bato. Iyo raporo ivuga ko nk’igice c’abanyeshure biga mu mashure yisumbuye bamara igihe kirekire barengewe n’umubabaro hamwe n’umwiheburo.

 Muri ivyo bigo bijejwe gukinga no kurwanya indwara harimwo urwego rujejwe abakiri bato hamwe n’amagara y’abanyeshure. Umuganga yitwa Kathleen Ethier akaba n’umuyobozi w’urwo rwego, yavuze ati: «Biraboneka ko indwara zo mu mutwe ku bakiri bato zongerekanye cane muri iyi myaka 10 iheze. Ariko ubu, zararushirije kwongerekana ku bakobwa bakiri bato kuruta ikindi gihe cose, kuko hari benshi muri bo biyumvira kwiyahura canke na ho bakagerageza kwiyahura.»

 Iyo raporo yerekanye ko:

  •   Mu bigeme 10, abarenga 1 (ibice 14 kw’ijana) bafatwa ku nguvu. Muganga Ethier yavuze ati: «Birateye ubwoba. Mu bigeme 10 woba uzi, nimiburiburi umwe canke mbere barenga aramaze gufatwa ku nguvu.»

  •   Nk’umwigeme 1 muri 3 (ibice 30 kw’ijana) ariyumvira kwiyahura.

  •   Nk’abigeme 3 muri 5 (ibice 57 kw’ijana) bararengerwa n’umubabaro hamwe n’umwiheburo.

 Ivyo bitigiri birababaje cane. Ikiringo c’ubuto cari gikwiye kuba igihe c’umunezero. None ni igiki cofasha abakiri bato kwihanganira imikazo ibashikira muri iki gihe? Bibiliya ibivugako iki?

Bibiliya iratanga impanuro zofasha abakiri bato

 Bibiliya iradondora neza ibihe bitesha umutwe tubayemwo muri iki gihe. Ivyita «ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.» (2 Timoteyo 3:1-5) Ariko rero, Bibiliya iratanga impanuro zihuye n’igihe ziriko zirafasha abakiri bato amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi kwihanganira ingorane ziriko zirabashikira. Raba ibiganiro bikurikira bishingiye kuri Bibiliya.

 Ivyofasha abakiri bato bafise ivyiyumviro vyo kwiyahura

 Ivyofasha abakiri bato bafise akabonge, umubabaro canke inyiyumvo mbi

 Ivyofasha abakiri bato batotezwa canke batotezwa kuri internet

 Ivyofasha abakiri bato babuzwa amahoro kandi bakorerwa amabi mu vy’igitsina

Bibiliya iratanga impanuro zofasha abavyeyi

 Bibiliya iraha kandi abavyeyi impanuro ngirakamaro kugira bafashe abana babo kwihanganira ingorane zibashikira mu buzima. Raba ibiganiro bikurikira bishingiye kuri Bibiliya.