Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igihe urwaye indwara ikomeye

Igihe urwaye indwara ikomeye

“Igihe bantora kanseri yo mu mahaha no mu mara, niyumviriye ko ngiye gupfa. Mugabo nshitse muhira mvuye kwa muganga, nibwiye nti: ‘Naho ibi atari vyo nari niteze, ntegerezwa kuvyihanganira.’”​—Vyavuzwe na Linda w’imyaka 71.

“Ndwaye indwara ituma nkongatara uruhande rumwe rwo mu maso. Rimwe na rimwe naragira ububabare bwinshi bigatuma ngira akabonge. Akenshi nabona umengo ndi akahebwe, nkumva mbere nokwiyahura.”​—Vyavuzwe na Elise w’imyaka 49.

NIMBA baragutoye indwara ishobora kuguhitana canke bakaba barayitoye uwawe, urazi ingene ivyo bibabaza cane. Uretse iyo ndwara ubwayo, wewe canke abakurwaje mwoshobora kuza muratwarwa n’ishavu canke mugahagarika umutima. Mwoshobora kurushiriza kugira amaganya n’ubwoba kubera kwama muja kwa muganga, kubura uburyo bwo kwivuza canke kubera ingaruka z’imiti uba uriko urafata. Ukwo guhagarika umutima kandi urwaye indwara ikomeye birashobora gutuma urengerwa.

None ni ibiki vyogufasha? Benshi basanze ari ngirakamaro kwiheka ku Mana biciye kw’isengesho be n’ugusoma ivyanditswe vyo muri Bibiliya biremesha. Incuti n’abagenzi na bo nyene barashobora kugufasha.

IVYAFASHIJE BAMWEBAMWE

Uwitwa Robert w’imyaka 58 yavuze ati: “Niwihanganire indwara ubigiranye ukwizera, maze Imana izogufasha. Niwiture Yehova mw’isengesho. Numubwire uko wiyumva. Numusabe inkomezi kugira uremeshe umuryango no kugira ushobore kwihanganira iyo ndwara yawe.”

Yongerako ati: “Igihe umuryango wawe ugushigikiye biraremesha cane. Buri musi, umwe canke babiri baranterefona bakambaza uko merewe. Abagenzi bo hirya no hino barandemesha. Batuma numva merewe neza, kandi ivyo biratuma ntihebura.”

Igihe ugiye gusuhuza uwurwaye, raba impanuro Linda atanga. Agira ati: “Umurwayi aba yipfuza kugira ubuzima busanzwe uko bishoboka kwose kandi yoshobora kutama yipfuza kuvuga ivy’iyo ndwara. Numuyagishe rero ibintu vyo mu buzima bwa misi yose.”

Tubifashijwemwo n’Imana, Ivyanditswe biremesha, incuti be n’abagenzi, turashobora kwemera tudakeka ko kubaho biri n’ico bimaze naho twoba turwaye indwara ikomeye.