Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wogerageza gute kwikingira indwara y’igisukari?

Wogerageza gute kwikingira indwara y’igisukari?

IGITIGIRI c’abarwaye indwara y’igisukari kiriko kirongerekana cane ku buryo isigaye ari ikiza kw’isi yose. Indwara y’igisukari iri ubwoko bubiri. Iyo mu bwoko bwa 1 ikunda gufata umuntu akiri umwana, kandi abaganga ntibaratora uburyo bwo kuyikinga. Ariko ibice nka 90 kw’ijana vy’abarwaye indwara y’igisukari, usanga barwaye iyo mu bwoko bwa 2. Iyo ni yo ivugwa muri iki kiganiro.

Kera babona ko indwara y’igisukari yo mu bwoko bwa 2 ari indwara y’abakuze gusa. Ariko ubu n’abana basigaye bayirwara. Naho ari ukwo, abahinga mu vy’amagara bavuga ko hari ivyo umuntu ashobora gukora kugira yikingire ku rugero runaka. Kumenya ibijanye n’iyo ndwara rwicaruhoze, birashobora kugufasha cane. *

Indwara y’igisukari ni iki?

Ni ingorane y’amagara iterwa n’ukugira isukari nyinshi cane mu maraso. Iyo isukari ishitse mu maraso, umubiri uca iyirungika mu bihimba bitandukanye vyawo, bigatuma umuntu aronka inguvu. Indwara y’igisukari rero ituma umubiri udakora neza ivyo bintu. Ironona ibihimba bihambaye cane vy’umubiri, amaraso ntatembere neza mu mubiri, rimwe na rimwe bikaba ngombwa ko baca amano canke ikirenge. Irashobora no gutera uruhumyi n’indwara y’amafyigo. Abarwaye igisukari benshi barahitanwa n’indwara y’umutima canke ingorane y’itembera ry’amaraso mu bwonko.

Kugira ibilo birenze urugero ni kimwe mu bintu nyamukuru bishobora gutuma umuntu arwara indwara y’igisukari yo mu bwoko bwa 2. Abahinga biyumvira yuko igihe ibinure ari vyinshi mu nda no mu kiyunguyungu bishobora gutuma umuntu ahakwa kurwara igisukari. Na canecane iyo ibinure ari vyinshi ku gitigu no ku rwagasha, bica bituma umubiri biwugora gucungera urugero rw’isukari mu maraso. None umuntu yokora iki kugira ngo agerageze kwikingira?

 Ibintu bitatu wokora

1. Nimba uri mu mugwi w’abahakwa kurwara igisukari, niwipimishe. Imbere y’uko umuntu arwara indwara y’igisukari yo mu bwoko bwa 2, usanga kenshi mu maraso yiwe urugero rw’isukari ruruta gatoyi urugero rusanzwe. Umuntu nk’uyo aba ageramiwe cokimwe n’uwurwaye igisukari, ariko hariho ubudasa: Naho hariho ibintu bishobora gufasha kugira ngo indwara y’igisukari ntiduge, iyo ndwara ntikira. Ariko bamwebamwe mu bafise urugero rw’isukari ruruta gatoyi urugero rusanzwe, barashoboye gutuma isukari igabanuka gushika ku rugero rusanzwe. Abantu mwene abo boshobora kutabonekako ibimenyetso vy’iyo ndwara, bigatuma batamenya ko bageramiwe. Amaraporo yerekanye yuko nk’imiliyoni 316 bo hirya no hino kw’isi bahakwa kurwara igisukari, ariko benshi muri bo bakaba batabizi. Nk’akarorero, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika honyene, ibice nka 90 kw’ijana vy’abahakwa kurwara igisukari usanga batabizi.

Ariko rero, uwutarafatwa n’iyo ndwara mugabo akaba afise isukari nyinshi mu maraso, ntiyoshira agati mu ryinyo. Uretse ko umuntu nk’uyo ari kabiri na rimwe akarwara indwara y’igisukari yo mu bwoko bwa 2, abahinga baheruka kwerekana yuko umuntu nk’uyo bishoboka cane ko arwara indwara yo mu mutwe. Nimba ufise ibilo birenze, ukaba utinonora imitsi, canke mu muryango wanyu hakaba hari uwuyirwaye canke uwigeze kuyirwara, ushobora kuba uri mu bahakwa kuyirwara. Ushaka guhera amazinda, niwipimishe urugero rw’isukari mu maraso.

2. Ntupfe ivyo ufunguye. Igihe cose bishoboka, vyoba vyiza ugize ibi bintu bikurikira: Nugabanye urugero rw’ivyo ufungura. Aho kunywa imitobe isosa cane n’ibinyobwa vyose birimwo gaze (nk’amafanta), nuze uranywa amazi, icayi canke ikawa. Aho gufungura ibifungurwa vyakuwemwo ivya ngombwa bimwebimwe, nufungure imikate y’ifu y’intete zidahinguye, umuceri udahinguye be n’ivyitwa amasupageti na makaroni vyakozwe mu ntete zidahinguye, ariko ubifungure ku rugero. Nufungure inyama zitagira ibinure vyinshi, ifi, ibifungurwa vyo mu bwoko bw’imise n’ibiharage.

3. Niwinonore imitsi. Kwinonora imitsi birashobora kugabanya urugero rw’isukari mu maraso bigatuma kandi ugumana ibilo biri ku rugero. Gabanya umwanya umara uraba imboneshakure, uwukoreshe mu kugira imyimenyerezo yo kwinonora.

Ntushobora guhindura ibintu mvukanwa, ariko urashobora guhindura ukuntu ubayeho. Gukora ivyo ushoboye kugira amagara yawe arushirize kuba meza ni ngirakamaro rwose.

^ par. 3 Ikinyamakuru Be maso! ntikiremesha abantu gufungura imfungurwa kanaka canke kugira imyimenyerezo kanaka yo kwinonora imitsi. Umuntu ku giti ciwe akwiye kuraba neza icomubera ciza, akanabaza muganga igihe bikenewe, imbere yo gufata ingingo zijanye n’amagara.