Ja ku birimwo

Ico abaganga bavuga ubu ku bijanye no gutera amaraso

Ico abaganga bavuga ubu ku bijanye no gutera amaraso

Haraheze imyaka mirongo Ivyabona vya Yehova bavugwa nabi kubera ko batemera guterwa amaraso. Ukwo kwanka guterwa amaraso, kuno kukaba gushingiye ku buyobozi bwo muri Bibiliya bujanye no ‘kwirinda amaraso,’ rimwe na rimwe wasanga guhushanye n’ivyo abaganga baba biyumvira ko ari bwo buryo bwiza bwo kuvura abarwayi babo.​—⁠Ivyakozwe 15:29.

Yamara, abaganga benshi baravuze imvo zijanye n’ubuvuzi zotuma hakoreshwa ubundi buhinga bwo kuvura butarimwo ivyo gutera amaraso.

Inomero y’ikinyamakuru kimwe casohowe mu mpeshi yo mu 2013 (Stanford Medicine Magazine), kino kikaba casohowe n’ikigo kimwe cigisha ivy’ubuvuzi (Stanford University School of Medicine), yarimwo raporo idasanzwe ijanye n’amaraso, igice kimwe cayo kikaba cavuga ngo “Kurwanya ivirirana ry’amaraso​—Ni igiki catumye ivyo gutera amaraso bigabanuka?” Sarah C. P. Williams umwanditsi w’ico kiganiro avuga ati: “Mu myaka cumi iheze, ubushakashatsi bwinshi bwagizwe bwarerekanye ko mu bitaro vyo hirya no hino kw’isi amaraso akoreshwa kenshi cane kandi ko hakoreshwa menshi cane kuruta ayo abarwayi baba bakeneye, haba aho babagira canke mu vyumba vy’abarwayi.”

Uwo mwanditsi arandika amajambo yavuzwe n’uwitwa Patricia Ford, M.D., umuyobozi w’ikigo kimwe kijanye n’ivyo kudakoresha amaraso mu kuvura (The Center for Bloodless Medicine and Surgery) co ku bitaro vyo muri Pennsylvania, akaba ari na we yagishinze. Muganga Ford yavuze ati: “Abaganga barishizemwo iciyumviro c’uko abantu baca bapfa igihe badashikana igipimo kanaka c’amaraso be n’uko amaraso ari yo akiza . . . Ivyo ni vyo mu bihe bimwebimwe kanaka, * ariko ku barwayi benshi no mu bihe vyinshi ivyo si vyo namba.”

Muganga Ford, uno akaba avura Ivyabona vya Yehova nka 700 buri mwaka, yavuze kandi ati: “Abaganga benshi twaganiriye . . . bari bafise ico ciyumviro kitari co c’uko abarwayi benshi badashobora gukira badatewe amaraso . . . Na jewe ku rugero runaka narigeze kuba niyumvira gutyo. Ariko ico natahuye bitagoranye ni uko umuntu ashobora kwitwararika abo barwayi akoresheje gusa ubuhinga busanzwe.”

Muri Myandagaro 2012, ikinyamakuru kimwe (Archives of Internal Medicine) carasohoye ivyavuye mu cigwa camaze imyaka 28 kigirwa ku barwayi babazwe imitima, hakaba hari mu kigo kimwe. Basanze Ivyabona vya Yehova bakira neza kuruta abantu baba barwaye kumwe baterwa amaraso. Ivyabona ubagereranije n’abarwayi batewe amaraso wasanga ata zindi ngorane nyinshi bagira igihe baba bari mu bitaro, kandi baba bafise amahirwe menshi yo kubandanya kubaho inyuma yo kubagwa, eka n’imyaka yabo yo kubaho uyigereranije n’iy’ababa batewe amaraso wasanga yiyongerako imyaka 20.

Ikiganiro co mu kinyamakuru kimwe (The Wall Street Journal) casohowe ku wa 8 Ndamukiza 2013 cavuze giti: “Haraheze imyaka hari abarwayi babagwa hadakoreshejwe maraso kubera banka guterwa amaraso babitumwe n’ivyo bemera. Ubu ibitaro vyinshi bigenda birashigikira ubwo buryo . . . Abaganga babaga bashigikira ivyo kubaga hadakoreshejwe amaraso bavuga ko uretse yuko ubwo buhinga bugabanya amahera akoreshwa mu kugura ayo maraso, kuyabika, kuyitwararika, kuyapima no kuyatera, buragabanya kandi ingorane ziva ku ndwara umuntu yandura bitewe no guterwa amaraso be n’izindi ngorane zishikira abarwayi bigatuma bateba mu bitaro.”

Ntibitangaje kuba Robert Lorenz, umuyobozi w’urwego rujejwe amaraso kw’ivuriro rya Cleveland, avuga ati: “Iyo uteye umurwayi amaraso uca wumva ko umufashije vy’ukuri . . . Ariko mu nyuma umupimye usanga wakoze igihushane.”

^ ing. 5 Kugira ngo umenye ukuntu Ivyabona vya Yehova babona amaraso, raba ikiganiro kivuga ngo “Ibibazo bikunze kubazwa​—Kubera iki Ivyabona vya Yehova batemera guterwa amaraso?