Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Guhangana n’ingorane zijanye n’ikiringo c’uguca imvyaro

Guhangana n’ingorane zijanye n’ikiringo c’uguca imvyaro

“Vyarashika bukwi na bukwi nkumva ndarengewe n’umubabaro kandi simenye ico bivuyeko. Nararira, nkibaza niba nasaze.”—Vyavuzwe na Rondro * w’imyaka 50.

“Uravyuka mu gitondo, ukabona umengo mu nzu ni akajagari. Urarondera utuntu twawe ukatubura. Ibintu wari umaze imyaka ukora worohewe bisigara umengo biragoye cane, kandi ntumenye n’ico bivako.”—Vyavuzwe na Hanta w’imyaka 55.

ABO bakenyezi ntibari barwaye. Ahubwo bari bageze mu kiringo c’uguca imvyaro, iryo rikaba ari ihinduka rishikira umukenyezi wese ryerekana ko atagishoboye kurondoka. Niba uri umukenyezi, woba wegereje ico kiringo? Woba ukirimwo? Uko biri kwose, uko wewe n’abawe murushiriza kumenya ivy’ico kiringo, ni ko muzorushiriza kworoherwa no guhangana n’ingorane zijanye n’ico kiringo.

Ikiringo c’uguca imvyaro

Abagore benshi batangura ico kiringo mu myaka 40 irenga, ariko hariho abagitangura mu myaka 60 irenga. Akenshi kuja mu butinyanka bigenda birahera buhorobuhoro. Kubera ko umubiri utaba ukirekura inkabuzo zikwiye, harashobora gucamwo ukwezi canke amezi umukenyezi ataja mu butinyanka, canke akabujamwo mu gihe kitari co, canke akava cane muri ico kiringo. * Abakenyezi bake ni bo usanga bahagarika bukwi na bukwi kuja mu butinyanka.

Igitabu kimwe kivuga ivy’uguca imvyaro (Menopause Guidebook) kigira giti: “Ibishikira umukenyezi umwe mu kiringo c’uguca imvyaro biratandukanye n’ibishikira uwundi.” Kivuga kandi giti: “Ikintu gituma abakenyezi benshi bumva batamerewe neza mu kiringo c’uguca imvyaro ni ukwumva bashuhiwe mu mubiri,” ivyo na vyo bikaba vyoshobora gukurikirwa n’ugukanya. Ivyo bimenyetso birashobora gutuma umukenyezi aza arabura itiro, akagira n’intege nke. None ivyo bintu bituma yumva atamerewe neza bimara igihe kingana gute? Ikindi gitabu kivuga ivy’uguca imvyaro (The Menopause Book) kivuga yuko “abakenyezi bamwebamwe bashikirwa gake n’ukwo kwumva bashuhiwe mu kiringo c’umwaka umwe canke ibiri, imbere canke inyuma y’uguca imvyaro. Hari abandi bamara imyaka itari mike bibashikira,  hakaba n’abari ku rushi bavuze ko vyabandanije kubashikira ubuzima bwabo bwose.” *

Bivuye kw’ihindagurika ry’urugero rw’inkabuzo mu mubiri, umukenyezi arashobora no kugira akabonge, ukuntu yiyumva kugahindagurika, bigatuma arira bitagoranye, ubwenge bwiwe bikabugora kwitunira ku kintu kandi akaza aribagira. Naho ari ukwo, ca gitabu (The Menopause Book) kivuga giti: “Ni gake vyoshika umukenyezi agashikirwa n’ivyo bintu vyose.” Nkako, mu bijanye n’ivyo, abagore bamwebamwe bashikirwa n’ingorane nke canke ntizinabashikire.

Ivyogufasha

Hari ibintu bisanzwe umukenyezi yohindura mu buzima vyoshobora kugabanya ukwo kwumva atamerewe neza. Nk’akarorero, guheba itabi vyoshobora gutuma ivyo kumva ashuhiwe mu mubiri bishika gake. N’ikindi kandi, hari abakenyezi benshi bifasha iyo bagize ivyo bahinduye mu vyo bafungura bishobora gutuma bashuhirwa mu mubiri, nk’akarorero bakagabanya canke mbere bagaheba inzoga, ibintu birimwo kafeyine, ibifungurwa birimwo ibirungo vyinshi canke isukari nyinshi. Ariko ntiwumve, birahambaye ko bafungura neza, ni ukuvuga gufungura ibifungurwa bitandukanye kandi ku rugero.

Kwinonora imitsi na vyo nyene vyoshobora kuba ngirakamaro cane ku mukenyezi, bikagabanya ibimenyetso biranga ikiringo c’uguca imvyaro. Nk’akarorero, birashobora kugabanya ukubura itiro, bigatuma arushiriza kwumva amerewe neza, agakomera mu magufa kandi muri rusangi akagira amagara meza. *

Nubiyagire abawe udahisha

Umwe Rondro twavuga mu ntango yavuze ati: “Uwuja gukira indwara arayirata. Niwabiyaga n’abawe utabahisha, ntibazohagarika umutima cane nibabona ibiriko biragushikira.” Nkako, vyotuma barushiriza kukwihanganira no kugutahura. Mu 1 Abakorinto 13:4 havuga hati: “Urukundo rurihangana, rugira neza.”Bibiliya Yera.

Isengesho na ryo nyene rirafasha abakenyezi benshi, ushizemwo n’abababajwe n’ukuba batagishobora kurondoka. Bibiliya iradusubiriza umutima mu nda yuko Imana “iduhoza mu maganya yacu yose.” (2 Abakorenti 1:4, Ubwuzure Bushasha) Ikindi kintu gihumuriza ni ukumenya ko ingorane zijanye n’ikiringo c’uguca imvyaro ziteba zikarangira. Inyuma y’ico kiringo, abakenyezi baguma bitwararika amagara yabo barashobora gusubira kuronka agatege, bakamara n’imyaka itari mike bafise ubuzima bumeze neza.

^ par. 2 Si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

^ par. 6 Iyo umukenyezi amaze amezi 12 atagiye mu butinyanka, ni ho abaganga bavuga ko yaciye imvyaro.

^ par. 7 Ingorane z’amagara zimwezimwe, ushizemwo indwara zo mu muhogo be n’imiti imwimwe, na vyo nyene birashobora gutuma umukenyezi yumva ashuhiwe. Vyoba vyiza rero abanje kuraba ko adafise izo ngorane imbere y’ukwiyumvira ko ari mu kiringo c’uguca imvyaro.

^ par. 11 Kugira ngo abaganga bafashe abageze mu kiringo c’uguca imvyaro, hariho ibintu bashobora kubasaba gufata, nk’umuti utuma bagumana inkabuzo zikwiye mu mubiri, umuti w’akabonge be n’imiti canke ibifungurwa birimwo ivyo umubiri ukeneye. Ikinyamakuru Be maso! ntigihimiriza umuntu gufata umuti kanaka canke ibindi bintu.