Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

TWISUNZE BIBILIYA

Amaganya

Amaganya

Kugira amaganya birashobora kuba vyiza canke bibi. Bibiliya iradufasha gutahura ico kintu.

Vyoba ari ibisanzwe kugira amaganya?

UKO IBINTU VYIFASHE

Kugira amaganya ni ukwumva utamerewe neza canke uhagaritse umutima. Kubera ata wumenya ico buca bucana muri iyi si, twese birashika tukagira amaganya.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Umwami Dawidi yanditse ati: “Nzogeza ryari [kugira amaganya] muri jewe, n’intuntu mu mutima wanje ku murango?” (Zaburi 13:2) None ni igiki cafashije Dawidi? Yaraseruriye akari ku mutima Imana yizigiye ko itazomuheba. (Zaburi 13:5; 62:8) Kukaba nkako Imana iduhimiriza kuyibwira ibituraje ishinga. Muri 1 Petero 5:7 hagira hati: “Muterere amaganya yanyu yose kuri yo, kuko ibababara.”

Gufasha abandi birashobora kugabanya amaganya tubafitiye

Ariko rero, akenshi turashobora kugabanya amaganya mu kugira ico dukoze. Nk’akarorero, igihe Paulo yavuga ko afise “amaganya ku bw’amashengero yose,” yaciye yihatira guhumuriza no kuremesha ayo mashengero. (2 Abakorinto 11:28) Muri ubwo buryo, amaganya yari afise yaravuyemwo ikintu ciza kuko yatumye afasha abandi. Na twebwe turashobora kubigenza gutyo. Ariko hamwe twoca tuba ba sindabinezwe, vyoba vyerekanye ko tutagira urukundo.Imigani 17:17.

“Umwe wese . . . ntagume araba ivyiwe bwite gusa, ariko arabe n’ivy’abandi.”Abafilipi 2:4.

Wokwirinda gute amaganya adakenewe?

UKO IBINTU VYIFASHE

Abantu barashobora kugira amaganya kubera amakosa bakoze muri kahise, kubera kazoza canke uko ivy’ubutunzi vyifashe. *

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Amaganya yerekeye amakosa yo muri kahise: Abantu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere bataraba abakirisu bari abanyazi, abasambanyi, abasuma n’imborerwa. (1 Abakorinto 6:9-11) Aho kuguma biyumvira ivyo baciyemwo, barahinduye ingeso maze barizigira ko Imana yabababariye mu buryo bwuzuye. Muri Zaburi 130:4 havuga hati: “Hari ukubabarirwa nyakuri iwawe.”

Amaganya yerekeye kazoza: Yezu Kristu yavuze ati: “Ntimukigere mwiganyira ku vy’ejo, kuko umusi w’ejo uzoba ufise amaganya yawo.” (Matayo 6:25, 34) None ivyo bisobanura iki? Bisobanura kwitwararika amaganya y’uno musi. Ntufate amaganya y’uno musi ngo uyongereko ay’ejo kuko ivyo bishobora gutuma utabona ibintu neza ugaca ufata ingingo gihutihuti. Niwame kandi wibuka ko ibintu vyinshi bidutera amaganya bitama vyashitse.

Amaganya y’ivy’ubutunzi: Igihe kimwe umugabo w’incabwenge yasenze ati: “Ntumpe ubworo, ntumpe n’ubutunzi.” (Imigani 30:8) Yarondeye kubumbwa n’ivyo afise akaba ari ikintu gishimwa n’Imana. Mu Baheburayo 13:5 hagira hati: “Uburyo bwanyu bwo kubaho ntibubemwo urukundo rw’amahera, mu gihe mubumbwa n’ibintu vy’iki gihe. Kuko [Imana] yavuze iti: ‘Sinzogenda ngutaye, eka sinzogenda nguhevye.’” Ubutunzi burashobora guhera, ariko Imana yo ntiyigera ihemukira abayizigira bakirinda kwiruka inyuma y’amaronko.

“Sinabonye umugororotsi yahebwe buhere, canke uruvyaro rwiwe rusēga umukate.”Zaburi 37:25.

Amaganya yoba azokwigera ahera?

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Mu 2008, Harriet Green yanditse mu kinyamakuru kimwe (The Guardian) ati: “Amaganya yabaye ndanse.” Mu 2014, Patrick O’Connor na we yanditse mu kinyamakuru kimwe (The Wall Street Journal) ko “Abanyamerika basigaye batwarwa cane n’amaganya.”

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

“Amaganya mu mutima w’umuntu awutera kwicurikira, mugabo ijambo ryiza rirawunezereza.” (Imigani 12:25) Nta “jambo ryiza” ryoza riruta inkuru nziza y’ubwami bw’Imana. (Matayo 24:14) Ubwo bwami ari yo ntwaro y’Imana, bugiye kudukorera ivyo tutokwishoboje. Buzorandurana n’imizi amaganya yose mu gukuraho ibiyatera harimwo indwara n’urupfu! Imana “izohanagura amosozi yose ku maso ya[cu], kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”Ivyahishuwe 21:4.

“Ya Mana itanga icizigiro ibuzuze akanyamuneza kose n’amahoro biciye ku kwemera kwanyu.”Abaroma 15:13.

^ ing. 10 Abantu bagira amaganya arenze urugero barakwiye kwitura muganga. Ikinyamakuru Be maso! ntikiremesha kwivuza mu buryo bunaka.