Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nararonse icizigiro ngeze habi

Nararonse icizigiro ngeze habi

Nari nubamye mu mazi. Naragerageje kuvyura umutwe ngo mpeme, biranka. Umutima waramvuyemwo, ndagerageza kwihindukiza ariko amaguru n’amaboko biranyankira. Naciye ntangura kumira amazi. Hari mu ci mu 1991. Kuva uwo musi ubuzima bwanje bwarahindutse rwose.

NAVUKIYE mu gisagara citwa Szerencs, nkurira mu kigwati citwa Tiszaladány mu buraruko bushira ubuseruko bwa Hongiriya. Muri Ruheshi 1991, twe n’abagenzi banje twaragiye ahantu tutari tumenyereye ku Ruzi Tisza. Naciye nsimbira mu mazi nibaza yuko hari amazi menshi. Ese iyo menya! Naravunitse utugufa dutatu two kw’izosi, uruti rw’umugongo na rwo rurononekara. Umwe mu bagenzi banje yarabonye ko ntakakaza aca aramvyura yitonze, arankura mu mazi ntarasoma nturi.

Kubera ko ntaciye nta ubwenge, naratahuye yuko nagize ingorane ikomeye. Hari uwaciye atabaza abatabara imbabare, haca haza kajugujugu maze bantwara ku bitaro. Tuhashitse, abaganga baciye bankora uruti rw’umugongo kugira ntirwononekare cane. Mu nyuma, baranjanye ku mugwa mukuru i Budapest kugira bangorore. Namaze amezi atatu ngaramye. Naho nashobora guhindukiza umutwe, kuva ku bitugu gushika ku maguru sinakakaza. Nari nsigaye ata co nishoboje, mfise imyaka 20 gusa. Vyarambabaje gushika n’aho nipfuza gupfa.

Igihe nateba ngataha, abavyeyi banje barahawe inyigisho z’ukuntu bonyitwararika. Ariko bararuha cane ku mubiri no mu mutima. Haciye nk’umwaka, nararwaye akabonge. Bigeze aho, baciye bandonderera umuhinga wo kundemesha, bikaba vyaratumye ntihebura kubera ubumuga bwanje.

Naratanguye no kuzirikana cane ku buzima. Naribaza nti: ‘Bimaze iki kubaho? Nazize iki?’ Naracukuye mu bitabu no mu binyamakuru ndondera inyishu z’ivyo bibazo. Naragerageje no gusoma Bibiliya mugabo irangora gutahura, nca ndareka kuyisoma. Naragiye no kubaza patiri, mugabo inyishu yampaye ntizanyuze.

Mu mpeshi z’umwaka wa 1994, Ivyabona vya Yehova babiri baragendeye dawe, aca abasaba ngo banganirize. Baransiguriye umugambi Imana ifise wo gutuma isi iba Iparadizo no gukuraho indwara n’imibabaro. Numva ari vyiza mugabo sinavyemera. Ariko nticabujije ko nakira ibitabu bibiri bifasha kwiga Bibiliya. Maze kubisoma, ivyo Vyabona vya Yehova baransavye ngo twige Bibiliya, ndemera. N’ikindi kandi, barandemesheje ngo nze ndasenga.

Narajijutse ko Imana imbabaye vy’ukuri

Kwiga Bibiliya vyatumye nibonera inyishu itanga ku bibazo vyinshi nibaza. Vyatumye kandi njijuka ko Imana imbabaye vy’ukuri. Namaze imyaka ibiri niga  Bibiliya, maze ku wa 13 Nyakanga 1997 ndabatizwa. Nabatirijwe i muhira mu kintu bogeramwo kimeze nk’ubwato. Uwo ni umwe mu misi myiza ntazopfa nibagiye mu buzima bwanje.

Mu 2007, narimukiye i Budapest nja kuba mu kigo gifasha abamugaye, kandi sinigeze nsubira i muhira. Ivyo biratuma ndonka uturyo twinshi two kubwira abandi ibintu vyiza cane maze kwiga. Igihe ikirere kiba cifashe neza, ndaja hanze kuyagisha abantu. Nikora ku gakinga kadasanzwe k’ibimuga gafise imoteri, nkaba ndagatwara nkoresheje agasakanwa.

Umuryango umwe wo mw’ishengero narimwo waramfashije cane, ndaronka orodinateri ngendanwa ikora yisunga ukuntu mpindukiza umutwe. Iyo orodinateri yaramfasha guterefona nkoresheje ubuhinga bwa internet. Yaramfasha no kwandikira amakete abantu Ivyabona vya Yehova bo mw’ishengero ndimwo baba bagendeye bagasanga atari ho bari. Gufasha abandi muri ubwo buryo vyaramfashije cane kwiga kuganiriza abantu vyongera biramfasha kutaguma niyumvira ingorane zanje.

Biciye ku buhinga bwa internet, ndabwira abandi ivyerekeye Bibiliya nkoresheje orodinateri yisunga ingene mpindukiza umutwe

Ndashobora no kwitaba amakoraniro tugira ajanye no gusenga. Nshitse ku Ngoro y’Ubwami, abo dusangiye ukwemera barantwara mu gakinga kanje bitonze, bakanshikana mw’igorofa ya mbere irimwo ikibanza tugiriramwo ayo makoraniro. Igihe turi mu makoraniro, hakagera ko abumviriza bagira ico bashikirije, uwicaye i ruhande yanje aca aduza ukuboko kugira ansabire ijambo. Bampaye ijambo, aca amfatira Bibiliya canke igitabu gifasha kwiga Bibiliya kugira ngire ico nshikirije.

Nama mfise ububabare kandi ngakenera ko abandi bankorera ibintu nka vyose. Ni co gituma bihora bishika nkihebura. Ariko ubucuti mfitaniye na Yehova Imana burambera uruhoza kuko nzi yuko anyumva igihe ndamubwiye ibindaje ishinga. Ibindi bindemesha ni ugusoma Bibiliya buri musi no kwifatanya n’abo dusangiye ukwemera. Ubugenzi dufitaniye be n’indemesho bampa, ntibagiye n’amasengesho batura ku bwanje, biratuma ntihebura.

Yehova yarambereye uruhoza mu gihe kibereye koko. Yarampaye n’icizigiro c’uko nzogira amagara atagira akanenge mw’isi nshasha. Ndashashaye rero kubona igihe nzoba nshoboye ‘kugendagenda nongera nsimbagurika, nshemeza Imana’ kubera urukundo rwayo rudasanzwe n’ubuntu bwayo.Ivyakozwe 3:6-9.