Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ivyo ukwiye kumenya ku bijanye n’ingorane zo mu mutwe

Ivyo ukwiye kumenya ku bijanye n’ingorane zo mu mutwe

Umukenyezi yitwa Claudia avuga ati: “Numvise umengo impemu ziracitse igihe muganga yambwira ko nahahamutse be n’uko mfise ingorane yo mu mutwe ituma umwanya umwe numva ndyohewe cane, uwundi mwanya nkagira umubabaro mwinshi (“trouble bipolaire”). Kwitwa ko ndwaye mu mutwe, nabona ko ntashobora kuvyihanganira.”

Mark umugabo wa Claudia na we avuga ati: “Vyasavye igihe kirekire kugira menyere indwara y’umukenyezi wanje. Ariko nahavuye ntahura ko ntegerezwa kwihatira kumufata mu mugongo.”

HAMWE muganga yokubwira ko ufise ingorane yo mu mutwe canke akabibwira uwawe, wokwiyumva gute? Ico womenya co ni uko indwara zo mu mutwe zishobora kuvurwa. Reka twihweze ibintu bikeyi ukwiye kumenya vyogufasha gutahura neza ibijanye n’ingorane zo mu mutwe. *

Amakuru ahambaye ajanye n’ingorane zo mu mutwe

“Ingorane zo mu mutwe zirasinzikaza abantu amamiliyoni amajana n’amajana mu mihingo yose y’isi, zikagira n’ingaruka ku buzima bw’ababo. Umuntu umwe kuri bane arateba akagira ingorane yo mu mutwe. Indwara y’akabonge ni co kintu nyamukuru kibangamira abantu kw’isi yose. Ingorane yo mu mutwe yitwa schizophrénie be n’iyitwa trouble bipolaire ni zimwe mu ngorane zo mu mutwe zisinzikaza abantu cane. . . . Naho ingorane zo mu mutwe zishikira abantu benshi cane, usanga kenshi zihishwa, abazifise na bo ntibitwararikwe kandi bakinubwa.”—Vyavuzwe n’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS).

Iryo shirahamwe rivuga ko abantu benshi bafise ingorane zo mu mutwe batinya kwivuza kubera ukuntu abantu baca bababona.

Ingorane nyinshi zo mu mutwe zirashobora kuvurwa. Ariko ibice hafi 60 kw’ijana vy’abakuze n’ibice hafi 50 kw’ijana vy’urwaruka rufise imyaka iri hagati ya 8 na 15 bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bafise ingorane zo mu mutwe, mu mwaka uheze ntibavuwe. Ivyo vyashikirijwe n’ishirahamwe ryo muri ico gihugu ryitaho abafise ingorane zo mu mutwe.

Gutahura neza ingorane zo mu mutwe

Ingorane yo mu mutwe ni iki? Abahinga bavuga ko ari ingorane ihambaye ituma ubwenge bw’umuntu budakora neza, inyifato yiwe n’ingene yiyumva mu mutima bigahungabana. Iyo ngorane kenshi ituma umuntu bimugora kugirana imigenderanire n’abandi no gukora ibintu bisanzwe vyo mu buzima bwa misi yose.

Ingorane zo mu mutwe ntiziterwa n’uko umuntu aba asanzwe afise ingorane y’amagara canke akanenge muri kamere yiwe

Ibimenyetso vy’ingorane yo mu mutwe birashobora gukara canke kumara igihe kirekire bivanye n’uwuyifise, bivanye kandi n’ubwoko bwayo be n’ukuntu ubuzima bw’uwo muntu bwifashe muri rusangi. Ingorane zo mu mutwe ntiziraba igitsina, imyaka, imico kama, ubwoko, idini, amashure umuntu yize canke umushahara aronka. Ntiziterwa n’uko umuntu aba asanzwe afise ingorane y’amagara canke akanenge muri kamere yiwe. Abafise ingorane zo mu mutwe bafashijwe n’umuganga abishoboye, barashobora kuvurwa kandi bakabaho neza bahimbawe.

Ukuvura indwara zo mu mutwe

Abaganga banonosoye ivy’indwara zo mu mutwe barashobora kuvura neza nyinshi muri zo. Ikintu ca mbere gihambaye umuntu akwiye kugira ni ukwitura umuganga avura neza izo ndwara kugira amenye neza ingene amagara yiwe yifashe.

Ariko rero, uwo muganga nta co yomarira abafise izo ngorane mu gihe batokwemera ngo abavure nk’uko bikwiriye. Ivyo hari aho vyosaba ko umuntu atsinda isoni zo kubwira abandi ivyerekeye ingorane afise yo mu mutwe. Kugira ngo uwufise indwara yo mu mutwe avurwe, hari igihe bisaba ko ayaga n’abahinga banonosoye ivy’indwara zo mu mutwe. Abo bahinga bomufasha gutahura iyo ndwara, kumenya ingene yovyifatamwo mu ngorane zo mu buzima, bakanamuremesha ngo yemere kubandanya kuvurwa. Igihe uwurwaye aba ariko arabonana na muganga, umuntu wo mu muryango canke umugenzi barashobora kumufasha cane mu kumuremesha no mu kumufata mu mugongo.

Abantu benshi bafise ingorane zo mu mutwe barashoboye kuvyifatamwo neza aho bamariye gutahura neza ingorane bafise, hanyuma bagakurikiza impanuro z’abaganga banonosoye ivy’izo ndwara. Umwe Mark twavuga kare, yavuze ati: “Umukenyezi wanje bataramutora indwara, ntitwatahura neza indwara zo mu mutwe. Ariko ubu twarize gutunganya ibintu intambwe ku yindi no guhuza n’uko ibintu vyifashe. Abaganga babishoboye, incuti n’abagenzi bagiye baradufata mu mugongo.”

Ikintu ca mbere gihambaye umuntu akwiye kugira ni ukwitura umuganga avura neza izo ndwara kugira amenye neza ingene amagara yiwe yifashe

Claudia na we nyene ni ko abibona. Avuga ati: “Igihe muganga yambwira indwara ndwaye, wamengo nciriwe umunyororo. Ni ivy’ukuri ko indwara yanje n’ubu itatworohereza. Ariko nariboneye yuko umuntu ashobora gutsinda n’intambamyi abona ko zimurengeye. Ndabandanya rero kunyinyana n’indwara yanje mu gusenyera ku mugozi umwe n’abaganga bankurikirana, nkagiranira imigenderanire n’abandi, nkirinda no gushaka gutunganya ibintu icarimwe.”

Ijambo ry’Imana rirafasha

Bibiliya ntivuga ko kwitaho ivy’Imana bivura indwara. Naho ari ukwo, imiryango myinshi yo hirya no hino kw’isi yararemeshejwe cane n’ivyo Bibiliya yigisha. Nk’akarorero, Bibiliya iradusubiriza umutima mu nda yuko Umuremyi wacu yuzuye urukundo yipfuza cane kuremesha “ab’umutima umenetse” n’“abajanjaguritse mu mutima.”Zaburi 34:18.

Naho Bibiliya atari igitabu c’ivy’ubuvuzi, iraduha impanuro zodufasha kwihanganira umubabaro no kuvyifatamwo neza mu ngorane ducamwo. Iraduha n’icizigiro c’uko muri kazoza isi itazoba ikirangwamwo indwara n’umubabaro. Ijambo ry’Imana ridusezeranira riti: “Ico gihe amaso y’impumyi azohumuka, kandi amatwi y’ibipfamatwi azozibuka. Ico gihe uwucumbagira azonanagira nk’ifumbēri, kandi ururimi rw’ikiragi ruzokwiha akamo k’urweze.”Yesaya 35:5, 6.

^ par. 5 Mu ntumbero yo kworosha ibintu, muri iki kiganiro tuza gukoresha imvugo “ingorane zo mu mutwe” mu kuvuga indwara zo mu mutwe hamwe n’izindi ngorane be n’inyifato bijanye n’amagara yo mu mutwe.

^ par. 32 Ikinyamakuru Be maso! ntikiremesha abantu gukurikiza uburyo kanaka bwo kwivuza. Abakirisu bakwiye kuraba ko uburyo bwose bahitamwo kwivuza budateye kubiri n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.

^ par. 40 Raba n’ikiganiro kivuga ngo “Ivyogufasha ngo nturengerwe n’umwitwarariko,” muri Be maso! yo muri Rusama 2014.