Ja ku birimwo

Akazi n’amahera

Akazi

Isi yuzuyemwo ingorane: Nukingire akazi ukora

Nimba uzi gukoresha neza amahera, uzoshobora kuvyifatamwo neza mu gihe c’ubukene.

Gukora cane—Vyoba vyarataye igihe?

Abantu bamwebamwe babona ko barengeye ivyo gukora cane. Yamara hari abandi benshi bahimbarwa no gukora cane. Ni igiki cabafashije guhimbarirwa akazi bakora?

Ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’akazi

Woba ukwiye gukora akazi ako ari ko kose?

Ico wokora ngo ntiwicwe n’umuruho

Hari ibintu bine bishobora kugufasha kugira ngo akazi ntikakwice.

Woba utakironka umwanya kubera akazi?

Abenshi bavuze ko bigoye cane gushitsa ivyo basabwa ku kazi no mu miryango yabo. None biterwa n’iki? Hoba hari ico umuntu yokora?

Ingene twobona amahera

Amahera yoba ari umuzi w’ibibi vyose?

Imvugo dukunze kwumva ngo “amahera ni umuzi w’ibibi vyose” iranyuranye n’ivyo Bibiliya ivuga.

Kubaho neza: Ingorane nke mu vy’ubutunzi

Impanuro Bibiliya itanga zogufasha gute kugabanya ingorane zijanye n’amahera?

Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye amahera?

Amahera yoba vy’ukuri ari wo muzi w’ibibi vyose?

Ingene ukwiye kubona amahera

Hariho ibibazo indwi vyogufasha gusuzuma nimba woba usigaye ubona amahera ukutari kwo.

Ivyotuma uhimbarwa​—Kubumbwa n’ivyo ufise be no gutanga

Abantu benshi baritiranya agahimbare n’ubutunzi. None amatungo yoba vy’ukuri azana agahimbare karamba? Ibimenyamenya vyerekana iki?

Amashure ahanitse be n’amahera vyoba vyotuma ugira kazoza keza?

Abantu benshi basanze amashure ahanitse n’ubutunzi bitavamwo ivyo bari biteze.

Ibintu bitatu amahera adashobora kugura

Amahera aratuma tugura ibintu bimwebimwe dukeneye, mugabo ibintu vyotuma duhimbarwa kuruta ibindi vyose ni ibintu amahera adashobora kugura.

Amaganya yerekeye amahera

Umugabo umwe yarashoboye kuronsa umuryango wiwe ivyo ukeneye n’igihe ibintu vya nkenerwa vyaduga igiciro bigashika ku mamiliyaridi.

Nararonse ubutunzi nyakuri

Umuntu yatunganya ivy’amahoteli yaronse gute ikintu c’agaciro kuruta ubutunzi?

Gukoresha neza amahera

Ingene wobeshwaho na bike

Igihe bishitse ivyo wahora ukora kugira uronke ikikubeshaho bigahagarara, urata umutwe. Naho biri ukwo, Bibiliya irimwo ivyiyumviro vyogufasha kubeshwaho na bike.

Abakiri bato baravuga ibijanye n’amahera

Raba impanuro zijanye no kuziganya amahera, kuyakoresha no kuyabona mu buryo bubereye.

Bibiliya yoba ishobora kumfasha mfise ingorane z’amahera n’amadeni?

Amahera ntashobora kugura agahimbare, ariko hariho ingingo ngenderwako zine zo muri Bibiliya zishobora kugufasha mu bijanye n’amahera.

Ingene mwokoresha neza amahera

Nturindire gushika amahera aguheranye ngo abe ari ho usuzuma ukuntu uyakoresha. Raba ukuntu woyakoresha neza amazi atararenga inkombe.

Ni gute nokoresha neza amahera yanje?

Vyoba birashika ukinjira mu mangazini ugiye kuratira ijisho gusa, mugabo ugasohokana ikintu kizimvye? Nimba vyaragushikiye, iki kiganiro ni rwawe.

Igihe bibaye ngombwa ko usubira muhira

Woba warigeze kuja kwibana, mugabo usanga ubuzima buragoye? Ehe raba impanuro zogufasha.

Noba nkwiye gufata ideni?

Impanuro nziza Bibiliya itanga zirashobora kugufasha gufata ingingo.

Kwihanganira ubukene

Inkuru nziza ku bakene n’abatagira uburaro

Impanuro nziza Bibiliya itanga zirashobora gutuma utora akoyoko mu vy’ubutunzi, ukanamererwa neza mu mutima.

Ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’ubukene

Abantu bakenye cane boba bashobora guhimbarwa?

Isi itarangwamwo ubukene yoba izobaho?

Ni nde ashobora gukuraho ubukene?