Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene wosaza neza

Ingene wosaza neza

WUMVA umerewe gute iyo wiyumviriye ivy’ubusaza? Kuri benshi biratuma bagira umwitwarariko, bagahagarika umutima canke mbere bakagira ubwoba. Ivyo biterwa n’uko kenshi ubusaza babusanisha n’ingorane, nk’iminkanyari, kugira inguvu nke, kwibagira no kurwara indwara zidakira.

Ariko rero, abantu ntibasaza kumwe. Bamwe usanga hari ukuntu basazana amagara meza ku mubiri no mu bwenge. Abarwaye indwara na bo barashobora kuzivuza, izidakira bakazipfupfahaza kubera amaterambere mu vy’ubuvuzi. Ivyo bituma mu bihugu bimwebimwe abantu benshi baramba kandi bagasazana amagara meza.

Naho biri ukwo, benshi bipfuza gusaza neza, baba abafise ingorane zijanye n’ubusaza canke abatazifise. None ivyo bishoboka gute? Ahanini bivana n’ukuntu tubona ibintu no kuba twemera kubaho duhuza n’ubwo buzima bushasha. Reka turabe impanuro zisanzwe zo muri Bibiliya ariko zishobora kudufasha muri ivyo.

NIWIFATE RUTO: “Ubukerebutsi buri kumwe n’abifata ruto.” (Imigani 11:2) Dufatiye ku bageze mu zabukuru, “abifata ruto” ni abemera ko hari ivyo batagishoboye kubera ubusaza, aho kuvyanka canke kuvyirengagiza. Charles wo muri Brezile w’imyaka 93 avuga ukuri nk’ukurima, ati: “Uramvye utegerezwa gusaza. Imyaka ntisubira inyuma.”

Ariko rero, kwifata ruto si uguca umuntu yiyumvira nabi ngo: “Ndashaje, nta co ncera.” Kwiyumvira gutyo birashobora gutuma ubura umunezero. Mu Migani 24:10 havuga hati: “Woba wacitse intege ku musi w’amarushwa? Inkomezi zawe zizoba nke.” Aho gucika intege, umuntu yifata ruto arakoresha ubukerebutsi akaraba ukuntu yovyifatamwo neza.

Corrado w’imyaka 77 aba mu Butaliyano avuga ukuri ati: “Igihe uriko uratwara imodoka ahantu haduga, utegerezwa guhindura igitensi ukirinda n’uko ikuzimana.” N’igihe umuntu ashaje, arakenera kugira ivyo ahinduye. Corrado n’umukenyezi wiwe barize gukora ibikorwa vy’i muhira bukebuke kugira ngo umusi ntuhere basanzaye. Na Marian w’imyaka 81 aba muri Brezile ni ko abigenza. Avuga ati: “Narize kwiyorohereza. Ndafata akanya nkaruhuka igihe bikenewe. Ndicara canke nkaryama kugira nsome canke numvurize akaziki. Narize kwemera ko hari ivyo ntagishoboye no kuvyubahiriza.”

Niwiteho ukuntu uboneka

NIWITEHO UKUNTU UBONEKA: “Abagore bishariz[e] mu nyambaro itunganije neza, mu rupfasoni no mu kurorana kw’umuzirikanyi.” (1 Timoteyo 2:9) “Inyambaro itunganije neza” ni iyitarengeje urugero kandi nziza. Barbara w’imyaka 74 wo muri Kanada avuga ati: “Ndagerageza kugira isuku no kuboneka neza. Sinipfuza gupfa ivyo nambaye niyumvira ngo ‘Ndashaje, uko noboneka kwose nta co bitwaye.’” Umutamakazi yitwa Fern w’imyaka 91 wo muri Brezile avuga ati: “Ndacishamwo nkagura impuzu nshasha kugira numve ko merewe neza.” Tuvuge iki ku batama? Antônio w’imyaka 73 wo muri Brezile avuga ati: “Ndagerageza kuboneka neza, nkambara impuzu zimesuye kandi zimeze neza.” Ku bijanye n’isuku ry’umubiri, avuga ati: “Ndoga nkamwa n’ubwanwa imisi yose.”

Ariko rero, ntiwitwararike birenze urugero ukuntu uboneka ngo usange wakoze ibintu ata “kurorana kw’umuzirikanyi.” Umukenyezi yitwa Bok-im w’imyaka 69 wo muri Koreya y’Epfo, ntarenza urugero mu bijanye n’inyambaro. Avuga ati: “Ndazi neza ko atari vyiza ko nambara impuzu nahora nambara nkiri muto.”

Nubone ibintu mu buryo bwiza

NUBONE IBINTU MU BURYO BWIZA: “Imisi yose y’umurushwa ni mibi; mugabo uwunezerewe ku mutima yama ku nzimano.” (Imigani 15:15) Umaze gusaza, woshobora kwumva ubabaye wibutse igihe wari ukiritera ukarisama. Kandi ivyo birumvikana. Ariko rero, uraraba neza nturengerwe n’uwo mubabaro. Kuguma wiyumvira ivya kera birashobora gutuma imisi yawe iba mibi, bikaguca intege ntube ugikora n’ivyo wari ushoboye. Joseph w’imyaka 79 aba muri Kanada, abona ibintu mu buryo bwiza. Avuga ati: “Aho kuguma mbabazwa n’ivyo nahora nkora ariko ntagishoboye, ndaryoherwa no gukora ivyo nshoboye.”

Gusoma no kwiga ibintu bishasha na vyo nyene birashobora gutuma ubona ibintu mu buryo bwiza, ukarushiriza kumenya utuntu n’utundi. Uko bishoboka kwose rero, ntugishe akaryo ko gusoma no kwiga ibintu bishasha. Ernesto w’imyaka 74 wo muri Filipine, araja mu bubiko bw’ibitabu kuraba ko hari ibitabu bishimishije yosoma. Avuga ati: “Ndacakunda gusoma inkuru ziryoshe, nkaryoherwa no kujana mu vyiyumviro n’abazivurwamwo.” Lennart w’imyaka 75 wo muri Suwede, wewe yarihanze igikorwa kitoroshe co kwiga ururimi rushasha.

Nube umuntu atanga

NUBE UMUNTU ATANGA: “Mugire akamenyero ko gutanga, namwe bazobaha.” (Luka 6:38) Nusangire n’abandi ivyo ufise, ubahebere n’umwanya wawe. Ivyo bizotuma wumva ko hari ico umaze kandi uhimbarwe. Hosa w’imyaka 85 aba muri Brezile, arihata agafasha abandi naho afise amagara make. Avuga ati: “Ndaterefona abagenzi barwaye canke bihebuye nkongera nkabandikira udukete. Rimwe na rimwe ndabarungikira utuntu. Ndakunda no gutegurira abarwaye udufungurwa.”

Utanze nawe uraronka. Jan w’imyaka 66 wo muri Suwede avuga ati: “Igihe ugaragarije abandi urukundo, nawe baragukunda bakakwiyumvamwo.” Vy’ukuri, umuntu atanga atuma haba imigenderanire irangwa igishika n’ukwitwararikana. Ivyo biratuma abandi bahimbarwa.

NURONDERE UBUGENZI: “Uwigungira ukwiwe arondera icipfuzo ciwe c’ubwikunzi; arwanya ubukerebutsi ngirakamaro bwose.” (Imigani 18:1) Naho bishika ukumva wipfuza kuba uri wenyene, niwirinde kwigunga canke kwikumira. Innocent w’imyaka 72 wo muri Nijeriya, arakunda kwifatanya n’abagenzi. Avuga ati: “Ndakunda kwifatanya n’abantu b’imyaka itandukanye.” Börje w’imyaka 85 wo muri Suwede avuga ati: “Ndagerageza kwiyegereza abakiri bato. Ingoga bafise zituma niyumvamwo ko nsubiye kuba muto.” Niwibwirize kuza uratumira abagenzi. Han-sik w’imyaka 72 wo muri Koreya y’Epfo, avuga ati: “Je n’umukenyezi wanje turakunda gutumira abagenzi b’imyaka itandukanye, baba abashaje canke abakiri bato, kugira ngo dutere inkuru canke dusangire.”

Nurondere ubugenzi

Abagenzi barayaga. Ariko rero kubera ko kuyaga ari uguhana ijambo, nube umuntu yumviriza abandi. Niwitwararike abandi. Helena w’imyaka 71 wo muri Mozambike avuga ati: “Nditwararika abandi kandi nkabubaha. Ndabatega yompi kugira ngo nshobore kumenya ivyo biyumvira n’ivyo bakunda.” José w’imyaka 73 wo muri Brezile avuga ati: “Abantu barakunda umuntu abatega yompi, w’impuhwe, yitwararika abandi, abakeza kandi atwenza.”

Igihe ushikiriza ivyiyumviro, ‘imvugo yawe niyame irunze umunyu.’ (Abakolosayi 4:6) Nuzirikane abandi kandi ube kiremesha.

NUBE UMUNTU AKENGURUKA: “Mwerekane ko mushima.” (Abakolosayi 3:15) Igihe ufashijwe, nubikenguruke. Gukenguruka biratuma haba imigenderanire myiza. Marie-Paule w’imyaka 74 wo muri Kanada avuga ati: “Jewe n’umugabo wanje duheruka kuva mu nzu nini twimukira mu nzu ntoyi. Abagenzi benshi baradufashije. Nta ko twobashimira. Twarabarungikiye udukarata two kubakengurukira, bamwe muri bo turabatumira ngo dusangire udufungurwa.” Jae-won w’imyaka 76 wo muri Koreya y’Epfo arakengurukira abamwunguruza bakamushikana ku Ngoro y’Ubwami. Avuga ati: “Ndakenguruka cane ingene bamfasha ku buryo nitwararika guterera ay’igitoro. Rimwe na rimwe ndabagabira akantu, nkakabahana n’agakete ko gukenguruka.”

Ikiruta vyose, nukenguruke kuba uri muzima. Umwami Salomo w’inkerebutsi atwibutsa ati: “Imbwa ibona iruta intambwe ipfuye.” (Umusiguzi 9:4) Kubona ibintu mu buryo bwiza no kwemera guhuza n’uko ivyawe vyifashe, birashobora gutuma usaza neza.

Nube umuntu akenguruka