Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Gukorera Imana ni wo muti wiwe!

Gukorera Imana ni wo muti wiwe!

Igihe abatsimvyi babiri bahabwa ikaze mu nzu imwe muri Kenya, baratangaye igihe babona umugabo mutoyi cane aryamye mu gitanda. Yari afise umutumba mutoyi cane n’amaboko magufi. Igihe babwira uwo mugabo ibijanye n’umuhango Imana yatanze w’uko “uwucumbagira azonanagira nk’ifumbēri,” yaciye amwenyura cane.—Yes. 35:6.

Abo batsimvyi baramenye ko Onesmus, ubu akaba ari mu gushikana imyaka 40, yari yavukanye ubumuga bwitwa ostéogenèse imparfaite, ino ikaba ari indwara ituma amagufa avunagurika. Amagufa yiwe yari yoroshe rwose ku buryo hagize akantu kayafyonda yaca avunagurika. Kubera ko ata muti uhari uvura iyo ndwara canke uyipfupfahaza, Onesmus yari yiteze kumara ubuzima bwiwe bwose ababara kandi atava mu gakinga k’ibimuga.

Onesmus yaremeye kwiga Bibiliya. Ariko rero, nyina yaramwankiye kwitaba amakoraniro, yiyumvira ko ivyo vyoshobora gutuma avunika maze akarushiriza kubabara. Ku bw’ivyo, abo bavukanyi barafata amajwi ivyaba vyashikirijwe ku makoraniro, maze Onesmus akavyumviririza i muhira. Amaze amezi atanu yiga, yarafashe ingingo yo kwitaba amakoraniro naho vyarimwo akaga.

None kwitaba amakoraniro ya gikirisu vyoba vyaratumye Onesmus arushiriza kubabara? Vyabaye igihushane. Onesmus yigana ivyo yibuka ati: “Ububabare namana bwasa n’ubugabanuka mu gihe c’amakoraniro.” Yiyumviriye ko ivyo yari asigaye yizigira ari vyo vyatuma arushiriza kwiyumva neza. Nyina wa Onesmus yarabonye ko hari icahindutse ku nyiyumvo z’umuhungu wiwe maze arahimbarwa cane ku buryo na we nyene yemera kwiga Bibiliya. Yaguma yivugira ati: “Gukorera Imana ni wo muti w’umuhungu wanje!”

Budakeye na kabiri, Onesmus yarabaye umwamamaji atarabatizwa. Mu nyuma yarabatijwe, ubu na ho akaba ari umukozi w’ishengero. Naho Onesmus adashobora gukoresha amaguru yiwe n’ukuboko kumwe kwiwe, yari afise icipfuzo co gukora ivyo ashoboye vyose mu murimo wa Yehova. Yaripfuza gukora ubutsimvyi bwo gufasha mugabo agatinya kubisaba. Kubera iki? Kubera yari azi yuko yokeneye kwiheka rwose ku wundi muntu kugira ngo asunike agakinga kiwe k’ibimuga. Igihe yashikiriza icipfuzo ciwe abakirisu bagenziwe, baramwemereye kumufata mu mugongo. Kandi barabigize, baramufasha gukora ubutsimvyi bwo gufasha.

Igihe Onesmus yipfuza kuba umutsimvyi asanzwe yaragize ya ngorane nyene. Ariko rero igihe kimwe, icanditswe c’umusi caramuronkeje indemesho yari akeneye. Ico canditswe cari cakuwe muri Zaburi 34:8, kikaba cagira giti: “Nimuhonje, mubone ko Yehova aryoshe.” Onesmus amaze kuzirikana kuri ico canditswe yarafashe ingingo yo kuba umutsimvyi asanzwe. Ubu yamamaza imisi ine mu ndwi, akaba afise inyigisho za Bibiliya zitari nke ziriko ziratera imbere neza mu vy’impwemu. Mu 2010, yaritavye Ishure ry’umurimo w’abatsimvyi. Ese ukuntu Onesmus yahimbawe no kuba yarigishijwe n’umwe muri ba bavukanyi babiri bamugendera ari bwo bwa mbere!

Abavyeyi ba Onesmus ntibakiriho, mugabo abavukanyi na bashiki bacu bo mw’ishengero baramuronsa ivyo akenera buri musi. Arakenguruka imihezagiro yose yironkera ubu, kandi ariteganye igishika igihe “[a]ta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’ ”—Yes. 33:24.