Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igitabu ca Yobu

Ibigabane

Ibirimwo muri make

  • 1

    • Yobu, umugabo w’intungane kandi atunze (1-5)

    • Shetani avyura ibihari ku mvo zituma Yobu agamburuka (6-12)

    • Yobu atakaza ivyo atunze be n’abana biwe (13-19)

    • Yobu ntiyashize amakosa ku Mana (20-22)

  • 2

    • Shetani asubira kuvyura ibihari ku mvo zituma Yobu agamburuka (1-5)

    • Shetani yemererwa kugirira nabi Yobu ku mubiri (6-8)

    • Muka Yobu amubwira ati: «Tuka Imana upfe!» (9, 10)

    • Abagenzi batatu ba Yobu baza kumuraba (11-13)

  • 3

    • Yobu atuka umusi yavukiyeko (1-26)

      • Abaza igituma ariko arashikirwa n’ivyago (20, 21)

  • 4

    • Elifazi afata ijambo ubwa mbere (1-21)

      • Atwenga ukudahemuka kwa Yobu (7, 8)

      • Avuga ivyo yabwiwe n’impwemu (12-17)

      • «Imana ntiyizera abasavyi bayo» (18)

  • 5

    • Elifazi abandanya ijambo ryiwe (1-27)

      • «Imana ifatira abanyabwenge mu rwenge rwabo» (13)

      • «Yobu ntakwiye kwanka ko Imana imutoza indero» (17)

  • 6

    • Yobu amwishura (1-30)

      • Avuga ko afise imvo yo kwidoga (2-6)

      • Abaje kumuhoza ni ibihemu (15-18)

      • «Amajambo y’ukuri ntababaza!» (25)

  • 7

    • Yobu abandanya kumwishura (1-21)

      • Ubuzima bwuzuyemwo umuruho (1, 2)

      • «Kuki untumberezako imyampi yawe?» (20)

  • 8

    • Biludadi afata ijambo ubwa mbere (1-22)

      • Avuga akikiriza ko abana ba Yobu bacumuye (4)

      • «Iyaba wari utyoroye, Imana yari kugukingira» (6)

      • Avuga akikiriza ko Yobu atubaha Imana (13)

  • 9

    • Yobu amwishura (1-35)

      • Umuntu ntashobora kurwana n’Imana (2-4)

      • «Imana ikora ibintu bisiga ubwenge» (10)

      • Umuntu ntashobora guharira n’Imana (32)

  • 10

    • Yobu abandanya kumwishura (1-22)

      • «Kuki Imana iriko irandwanya?» (2)

      • Imana nta ho ihuriye na Yobu (4-12)

      • «Reka nduhuke gatoyi» (20)

  • 11

    • Zofari afata ijambo ubwa mbere (1-20)

      • Yagiriza Yobu ngo avuga amajambo ata co amaze (2, 3)

      • Abwira Yobu ngo ashire kure yiwe ibibi akora (14)

  • 12

    • Yobu amwishura (1-25)

      • «Nta na kimwe mundushije» (3)

      • «Nsigaye ndi agatwengo» (4)

      • «Imana ni yo ifise ubukerebutsi» (13)

      • Imana iraruta abacamanza n’abami (17, 18)

  • 13

    • Yobu abandanya kumwishura (1-28)

      • «Jewe noshima kwivuganira n’Imana» (3)

      • «Muri abaganga ata co bamaze» (4)

      • «Ndazi neza ko ndi mu kuri» (18)

      • Abaza igituma Imana imufata nk’umwansi (24)

  • 14

    • Yobu abandanya kumwishura (1-22)

      • Umuntu abaho igihe gito kandi yugarijwe n’ingorane (1)

      • Hariho icizigiro no ku giti (7)

      • «Iyaba wompishije mu kuzimu!» (13)

      • «Iyo umuntu apfuye, mbega yosubira kubaho?» (14)

      • Imana irashashaye igikorwa c’amaboko yayo (15)

  • 15

    • Elifazi afata ijambo ubwa kabiri (1-35)

      • Avuga akikiriza ko Yobu adatinya Imana (4)

      • Avuga ko Yobu yita imbere (7-9)

      • «Imana ntiyizera abamarayika bayo» (15)

      • «Ababisha ni bo bashikirwa n’ivyago» (20-24)

  • 16

    • Yobu amwishura (1-22)

      • «Muri abahoza batera umubabaro» (2)

      • Avuga ko Imana yamutumberejeko imyampi yayo (12)

  • 17

    • Yobu abandanya kumwishura (1-16)

      • «Nkikujwe n’abacokoranyi» (2)

      • «Imana yangize agatwengo» (6)

      • «Ukuzimu kuzoba inzu yanje» (13)

  • 18

    • Biludadi afata ijambo ubwa kabiri (1-21)

      • Adondora ivyago bishikira abacumuzi (5-20)

      • Avuga akikiriza ko Yobu atazi Imana (21)

  • 19

    • Yobu amwishura (1-29)

      • Yanka gukosorwa n’abitwa ngo ni abagenzi biwe (1-6)

      • Avuga ko abagenzi biwe bamutaye (13-19)

      • «Umucunguzi wanje ni muzima» (25)

  • 20

    • Zofari afata ijambo ubwa kabiri (1-29)

      • Avuga ko Yobu yamututse (2, 3)

      • Avuga akikiriza ko Yobu ari umubisha (5)

      • Avuga ko Yobu asoserwa n’igicumuro (12, 13)

  • 21

    • Yobu amwishura (1-34)

      • «Kuki ababisha baroranirwa?» (7-13)

      • Ahinyuza abitwa ngo bariko baramuhoza (27-34)

  • 22

    • Elifazi afata ijambo ubwa gatatu (1-30)

      • «Mbega umuntu hari ico yomarira Imana?» (2, 3)

      • Yagiriza Yobu ngo afise umwina kandi ararenganya (6-9)

      • «Nugaruke ku Mana maze usubirane» (23)

  • 23

    • Yobu amwishura (1-17)

      • Ashaka gushikiriza Imana urubanza rwiwe (1-7)

      • Avuga ko adashobora kuronka Imana (8, 9)

      • «Nagumye ngendera mu nzira yayo ntaca ku ruhande» (11)

  • 24

    • Yobu abandanya kumwishura (1-25)

      • «Kuki Imana idashinga umusi w’urubanza?» (1)

      • Avuga ko Imana ireka hakaba ububisha (12)

      • Ababisha bakunda umwiza (13-17)

  • 25

    • Biludadi afata ijambo ubwa gatatu (1-6)

      • «Umuntu yoba umugororotsi gute imbere y’Imana?» (4)

      • Avuga ko ugutungana kw’umuntu ata co kumaze (5, 6)

  • 26

    • Yobu amwishura (1-14)

      • «Ewe kuntu ufashije uwutagira utuguvu!» (1-4)

      • «Imana itereka isi ku busa gusa» (7)

      • «Ni udusunwa gusa tw’inzira z’Imana» (14)

  • 27

    • Yobu yiyemeza kugumya ugutungana kwiwe (1-23)

      • «Sinzokwigera ndekura ugutungana kwanje!» (5)

      • Umuntu atubaha Imana nta cizigiro afise (8)

      • «Kuki muvuga ibintu ata co bimaze?» (12)

      • Umubisha nta kintu na kimwe yunguka (13-23)

  • 28

    • Yobu ahushanya ubukerebutsi n’ubutunzi bwo kw’isi (1-28)

      • Utwigoro abantu bagira mu kurondera ubutare (1-11)

      • Ubukerebutsi burarusha agaciro imaragarita (18)

      • Gutinya Yehova ni bwo bukerebutsi nyakuri (28)

  • 29

    • Yobu yibuka ubuzima bwiza yari afise atarashikirwa n’ivyago (1-25)

      • Yarubahwa kw’irembo ry’igisagara (7-10)

      • Yarakurikiza ubutungane (11-17)

      • Bose barumviriza impanuro yiwe (21-23)

  • 30

    • Yobu avuga ukuntu ivyiwe vyahindutse (1-31)

      • Acokorwa n’abantu ata co bamaze (1-15)

      • Womenga Imana nta co imufasha (20, 21)

      • «Urukoba rwanje rwarirabuye» (30)

  • 31

    • Yobu aburanira ukudahemuka kwiwe (1-40)

      • «Nagiraniye isezerano n’amaso yanje» (1)

      • Asaba Imana ngo imupime (6)

      • Ntiyarenga ibigo (9-12)

      • Ntiyari inkunzi y’amahera (24, 25)

      • Ntiyasenga ibigirwamana (26-28)

  • 32

    • Elihu yinjira mu kiyago (1-22)

      • Ashavurira Yobu na bagenziwe (2, 3)

      • Yararindiranye icubahiro imbere yo kuvuga (6, 7)

      • «Imyaka gusa si yo ituma umuntu aba inkerebutsi» (9)

      • Elihu yumva ashashaye kuvuga (18-20)

  • 33

    • Elihu akosora Yobu kubera ukwisigura kwiwe (1-33)

      • «Naronse incungu» (24)

      • Nasubire kugira inkomezi nk’izo mu buto (25)

  • 34

    • Elihu aburanira ubutungane bw’Imana n’inzira zayo (1-37)

      • Yobu avuga ko Imana yanse kumutunganiriza (5)

      • «Kirazira ko Imana y’ukuri ikora ivy’ububisha» (10)

      • Yobu avuga ivyo atazi (35)

  • 35

    • Elihu yerekana ko ivyiyumviro vya Yobu atari vyo (1-16)

      • Yobu avuga ko agororotse kurusha Imana (2)

      • Imana iri hejuru cane; ducumuye nta co biyigira (5, 6)

      • Yobu akwiye kurindira Imana (14)

  • 36

    • Elihu ahayagiza ububasha bukomeye bw’Imana (1-33)

      • Abagamburuka bararoranirwa; abatubaha Imana bakibonerako (11-13)

      • «Hari umwigisha ameze nk’Imana?» (22)

      • Yobu akwiye guhayagiza Imana (24)

      • «Ntidushobora gutahura ububasha bw’Imana» (26)

      • Imana iri n’ububasha ku mvura no ku miravyo (27-33)

  • 37

    • Inguvu ziri mu bidukikije zirerekana ko Imana ikomeye cane (1-24)

      • Imana irashobora guhagarika ibikorwa vy’abantu (7)

      • «Zirikana ibikorwa bitangaje vy’Imana» (14)

      • Abantu ntibashobora gutahura Imana (23)

      • Nta muntu akwiye kwiyumvira ko ari umunyabwenge (24)

  • 38

    • Yehova yerekana ko umuntu ari ubusa (1-41)

      • «Wari hehe igihe narema isi?» (4-6)

      • Abamarayika barasamirije impundu (7)

      • Ibibazo vyerekeye ibintu bitangaje biba mu bidukikije (8-32)

      • «Amategeko agenga ijuru» (33)

  • 39

    • Ibikoko birerekana ko umuntu ata co azi (1-30)

      • Impene zo mu misozi n’impongo (1-4)

      • Indogobwa yo mw’ishamba (5-8)

      • Ishuri yo mw’ishamba (9-12)

      • Ikinyoni citwa imbuni (13-18)

      • Ifarasi (19-25)

      • Agaca n’inkona (26-30)

  • 40

    • Yehova abaza ibindi bibazo (1-24)

      • Yobu yiyemerera ko ata co afise avuga (3-5)

      • «Mbega wovuguruza ingingo nafashe?» (8)

      • Imana ivuga ingene Behemoti ikomeye (15-24)

  • 41

    • Imana ivuga ingene Lewiyatani itangaje (1-34)

  • 42

    • Yobu yishura Yehova (1-6)

    • Abagenzi batatu ba Yobu bagirwa n’icaha (7-9)

    • Yehova asubira guhezagira Yobu (10-17)

      • Abahungu n’abakobwa ba Yobu (13-15)