Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igitabu ca Daniyeli

Ibigabane

1 2 3 4 5 6 7 8 9 10 11 12

Ibirimwo muri make

  • 1

    • Yeruzalemu yugarizwa n’Abanyababiloni (1, 2)

    • Imisore y’imbohe iva mu muryango wa cami ironka ukumenyerezwa kudasanzwe (3-5)

    • Ukudahemuka kw’Abaheburayo bane kugeragezwa (6-21)

  • 2

    • Umwami Nebukadinezari ahagarikwa umutima n’indoto yarose (1-4)

    • Nta ncabwenge n’imwe yashoboye kumubwira iyo ndoto (5-13)

    • Daniyeli asaba Imana ngo imufashe (14-18)

    • Ashemeza Imana kubera yamuhishuriye iryo banga (19-23)

    • Daniyeli abwira umwami iyo ndoto (24-35)

    • Insobanuro y’iyo ndoto (36-45)

      • Ibuye rigereranya ubwami rizosavya ico gishusho (44, 45)

    • Umwami atera iteka Daniyeli (46-49)

  • 3

    • Igishusho c’inzahabu c’umwami Nebukadinezari (1-7)

      • Umwami ategeka abantu gusenga ico gishusho (4-6)

    • Abaheburayo batatu bagirizwa ko banse kugamburuka (8-18)

      • «Ntidushobora gukorera imana zawe» (18)

    • Batererwa mw’ifuru yaka umuriro (19-23)

    • Barokorwa muri uwo muriro ku gitangaro (24-27)

    • Umwami aninahaza Imana y’Abaheburayo (28-30)

  • 4

    • Umwami Nebukadinezari yemera icese ubwami bw’Imana (1-3)

    • Umwami arota indoto yerekeye igiti (4-18)

      • Ico giti comaze ibihe indwi caraciwe (16)

      • Imana ni yo iganza abantu (17)

    • Daniyeli asobanura iyo ndoto (19-27)

    • Iyo ndoto ibanza kurangukira ku mwami (28-36)

      • Umwami amara ibihe indwi ari umusazi (32, 33)

    • Umwami aninahaza Imana yo mw’ijuru (37)

  • 5

    • Umwami Belushazari agira umusi mukuru (1-4)

    • Ibintu vyanditswe ku ruhome (5-12)

    • Daniyeli asabwa gusobanura ivyo bintu vyanditswe (13-25)

    • Insobanuro yavyo: Babiloni izotemba (26-31)

  • 6

    • Abategetsi b’Abaperesi barondera kugirira nabi Daniyeli (1-9)

    • Daniyeli abandanya gusenga (10-15)

    • Daniyeli atererwa mu kinogo c’intambwe (16-24)

    • Umwami Dariyo atera iteka Imana ya Daniyeli (25-28)

  • 7

    • Daniyeli yerekwa ibikoko bine (1-8)

      • Hamera agahembe gatoyi kavugana ubwishime (8)

    • Umwe wa kera cane asasa muri Sentare (9-14)

      • Umwana w’umuntu yimikwa ngo abe umwami (13, 14)

    • Daniyeli amenyeshwa insobanuro y’ivyo yeretswe (15-28)

      • Ibikoko bine bigereranya abami bane (17)

      • Aberanda bazohabwa ubwami (18)

      • Amahembe cumi, ari bo bami cumi, azonaga (24)

  • 8

    • Daniyeli yerekwa impfizi y’intama n’isuguru y’impene (1-14)

      • Ihembe ritoyi ryirata (9-12)

      • «Bizomara imigoroba n’ibitondo 2.300» (14)

    • Gaburiyeli asobanura ivyo Daniyeli yeretswe (15-27)

      • Insobanuro ijanye n’impfizi y’intama n’isuguru y’impene (20, 21)

      • Haza umwami atinyitse cane mu maso (23-25)

  • 9

    • Isengesho rya Daniyeli ryo kwatura ibicumuro (1-19)

      • Yeruzalemu yomaze imyaka 70 ari umusaka (2)

    • Gaburiyeli aza kuraba Daniyeli (20-23)

    • Ubuhanuzi bujanye n’amayinga 70 (24-27)

      • Mesiya azoboneka inyuma y’amayinga 69 (25)

      • Mesiya azokurwaho (26)

      • Igisagara n’ikibanza ceranda bizosamburwa (26)

  • 10

    • Umuntu arungitswe n’Imana aza kuraba Daniyeli (1-21)

      • Mikayeli atabara umumarayika (13)

  • 11

    • Abami b’Ubuperesi n’Ubugiriki (1-4)

    • Umwami wo mu bumanuko n’umwami wo mu buraruko (5-45)

      • Hazoza umutozakori (20)

      • Indongozi y’isezerano izokurwaho (22)

      • Imana y’ibisagara bikingijwe ibihome izoninahazwa (38)

      • Gusunikana hagati y’umwami wo mu bumanuko n’uwo mu buraruko (40)

      • Amakuru ateye ubwoba avuye mu buseruko no mu buraruko (44)

  • 12

    • «Igihe c’iherezo» n’ibizokurikira (1-13)

      • Mikayeli azohaguruka (1)

      • Abafise ugutahura bazokayangana (3)

      • Ubumenyi nyakuri buzogwira (4)

      • Daniyeli azohaguruka kugira aronke umugabane wiwe (13)