Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igitabu ca kabiri c’Abami

Ibigabane

Ibirimwo muri make

  • 1

    • Eliya avuga ko Ahaziya azopfa (1-18)

  • 2

    • Eliya ajanwa mu gihuhusi (1-18)

      • Elisha atora impuzu ya Eliya (13, 14)

    • Elisha atyorora amazi y’i Yeriko (19-22)

    • Idubu zica uduhungu tw’i Beteli (23-25)

  • 3

    • Yehoramu, umwami wa Isirayeli (1-3)

    • Abanyamowabu bagarariza Isirayeli (4-25)

    • Abanyamowabu batsindwa (26, 27)

  • 4

    • Elisha agwiza amavuta y’umupfakazi (1-7)

    • Umugore w’i Shunemu w’umwakiranyi (8-16)

    • Uwo mugore aronka umwana, nya mwana agapfa (17-31)

    • Elisha azura uwo mwana (32-37)

    • Elisha atuma isupu irika (38-41)

    • Elisha agwiza imikate (42-44)

  • 5

    • Elisha akiza Namani imibembe (1-19)

    • Gehazi arwara imibembe kubera umwina (20-27)

  • 6

    • Elisha atuma ishoka ireremba (1-7)

    • Elisha n’Abasiriya (8-23)

      • Amaso y’umusuku wa Elisha yuguruka (16, 17)

      • Abasiriya batezwa uruhumyi (18, 19)

    • Samariya hugarizwa hagatera ikigoyi (24-33)

  • 7

    • Elisha avuga ko ikigoyi kigiye guhera (1, 2)

    • Haboneka ibifungurwa mw’ikambi y’Abasiriya bahunze (3-15)

    • Ivyo Elisha yavuze biranguka (16-20)

  • 8

    • Wa mugore w’i Shunemu asubizwa itongo (1-6)

    • Elisha, Beni-Hadadi na Hazayeli (7-15)

    • Yehoramu, umwami w’Ubuyuda (16-24)

    • Ahaziya, umwami w’Ubuyuda (25-29)

  • 9

    • Yehu arobanurwa ngo abe umwami wa Isirayeli (1-13)

    • Yehu yica Yehoramu na Ahaziya (14-29)

    • Yezebeli yicwa, imbwa zikamurya (30-37)

  • 10

    • Yehu yica abo mu muryango wa Ahabu (1-17)

      • Yehonadabu ajana na Yehu (15-17)

    • Yehu yica abasenga Bayali (18-27)

    • Ivyaranze intwaro ya Yehu muri make (28-36)

  • 11

    • Ataliya yiha ubutegetsi (1-3)

    • Yehowasi yimikwa mu mpisho (4-12)

    • Ataliya yicwa (13-16)

    • Ibintu Yehoyada yahinduye (17-21)

  • 12

    • Yehowasi, umwami w’Ubuyuda (1-3)

    • Yehowasi asanasana urusengero (4-16)

    • Igitero c’Abasiriya (17, 18)

    • Yehowasi yicwa (19-21)

  • 13

    • Yehowahazi, umwami wa Isirayeli (1-9)

    • Yehowasi, umwami wa Isirayeli (10-13)

    • Elisha ageza umwete wa Yehowasi (14-19)

    • Elisha apfa, amagufa yiwe akazura umuntu (20, 21)

    • Ubuhanuzi bwa nyuma bwa Elisha buranguka (22-25)

  • 14

    • Amaziya, umwami w’Ubuyuda (1-6)

    • Amaziya arwana n’Abanyedomu. Arwana n’Abisirayeli (7-14)

    • Urupfu rwa Yehowasi, umwami wa Isirayeli (15, 16)

    • Urupfu rwa Amaziya (17-22)

    • Yerobowamu wa kabiri, umwami wa Isirayeli (23-29)

  • 15

    • Azariya, umwami w’Ubuyuda (1-7)

    • Abami ba nyuma ba Isirayeli: Zakariya (8-12), Shalumu (13-16), Menahemu (17-22), Pekahiya (23-26), Peka (27-31)

    • Yotamu, umwami w’Ubuyuda (32-38)

  • 16

    • Ahazi, umwami w’Ubuyuda (1-6)

    • Ahazi aha igiturire Abashuri (7-9)

    • Ahazi akora igicaniro nk’ic’abapagani (10-18)

    • Urupfu rwa Ahazi (19, 20)

  • 17

    • Hosheya, umwami wa Isirayeli (1-4)

    • Isirayeli itemba (5, 6)

    • Abisirayeli batwarwa mu bunyagano kubera ubuhuni (7-23)

    • Abanyamahanga bazanwa ngo babe i Samariya (24-26)

    • Abasamariya bavangatiranya ivy’ugusenga (27-41)

  • 18

    • Hezekiya, umwami w’Ubuyuda (1-8)

    • Incamake y’ingene Isirayeli yatemvye (9-12)

    • Senakeribu atera Ubuyuda (13-18)

    • Rabushake acokora Yehova (19-37)

  • 19

    • Hezekiya atabaza Imana biciye kuri Yesaya (1-7)

    • Senakeribu atera ubwoba ababa i Yeruzalemu (8-13)

    • Isengesho rya Hezekiya (14-19)

    • Yesaya avuga ivyo Imana yamwishuye (20-34)

    • Umumarayika yica Abashuri 185.000 (35-37)

  • 20

    • Hezekiya arwara hanyuma agakira (1-11)

    • Intumwa zaje ziva i Babiloni (12-19)

    • Urupfu rwa Hezekiya (20, 21)

  • 21

    • Manase, umwami w’Ubuyuda. Yarasheshe amaraso (1-18)

      • Yeruzalemu izosangangurwa (12-15)

    • Amoni, umwami w’Ubuyuda (19-26)

  • 22

    • Yosiya, umwami w’Ubuyuda (1, 2)

    • Ibijanye no gusanasana urusengero (3-7)

    • Batora igitabu c’amategeko (8-13)

    • Hulida avuga ivyago bizoba (14-20)

  • 23

    • Ibintu Yosiya yahinduye (1-20)

    • Bahimbaza Pasika (21-23)

    • Ibindi Yosiya yahinduye (24-27)

    • Urupfu rwa Yosiya (28-30)

    • Yehowahazi, umwami w’Ubuyuda (31-33)

    • Yehoyakimu, umwami w’Ubuyuda (34-37)

  • 24

    • Yehoyakimu agarariza. Urupfu rwiwe (1-7)

    • Yehoyakini, umwami w’Ubuyuda (8, 9)

    • Abajanywe i Babiloni ubwa mbere (10-17)

    • Zedekiya, umwami w’Ubuyuda. Agarariza (18-20)

  • 25

    • Nebukadinezari yugariza Yeruzalemu (1-7)

    • Yeruzalemu n’urusengero rwaho bitikizwa. Abajanywe i Babiloni ubwa kabiri (8-21)

    • Gedaliya aba buramatari (22-24)

    • Gedaliya yicwa. Abantu bahungira mu Misiri (25, 26)

    • Yehoyakini akurwa mw’ibohero i Babiloni (27-30)