Abakorinto ba kabiri 9:1-15

  • Imvo zo gutanga (1-15)

    • Imana ikunda uwutanga anezerewe (7)

9  Ku vyerekeye rero igikorwa co gufasha aberanda+, vy’ukuri ntibikenewe ko ndabandikira,  kuko nzi umutima ukunze mufise. Ndawiratira ku Banyamasedwane, nkababwira yuko intara ya Akaya imaze umwaka yiteguye, kandi umwete wanyu warakabuye benshi muri bo.  Mugabo ndungitse abavukanyi kugira ngo ivyo twavuze tubiratira ku vyerekeye uwo mutima ukunze mufise, ntibiboneke ko atari vyo. Ni ukugira kandi muzobe mwiteguye vy’ukuri, kuko nababwiye ko bazosanga mwiteguye.  Ahandiho, hamwe Abanyamasedwane bozanana nanje bagasanga mutiteguye twomaramara kubera twabizigiye, kandi na mwebwe mwomaramara.  Niyumviriye rero ko bikenewe ko nsaba abavukanyi ngo baze iwanyu imbere y’igihe kugira ngo bategure hakiri kare ingabire nyinshi mwemeye gutanga. Bizotuma dusanga iyo ngabire yateguwe maze biboneke ko mutayitanze mugoberewe, ahubwo ko mwayitanze n’umutima mwiza.  Mugabo muri ivyo, uwubiba isorosoro azokwimbura isorosoro, uwubiba vyinshi na we yimbure vyinshi+.  Umwe wese nagire nk’uko yavyiyemeje mu mutima wiwe, ntabigirane umwikomo* canke agoberewe+, kuko Imana ikunda uwutanga anezerewe+.  Vyongeye, Imana irashoboye kugwiza ubuntu buhebuje* bwose ibagirira, kugira ngo mwame mufise ibibakwiye muri vyose, mwongere mugire vyinshi ku bw’igikorwa ciza cose+.  (Nk’uko vyanditswe, «aratanga cane*, agafasha aboro. Ubugororotsi bwiwe bwamaho ibihe vyose+ 10  Umwe rero avotororera umubivyi imbuto agatanga n’ibifungurwa vyo kurya, azotanga yongere agwize imbuto kugira ngo mubibe, kandi azotuma ivyimburwa vy’ubugororotsi bwanyu vyongerekana.) 11  Muri vyose muriko muratungishwa kugira mutange cane mu buryo bwose, bigatuma Imana ishimirwa biciye kuri twebwe. 12  Kuko intumbero y’iki gikorwa gikorerwa abantu atari iyo gutuma gusa aberanda baronswa neza ivyo bakeneye+. Gifise n’intumbero yo gutuma abantu benshi bashimira Imana cane. 13  Iki gikorwa co gutabara kirerekana umutima mufise. Bituma baninahaza Imana kubera yuko mukurikiza ivyo mwamamaza bijanye n’inkuru nziza yerekeye Kristu, no kubera yuko mubaha intererano mukaziha n’abandi bose mutitangiriye itama+. 14  Kandi bazotakambira Imana ku bwanyu berekane urukundo babakunda kubera ubuntu buhebuje bw’Imana mugirirwa. 15  Imana ishimwe kubera ingabire ya gusa itanga itagira uko yovugwa.

Utujambo tw'epfo

Canke «ntabigire agonanwa.»
Canke «atitangiriye itama.»