Ja ku birimwo

Ni ibiki twigira ku bagore bavugwa muri Bibiliya?

Ni ibiki twigira ku bagore bavugwa muri Bibiliya?

Inyishu Bibiliya itanga

 Bibiliya iravuga ibijanye n’abagore benshi dushobora kwigirako ivyigwa bitari bike. (Abaroma 15:4; 2 Timoteyo 3:16, 17) Iki kiganiro kiravuga bamwebamwe muri bo. Benshi badusigiye uturorero twiza twokwigana, abandi na bo batubereye imburi.​—1 Abakorinto 10:11; Abaheburayo 6:12.

  Abigayili

 Yari nde? Yari umugore wa Nabali, umugabo w’umutunzi ariko afise umutima mubi. Abigayili we yari umugore aciye ubwenge kandi yicisha bugufi. Yari mwiza kandi yari afise kamere zishimwa n’Imana.​—1 Samweli 25:3.

 Yakoze iki? Yarahaserutse abigiranye ubwenge kugira ngo ibara ntirigwe. We na Nabali baba mu karere Dawidi yinyegezamwo igihe yariko arahunga Sauli. Dawidi ni we yohavuye aba umwami wa Isirayeli. Igihe Dawidi n’abasoda biwe bari muri ako karere, barakingiye intama za Nabali ngo abasuma ntibazibe. Ariko igihe Dawidi yarungika abantu kwa Nabali ngo bamusabe ibifungurwa, Nabali yaranse kubibaha ashirako n’ibitutsi. Dawidi yaciye ashangashirwa. We hamwe n’abasoda biwe baciye bahaguruka ngo baje kwica Nabali n’abagabo bose bo mu rugo rwiwe.​—1 Samweli 25:10-12, 22.

 Abigayili yumvise ivyo umugabo wiwe yari yakoze, yaciye akwakwanya aha abasuku biwe ibifungurwa bashira Dawidi n’abasoda biwe, na we aca arabakurikira kugira asabe ikigongwe Dawidi. (1 Samweli 25:14-19, 24-31) Dawidi abonye ivyo bintu hamwe n’ukwicisha bugufi kw’uwo mugore, akumva n’impanuro nziza amuhaye, yaciye yiyemerera ko ari Imana yamurungitse gukinga ibara ryagira rigwe. (1 Samweli 25:32, 33) Inyuma y’aho gatoyi Nabali yarapfuye, Dawidi aca aracura Abigayili.​—1 Samweli 25:37-41.

 Ni ibiki tumwigirako? Naho yari mwiza kandi akaba atunze, ntiyabona ko ari agakomeye. Yaremeye gusaba ikigongwe kw’ikosa atari yakoze kugira azigame amahoro. Yarashoboye gutunganya ingorane ikomeye atekanye kandi abigirana ubwenge n’umutima rugabo.

  Debora

 Yari nde? Yari umuhanuzikazi Yehova Imana ya Isirayeli yakoresheje mu guhishurira iryo hanga ivyo yaba ashaka ko rikora. Imana kandi yaramukoresheje mu gutunganya amatati yaba yadutse hagati y’Abisirayeli.​—Abacamanza 4:4, 5.

 Yakoze iki? Uwo muhanuzikazi yarashigikiye abasavyi b’Imana abigiranye umutima rugabo. Abisabwe n’Imana, yaratumyeko Baraki ngo ayobore ingabo z’Abisirayeli kugira zije gutera Abanyakanani bariko barabakandamiza. (Abacamanza 4:6, 7) Igihe Baraki yamusaba ngo bajane, ntiyatekewe n’ubwoba ahubwo yaravyemeye ata guhigimanga.​—Abacamanza 4:8, 9.

 Imana imaze guha Abisirayeli intsinzi ikomeye, Debora yaratunganije n’imiburiburi igice c’ururirimbo we na Baraki baririmvye mu kwigina iyo ntsinzi. Muri urwo ruririmbo, yaravuzemwo uruhara uwundi mugore w’intwari yitwa Yayeli yagize mu gutsinda Abanyakanani.​—Abacamanza, ikigabane ca 5.

 Ni ibiki tumwigirako? Debora yaritanga cane kandi yari afise umutima rugabo. Yararemesha abandi gukora ibigororotse mu maso y’Imana. Kandi babikoze, ntiyatinya kubashimagiza.

  Delila

 Yari nde? Yari umugore yakundana na Samusoni umucamanza wa Isirayeli.​—Abacamanza 16:4, 5.

 Yakoze iki? Yaremeye kwakira amahera ahawe n’abatware b’Abafilisitiya kugira bafate Samusoni, umuntu Imana yariko irakoresha kugira irokore Abisirayeli mu gacinyizo k’Abafilisitiya. Abafilisitiya vyari vyarabananiye kunesha Samusoni kubera yari afise inguvu zidasanzwe yahawe n’Imana. (Abacamanza 13:5) Abo batware baciye basaba Delila ngo abafashe.

 Abafilisitiya barahaye igiturire Delila kugira ababwire aho Samusoni yakura inguvu zidasanzwe yari afise. Delila yaracakiriye. Amaze kuryosharyosha Samusoni incuro nyinshi, yahavuye amubwira akabanga k’aho yakura inguvu. (Abacamanza 16:15-17) Delila yaciye yibira ako kabanga Abafilisitiya, na bo baca barafata Samusoni baramupfunga.​—Abacamanza 16:18-21.

 Ni ibiki tumwigirako? Delila aratubera imburi. Kubera yakunda amahera cane, yarahenze umusavyi w’Imana yongera aramuhemukira abigiranye uburyarya.

  Esiteri

 Yari nde? Yari Umuyudakazi Umwami Ahasuwerusi w’Ubuperesi yatoye ngo amubere umugore.

 Yakoze iki? Umwamikazi Esiteri yarakoresheje ububasha yari afise kugira abantu bo mu bwoko bwiwe ntibagirirwe ihonyabwoko. Yaramenye ko hari harasohotse itegeko rishinga umusi Abayuda bose baba mu nganji y’Ubuperesi bari kwicirwako. Uwo mugambi ugayitse wari wateguwe n’umugabo yitwa Hamani, akaba yari umushikiranganji wa mbere muri iyo nganji. (Esiteri 3:13-15; 4:1, 5) Afashijwe na mwene sewabo Morudekayi, yarahishuriye uwo mugambi umugabo wiwe Umwami Ahasuwerusi, naho vyari gutuma ashobora kuhasiga agatwe. (Esiteri 4:10-16; 7:1-10) Ahasuwerusi yaciye yemerera Esiteri na Morudekayi gusohora irindi tegeko riha Abayuda uburenganzira bwo kwirwanira. Abayuda bahavuye batsinda abo bansi babo bimwe bikomeye.​—Esiteri 8:5-11; 9:16, 17.

 Ni ibiki tumwigirako? Umwamikazi Esiteri yaradusigiye akarorero kadasanzwe ku bijanye n’umutima rugabo, ukwicisha bugufi n’ukwifata ruto. (Zaburi 31:24; Abafilipi 2:3) Naho yari mwiza akagira n’ikibanza gikomeye, yarasaba abandi impanuro kandi akemera ko bamufasha. Mu kuvugana n’umugabo wiwe, yabigirana icubahiro n’ukwigengesera ariko ashikamye. N’igihe nyene Abayuda bari bageramiwe cane, yaremanze ko na we nyene yari Umuyudakazi.

  Eva

 Yari nde? Ni we mugore wa mbere yabayeho kandi ni we mugore wa mbere avugwa muri Bibiliya.

 Yakoze iki? Yaragambaraye itegeko ritomoye Imana yari yatanze. Cokimwe n’umugabo wiwe Adamu, yari atunganye kandi yari yaremanywe umwidegemvyo wo kwihitiramwo n’ubushobozi bwo kwigana kamere z’Imana, nk’urukundo n’ubwenge. (Itanguriro 1:27) Eva yari azi ko Imana yabwiye Adamu ko bopfuye baramutse bariye ku giti yari yarababujije. Ariko yarahenzwe aremera ko atopfuye. Mu vy’ukuri Shetani yatumye Eva yemera ko agambarariye Imana ari ho yobayeho neza. Eva yaciye arya kuri ico giti, mu nyuma arajijura n’umugabo wiwe na we nyene ararya.​—Itanguriro 3:1-6; 1 Timoteyo 2:14.

 Ni ibiki tumwigirako? Eva aratubera imburi. Ivyo yakoze biratwereka akaga kari mu kwigumizamwo ivyipfuzo bibi. Naho Imana yari yarabahaye itegeko ritomoye, yaritsimbatajemwo icipfuzo gikomeye co gutwara ibitari rwiwe.​—Itanguriro 3:6; 1 Yohani 2:16.

  Hana

 Yari nde? Yari umugore wa Elikana akaba na nyina wa Samweli, uwahavuye aba umuhanuzi azwi cane muri Isirayeli.​—1 Samweli 1:1, 2, 4-7.

 Yakoze iki? Igihe atari bwaronke akana, yarasavye Imana ngo imufashe. Umugabo wa Hana yari afise abagore babiri. Uwundi mugore wiwe Penina yari afise abana ariko Hana yaramaze igihe kirekire atararonka akana. Penina yaramuryagagura mugabo Hana yaca yitura Imana ngo imufashe. Yarasezeraniye Imana ko hamwe yomuronsa umwana yociye amutanga ngo ayikorere kw’itaberenakulo, rikaba ryari ihema Abisirayeli bakoresha mu bijanye no gusenga.​—1 Samweli 1:11.

 Imana yarishuye isengesho rya Hana iramuha umuhungu yitwa Samweli. Hana yarashikije ivyo yari yarasezeranye, aratwara Samweli kw’itaberenakulo akiri agahungu gatoyi. (1 Samweli 1:27, 28) Buri mwaka yaramukorera umwitero utagira amaboko akawumushira. Imana yahavuye ihezagira Hana aravyara abandi bana batanu, abahungu batatu n’abakobwa babiri.​—1 Samweli 2:18-21.

 Ni ibiki tumwigirako? Amasengesho avuye ku mutima Hana yatura yaramufasha kwihanganira ibigeragezo. Isengesho ryo gukenguruka yatuye riri muri 1 Samweli 2:1-10 rirerekana ko yari afise ukwizera gukomeye.

  Yayeli

 Yari nde? Yari umugore wa Heberi, kandi Heberi ntiyari Umwisirayeli. Yayeli yarashigikiye abasavyi b’Imana abigiranye umutima rugabo.

 Yakoze iki? Yaragaragaje ubutwari igihe Sisera umukuru w’ingabo z’Abanyakanani yaza mw’ihema ryiwe. Sisera yari yatsinzwe mu rugamba yariko ararwana n’Abisirayeli, akaba yariko ararondera ahantu yokwinyegeza. Yayeli yaramuhaye ikaze mw’ihema ryiwe kugira aruhukireyo. Igihe Sisera yari asinziriye, Yayeli yaciye amwica.​—Abacamanza 4:17-21.

 Ico kintu Yayeli yakoze carashikije ubuhanuzi Debora yari yavuze ati: “Mu minwe y’umugore [ni] ho Yehova azogurisha Sisera.” (Abacamanza 4:9) Ivyo vyatumye Yayeli ahayagizwa ko ari ‘uwahezagiwe rwose mu bagore.’​—Abacamanza 5:24.

 Ni ibiki tumwigirako? Yayeli yaribwirije yongera arakorana umutima rugabo. Inkuru yiwe irerekana ko Imana ishobora kuyobora ibintu kugira ishitse ubuhanuzi.

  Yezebeli

 Yari nde? Yari umugore wa Ahabu umwami wa Isirayeli. Ntiyari Umwisirayelikazi kandi ntiyasenga Yehova. Yasenga Bayali imana y’Abanyakanani.

 Yakoze iki? Umwamikazi Yezebeli yariganza, yari ruburakigongwe akaba n’inkozi y’ikibi. Yararemesheje ivyo gusenga Bayali hamwe n’ubuhumbu bwajana na vyo. Yaranagerageje guhonya abantu bose basenga Imana y’ukuri Yehova.​—1 Abami 18:4, 13; 19:1-3.

 Yezebeli yarabesha akongera akica abantu kugira aronke ivyo ashaka. (1 Abami 21:8-16) Nk’uko Imana yari yarabivuze, Yezebeli yishwe rubi kandi ntiyanahambwe.​—1 Abami 21:23; 2 Abami 9:10, 32-37.

 Ni ibiki tumwigirako? Yezebeli aratubera imburi. Yari umugore atisonera kandi ata co yibanga, ku buryo uvuze Yezebeli umuntu aca abona umugore atagira isoni, w’igihumbu kandi atagira ukwigumya.

  Leya

 Yari nde? Yari umugore wa mbere w’umwe sekuruza w’imiryango Yakobo. Mutoyi wiwe Rasheli na we yari umugore wa kabiri.​—Itanguriro 29:20-29.

 Yakoze iki? Yaravyariye Yakobo abahungu batandatu. (Rusi 4:11) Yakobo yari yashatse gutwara Rasheli, ntiyari yashatse Leya. Ariko rero, Labani se w’abo bakobwa yaciye amuha Leya mu kibanza ca Rasheli. Igihe Yakobo yabona ko Labani yamuhenze akamuha Leya, yaciye amubaza igituma. Labani yisiguye avuga ko mu mico y’iwabo umwigeme mutoyi ataja kwubaka imbere y’uko mukuru agenda. Haheze indwi imwe, Yakobo yaratwaye na Rasheli.​—Itanguriro 29:26-28.

 Yakobo yakunda Rasheli kurusha Leya. (Itanguriro 29:30) Ivyo vyatumye Leya agira ishari maze atangura guhiganwa na mwene wabo kugira Yakobo amukunde. Imana yarabonye amagorwa ya Leya ica iramuhezagira imuha abana indwi: abahungu batandatu n’umukobwa umwe.​—Itanguriro 29:31.

 Ni ibiki tumwigirako? Leya yama asenga Imana kandi naho yari afise ingorane mu rugo, ntiyigera yibagira ko Imana imwitwararika. (Itanguriro 29:32-35; 30:20) Naho Imana yaretse ivyo guharika bikaba mu kiringo kanaka, inkuru ya Leya irerekana ko uwo mugenzo ata kindi uvamwo atari ingorane. Imana yashinze ko umugabo yubakana n’umugore umwe gusa, n’umugore akubakana n’umugabo umwe gusa.​—Matayo 19:4-6.

  Marita

 Yari nde? Yavukana na Lazaro na Mariya, kandi bose uko ari batatu baba mu kigwati ca Betaniya hafi y’i Yeruzalemu.

 Yakoze iki? Marita yari umugenzi wa Yezu kandi “Yezu yarakunda Marita na mwene wabo be na Lazaro.” (Yohani 11:5) Marita yari umwakiranyi. Igihe kimwe Yezu yari yabagendeye. Mariya yahisemwo kwumviriza Yezu ariko Marita we aca aja mu vyo guteka. Marita yaridoze abwira Yezu ko Mariya atariko aramufasha. Yezu yarakosoye Marita abigiranye umutima mwiza.​—Luka 10:38-42.

 Igihe Lazaro yarwara, Marita na mwene wabo baratumyeko Yezu kuko bari bizeye ko yari kumukiza. (Yohani 11:3, 21) Ariko Lazaro yarapfuye. Ikiganiro Marita yagiraniye na Yezu carerekanye ko yizera umuhango w’izuka Bibiliya itanga be n’uko yari yizigiye ko Yezu yari ashoboye kuzura musazawe.​—Yohani 11:20-27.

 Ni ibiki tumwigirako? Marita yari umwakiranyi cane. Yaremera guhanurwa. Yaraserura ingene yiyumva hamwe n’ivyo yemera.

  •  Ushaka ayandi makuru yerekeye Marita, raba ikiganiro “Ndemera.”

  Mariya (nyina wa Yezu)

 Yari nde? Yari umukobwa w’Umuyudakazi, kandi yari akiri isugi igihe yavyara Yezu kuko yari yasamye inda yiwe ku gitangaro.

 Yakoze iki? Yarakoze ivyo Imana ishaka yicishije bugufi. Yari arehejwe na Yozefu igihe umumarayika yamubonekera akamubwira ko azokwibungenga maze akavyara Mesiya, uwo bari bamaze igihe barindiriye. (Luka 1:26-33) Yaremeye iryo banga ata kugonanwa. Inyuma y’aho Yezu avukiye, Mariya na Yozefu baravyaye abahungu bane n’abakobwa n’imiburiburi babiri. Mariya rero ntiyagumye ari isugi. (Matayo 13:55, 56) Naho yatewe iteka ridasanzwe, ntiyigeze arondera gushemagizwa kandi ntiyigeze afatwa mu buryo budasanzwe, haba igihe Yezu yari akiri ng’aha kw’isi canke igihe ishengero rya gikirisu ryari rimaze gushingwa.

 Ni ibiki tumwigirako? Mariya yari umukenyezi w’umwizigirwa kandi yaremeye kuzezwa ibanga rikomeye ata kugonanwa. Yari azi neza Ivyanditswe. Biboneka ko yasubiyemwo ivyanditswe incuro zirenga 20 mu majambo yavuze aboneka muri Luka 1:46-55.

  Mariya (mushiki wa Lazaro)

 Yari nde? We hamwe na musazawe Lazaro na mwene wabo Marita bari abagenzi ba Yezu.

 Yakoze iki? Mariya yarerekanye akatari gake ko yubaha Yezu Umwana w’Imana. Yaraseruye ko yari yizigiye ko iyo Yezu ahaba musazawe Lazaro atari gupfa, kandi ni ho yari igihe Yezu yamuzura. Mwene wabo Marita yaramunebaguye kubera yahisemwo kwumviriza Yezu aho kumufasha ibikorwa. Ariko Yezu yarakeje Mariya kubera yashira imbere ivy’Imana.​—Luka 10:38-42.

 Ikindi gihe, Mariya yarerekanye ko afise umutima wo gutanga mu gusuka kuri Yezu “amavuta amota neza azimvye.” (Matayo 26:6, 7) Abandi bari ng’aho bamwagirije ko asesagura. Ariko Yezu yaramuburaniye mu kuvuga ati: “Ahantu hose iyi nkuru nziza [y’Ubwami bw’Imana] izokwamamazwa mw’isi yose, ivyo uyu mugore yakoze na vyo nyene bizovugwa bibe icibutso ciwe.”​—Matayo 24:14; 26:8-13.

 Ni ibiki tumwigirako? Mariya yari afise ukwizera gukomeye. Yashira imbere ibijanye no gusenga Imana, ntiyashira imbere ibikorwa vyo mu buzima bwa misi yose. Kandi yarateye iteka Yezu, naho vyamusavye kwikokora.

  Mariya Magadalena

 Yari nde? Yari umwigishwa wa Yezu w’intahemuka.

 Yakoze iki? Yari umwe mu bagore benshi bagendanye na Yezu n’abigishwa biwe. Yarakoresheje ubutunzi bwiwe kugira abaronse ivyo bakeneye. (Luka 8:1-3) Yarakurikiye Yezu gushika arangije igikorwa ciwe, kandi yari hafi igihe Yezu yicwa. Yaratewe iteka ryo kuba mu ba mbere babonye Yezu amaze kuzuka.​—Yohani 20:11-18.

 Ni ibiki tumwigirako? Yarashigikiye cane Yezu mu gikorwa yaranguye kandi yagumye ari umwigishwa w’intahemuka.

  Miriyamu

 Yari nde? Yari mushiki wa Musa na Aroni. Ni we mugore wa mbere Bibiliya ivuga ko yabaye umuhanuzikazi.

 Yakoze iki? Kubera ko yari umuhanuzikazi, yaramenyesha abandi ubutumwa buvuye ku Mana. Yari afise ikibanza gihambaye muri Isirayeli, kandi yarifatanije n’abagabo mu kuririmba ururirimbo rw’intsinzi igihe Imana yahonereza igisoda ca Misiri mu Kiyaga Gitukura.​—Kuvayo 15:1, 20, 21.

 Inyuma y’aho gatoyi, Miriyamu na Aroni baranebaguye Musa. Biboneka ko babitewe n’ubwibone n’ishari. Imana ‘yariko irumviriza’ kandi yarabakosoye ata gufyina. (Guharūra 12:1-9) Imana yaciye iteza Miriyamu imibembe, kumbure kubera ari we yatanguye kunebagura Musa. Musa yaratakambiye Imana ngo imukize, ica iramukiza. Haheze imisi indwi ari ukwa wenyene, yaremerewe gusubira mw’ikambi ya Isirayeli.​—Guharūra 12:10-15.

 Bibiliya yerekana ko Miriyamu yemeye gukosorwa. Haheze imyaka amajana, Imana yaravuze ibijanye n’agateka kadasanzwe yari afise igihe yibutsa Abisirayeli iti: “Narungitse imbere yanyu Musa na Aroni na Miriyamu.”​—Mika 6:4.

 Ni ibiki tumwigirako? Inkuru ya Miriyamu irerekana ko Imana yitaho ivyo abasavyi bayo bavugana n’ivyo bavuga ku bandi. Iratwigisha kandi ko kugira duhimbare Imana dutegerezwa kwirinda ubwishime n’ishari kuko bishobora gutuma twambika ibara abandi.

  Rasheli

 Yari nde? Yari umukobwa wa Labani, akaba n’umugore wa Yakobo w’inkundwakazi.

 Yakoze iki? Yavyaranye na Yakobo abahungu babiri, bakaba bahavuye baba mu bo ya miryango 12 ya Isirayeli yakomotseko. Rasheli yahuye n’uwahavuye amubera umugabo igihe yari aragiye intama za se. (Itanguriro 29:9, 10) Yari “mwiza” kurusha mukuruwe Leya.​—Itanguriro 29:17.

 Yakobo yarakunze Rasheli, aremera gukora imyaka indwi kugira amutware. (Itanguriro 29:18) Ariko Labani yarahenze Yakobo abanza kumuha Leya, mu nyuma aca aremera kumuha na Rasheli.​—Itanguriro 29:25-27.

 Yakobo yakunda Rasheli n’abahungu biwe babiri kuruta uko yakunda Leya n’abana biwe. (Itanguriro 37:3; 44:20, 27-29) Ivyo vyatumye haba ubukeba hagati y’abo bagore babiri.​—Itanguriro 29:30; 30:1, 15.

 Ni ibiki tumwigirako? Rasheli yarihanganiye ingorane zo mu muryango, aguma yizigiye ko Imana izokwumviriza amasengesho yiwe. (Itanguriro 30:22-24) Inkuru yiwe irerekana ko guharika bitera induru mu muryango. Ivyashikiye Rasheli birerekana ko ingingo Imana yashinze y’uko umugabo agira umugore umwe gusa irimwo ubukerebutsi.​—Matayo 19:4-6.

  Rahabu

 Yari nde? Yari umumaraya yaba i Kanani mu gisagara ca Yeriko, kandi yahavuye aba umusavyi wa Yehova Imana.

 Yakoze iki? Yaranyegeje Abisirayeli babiri bari baje gutata igisagara ca Yeriko. Yabigize kubera yari yarumvise ingene Yehova Imana ya Isirayeli yakuye abasavyi bayo mu Misiri, mu nyuma na ho ikabarokora mu maboko y’Abamori.

 Rahabu yarafashije abo batasi aca abasaba ko bomuziguriza n’umuryango wiwe nibaza gutera Yeriko. Baramwemereye ariko bamusaba ibintu bikurikira: kubabikira ibanga, kuguma mu nzu yiwe ari kumwe n’umuryango wiwe igihe Abisirayeli bobaye baje gutera, no kubohera kw’idirisha ry’inzu yiwe umugozi w’agahama kugira bize biborohere kuyimenya. Rahabu yarakoze ibintu vyose bamusavye, maze we n’umuryango wiwe bararokoka igihe Abisirayeli bigarurira Yeriko.

 Mu nyuma Rahabu yarubakanye n’Umwisirayeli kandi yahavuye aba inakuruza w’Umwami Dawidi hamwe na Yezu Kristu.​—Yosuwa 2:1-24; 6:25; Matayo 1:5, 6, 16.

 Ni ibiki tumwigirako? Bibiliya ivuga ko Rahabu yari afise ukwizera kudasanzwe. (Abaheburayo 11:30, 31; Yakobo 2:25) Inkuru yiwe irerekana ko Imana iharira be n’uko itagira nkunzi, kuko ihezagira abayizigira ata kuraba ivyo baciyemwo canke igihugu bakomokamwo.

  Rebeka

 Yari nde? Yari umugore wa Izahaki akaba na nyina wa ya mahasa Yakobo na Esawu.

 Yakoze iki? Yarakora ivyo Imana igomba n’igihe bitaba vyoroshe. Igihe yariko aravoma mw’iriba, hari umugabo yamusavye amazi yo kunywa. Ubwo nyene Rebeka yaciye amuha amazi, aranamusaba ko yovomera ingamiya ziwe. (Itanguriro 24:15-20) Uwo mugabo yari umusuku wa Aburahamu kandi yari yagize urugendo rurerure agiye kuronderera umugore Izahaki, umuhungu wa Aburahamu. (Itanguriro 24:2-4) Vyongeye, yari yasavye Imana ngo imuhezagire. Abonye umwete n’ubwakiranyi vya Rebeka, yaciye atahura ko Imana yari yishuye isengesho ryiwe, ko uwo ari we mugore Imana yari yahitiyemwo Izahaki.​—Itanguriro 24:10-14, 21, 27.

 Rebeka amaze kumenya icagenza uwo musuku, yaciye yemera ko basubirana inyuma, aja kuba umugore wa Izahaki. (Itanguriro 24:57-59) Rebeka yahavuye yibaruka abahungu b’amahasa. Imana yaramuhishuriye ko bukuru ari we Esawu yokoreye butoyi ari we Yakobo. (Itanguriro 25:23) Igihe Izahaki yagira ahe Esawu umuhezagiro wari ugenewe umwana w’imfura, Rebeka yaragize ico akoze kugira uwo muhezagiro uhabwe Yakobo, nk’uko nyene Imana yari yabigomvye.​—Itanguriro 27:1-17.

 Ni ibiki tumwigirako? Rebeka yarifata ruto, yari umunyamwete akaba n’umwakiranyi. Izo kamere zaratumye aba umukenyezi mwiza, inabibondo mwiza n’umusavyi wa Yehova abushitse.

  •  Ushaka ayandi makuru yerekeye Rebeka, raba ikiganiro “Ndemeye kugenda.

  Rusi

 Yari nde? Yari Umunyamowabukazi yahevye imana ziwe n’igihugu ciwe aja kuba umusavyi wa Yehova muri Isirayeli.

 Yakoze iki? Yarerekanye ko yakunda inabukwe Nawomi urukundo rudasanzwe. Nawomi n’umugabo wiwe n’abahungu babo babiri bari bagiye i Mowabu bahunze inzara yari muri Isirayeli. Abo bahungu bahavuye babira abagore b’Abanyamowabukazi, ari bo Rusi na Orupa. Ariko mu nyuma, umugabo wa Nawomi n’abahungu biwe babiri barapfuye, basiga abapfakazi batatu.

 Ikigoyi kimaze guhera muri Isirayeli, Nawomi yarafashe ingingo yo gusubirayo. Rusi na Orupa bahisemwo kujana na we. Ariko Nawomi yarabasavye ngo basubire ku ncuti zabo. Orupa yarasubiye inyuma. (Rusi 1:1-6, 15) Ariko Rusi yaranse kuvirira inabukwe. Yarakunda Nawomi kandi yashaka gusenga Imana Nawomi yasenga, ari yo Yehova.​—Rusi 1:16, 17; 2:11.

 Kubera ko Rusi yitanga cane akaba n’umunyamwete, ntiyatevye kumenyekana mu gisagara Nawomi yabamwo ca Betelehemu. Umugabo umwe w’umutunzi afise amatongo menshi yitwa Bowazi yarakozwe ku mutima cane na Rusi, aca aramuha ibifungurwa vyinshi asangira na Nawomi. (Rusi 2:5-7, 20) Rusi yahavuye arongorwa na Bowazi, arahava acika inakuruza w’Umwami Dawidi na Yezu Kristu.​—Matayo 1:5, 6, 16.

 Ni ibiki tumwigirako? Kubera yuko Rusi yakunda Nawomi na Yehova, yaremeye guheba igihugu ciwe n’incuti ziwe. Yari umunyamwete, yaritanga cane kandi yagumye ari intahemuka n’igihe yari mu ngorane nyinshi.

  •  Ushaka ayandi makuru yerekeye Rusi, raba ikiganiro “Aho uzoja ni ho nzoja” na “Umugore w’agahebuza.

  Sara

 Yari nde? Yari umugore wa Aburahamu akaba na nyina wa Izahaki.

 Yakoze iki? Yarahevye ubuzima bwiza yari afise mu gisagara gitunze ca Uri kubera ko yizera ivyo Imana yari yarasezeraniye umugabo wiwe Aburahamu. Imana yabwiye Aburahamu ngo ave i Uri aje mu gihugu ca Kanani. Imana yamusezeraniye kumuhezagira no kumugira ihanga rikomeye. (Itanguriro 12:1-5) Ico gihe Sara ashobora kuba yari ageze mu myaka 60. Kuva ico gihe, Sara n’umugabo wiwe bagumye baba mu mahema bakaza barimukanga.

 Naho ubwo buzima bwo kwimukanga bwatumye Sara aja mu kaga, yarashigikiye Aburahamu mu buyobozi bwose Imana yamuha. (Itanguriro 12:10, 15) Sara yamaze imyaka myinshi atagira akana, kandi ivyo vyaramutuntuza cane. Ariko Imana yari yarasezeraniye Aburahamu ko izohezagira uruvyaro rwiwe. (Itanguriro 12:7; 13:15; 15:18; 16:1, 2, 15) Mu nyuma, Imana yarasezeraniye Sara ko azovyarira Aburahamu umwana. Yahavuye yibaruka naho yari yararengeje cane imyaka yo kuvyara. Yari afise imyaka 90, umugabo wiwe na we 100. (Itanguriro 17:17; 21:2-5) Uwo mwana bamwise Izahaki.

 Ni ibiki tumwigirako? Akarorero ka Sara karatwigisha ko dukwiye kwama twizigira ko Imana izoshitsa ivyo yasezeranye, mbere n’ibisa n’ibidashoboka. (Abaheburayo 11:11) Akarorero kiwe kandi karatwigisha akamaro ko kugaragaza icubahiro mu mubano.​—1 Petero 3:5, 6.

  Umushulamukazi

 Yari nde? Yari umwigeme mwiza cane wo mu rutoke kandi ni we muntu nyamukuru avugwa mu gitabu co muri Bibiliya citwa Indirimbo ya Salomo. Bibiliya ntivuga izina ryiwe.

 Yakoze iki? Yaranse guhemukira umusore w’umwungere yakunda. (Indirimbo ya Salomo 2:16) Ubwiza bwiwe bwarakwegereye umwami w’umutunzi yitwa Salomo, aca aragerageza kumuryosharyosha ngo bakundane. (Indirimbo ya Salomo 7:6) Naho abandi bamuhanuye ngo yemere Salomo, uwo mwigeme yaranse. Yarakunda uwo mwungere aciye bugufi kandi ntiyigeze amuhemukira.​—Indirimbo ya Salomo 3:5; 7:10; 8:6.

 Ni ibiki tumwigirako? Yagumye yifata ruto naho yari mwiza kandi abantu bakaba baramutamarira. Ntiyaretse ngo urunganwe canke guhahamira ubutunzi n’icubahiro bitume aheba umwungere yari yakunze. Ntiyatwawe n’ibishobisho kandi yagumye yigenza runtu.

  Muka Loti

 Yari nde? Bibiliya ntitubwira izina ryiwe. Ariko iratubwira ko yari afise abakobwa babiri be n’uko we n’umuryango wiwe baba mu gisagara ca Sodomu.​—Itanguriro 19:1, 15.

 Yakoze iki? Yaragambaraye itegeko ry’Imana. Imana yari yafashe ingingo yo gutikiza Sodomu n’ibisagara bibanyi kubera vyari vyimonogoje mu buhumbu. Kubera yuko Imana yakunda umugororotsi Loti yaba muri ico gisagara hamwe n’umuryango wiwe, yararungitse abamarayika babiri ngo babahungishe.​—Itanguriro 18:20; 19:1, 12, 13.

 Abo bamarayika babwiye Loti n’umuryango wiwe ngo bahunge kandi ntibarabe inyuma kugira ntibapfe. (Itanguriro 19:17) Muka Loti yaciye ‘atangura kuraba inyuma, aca acika inkingi y’umunyu.’​—Itanguriro 19:26.

 Ni ibiki tumwigirako? Inkuru yiwe irerekana akaga kari mu gukunda amaronko gushika n’aho tugambararira Imana. Yezu yavuze ko ivyamushikiye bikwiye kutubera imburi. Yagize ati: “Mwibuke muka Loti.”​—Luka 17:32.

Igihe abo bagore babereyeho

  1.  Eva

  2.  Umwuzure (2370 imbere ya Kristu)

  3.  Sara

  4.  Muka Loti

  5.  Rebeka

  6.  Leya

  7.  Rasheli

  8. Kuvayo (1513 imbere ya Kristu)

  9.  Miriyamu

  10.  Rahabu

  11.  Rusi

  12.  Debora

  13.  Yayeli

  14.  Delila

  15.  Hana

  16. Umwami wa mbere wa Isirayeli (1117 imbere ya Kristu)

  17.  Abigayili

  18.  Umushulamukazi

  19.  Yezebeli

  20.  Esiteri

  21.  Mariya (nyina wa Yezu)

  22. Yezu abatizwa (29 inyuma ya Kristu)

  23.  Marita

  24.  Mariya (mushiki wa Lazaro)

  25.  Mariya Magadalena

  26. Yezu apfa (33 inyuma ya Kristu)