Ja ku birimwo

Bibiliya irahindura ubuzima

Muri izi nkuru ziganwa na bene zo, raba ukuntu Ijambo ry’Imana ryafashije abantu bo hirya no hino kw’isi guhindura ubuzima.

Ubuzima bwabo bwarahindutse

Ukuntu natanguye guhimbarirwa ubuzima

Nurabe ukuntu Bibiliya yafashije umugabo yakuze ari umuntu w’ubwoba kandi avuga make.

Twarasubiriye gukomeza umubano wacu dufashijwe n’Imana

Ububasha bw’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya burashobora gufasha uwo ari we wese ivyiwe bitifashe neza mu mubano.

Nararonse ubutunzi nyakuri

Umuntu yatunganya ivy’amahoteli yaronse gute ikintu c’agaciro kuruta ubutunzi?

Juan Pablo Zermeño: Yehova yarampaye ubuzima bufise intumbero

Ibihe biteye intuntu twaciyemwo birashobora kutugirako ingaruka zibabaje cane kandi z’igihe kirekire. Naho Pablo yaciye mu bihe bitoroshe, nurabe ukuntu yaronse ubuzima nyakuri burangwa amahoro n’umunezero.

Ntituzopfa twibagiye ingene yaturamukije ku Ngoro y’Ubwami

Steve aracibuka neza ukuntu bamwakiriye umusi wa mbere yitaba ikoraniro ry’Ivyabona vya Yehova ku Ngoro y’Ubwami.

Urukundo rudahemuka ruzotsinda ryari urwanko?

Gutsinda ivyiyumviro vyo kwinuba abandi si icoroshe. Raba ingene Umuyahudi umwe n’Umwarabu batsinze urwo rugamba.

Narakozwe ku mutima n’inyishu zitomoye Bibiliya itanga

Ernest Loedi yararonse inyishu z’ibibazo bihambaye bijanye n’ubuzima nk’iki: ‘Intumbero y’ubuzima ni iyihe?’ Inyishu zitomoye Bibiliya itanga zaratumye agira icizigiro ca kazoza.

Nugumane icizigiro igihe uri mu ngorane

Doris yaribaza igituma Imana ireka tugashikirwa n’imibabaro. Inyishu yayikuye aho atari yiteze.

Ibibazo bitatu vyarahinduye ubuzima bwanje

Igihe Doris Eldred yemera kwigishwa n’uwo yigisha, yararonse inyishu z’ibibazo yibaza ku bijanye n’ubuzima.

Sinashaka gupfa!

Yvonne Quarrie yarigeze kwibaza ati: “Kubera iki none ndiho?” Inyishu y’ico kibazo yarahinduye ubuzima bwiwe.

Yehova yarankoreye ivyiza vyinshi

Crystal yarafashwe ku nguvu akiri umwana. Ni gute kwiga Bibiliya vyamufashije kugiranira ubucuti n’Imana no kugira intumbero mu buzima?

Jeson Senajonon: Yehova yaranyumvise

Kuba Jeson yari umuragi, ntivyamubujije gukomeza ubucuti afitaniye n’Imana.

Naratevye ndasubiza hamwe na dawe

Raba icatumye Renée atangura kunywa ibiyayuramutwe n’inzoga hamwe n’icamufashije kuvavanura na vyo.

Ubu ndashobora gufasha abandi

Julio Corio yaragize isanganya ribabaje bituma abona ko Imana itamukunda. Muri Kuvayo 3:7 haramufashije guhindura ivyiyumviro.

Niyumvira ivyanje gusa

Christof Bauer yaramaze umwanya munini ariko arasoma Bibiliya igihe yariko arajabuka Ibahari Atlantike ari mu bwato bwiwe butoyi. Ni ibiki yahigiye?

Naripfuza kurwanya akarenganyo

Rafika yarinjiye mu muhari wari wiyemeje kurwanya ivangura ry’amoko. Ariko yahavuye amenya ko Bibiliya isezerana yuko mu gihe c’ingoma y’Ubwami bw’Imana hazoba hari amahoro n’ubutungane.

“Ubu sinkibona ko ntegerezwa guhindura isi”

Ni gute kwiga Bibiliya vyatumye umuntu umwe yaharanira amahinduka mu kibano amenya ikizozanira abantu amahinduka nyayo?

Narashize inkoho hasi

Raba ingene ubutumwa buhumuriza dusanga muri Bibiliya bwafashije Cindy guhinduka agaheba gukara cane.

Nabona ko Imana itabaho

Umusore yari yariziziwe n’ivyiyumviro vy’abahakanamana n’ivy’abakomunista, vyagenze gute ngo ashimishwe na Bibiliya?

Barahinduye idini

Ukuri kwo muri Bibiliya kwaramaze inyota

Igihe se wa Mayli Gündel yapfa, ntiyabaye acemera ko Imana ibaho. Ni igiki catumye yemera Imana vy’ukuri bigatuma agira amahoro mu mutima?

Bakoresheje Bibiliya mu kwishura ibibazo vyose!

Isolina Lamela yarabaye umubikira, hanyuma aba Umukomunisita aharanira amahinduka, ariko aho hompi yagiye aravunika umutima. Mu nyuma, yarahuye n’Ivyabona vya Yehova baramufasha gutora intumbero y’ubuzima bakoresheje Bibiliya.

Bararonse “imaragarita y’agaciro kanini”

Mary na Björn baronse ukuri kwerekeye Ubwami mu buryo butandukanye. None kwahinduye ubuzima bwabo gute?

Narahevye kwizigira amadini

Tom yaripfuza kubaho yizera Imana ariko ivyo yabonye mu madini vyaramuciye intege. Kwiga Bibiliya vyamufashije gute kugira icizigiro?

‘Yehova ntiyanyibagiye’

Uwo mugore yakunda cane ivy’Imana yahavuye aronka inyishu Bibiliya itanga ku bibazo yibaza bijanye n’igituma dupfa be n’ibishikira umuntu iyo apfuye. Niwirabire ukuntu ukuri kwahinduye ubuzima bwiwe.

“Naripfuza cane kuba umupatiri”

Kuva mu bwana, Roberto Pacheco yari afise intumbero yo kuba umupatiri muri Gatolika. Niwirabire icahinduye ubuzima bwiwe.

“They Wanted Me to Prove the Truth to Myself”

Luis Alifonso wanted to become a Mormon missionary. How did studying the Bible change his goals and his life?

Inzoga n'ibiyayuramutwe

«Sinkiri inkozi y’ikibi»

Umusi wa mbere Michael Kuenzle yatangura akazi gashasha, hari uwamubajije ati: «Wibaza ko Imana ari yobazwa imibabaro idushikira ng’aha kw’isi?» Ico kibazo carahinduye ubuzima bwiwe.

Naracitse uwo mw’ibarabara

Kuba Antonio yarivobetse mu bukazi, mu kunywa ibiyayuramutwe no mu kaborerwe vyatumye abona ko ubuzima butagira intumbero. None ni igiki catumye ahindura ivyiyumviro?

Ubu ndubaha abagore n’ubuzima bwanje

Joseph Ehrenbogen yarasomye ikintu muri Bibiliya camufashije guhindura ubuzima bwiwe.

“Naricaye ndiyumvira iyo ubuzima bwanje bwariko buraja”

Raba ukuntu ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zafashije umugabo umwe guhindura ingeso n’ivyiyumviro kugira ngo ahimbare Imana.

“Ingeso zanje zari zingeze ahantu”

Dmitry Korshunov yari imborerwa, ariko yaratanguye gusoma Bibiliya ku musi ku musi. Ni igiki none camufashije guhinduka?

Ubukozi bw'ikibi

“Nariko ndiyimbira icobo”

Ni igiki catumye umugabo wo muri El Salvador yahoze ari mu kagwi k’inkozi z’ikibi ahinduka?

Nari mfise ishavu ridasanzwe

Umuntu yahoze ari mu kagwi k’inkozi z’ikibi aremera adakeka ko ukuntu yahindutse abikesha ubushobozi Bibiliya ifise bwo guhindura ubuzima bw’abantu. Ubu afitaniye ubucuti bwiza n’Imana.

Nari umuntu yadundumiwe kandi yitwaza igikenye

Ni igiki catumye umusore yarwanira mu mabarabara wo muri Megizike ahinduka?

Numpe umwaka umwe gusa w’amahoro n’agahimbare

Alain Broggio yarakozwe ku mutima cane n’umurongo wo muri Bibiliya uboneka muri 1 Yohani 1:9.

Niyumvira ko ndiko ndaryimara mu buzima

Pawel Pyzara yarakara cane, akanywa urumogi kandi yashaka kuminuza mu vy’amategeko. Ibintu vyagiye guhinduka igihe yasomborotsa abagabo umunani.

Natera mba mubi cane

Stephen McDowell yari umusore w’inkozi y’ikibi, mugabo ubwicanyi atakoze bwaratumye ahinduka.

Naramenye yuko Yehova ari Imana y’imbabazi n’ikigongwe

Umugabo yitwa Normand Pelletier, ivyo guhangika abantu vyari vyaramwifatiye nk’urumogi. Mugabo hari umurongo umwe wo muri Bibiliya wamukoroje amosozi.

Nashaka kurwanya akarenganyo n’ubugizi bwa nabi

Antoine Touma yari umuhinga mu vyo kurwana akoresheje ubuhinga bwa kung fu, ariko icanditswe co muri 1 Timoteyo 4:8 caratumye ahinduka.

Nta ho naja ntafise inkoho yanje

Annunziato Lugarà yari mu kagwi k’inkozi z’ikibi, ariko kuja ku Ngoro y’Ubwami vyarahinduye ubuzima bwiwe.

“Kera abantu benshi baranyanka”

Niwirabire ingene kwiga Bibiliya vyafashije umuntu w’inkazi kuba umunyamahoro.

Kwinonora imitsi, umuziki n'ukwinezereza

Jason Worilds: Wama uroranirwa igihe ukorera Yehova

Gushingira ubuzima bwacu ku gukorera Yehova vyama bituma tugira umunezero urama.

Andrey Nesmachniy: Nari narihebeye umupira w’amaguru

Yahora ari rurangiranwa kandi afise akanoti ariko yarubuye ikintu c’agaciro cane.

Wamenga ndafise ivyo umuntu yokwipfuza vyose

Stéphane yari umucuraranzi akiri muto, afise amahera kandi yari rurangiranwa, ariko yumva ata co amaze kandi adahimbawe. Yashoboye gute kuronka agahimbare nyakuri n’intumbero mu buzima?

Agashimwe karuta ubundi bwose naronse

Ni igiki catumye umukinyi rurangiranwa wa tenisi ayiheba akaja kwamamaza inkuru nziza?

Aho ubona umuntu ava kure!

Umugabo umwe yahevye gute ingeso yo kuraba amasanamu y’ibiterasoni maze arironkera amahoro yo mu mutima?

Gukorera Yehova ni vyo biduha inkomezi

Umurongo umwe wo muri Bibiliya warakuye amazinda Hércules ko ashobora guhinduka akareka gukara maze akaba umuntu yihangana kandi akundana.

Nta candutira urukino rwa base-ball!

Samuel Hamilton yari yaratwawe n’inkino, ariko yarize Bibiliya ica irahindura ubuzima bwiwe.

Umuhango w’uko isi izohinduka Iparadizo warahinduye ubuzima bwanje!

Ivars Vigulis yashira imbere mu buzima bwiwe ivyo gusiganwa ku mapikipiki vyatuma avugangwa, ahabwa icubahiro kandi vyaramuryohera. None ukuri kwo muri Bibiliya kwagize ico gukoze gute ku buzima bwiwe?