Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA BW’ABANTU

Ubu ndubaha abagore n’ubuzima bwanje

Ubu ndubaha abagore n’ubuzima bwanje
  • YAVUTSE MU 1960

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO UBUFARANSA

  • KAHISE YARI UMUNYWARUMOGI W’INKOZI Y’IKIBI KANDI NTIYUBAHA ABAKENYEZI

KAHISE KANJE:

Navukiye mu gasagara gakenye karangwamwo ubukozi bw’ikibi i Mulhouse mu buraruko bushira ubuseruko bw’Ubufaransa. Nkiri umwana nama mbona imiryango yo muri ako karere icanamwo. Mu muryango wacu abagore barasuzugurwa kandi akenshi ntibagishwa inama. Nakuze mbona ko umugore ari uwo mu gikoni gusa akitwararika umugabo n’abana.

Narahuye n’ingorane nyinshi mu bwana. Dawe yapfuye mfise imyaka cumi ahitanywe n’ingaruka zo kunywa inzoga nyinshi. Haciye imyaka itanu umwe muri bakuru banje yariyahuye. Muri uwo mwaka nyene incuti yanje yarishwe mbona bivuye ku ndyane zari mu muryango wacu, kandi ivyo vyarambabaje cane. Abo mu muryango wanje baranyigishije kurwanisha inkota no kurasa be no kwivuna igihe cose bikenewe. Kubera ko nari umusore adashoboka naratanguye kwicapa ibintu ku mubiri no kunywa inzoga.

Mfise imyaka 16 buri musi nanywa amacupa ari hagati ya 10 na 15 y’inzoga, kandi sinatevye kunywa urumogi. Kugira ndonke amahera yo kubigura naragurisha ivyuma bitagikoreshwa nkongera nkiba. Ku myaka 17 nari maze kuja mu gasho. Naciriwe urubanza incuro 18 kubera ubusuma n’ubukozi bw’ikibi.

Nshikanye imyaka 20 ibintu vyarunyutse. Ku musi nanywa imisogoto 20 y’urumogi rwitwa marijuwana kandi naranywa n’ubundi bwoko bw’urumogi. Akatari gake narahatswe gupfa kubera nanyoye vyinshi. Naratanguye kudandaza urumogi, akaba ari co gituma nama nitwaza inkoho n’inkota. Igihe kimwe narahatswe kwica umugabo umwe ariko urusoro namurashe rwakubise ku cuma c’umusipi wiwe! Mfise imyaka 24 mawe yarapfuye kandi naciye mba umuntu yashishwe. Abantu bambonye mw’ibarabara baratekerwa n’ubwoba bagaca bampunga. Kubera nama ngwana, kenshi impera y’indwi nayimara ku biro vy’abapolisi canke kwa muganga bariko baranshona aho nakomeretse.

Nshikanye imyaka 28 narubatse urwanje. Nk’uko ushobora kuvyibaza sinubaha umugore wanje. Naramutuka nkongera nkamukubita. Nta kintu na kimwe twakorera hamwe. Nabona ko kuguma ndamuha udusharizo nivye bikwiye. Ariko rero hari ikintu cabaye ntari ndavyiteze. Umugore wanje yaratanguye kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Amaze kwiga rimwe, yaciye ahagarika itabi, aranka gusubira kwakira amahera nivye yongera aransubiza udusharizo nari naramuhaye. Narishwe n’ishavu. Naramubuza kwiga Bibiliya nkaza ndamuhuhira mu maso umwotsi w’itabi. Naramumaramaza no mu babanyi.

Umusi umwe mw’ijoro naraturiye inzu twabamwo kubera nari naborewe cane. Umugore wanje ni we yadukuye muri izo mbeya je n’agakobwa kacu k’imyaka itanu. Igihe inzoga zamvako narumvise niyanse. Nabona ko Imana itokwigera imbabarira. Naciye nibuka igihe nigeze kwumva patiri avuga ko abakora ibibi bazoja mu muriro udahera. N’umuganga w’indwara zo mu mutwe yarigeze kumbwira ati: “Wewe karabaye, ntukivayo.”

INGENE BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE:

Inzu yacu imaze gusha twaciye tuja kubana n’abavyeyi b’umugore wanje. Igihe Ivyabona baza kuraba umugore wanje nababajije nti: “Imana yoba ishobora kumbabarira ibicumuro vyanje vyose?” Baranyeretse icanditswe co mu 1 Abakorinto 6:9-11. Harerekana ingeso Imana yanka mugabo hagaca havuga hati: “Ukwo ni ko bamwe muri mwebwe bari bameze.” Ayo majambo yaranyeretse ko nshobora guhinduka. Ivyabona baciye bansomera icanditswe co muri 1 Yohani 4:8 baranyereka ko Imana inkunda. Ivyo vyarandemesheje nca ndabasaba ko bonyigisha Bibiliya kabiri mu ndwi. Naciye ntangura kwitaba amakoraniro bagira. Naguma nsenga Yehova.

Haciye ukwezi kumwe, narafashe ingingo yo guheba inzoga n’urumogi. Ivyo vyambereye urugamba rukomeye! Nararota ibintu biteye ubwoba, nkameneka umutwe, nkagira ibinyanya bikaze be n’izindi ngaruka ziterwa no guhagarika urumogi. Ariko no muri ico gihe nyene nariboneye ingene Yehova yanshigikiye. Yaramfashije nk’uko yafashije intumwa Paulo uwagize ati: “Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.” (Abafilipi 4:13) Haciye igihe narahevye n’itabi.​—2 Abakorinto 7:1.

Uretse ko Bibiliya yamfashije guhindura ubuzima yaramfashije no kuryohora umubano wanje. Sinasubiye gufata nabi umugore wanje. Naratanguye kumwereka ko ndamuha agaciro, ndiga kuvugana urupfasoni no gushima. Naratanguye no kwitwararika vy’ukuri umukobwa wacu. Maze umwaka niga Bibiliya nareguriye Yehova ubuzima bwanje ndabatizwa nk’uko umugore wanje yari yarabigize.

IVYIZA NAHAKUYE:

Emwe, Bibiliya yarandokoye. Mbere n’incuti zitari Ivyabona vya Yehova baremera ko urumogi ruba rwarampitanye canke nkicwa ndiko ndarwana.

Bibiliya yaramfashije cane mu kunyereka ingene noba serugo n’umuvyeyi mwiza. (Abanyefeso 5:25; 6:4) Twaratanguye gukorera ibintu hamwe. Ubu simbona ko umugore wanje akwiye kuguma mu gikoni. Ahubwo ndahimbarwa no kumufasha ibikorwa kugira ashobore kumara umwanya munini yigisha abandi Bibiliya. Na we aranshigikira kugira noroherwe no kurangura ibikorwa njejwe mw’ishengero.

Urukundo n’imbabazi vya Yehova Imana vyarankoze ku mutima cane. Ndipfuza kumuyagira abantu babonwa ko ata co bazovamwo, kuko na jewe ari ko abandi bahora bambona. Bibiliya irafise ububasha bwo guhindura ubuzima bw’umuntu uwo ari we wese no gutuma bugira intumbero. Bibiliya ntiyanyigishije gusa gusonera no gukunda abandi baba abagabo canke abagore, yaramfashije no gusonera ubuzima bwanje.